Reka Abamamaji b’Ubwami Batuyagire
Bariko Barabwirwa Ubutumwa bw’Ubwami Muri Berezile
KUGIRA ngo bashobore kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami mu bantu b’ibitumva, Ivyabona vya Yehova batari bake bo muri Berezile baremeye igikorwa kigoye co kwiga ururimi rw’Ibimenyetso rw’Ikinyaberezile. Utwigoro twabo turiko turavamwo ivyiza ntangere, nk’uko ivyabaye bikurikira bivyerekana.
Umukenyezi yitwa Evaa yari ikitumva yaba i São Paulo, yatanguye kwiga ururimi rw’ibimenyetso inyuma y’aho we hamwe n’abana biwe batatu bagiriye kubana n’umugabo yari ikitumva. Igihe Eva n’uwo mugabo wiwe bari ku mangazini, barahuye n’umugwi w’Ivyabona vya Yehova b’ibitumva maze nya Vyabona barabatumira kw’ikoraniro ribera ku Ngoro y’Ubwami. Eva n’uwo mugabo baciye bemera, biyumvira yuko bari batumiwe mu rubanza kanaka.
Kubera ko Eva ata vyinshi yari azi mu rurimi rw’ibimenyetso, yatahuye bike cane mu vyavuzwe kuri iryo koraniro. Mu nyuma, Ivyabona batari bake baramutumiye iwabo kugira ngo basangire akajumbu. Bakoresheje amafoto ari muri ka gatabu Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, baramusiguriye umuhango Imana yatanze werekeye isi y’iparadizo yo muri kazoza. Eva yarashimye ivyo yize maze aca atangura kwitaba amakoraniro adahorereza.
Bidatevye, Eva yaciye avana na wa mugabo kugira ngo abeho yisunga ingingo mfatirwako za Bibiliya. Naho umuryango wiwe wamurwanya bimwe bikomeye, yarabandanije gutera imbere mu vy’impwemu maze abatizwa mu 1995. Haciye amezi atandatu, Eva yaciye aba umutsimvyi, ni ukuvuga umwamamaji w’Ubwami w’igihe cose. Gushika ubu amaze gufasha abantu bane b’ibitumva kugeza aho biyegura bakabatizwa.
Uwitwa Carlos yavutse ari ikitumva. Kuva akiri muto yarisutse mu vyo gufata ibiyayura umutwe, mu buhumbu no mu busuma. Kubera yuko yari ageramiwe n’abandi basuma bamurwanya, yaciye ahungira i São Paulo amara imisi abana na João. Uwo João na we nyene yari ikitumva cokimwe na Carlos, akaba kandi yari afise ubuzima burangwa n’ubuhumbu.
Haciye imyaka mikeya, Carlos yaramenye ubutumwa bw’Ubwami, butuma atyorora ubuzima bwiwe maze arandikisha umubano wiwe. Amaze gukwiza ibisabwa biri mu Vyanditswe, Carlos yarabatijwe bwa kigereranyo c’uko yiyeguriye Yehova. Muri ico gihe nyene, Carlos atabizi, João na we nyene yaramenye inkuru nziza maze arahindura ibintu vyinshi mu buzima bwiwe. João amaze kumenya ko Yehova atemera ivyo gukoresha ibishushanyo mu gusenga, yaciye ata ibishushanyo vyose yari afise. João amaze guheba ingendo y’ubuzima yahorana, na we nyene yaciye abatizwa.
Ese ukuntu Carlos na João bagize umunezero ntangere igihe bahurira ku Ngoro y’Ubwami maze umwe wese akabona amahinduka uwundi yagize! Ubu bose ni baserugo b’umutima kandi basukura ari abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete.
Muri Berezile, ubu hari amashengero 30 n’imigwi 154 bikoresha ururimi rw’ibimenyetso, hakaba harimwo abamamaji barenga 2.500, muri bo abashika 1.500 bakaba ari ibitumva. Kuri rya Hwaniro ry’Intara ryo mu 2001 ryataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana,” ryari ryaringanijwe ku bw’ibitumva ryabereye muri Berezile, hari abantu barenga 3.000, habatizwa 36. Turizigiye yuko biciye ku mihezagiro ya Yehova abandi bantu benshi b’ibitumva bazokwakira ubutumwa bw’Ubwami.
[Akajambo k’epfo]
a Amazina yarahinduwe.