Ibibazo vy’abasomyi
Yehova yararetse haraba ivyo kwabira abagore benshi mu basavyi biwe ba kera ari bo Bisirayeli, mugabo ubu nta vyo arekura. None ingingo mfatirwako yiwe yoba ihindagurika?
Yehova ntiyahinduye ukuntu abona ivyo kugira abagore benshi (Zaburi 19:7; Malaki 3:6). Ntivyari mu vyo yatunganirije abantu kuva mu ntango, kandi n’ubu si ko biri. Igihe yarema Eva ngo abe umugore wa Adamu, Yehova yavuze ko ingingo mfatirwako yiwe ari iy’uko umugabo agira umugore umwe. “Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe”.—Itanguriro 2:24.
Igihe Yezu Kirisitu yari kw’isi, yarongeye aravuga iyo ngingo mfatirwako mu kwishura abari bamubajije ivyerekeye kwahukana no gusubira kwubaka. Yavuze ati: “Nta ho murasoma yuk’uhereye mbere na mbere Rurema yabaremye bar’uburyo bubiri, ikavuga, iti Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe? Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe”. Yezu yongeyeko ati: “Umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhōye ubusambanyi, akābīra uwundi, aba asambanye” (Matayo 19:4-6, 9). Dufatiye kuri ivyo, biratomoye yuko kwabira abagore barenze umwe na vyo nyene ari ubusambanyi.
None ni kubera iki kwabira abagore benshi vyari birekuwe mu bihe vya kera? Nugumize mu muzirikanyi yuko Yehova atari we yashizeho uwo mugenzo. Umuntu wa mbere avugwa muri Bibiliya ko yari afise abagore benshi ni Lameki, uwakomoka kuri Kayini (Itanguriro 4:19-24). Igihe Yehova yateza wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, Nowa n’abahungu biwe batatu bose bari bafise umugore umwumwe gusa. Abantu bose bari bafise abagore benshi bahitanywe n’Umwuzure.
Haciye ibinjana n’ibindi, igihe Yehova yatoranya Abisirayeli ngo babe ihanga ryiwe, ukugira abagore benshi vyari bisanzwe muri bo, naho biboneka ko kenshi wasanga bagira umugore umwe gusa. Imana ntiyasavye ko ingo zirimwo abagore benshi zisamburwa. Ahubwo yarashinze amategeko akaze agenga uwo mugenzo.—Kuvayo 21:10, 11; Gusubira mu vyagezwe 21:15-17.
Kuba ukwo kureka hakaba ivyo kwabira abagore benshi kwari ukw’igihe gito, ntibibonekera gusa ku vyo Yezu yavuze ku bijanye na ya ngingo mfatirwako yo mu ntango ya Yehova yerekeye ukwabirana, ariko kandi bibonekera ku vyo intumwa Paulo yanditse ahumekewe n’impwemu yera y’Imana. Yavuze ati: “Umugabo wese agire uwiwe mugore, n’umugore wese agire uwiwe mugabo” (1 Ab’i Korinto 7:2). Paulo yarahumekewe kandi kwandika yuko umugabo wese agenwa ngo abe umucungezi canke umukozi w’ishengero mw’ishengero rya gikirisu ategerezwa kuba “umugabo afise umugore umwe gusa”.—1 Timoteyo 3:2, 12; Tito 1:6.
Rero, ukuba Yehova yararetse hakaba ivyo kwabira abagore benshi vyaheranye n’ishingwa ry’ishengero rya gikirisu ubu hakaba haciye nk’imyaka 2.000. Ico gihe, ingingo mfatirwako yerekeye ukwabirana yaciye isubira kumera nk’uko vyari bimeze mu ntango igihe Imana yarema umugabo n’umugore: ni ukuvuga umugabo umwe akagira umugore umwe. Iyo ni yo ngingo mfatirwako dusanga mu basavyi b’Imana muri iki gihe kw’isi yose.—Mariko 10:11, 12; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10.