ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/9 rup. 13-19
  • Niwizigire Yehova uherezeko mu bihe vy’amagorwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwizigire Yehova uherezeko mu bihe vy’amagorwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Iyo wakuwe mu kazi canke ibigutunga bikaba ari inticantikize
  • Iyo uhanzwe n’ingorane z’amagara
  • Igihe ubugoyagoye bw’umubiri bubandanije
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Niwizigire abavukanyi bawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Niwizigire Yehova uko umuhero wegereza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Niwame wizigira Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/9 rup. 13-19

Niwizigire Yehova uherezeko mu bihe vy’amagorwa

“Imana ni yo buhungiro bgacu n’inkomezi zacu, n’umufasha atabura guseruka mu magorwa”.​—ZABURI 46:1.

1, 2. (a) Ni akarorero akahe kerekana yuko bidahagije kuvuga yuko twizigira Imana? (b) Ni kubera iki dutegerezwa kutavuga gusa yuko twizigira Yehova?

KUVUGA ko twizigira Imana ni kimwe, kuvyerekana mu vyo dukora na ho ni ikindi. Nk’akarorero, imvugo ngo “Imana ni yo twizigiye” imaze igihe kirekire iboneka ku noti no ku bingorongoro vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerikaa. Mu 1956, Inama nkenguzamateka ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yarasohoye itegeko ryemeza yuko iyo mvugo ibaye icivugo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Igitwengeje, ni uko abantu benshi, atari abo muri ico gihugu gusa ariko bo kw’isi yose, barushiriza kwizigira amahera n’amatungo kuruta uko bizigira Imana.​—Luka 12:16-21.

2 Twebwe abakirisu b’ukuri, dutegerezwa kutavuga gusa yuko twizigira Yehova. Nka kurya nyene “ukwizera kutagira ibikorwa . . . kuba gupfuye”, ni ko n’ukuvuga yuko twizigira Imana ata co bimaze mu gihe tutabigaragaje mu vyo dukora (Yakobo 2:26). Mu kiganiro c’imbere y’iki, twize yuko ukwizigira Yehova kwacu kuboneka igihe tumuhindukirira mw’isengesho, igihe turonderera ubuyobozi mw’Ijambo ryiwe n’igihe duhanga amaso ishirahamwe ryiwe ngo rituyobore. Nimuze ubu na ho turimbure ingene dushobora gutera izo ntambwe zitatu mu bihe vy’amagorwa.

Iyo wakuwe mu kazi canke ibigutunga bikaba ari inticantikize

3. Ni imikazo iyihe yo mu vy’ubutunzi abasavyi ba Yehova bahura muri ibi “bihe bigoye”, kandi tuzi gute ko Imana yiteguriye kudufasha?

3 Muri ibi “bihe bigoye”, twebwe abakirisu turahura n’imikazo yo mu vy’ubutunzi cokimwe n’abandi (2 Timoteyo 3:1). Ku bw’ivyo, twoshobora gukurwa mu kazi giturumbuka. Canke ugasanga nta kindi twogira atari ugukora amasaha menshi tugahembwa inticantikize. Mu bihe nk’ivyo, dushobora gusanga bigoye ‘gutunga abacu’ (1 Timoteyo 5:8). None Imana Musumbavyose yoba yiteguriye kudufasha mu bihe nk’ivyo? Neza cane! Birumvikana ko Yehova atadukingira ingorane zose zo mu buzima muri uru runkwekwe rw’ibintu. Ariko rero, turamutse tumwizigiye amajambo yo muri Zaburi 46:1 azoturangukirako, na yo akaba ari aya: “Imana ni yo buhungiro bgacu n’inkomezi zacu, n’umufasha atabura guseruka mu magorwa”. Mugabo none, twokwerekana gute yuko twizigira Yehova tugaherezako mu bihe vy’ingorane z’ivy’amahera?

