Ishure ry’i Gileyadi—riramaze imyaka 60 rimenyereza abamisiyonari
“BIVUYE ku kwiga cane Bibiliya, twariyegereje Yehova twongera turamenya vyinshi kw’ishirahamwe ryiwe. Ivyo vyaradufashije kwitegurira ubuzima bwo mu bindi bihugu twarungitswe gukoreramwo”. Ukwo ni ko uwasohotse isomero rya mbere yadondoye ivyigwa yakurikiye kw’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower. Kuva ishure ry’i Gileyadi ritangujwe, ubu hakaba haciye imyaka 60, ryamye risohora abamisiyonari. Kw’igenekerezo ry’8 Ntwarante 2003, umugwi ugira 114 w’abasohoka iryo shure, waronkeye impapuro z’umutsindo ku Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova kiri i Patterson, muri New York. Abantu 6.404 bari bakoraniye mu ngoro y’amakoraniro be no mu bindi bibanza aho iyo porogarama yakurikiraniwe ku vyuma vyerekana amasanamu, barumvirije bitonze iyo porogarama yari igizwe n’insiguro, ibiganiro vyo kubaza ibibazo be n’ikiganiro kigirirwa mu mugwi.
Theodore Jaracz wo mu bagize Inama Nyobozi ni we yari ahagarikiye iyo porogarama. Amajambo yiwe yo kwugurura yarerekanye yuko abari ngaho baje bava mu bihugu vyinshi, bakaba bari abashitsi baje bava muri Aziya, muri Karayibe, muri Amerika yo hagati n’iyo mu Bumanuko be n’i Buraya. Igihe umuvukanyi Jaracz yashingira insasanuro ziwe kuri 2 Timoteyo 4:5, yashimitse ku gikorwa nyamukuru umumisiyonari yamenyerejwe i Gileyadi arangura, ni ukuvuga ‘gukora igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bwiza’. Abamisiyonari barashingira intahe ukuri mu kwigisha abantu Bibiliya.
Abanyeshure baronka amacishabwenge ya nyuma
Mu gutangura urukurikirane rw’insiguro ngufingufi, John Larson umwe mu bagize komite y’ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaraciye irya n’ino ikiganiro gikomeza ukwizera kivuga ngo “Asangwa Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?” (Abaroma 8:31). Umushikirizansiguro yarasiguye imvo zishingiye kuri Bibiliya zituma abanyeshure bizigira bagaherezako yuko ububasha bwa Yehova buzobafasha gutsinda intambamyi iyo ari yo yose bohura aho bazorungikwa gukorera. Umuvukanyi Larson akoresheje Abaroma 8:38, 39, yakebuye abanyeshure ati: “Mufate umwanya wo kuzirikana ku bubasha Imana iriko irakoresha ku bwanyu, kandi mwibuke yuko ata kintu na kimwe gishobora gutuma Yehova abaheba”.
Uwakurikiye kuri porogarama yari Guy Pierce wo mu bagize Inama Nyobozi. Yahisemwo umutwe-shimikiro uvuga ngo “Amaso yanyu agume ahimbawe!” (Luka 10:23). Yarasiguye yuko kugira agahimbare nyako birimwo kumenya Yehova no gutahura umugambi wiwe w’ibihe bidahera, udasize inyuma kubona iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya. Ahantu hose abanyeshure baja, barashobora kuguma bafise agahimbare nyakuri mu kuguma bafise amaso ahimbawe. Umuvukanyi Pierce yararemesheje abagira bahabwe impapuro z’umutsindo kuzirikana bimwe bigera ibwina ku kumera neza kwa Yehova no kuguma bashize umuzirikanyi wabo n’umutima wabo ku gukora ivyo agomba (Zaburi 77:12). Mu gihe bagumye babona ibintu mu buryo bwiza, barashobora gutsinda ingorane izo ari zo zose bohura.
