Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2002, ku rupapuro rwa 21, mu ngingo y’7 uvuga yuko ukubatizwa mu mazi kw’Abayuda bari bahejeje kugaragaza ukwizera kuri Pentekote yo mu 33 G.C., kwagereranya “ukwiyegurira Imana kwabo biciye kuri Kirisitu”, mu gihe iciyumviro c’imbere y’aho cari ic’uko ukwibizwa mu mazi kw’Abayuda kuva mu 33 G.C. gushika mu 36 G.C. kutasaba yuko umuntu agira mwene ukwo kwiyegura ku giti ciwe?
Mu 1513 B.G.C., Yehova Imana yari yarahaye Abisirayeli akaryo ko kumubera ihanga ryera mu gihe bari ‘kumwumvira vy’ukuri kandi bakitondera isezerano ryiwe’. Bishuye bati: “Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora”.—Kuvayo 19:3-8; 24:1-8.
Kubera ko Abisirayeli bemeye kwitondera isezerano ry’Ivyagezwe vya Musa, bariyeguriye Imana ubwabo. Abayuda bagiye bararuka mu nyuma, bavukira muri iryo hanga ryiyeguye. Ariko rero, ibatisimu Abayuda bacitse abayoboke ba Yezu Kirisitu baronse guhera kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. no kubandanya, ntiyasaba gusa ukwishikana ubwabo ku Mana bwa bagize ihanga ryiyeguye. Yagereranya ukwiyegurira Yehova Imana kwabo, bakagiriranira ubucuti bushasha na we biciye kuri Yezu Kirisitu. Ivyo vyoshobotse gute?
Inyuma y’aho impwemu yera ishungururiwe kuri ba bigishwa bashika 120 bari bakoraniye mu cumba co hejuru i Yeruzalemu kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., intumwa Petero yarahagurutse hanyuma atangura kwigisha amasinzi y’Abayuda be n’abahindukiriye idini yabo bari bakorakoraniye hamwe kugira barabe ivyari vyabaye. Amaze gushinga intahe inogangije, yabwiye Abayuda badogombwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima ati: “Ni mwi[gay]e, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu”. Mu gushira mu ngiro iyo yindi nkeburo ya Petero, “abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu”.—Ivyakozwe 2:1-41.
Abo Bayuda babatijwe inyuma y’aho Petero atangiye inkeburo, ntiboba none bari basanzwe ari abo mw’ihanga ryiyeguye? Ntiboba bari basanzwe bafitaniye n’Imana ubucuti bushingiye ku kuyiyegurira? Oya. Intumwa Paulo yanditse yuko ‘Imana yari yarakuyeho Ivyagezwe mu kubimanika ku giti c’ukubabarizwako’ (Ab’i Kolosayi 2:14). Biciye ku rupfu rwa Kirisitu mu 33 G.C., Yehova Imana yarakuyeho isezerano ry’Ivyagezwe, rya shimikiro nyene ryatuma Abisirayeli bagiranira na we ubucuti bushingiye ku kumwiyegurira. Iryo hanga ryateye akagere Umwana w’Imana, ico gihe Imana ubwayo yarariteye akagere. ‘Abisirayeli bo ku rukoba’ ntibari bagishobora kuvuga ko ari ihanga ryiyeguriye Imana.—1 Ab’i Korinto 10:18; Matayo 21:43.
Isezerano ry’Ivyagezwe ryarakuweho mu 33 G.C., mugabo ikiringo c’uko Imana itonesha ikongera ikitwararika Abayuda bimwe bidasanzwe nticarangiranye n’ico gihea. Ico kiringo categerezwa kubandanya gushika mu 36 G.C., igihe Petero yabwira ubutumwa bwiza umugabo w’Umutaliyano yatinya Imana yitwa Koruneliyo be n’inzu yiwe ushizemwo n’abandi Banyamahanga (Ivyakozwe 10:1-48). Ukwo gutonesha n’abandi kwari gufise irihe shingiro?
Muri Daniyeli 9:27 havuga hati: ‘Mesiya azosezerana na benshi isezerano rizoguma rikora kumara iyinga rimwe’. Isezerano ryagumye rikora mu myaka indwi, ari ryo “yinga rimwe”, guhera ku kubatizwa kwa Yezu no ku ntango y’ubusuku Mesiya yaranguriye ku mugaragaro mu 29 G.C., ryari rya sezerano rya Aburahamu. Kugira ngo umuntu aje mu bucuti bushingiye kuri iryo sezerano, yategerezwa kuba ari uwo mu bakomoka kuri Aburahamu. Iryo sezerano ryagiranywe n’umuntu umwe ntiryatuma umuntu agiranira na Yehova ubucuti bushingiye ku kumwiyegurira. Ku bw’ico, Abayuda bizeye hanyuma bakabatizwa inyuma y’aho Petero atangiye insiguro kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., naho bitwararikwa n’Imana bimwe bidasanzwe bivuye ku kuba ari Abayuda b’inyamo, ntibashobora kuvuga yuko bafitaniye na yo ubucuti bushingiye ku kuba barayiyeguriye kandi isezerano ry’Ivyagezwe ryari ryaramaze gukurwaho. Bari bakeneye ubwabo kwiyegurira Imana.
Ukwiyegura kw’umuntu ku giti ciwe kwari ntahara ku Bayuda be no ku bahindukiriye idini yabo bishikanye kugira babatizwe ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C. kubera n’iyindi mvo. Intumwa Petero yahimirije abamwumviriza kwigaya, maze bakabatizwa mw’izina rya Yezu. Kubigira vyasaba guheba ingendo y’isi hanyuma bakemera icese Yezu ko ari Umukama akaba na Mesiya, ko ari Umuherezi Mukuru, kandi ko ari umwe yicara iburyo bw’Imana mw’ijuru. Bari bakeneye kwambaza izina rya Yehova Imana kugira baronke ubukiriro biciye muri Kirisitu Yezu, ivyo bikaba vyasaba kwizera Kirisitu no kumwemera icese ko ari Indongozi yabo. Ishingiro ryose uko ryakabaye ryo kugiranira ubucuti n’Imana be n’uguharirwa ivyaha ico gihe ryari ryarahindutse. Abayuda bizera, umwumwe wese ku giti ciwe, bari bakeneye kwemera iyo ndinganizo nshasha. Gute? Mu kwiyegurira Imana no mu kwerekana icese ko babigize mu kwibizwa mu mazi mw’izina rya Yezu Kirisitu. Kubatizwa mu mazi cari ikimenyetso c’uko biyeguriye Imana, bigatuma bagiranira na yo ubucuti bushasha biciye kuri Yezu Kirisitu.—Ivyakozwe 2:21, 33-36; 3:19-23.
[Akajambo k’epfo]
a Igihe Yezu Kirisitu yaduga mw’ijuru hanyuma agashikiriza Yehova Imana agaciro k’ubuzima bwiwe bw’umuntu yatanzeko inkuka, isezerano ry’Ivyagezwe vya Musa ryaciye rikurwaho, maze hashirwaho ishingiro ry’“isezerano risha” ryari ryarabuwe.—Yeremiya 31:31-34.