4. Igihe turi mu ngorane z’ivy’amahera, twosenga dusaba iki, kandi Yehova abona gute amasengesho nk’ayo?

4 Uburyo bumwe bwo kwerekana ko twizigira Yehova ni mu kumuhindukirira mw’isengesho. Mugabo none twosenga dusaba iki? Turi mu ngorane z’ivy’amahera, ico gihe twoba dukeneye kugira ubukerebutsi ngirakimazi kuruta ikindi gihe cose. Uko biri kwose rero, nusenge ubusaba! Ijambo rya Yehova ridukura amazinda riti: “Asangwa har’uwo muri mwebge akennye ub[ukerebutsi], n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga” (Yakobo 1:5). Egome, nusabe Yehova ubukerebutsi, na bwo bukaba ari ubushobozi bwo gukoresha neza ubumenyi, ugutahura n’ugutegera, kugira ngo ufate ingingo ziranga ubukerebutsi wongere ugire amahitamwo abereye. Dawe wa twese wo mw’ijuru munyarukundo aradukura amazinda yuko azokwumviriza amasengesho nk’ayo. Yama yiteguriye kugorora inzira z’abamwizigira n’umutima wabo wose.​—Zaburi 65:2; Imigani 3:5, 6.

5, 6. (a) Ni kubera iki twohanga amaso Ijambo ry’Imana ngo ridufashe guhangana n’imikazo y’ivy’ubutunzi? (b) Twokora iki kugira ngo tugabanye amaganya igihe dukuwe mu kazi?

5 Guhanga amaso Ijambo ry’Imana ngo rituyobore, ni ubundi buryo bwo kwerekana ko twizigira Yehova. Ivyibutswa vyiwe biranga ubukerebutsi biri muri Bibiliya vyaragaragaye ko ari ivyo “kwizigirwa cane” (Zaburi 93:5). Naho ico gitabu cahumetswe kimaze imyaka irenga 1.900 kirangiye kwandikwa, kirimwo impanuro zo kwizigirwa be n’ubukerebutsi bwimbitse bushobora kudufasha guhangana n’imikazo yo mu vy’ubutunzi, tukererwa. Rimbura uturorero tumwetumwe twerekeye ubukerebutsi bwo muri Bibiliya.

6 Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo haciye igihe kirekire avuze ati: “Agatiro k’umunyabikorwa kararyoha, n’iy’ariye bike canke vyinshi: ariko gufunereza kw’umutunzi kumubuza gusinzira” (Umusiguzi 5:12). Bisaba umwanya n’amahera kugira ngo dusanure ibintu dutunze, tubisukure, tubibungabunge twongere tubikingire. Igihe rero dukuwe mu kazi, dukwiye guca dufata ako karyo kugira ngo dusubire gusuzuma uburyo bwacu bwo kubaho, tukagerageza gutandukanya ivyo dukeneye be n’ivyo dushaka. Kugira ngo tugabanye amaganya, hari aho vyoba biranga ubukerebutsi tugize ivyo duhindura. Nk’akarorero, vyoba bishoboka ko tworosha ubuzima, kumbure tukimukira mu nzu ntoyi canke tugaheba ibintu dutunze bitari nkenerwa?​—Matayo 6:22.

7, 8. (a) Yezu yerekanye gute yuko azi ko abantu b’abanyagasembwa bafise impengamiro yo guhagarikwa umutima birenze urugero n’ibintu vy’umubiri (Raba kandi akajambo k’epfo.)? (b) Ni impanuro iranga ubukerebutsi iyihe Yezu yatanze ku vyerekeye ukuntu twokwirinda guhagarika umutima birenze urugero?

7 Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yahanuye ati: “Ni mureke guhagarikwa umutima n’indya zo kubatunga n’impuzu z’ukwambika umubiri wanyu”b (Matayo 6:25, UB). Yezu yari azi yuko abantu b’abanyagasembwa mu bisanzwe usanga bitwararika kuronka ibintu vya nkenerwa. Ariko none, dushobora gute ‘kureka guhagarikwa umutima’ n’ivyo bintu? Yezu yavuze ati: “Mubanze mwitwaririke ubgami”. Naho twohura n’ingorane zimeze gute, dutegerezwa kubandanya gushira ugusenga Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima. Tubigize gutyo rero, ibintu vyose dukenera ku musi ku musi ‘tuzovyongerwa’ na Dawe wa twese wo mw’ijuru. Mu buryo bumwe canke ubundi, azotuma dushobora kuronka ivya nkenerwa.​—Matayo 6:33.