Maze abanyeshure bararonse amajambo ya nyuma y’indemesho bahawe n’abigisha babiri bahora babigisha imisi yose. “Woba uriko urondera ukuninahazwa?”, ukwo ni ko umutwe w’insiguro yashikirijwe na Lawrence Bowen wabaza. Abantu benshi babona ukuninahazwa ko ari ugushemezwa, guhabwa icubahiro no kuba umuntu ahambaye kuruta abandi. Ariko rero, Asafu umwanditsi wa Zaburi yarashitse ku gutahura ukuninahazwa nyakuri, ni ukuvuga ubutunzi bw’igiciro ntangere bw’ukuba umuntu afitaniye ubucuti bwiza na Yehova (Zaburi 73:24, 25). Abanyeshure bagira bahabwe impapuro z’umutsindo bararemeshejwe kuguma bafitaniye ubucuti bwa somambike na Yehova biciye ku kubandanya kwiga Bibiliya bimwe bigera ibwina. Abamarayika ‘bipfuza kurunguruka’ ibintu vyose bijanye n’iranguka ry’umugambi wa Yehova biciye kuri Kirisitu (1 Petero 1:12). Bashaka kumenya vyinshi bishoboka ku vyerekeye Se wabo kugira ngo bagaragaze ubuninahazwa bwiwe. Umushikirizansiguro yaciye rero ahimiriza abanyeshure kuninahaza Yehova mu bikebere bazorungikwa gukoreramwo ubumisiyonari, mu gufasha abandi kuronka ubutunzi bw’agaciro ntangere.
Umunyamabanga w’iryo shure Wallace Liverance ni we yatanguye urukurikirane rw’insiguro zo gusozera rwari rufise umutwe-shimikiro uvuga ngo “Nuvuge ubukerebutsi bw’Imana bwagizwe ibanga ryeranda” (1 Ab’i Korinto 2:7). Ubwo bukerebutsi bw’Imana intumwa Paulo yavuga mu gihe c’umurimo wiwe w’ubumisiyonari bwari ubuhe? Ni uburyo buranga ubukerebutsi kandi buhambaye Yehova azokoresha kugira ngo atume haba amahoro n’ubumwe kw’isi yose. Ubwo bukerebutsi bushingiye kuri Yezu. Aho kwamamaza injili y’ivyo gutunganya ikibano, Paulo yafashije abantu kubona ukuntu Imana izohindura ubusa inkurikizi zazanywe n’icaha ca Adamu (Abanyefeso 3:8, 9). Umushikirizansiguro yahimirije abamwumviriza ati: “Mukoreshe agateka mufise k’umurimo nk’uko Paulo yabigize, we yabona igikebere ciwe c’ubumisiyonari ko ari akaryo ko gufasha abantu kubona ukuntu Yehova yoshikije umugambi wiwe”.
Iyo nsiguro irangiye, Mark Noumair uwundi mwigisha w’i Gileyadi, yarahagarikiye ikiganiro giteye umunezero yagiranye n’abanyeshure batari bake b’uwo mugwi. Umutwe-shimikiro waco uvuga ngo “Kwiga Ijambo ry’Imana bivamwo abasuku b’abanyamwete” warashimitse ku majambo ya Paulo ari mu Baroma 10:10. Abagize uwo mugwi bariganye ibintu vyinshi biboneye mu murimo wo ndimiro mu gihe bari kuri iryo shure. Ivyo babonye vyarerekanye yuko igihe twiga Ijambo ry’Imana tukongera tukarizirikanako, ibintu vyiza vyerekeye Yehova Imana n’Ubwami bwiwe bizokwuzura mu mutima wacu hanyuma iminwa yacu ivyature. Mu kiringo c’amezi atanu bamaze muri ico Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova, abanyeshure batanguje inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zirenga 30 ku bantu bashimishijwe baba mu vyibare bikorerwamwo kenshi vy’amashengero yo mu micungararo.
Abantu bahumuye bahabwa ijambo
Mu gihe bari kuri iryo shure, abanyeshure barungukiye ku kwifatanya n’abagize umuryango wa Beteli wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Robert Ciranko na Robert P. Johnson bo mu bagize komite y’ishami, barayoboye ibiganiro vyo kubaza ibibazo abasavyi ba Yehova b’abizerwa bamaze igihe kirekire, ushizemwo n’abacungezi b’ingenzi bariko baronka inyigisho zidasanzwe muri ico kigo. Ababajijwe ibibazo bose bari abasohotse ishure ry’i Gileyadi bigeze gukora ari abamisiyonari. Cari ikintu gisubiriza umutima mu nda kuri abo banyeshure, ku miryango yabo be no ku bagenzi kwumva amajambo aranga ubukerebutsi abo bagabo bakomeye mu vy’impwemu bavuze.
Mu mpanuro batanze, harimwo izi zivuga ngo “Guma ufise vyinshi ukora uko bishoboka kwose mu busuku no mw’ishengero”. “Ntubone ko uhambaye cane. Guma witwararika icakujanye gusukura uri umumisiyonari, kandi aho urungitswe gukorera uhabone nk’i muhira iwawe”. Ayandi majambo ngirakimazi yavuzwe, yarerekanye ukuntu ukumenyerezwa gutangirwa i Gileyadi gutuma umusuku aronka ibikwiye kugira ngo arangure igikorwa ciza, aho arungikwa gukorera hose. Ngaya amwamwe muri ayo majambo yavuzwe: “Twarize gusenyera ku mugozi umwe no gukorera hamwe”. “Ishure ryaradufashije kumenyera imico kama mishasha”. “Twarigishijwe uburyo bushasha bwo gukoresha Ivyanditswe”.