8 Yezu yaratanze iyi yindi mpanuro: “Ntimukiganyire ivy’ejo, kuk’umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo” (Matayo 6:34). Ntibiranga ubukerebutsi guhagarika umutima birenze urugero ku vyoba ejo. Incabwenge imwe yavuze iti: “Ibintu dutinya bijanye n’ibizoba muri kazoza, usanga ari gake bigenda nk’uko twavyiyumvira”. Kwumvira twicishije bugufi impanuro yo muri Bibiliya yo kwitwararika ibihambaye kuruta ibindi no kwitwararika ikitubeshaho ku musi ku musi, birashobora kudufasha kwirinda guhagarika umutima birenze urugero.​—1 Petero 5:6, 7.

9. Igihe turi mu ngorane z’ivy’amahera, ni imfashanyo iyihe dushobora gukura mu bisohokayandikiro vya “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”?

9 Igihe turi mu ngorane z’ivy’amahera, turashobora kandi kwerekana ko twizigira Yehova mu kuronderera imfashanyo mu bisohokayandikiro vya “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (Matayo 24:45, NW). Rimwe na rimwe, ikinyamakuru Réveillez-vous! carasohoye ibiganiro birimwo impanuro be n’inama bifasha guhangana n’ingorane z’ivy’ubutunzi. Ikiganiro kivuga ngo “Au chômage ​— Que faire?” (Wokora iki mu gihe wakuwe mu kazi?) co mu nomero yo ku wa 8 Myandagaro 1991, carerekanye inyobozo ngirakamaro umunani zafashije benshi kuguma batekanye mu vy’amahera no mu vy’akanyengetera mu kiringo batari bafise akazic. Birumvikana yuko izo nyobozo zikwiye kurimbanywa n’ukubona mu buryo bubereye akamaro nyakuri k’amahera. Ivyo vyararimbuwe mu kiganiro casohotse muri iyo nomero nyene kivuga ngo “Plus important que l’argent” (Ikintu gihambaye kuruta amahera).​—Umusiguzi 7:12.

Iyo uhanzwe n’ingorane z’amagara

10. Akarorero ka wa Mwami Dawidi kerekana gute ko bishoboka ko umuntu yizigira Yehova igihe arwaye bimwe bikomeye?

10 Vyoba bishoboka ko umuntu yizigira Yehova igihe arwaye indwara ikomeye? Cane nyene! Yehova arumvira impuhwe abantu barwaye bo mu basavyi biwe. Ikigeretseko, ariteguriye gufasha. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye wa Mwami Dawidi. Ubwiwe ashobora kuba yari arwaye mu buryo bukomeye igihe yandika ukuntu Imana ifata umugororotsi arwaye. Yavuze ati: “Uhoraho azomwiyegeka ari ku buriri ahondobereye; ni wewe umworohereza ibisaswa iy’arwaye” (Zaburi 41:1, 3, 7, 8). Ukwizigira Imana kwa Dawidi kwagumye gukomeye, maze amaherezo uwo mwami arakira indwara yiwe. Ariko none twogaragaza gute ko twizigira Imana igihe duhanzwe n’ingorane z’amagara?

11. Igihe dufashwe n’indwara, ni igiki twosaba Dawe wa twese wo mw’ijuru?

11 Igihe dufashwe n’indwara, uburyo bumwe bwo kwerekana ko twizigira Yehova ni mu kumwinginga mw’isengesho ngo adufashe kwihangana. Twomusaba ngo adufashe gukoresha “ubukerebutsi ngirakimazi” (NW) kugira ngo dushobore kurondera amagara ajanye n’ingene ivyacu vyifashe (Imigani 3:21). Twomusaba kandi ngo adufashe tugire ukwigumya n’ukwihangana kugira duhangane n’iyo ndwara. Ikiruta vyose, twoshima gusaba yuko Yehova adushigikira, mu kuduha inkomezi zo kuguma turi abizerwa kuri we, ntidutakaze uburimbane naho hoba iki (Ab’i Filipi 4:13). Kuguma turi intadohoka ku Mana birahambaye mbere kuruta kuzigama ubuzima dufise ubu. Tugumye turi intadohoka, wa Mutanzi w’impera Ahambaye azoturonsa ubuzima n’amagara bitagira agasembwa ibihe bidahera.​—Abaheburayo 11:6.

12. Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe izihe zodufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu bijanye no kwivuza?

12 Ukwizigira Yehova kwacu kuradusunikira kandi ku guhanga amaso Ijambo ryiwe Bibiliya, kugira ngo rituronse ubuyobozi ngirakimazi. Ingingo ngenderwako dusanga mu Vyanditswe zirashobora kudufasha tugafata ingingo ziranga ubukerebutsi mu bijanye no kwivuza. Nk’akarorero, kubera tuzi ko Bibiliya yiyamiriza “ivy’ubupfumu” (NW), twokwirinda ukwipimisha canke ukwivuza kurimwo ivy’ubupfumu (Ab’i Galatiya 5:19-21; Gusubira mu vyagezwe 18:10-12). Ngaka akandi karorero kerekeye ubukerebutsi bwo kwizigirwa bwo muri Bibiliya: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye” (Imigani 14:15). Kubera ico, iyo tuzirikana ivyo kwivuza, tuba tubaye inkerebutsi igihe turondera amakuru yo kwizigirwa aho “[kw]emera ijambo ryose”. Mwene ukwo “kurorana mu muzirikanyi” (NW) kurashobora kudufasha kurimbura twitonze amahitamwo yacu hanyuma tugafata ingingo nziza.​—Tito 2:12.

13, 14. (a) Ni ibiganiro ibihe birimwo amakuru ajanye n’ingorane z’amagara vyasohowe mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 17.)? (b) Ni impanuro iyihe yerekeye uburyo bwo guhangana n’indwara zidakira yatanzwe muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nzero 2001?

13 Turashobora kandi kugaragaza ko twizigira Yehova mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro vya wa mushumba w’umwizerwa. Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyagiye birasohora ibiganiro birimwo amakuru ku bijanye n’ubwoko butandukanye bw’ingorane kanaka z’amagara no ku bijanye n’indwara kanakad. Rimwe na rimwe, ivyo binyamakuru vyarasohoye ibiganiro bivuga abantu berewe mu guhangana n’indwara zitandukanye be n’ubumuga butandukanye. Ikigeretseko, ibiganiro bimwebimwe vyaratanze inama zishingiye ku Vyanditswe hamwe n’impanuro ngirakimazi z’ukuntu umuntu yobaho afise ingorane z’amagara zidahera.

14 Nk’akarorero, inomero ya Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nzero 2001 yarimwo urukurikirane rw’ibiganiro rufise umutwe uvuga ngo “Maladie, infirmité: du réconfort” (Impumurizo ku barwaye no ku bamugaye.). Ivyo biganiro vyaratanze ingingo ngenderwako ngirakimazi zo muri Bibiliya hamwe n’amakuru yatanzwe n’abantu babizi neza babajijwe ibibazo, bamaranye imyaka myinshi indwara imugaza. Ikiganiro kivuga ngo “Comment vivre au mieux avec votre déficience physique” (Uburyo wobana n’indwara idakira.) catanze iyi mpanuro: Niwige vyinshi bishoboka ku bijanye n’indwara urwaye (Imigani 24:5). Nushinge imigambi ngirakimazi, udasize inyuma imigambi yo gufasha abandi, mugabo utahure yuko hari iyo abandi bashikako wewe utoshikako (Ivyakozwe 20:35; Ab’i Galatiya 6:4). Niwirinde kwigungira ukwa wenyene (Imigani 18:1). Igihe abandi bakugendeye, nutume bagukurako ikintu gihimbaye (Imigani 17:22). Ikiruta vyose, nugume ufitaniye ubucuti bwa hafi na Yehova hamwe n’ishengero (Nahumu 1:7; Abaroma 1:11, 12). Ntidukura ubwatsi none ku bw’ubuyobozi bwo kwizigirwa Yehova aturonsa biciye kw’ishirahamwe ryiwe?

Igihe ubugoyagoye bw’umubiri bubandanije

15. Intumwa Paulo yashoboye gute gutsinda ukunyinyana n’ubugoyagoye bw’umubiri munyagasembwa, kandi ni ikintu ikihe dufise kidukura amazinda?

15 Intumwa Paulo yanditse ati: “Mu kameremere kanje, [n]ta ciza kimbamwo” (Abaroma 7:18). Paulo afatiye ku vyamushikiye, yari azi ukuntu bigoye kunyinyana n’ivyipfuzo be n’ubugoyagoye vy’umubiri munyagasembwa. Ariko rero, Paulo kandi yari yizigiye yuko ashobora gutsinda (1 Ab’i Korinto 9:26, 27). Uti gute? Mu kwizigira Yehova agaherezako. Ni co gituma Paulo yavuze ati: “Ewe jewe ndagowe! Ni nde yonkiza umubiri untera uru rupfu? Imana ishimwe, kubga Yesu Kristo Umwami wacu” (Abaroma 7:24, 25). Tweho bite? Na twebwe nyene turanyinyana n’ubugoyagoye bw’umubiri. Uko tunyinyana na mwene ubwo bugoyagoye, biroroshe ko dutakaza ukwizigira, mu kwiyumvisha yuko tutazokwigera twererwa. Mugabo Yehova azodufasha nitwamwihekako vy’ukuri, nk’uko Paulo yamwihetseko, aho kwiheka ku nkomezi zacu bwite.

16. Igihe ubugoyagoye bw’umubiri bubandanije, dukwiye gusenga dusaba iki, kandi twokora iki mu gihe nya bugoyagoye bw’umubiri bwongeye kugaruka?

16 Igihe ubugoyagoye bw’umubiri bubandanije, dushobora kwerekana yuko twizigira Yehova mu kumutakambira mw’isengesho. Dukwiye gusaba Yehova, mbere tukamutakambira, kugira ngo adufashishe impwemu yiwe yera (Luka 11:9-13). Turashobora gusaba canecane ukwigumya, na kwo kukaba ari kimwe mu vyamwa vy’impwemu y’Imana (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Twokora iki mu gihe nya bugoyagoye bw’umubiri bwongeye kugaruka? Uko biri kwose, ntidukwiye gutana n’akabando. Nimuze ntitwigere turambirwa no gusenga Imana yacu y’inyakigongwe tubigiranye ukwicisha bugufi, tuyisaba ngo iduharire yongere idufashe. Yehova ntazokwigera aha umugongo umutima ‘umenetse ujanjaguwe’ n’ijwi ryo mu mutima ryagiriza umuntu ikibi (Zaburi 51:17). Nitwamutakambira tubigiranye umutima nziraburyarya kandi wicuza, Yehova azodufasha gutsinda inyosha mbi.​—Ab’i Filipi 4:6, 7.

17. (a) Ni kubera iki ari ngirakamaro kuzirikana ku kungene Yehova abona ivyerekeye ubugoyagoye tuba turiko turanyinyana? (b) Ni ivyanditswe ibihe twofata ku mutwe nimba turiko turihatira gutsinda ivyo kuba inkomwahato? ivyo kutagumya akarimi? impengamiro yo kuja mu vyo kwinezereza biteye amakenga?

17 Turashobora kandi kwerekana ko twizigira Yehova mu kugira ubushakashatsi mw’Ijambo ryiwe turondera imfashanyo. Dukoresheje inkoranyamajambo ya Bibiliya (Concordance) canke ironderero riboneka ku mpera z’umwaka umwumwe wose mu Minara y’Inderetsi na Réveillez-vous!, turashobora kurondera inyishu y’ikibazo kivuga ngo ‘Yehova abona gute ivyerekeye ubugoyagoye turiko turanyinyana?’. Kuzirikana ku kuntu Yehova abona ivy’iyo ngorane birashobora gukomeza icipfuzo dufise co kumuhimbara. Gutyo, twoshobora gutangura kugira inyiyumvo nk’iziwe, tukanka ivyo yanka (Zaburi 97:10). Bamwebamwe basanze ari ngirakamaro gufata ku mutwe ivyanditswe vyo muri Bibiliya bivuga ubugoyagoye bariko baranyinyana. Twoba turiko turanyinyana no gutsinda ivyo kuba inkomwahato? Twoshobora rero gufata ku mutwe nk’icanditswe co mu Migani 14:17 be n’ico mu Banyefeso 4:31. Vyoba bitugora kugumya akarimi? Twoshobora gufata ku mutwe nk’icanditswe co mu Migani 12:18 be n’ico mu Banyefeso 4:29. Twoba dufise impengamiro yo kuja mu vyo kwinezereza biteye amakenga? Twoshobora kwibuka nk’icanditswe co mu Banyefeso 5:3 be n’ico mu B’i Kolosayi 3:5.