John E. Barr amaze igihe kirekire ari mu bagize Inama Nyobozi, yaratanze insiguro nyamukuru y’iyo porogarama. Insiguro yiwe yari ifise umutwe-shimikiro ushingiye ku Vyanditswe wavuga ngo “Ijwi ryabo ryumvikanye mw’isi yose” (Abaroma 10:18). Yabajije iki kibazo: Abasavyi b’Imana boba barashoboye kurangura ico gikorwa kitoroshe muri iki gihe? Cane nyene! Mu 1881, abasomyi b’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi babajijwe bati: “Woba uriko uramamaza”? Maze umushikirizansiguro yaribukije abariko bamwumviriza ka kamo k’intibagirwa katangwa kw’ihwaniro ryabereye i Cedar Point muri Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1922 kavuga gati: “Tangaze Umwami n’Ubwami bwiwe!”. Uko igihe cagiye kirengana, umwete abasuku b’Imana b’abizerwa bari bafise warabasunikiye ku kubwira amahanga yose ukuri kwiza igitangaza kw’Ubwami. Biciye ku vyandikano no ku majambo bavuga, inkuru nziza yaravuzwe gushika ku mpera z’isi, ivyo vyose bikaba vyakozwe kugira ngo Yehova aterwe iteka yongere ashemezwe. Mu nsozero ikabura umuvukanyi Barr yashikirije, yasavye abagira bahabwe impapuro z’umutsindo kurimbura imihezagiro bazoronka, mu kuvuga ati: “Uko musenga Yehova ku musi ku musi muri aho mwarungitswe gukorera, mumukengurukire bivuye ku mutima ku bw’uruhara muriko muragira mw’iranguka ry’aya majambo agira ati: ‘Ijwi rya[bo] ryumvikanye mw isi yose’”.
Iyo nsiguro irangiye, harasomwe indamukanyo, maze umuhagarikizi wa porogarama aca arashikiriza umunyeshure wese urupapuro rw’umutsindo. Hanyuma, uwaserukiye abanyeshure afise inyiyumvo z’umunezero zivanganye n’umubabaro w’uko bavuye kuri iryo shure bakunda, yarasomye amajambo avuye ku mutima ashikirijwe Inama Nyobozi be n’umuryango wa Beteli, aserura umwiyemezo abari baronse impapuro z’umutsindo bafashe wo gushemeza Yehova “uhereye none, ugashitsa ibihe vyose”.—Zaburi 115:18.
Dusenga dusaba yuko abo baronse impapuro z’umutsindo bomenyera aho bagiye kuba kandi bakagira ikintu ciza baterereye mw’iterambere ry’igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose, nk’uko nyene ababitangiye imbere bamaze imyaka 60 babigira.
[Uruzitiro ku rup. 23]
IBIRANGA ABARI BITAVYE IRYO SHURE
Igitigiri c’ibihugu bavuyemwo: 12
Igitigiri c’ibihugu barungitswemwo: 16
Igitigiri c’abanyeshure: 48
Incahagati y’imyaka y’amavuka: 34,4
Incahagati y’imyaka bamaze mu kuri: 17,6
Incahagati y’imyaka bamaze mu busuku bw’igihe cose: 13,5
[Ifoto ku rup. 24]
Umugwi ugira 114 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Watchtower ry’i Gileyadi
Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.
(1) Rosa, D.; Garrigolas, J.; Lindström, R.; Pavanello, P.; Tait, N. (2) Van Hout, M.; Donabauer, C.; Martínez, L.; Millar, D.; Festré, Y.; Nutter, S. (3) Martínez, P.; Clarke, L.; Maughan, B.; Fischer, L.; Romo, G. (4) Romo, R.; Eadie, S.; Tuynman, C.; Campbell, P.; Millar, D.; Rosa, W. (5) Lindström, C.; Garrigolas, J.; Markevich, N.; Lindala, K.; van den Heuvel, J.; Tait, S.; Nutter, P. (6) Maughan, P.; Pavanello, V.; Eadie, N.; West, A.; Clarke, D.; Markevich, J. (7) Fischer, D.; Donabauer, R.; Curry, P.; Curry, Y.; Carfagno, W.; West, M.; Tuynman, A. (8) Van Hout, M.; Campbell, C.; Festré, Y.; Carfagno, C.; van den Heuvel, K.; Lindala, D.