18. Ni kubera iki tudakwiye kureka ngo ubuyega butubuze gusaba imfashanyo abakurambere kugira dutsinde ubugoyagoye dufise?

18 Kuronderera imfashanyo ku bakurambere bo mw’ishengero bagenywe n’impwemu ni ubundi buryo bwo kwerekana ko twiheka kuri Yehova (Ivyakozwe 20:28). Kanatsinda, abo “bantu b’ingabirano” (NW) ni intunganyo Yehova yagize biciye kuri Kirisitu kugira ngo bakingire bongere babungabunge intama ziwe (Abanyefeso 4:7, 8, 11-14). Ego ni ko, bishobora kuba bitoroshe gusaba imfashanyo mu vyo guhangana n’ubugoyagoye. Twoshobora kugira ubuyega, dutinya yuko abakurambere batazotubona neza. Mugabo nta nkeka ko abo bagabo bahumuye mu buryo bw’impwemu bazotwubaha kubera twagize uburindutsi bwo gusaba imfashanyo. Vyongeye, abo bakurambere barihatira kugaragaza kamere za Yehova ubwiwe mu kuntu bafata umukuku. Impanuro zabo zihumuriza kandi z’ingirakamaro be n’amacishabwenge ava mw’Ijambo ry’Imana vyoshobora kuba ari vyo dukeneye kugira ngo bikomeze bimwe bihagije umwiyemezo wacu wo gutsinda ubugoyagoye dufise.​—Yakobo 5:14-16.

19. (a) Ni mu buryo ubuhe Shetani arondera gukoresha ibitagira ikimazi vy’ubuzima bwo muri uru runkwekwe? (b) Ukwizigira kurimwo iki, kandi umwiyemezo wacu utanyiganyiga ukwiye kuba uwuhe?

19 Ntukigere wibagira yuko Shetani azi yuko asigaranye igihe gito (Ivyahishuriwe 12:12). Ashaka gukoresha ibintu bitagira ikimazi vy’ubuzima bwo muri iyi si kugira ngo aduce intege maze atume dutana n’akabando. Ese twokwizigira bimwe bishitse ibivugwa mu Baroma 8:35-39, ahagira hati: “Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega n’amarushwa, canke n’ivyago, canke n’uguhamwa, canke n’inzara, canke n’ukwambara ubusa, canke n’ukuba mw irinde, canke n’inkota? . . . Ariko mur’ivyo vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze. Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ubu[zima], cank’abamarayika, cank’abaganza, cank’ibiriho, cank’ibizoba, cank’abafise ubushobozi, cank’uburebure bg’igihagararo, cank’uburebure bg’amajepfo, cank’ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu”. Mbega amajambo aserura ukwizigira Yehova! Ariko rero, ukwizigira mwene ukwo si inyiyumvo gusa. Ahubwo, ni ukwizigira kurimwo ugufata ingingo tuvyitondeye mu buzima bwacu bwa misi yose. Nimuze rero dufate umwiyemezo utanyiganyiga wo kwizigira Yehova duherejeko mu bihe vy’amagorwa.

[Utujambo tw’epfo]

a Mw’ikete umushikiranganji w’ikigega ca Leta yitwa Salmon P. Chase yandikiye urwego rukora amahera rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ryo ku wa 20 Munyonyo 1861, yavuze ati: “Nta gihugu gishobora gukomera kitaronse inkomezi ziva ku Mana, canke ngo kibe impore Imana itagikingiye. Ukwizigira Imana kw’abanyagihugu bacu gukwiye kwandikwa ku bingorongoro vy’igihugu cacu”. Ivyo vyatumye ca civugo ngo “Imana ni yo twizigiye” kiboneka ari bwo bwa mbere ku kingorongoro cakoreshwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1864.

b Uguhagarika umutima kudondorwa ngaha, bivugwa ko ari “ubwoba butuma umuntu yiganyira, bugatuma atakaza umunezero wose wo mu buzima”. Impinduro zimwezimwe zivuga ngo “ntimukiganyire” canke ngo “ntimuhagarike umutima”. Mugabo impinduro nk’izo zishaka kwerekana yuko tudakwiye gutangura kwiganyira canke guhagarika umutima. Igitabu kimwe kivuga giti: “Iryo rivuga ry’ikigiriki rihadikirijwe muri kubu mu muvugire wa rubwiriza, rikaba rishaka kwerekana itegeko ryo guhagarika igikorwa kiriko kirakorwa”.

c Ivyo vyiyumviro umunani ni ibi: (1) Ntute umutwe; (2) Nubone ibintu mu buryo bwiza; (3) Niwitegurire gukora akazi ako ari ko kose; (4) Nubeho uhuje n’uburyo ufise, ni ukuvuga ntushake kubaho nk’uko abandi babayeho; (5) Uragaba ku madeni; (6) Nutume umuryango wawe uguma wunze ubumwe; (7) Nugume wiyubahirije; (8) Nushinge uburyo ukoresha amahera ufise.

d Ivyo binyamakuru bishingiye kuri Bibiliya ntibishigikira canke ngo biremeshe ubwoko bunaka bwo kuvurwa, birazi yuko iyo ari ingingo umuntu yifatira. Ahubwo, ivyo biganiro bivuga ivyerekeye indwara kanaka canke ubumuga kanaka bishaka kumenyesha abasomyi ukuntu izo ndwara canke ubwo bumuga bizwi muri iki gihe.

Woba uvyibuka?

• Igihe turi mu ngorane z’ivy’ubutunzi, ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kwerekana ko twizigira Yehova?

• Twogaragaza gute ko twizigira Imana igihe duhanzwe n’ingorane z’amagara?

• Igihe ubugoyagoye bw’umubiri bubandanije, twokwerekana gute ko twiheka vy’ukuri kuri Yehova?

[Uruzitiro ku rup. 17]

Woba wibuka ibi biganiro?

Iyo duhanzwe n’ingorane z’amagara, usanga biremesha gusoma ivyerekeye inkuru z’abandi bihanganiye indwara be n’ubumuga, bakererwa. Ibiganiro bikurikira ni bimwebimwe mu vyasohowe mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! be no mu bindi bisohokayandikiro.

“Barihanganiye Amahwa mu Mibiri Yabo”.​—Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 2002.

“Kwihanganira ‘Ihwa mu Mubiri”.​—Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 2002.

“Igihe Uwo mu Bagize Urugo Arwaye”.​—Igitabu Akabanga ko kuronka agahimbare mu rugo, ikigabane ca 10.

“Mana, Kubera Iki Waretse Ibi Bikaba?”.​—Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2003.

“Impumurizo ku Bacumukura”.​—Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2003.

“Ukuntu Loida yatsinze intambamyi y’ukutavuga” (Loida, ou la victoire sur le silence) kivuga ivyerekeye ukwononekara ubwonko.​—Réveillez-vous! yo ku wa 8 Rusama 2000.

[Ifoto ku rup. 15]

Igihe twakuwe mu kazi, twoba tugize ibiranga ubukerebutsi dusubiye gusuzuma uburyo bwacu bwo kubaho

[Ifoto ku rup. 16]

Inkuru ya Loida irerekana ingene ukwizigira Yehova bifasha umuntu kwihangana (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 17.).

[Ifoto ku rup. 18]

Ntidukwiye kugira ubuyega bwo gusaba imfashanyo kugira ngo dutsinde ubugoyagoye dufise

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika