Urashobora kwemera yuko isi izoba iparadizo
MURI kahise hose, abantu amamiliyoni bamye bemera yuko amaherezo bovuye kw’isi bakaja mw’ijuru. Bamwebamwe babona yuko Umuremyi wacu atigeze agira umugambi w’uko isi ari yo tuzokwama tubako. Abo mw’idini y’abibabaza baranashitse kure cane. Kuri benshi muri bo, isi be n’ibintu vy’umubiri vyose ni ibibi, bikaba bituma umuntu ataronka ugushira akanyota nyakuri kwo mu vy’impwemu kandi atiyegereza Imana.
Abatsimbataje ivyo vyiyumviro ntibari bazi ico Imana yavuze ku vyerekeye isi y’iparadizo canke bahisemwo kuvyirengagiza. Nkako, muri iki gihe abenshi ntibitaho gusuzuma ivyo Imana yahumekeye abantu kwandika ku bijanye n’ico kintu mw’Ijambo ryayo, ari ryo Bibiliya (2 Timoteyo 3:16, 17). Mugabo none, ntibiranga ubukerebutsi kwizigira Ijambo ry’Imana aho gukurikira ivyiyumviro vy’abantu (Abaroma 3:4)? Kukaba nkako, ni nkenerwa yuko turyizigira, kubera yuko Bibiliya ituburira ko ikiremwa c’ikibisha gifise ububasha ariko kitaboneka, cahumye amaso abantu mu buryo bw’impwemu, kandi ubu kikaba kiriko “kizimiza abari kw isi bose”.—Ivyahishuriwe 12:9; 2 Ab’i Korinto 4:4.
Ni kubera iki hari ivyiyumviro bivurunganye?
Ivyiyumviro bidahuza ku vyerekeye ubugingo vyatumye abantu badatahura neza umugambi Imana ifitiye isi. Abenshi bemera yuko dufise ubugingo budahwera, ni ukuvuga ikintu gitandukanye n’umubiri w’umuntu kandi kibandanya kubaho iyo apfuye. Abandi bemera yuko ubugingo ari bwo bwatanguye kubaho imbere y’uko umubiri w’umuntu uremwa. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, umufilozofe w’Umugiriki Pulato yabona yuko ubugingo “bubohewe mu mubiri bwa gihano bwahawe ku bw’ivyaha bwakoze bukiri mw’ijuru”. Umunyatewolojiya wo mu kinjana ca gatatu yitwa Orijeni na we nyene yavuze yuko “ubugingo bwacumuye [mw’ijuru] imbere y’uko bufatanirizwa hamwe n’umubiri” kandi ko “bwabohewe [muri uwo mubiri kw’isi] bwa gihano c’ivyaha bwakoze”. Abantu amamiliyoni na bo bemera yuko isi ari gusa ahantu umuntu aca yirenganira mu rugendo agira aja mw’ijuru.
Hariho kandi ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’ibishikira ubugingo iyo umuntu apfuye. Nk’uko igitabu kimwe (History of Western Philosophy) kibivuga, Abanyamisiri baratsimbataje iciyumviro c’uko “ubugingo bw’umuntu apfuye bumanuka mu karere k’i kuzimu”. Abafilozofe bahavuye bavuga yuko ubugingo bw’umuntu apfuye butamanuka mu karere k’i kuzimu karimwo umwiza, ariko yuko mu vy’ukuri buduga mu karere k’impwemu kari hejuru cane. Umufilozofe w’Umugiriki Sokarate bivugwa yuko yemera ko umuntu apfuye, ubugingo “buca bugenda mu karere kataboneka . . . hanyuma bukamara ikiringo busigaje co kubaho bubana n’imana”.
Bibiliya ivuga iki?
Nta na hamwe Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ari ryo Bibiliya rivuga yuko abantu bafise ubugingo budahwera. Niwisomere ubwawe inkuru ivugwa mw’Itanguriro 2:7. Havuga hati: “Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubu[zima]; umuntu aca aba [“ubugingo buzima”, NW]”. Ivyo biragaragara kandi biratomoye. Igihe Imana yarema wa muntu wa mbere Adamu, ntiyamushizemwo ikintu kanaka kidafadika. Nta co yamushizemwo, kubera Bibiliya ivuga yuko “umuntu yabaye ubugingo buzima” (NW). Umuntu ntiyarimwo ubugingo. Yari ubugingo.
Mu kurema isi n’umuryango w’abantu, Yehova ntiyigeze agira umugambi w’uko umuntu apfa. Umugambi w’Imana wari uw’uko abantu baba kw’isi ibihe bidahera bibereye mw’Iparadizo. Adamu yapfuye kubera gusa yagambaraye itegeko ry’Imana (Itanguriro 2:8, 15-17; 3:1-6; Yesaya 45:18). Igihe umuntu wa mbere yapfa, yoba yagiye mu karere kanaka k’impwemu? Eka da! Uwo muntu, ni ukuvuga ubugingo Adamu, yasubiye mu mukungugu utagira ubuzima yaremwemwo.—Itanguriro 3:17-19.
Twese twarazwe icaha n’urupfu na sokuruza wacu Adamu (Abaroma 5:12). Urwo rupfu ni ukureka kubaho, nka kurya nyene vyagenze kuri Adamu (Zaburi 146:3, 4). Kukaba nkako, mu bitabu 66 vyose biyigize, Bibiliya nta ho yigera ijanisha amajambo “ukudahwera” canke “uguhoraho” n’ijambo “ubugingo”. Igihushanye n’ivyo, Ivyanditswe bivuga bitomora yuko ubugingo, ari bwo muntu, bupfa. Ubugingo burapfa.—Umusiguzi 9:5, 10; Ezekiyeli 18:4.
Ibintu vy’umubiri vyoba ari ibibi gusa?
Tuvuge iki ku ciyumviro c’uko ibintu vy’umubiri, ushizemwo n’isi ari ibibi? Iciyumviro nk’ico cari gifiswe n’abamanike, ukaba wari umuhari w’idini washinzwe mu Buperesi mu kinjana ca gatatu G.C. n’umuntu yitwa Mani. Igitabu kimwe (The New Encyclopædia Britannica) kivuga giti: “Ubumanike bwaje bitumwe n’umubabaro ukomeye abantu baremanywe”. Mani yemera yuko kuba umuntu vyari “ikibi kidasanzwe, kitokwihanganirwa kandi cuzuye”. Yabona kandi ko uburyo bumwe gusa bwo kuva muri uwo “mubabaro ukomeye”, ari uko ubugingo buhunga umubiri, bukava kw’isi, hanyuma bugashikira ukubaho mu buryo bw’impwemu mu karere k’impwemu.
Igihushanye n’ivyo, Bibiliya itubwira yuko Imana yabonye ko “ivyo yaremye vyose” igihe yarema isi n’abantu vyari “vyiza cane” (Itanguriro 1:31). Ico gihe, nta mupaka wari hagati y’abantu n’Imana. Adamu na Eva baraganira mu buryo bwa somambike na Yehova, nk’uko na wa muntu atagira agasembwa Yezu Kirisitu yari afitaniye ubucuti bwa somambike na Se wiwe wo mw’ijuru.—Matayo 3:17.
Iyo abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva badakurikira ingendo y’icaha, bari kugiriranira ubucuti bwa hafi na Yehova Imana ibihe vyose kw’isi y’iparadizo. Bari baratanguye kuba mw’Iparadizo, kubera yuko Ivyanditswe bitubwira ngo: “Uhoraho Imana atunganya itongo muri Edeni, mu ruhande rw’i burasirazuba: arishiramw’uwo muntu yabumvye” (Itanguriro 2:8). Muri iryo tongo ry’iparadizo ni ho Eva yaremewe. Iyo Adamu na Eva badacumura, bo hamwe n’uruvyaro rwabo rutagira agasembwa, bari gushobora gukorera hamwe bahimbawe gushika isi yose icitse iparadizo (Itanguriro 2:21; 3:23, 24). Iparadizo yo kw’isi ni yo umuryango w’abantu wari kubamwo ibihe vyose.
Ni kubera iki hari abaja mw’ijuru?
Hari aho wovuga uti: ‘Mugabo Bibiliya iravuga ivy’abantu baja mw’ijuru, siko none’? Egome. Adamu amaze gucumura, Yehova yaciye agira umugambi wo gushinga Ubwami bwo mw’ijuru, ubwo bamwebamwe mu bakomoka kuri Adamu ‘bobayemwo abami batwara isi’ bafadikanije na Yezu Kirisitu (Ivyahishuriwe 5:10; Abaroma 8:17). Botegerejwe kuzukira ubuzima budahwera mw’ijuru. Igitigiri cabo cuzuye ni 144.000, aba mbere muri bo bakaba babaye abigishwa b’abizerwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere.—Luka 12:32; 1 Ab’i Korinto 15:42-44; Ivyahishuriwe 14:1-5.
Ariko rero, umugambi w’Imana wo mu ntango ntiwari uw’uko abantu bagororotse bava kw’isi bakaja mw’ijuru. Nkako, igihe Yezu yari kw’isi, yavuze ati: “Nta wadūze mw ijuru, atar’uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru” (Yohana 3:13). Imana ibicishije ku “Mwana w’umuntu”, ari we Yezu Kirisitu, yaratanze incungu ituma ubuzima budahera bushoboka ku bantu bizera inkuka ya Yezu (Abaroma 5:8). Mugabo none, ni hehe abantu amamiliyoni nk’abo bazoba ibihe bidahera?
Umugambi w’Imana wo mu ntango uzoranguka
Naho Imana yafashe umugambi wo gutwara bamwebamwe mu muryango w’abantu bakaba abaraganwa na Yezu Kirisitu mu Bwami bwo mw’ijuru, ivyo ntibisobanura yuko abeza bose baja mw’ijuru. Yehova yaremye isi kugira ngo ibe ahantu h’Iparadizo umuryango w’abantu uba. Ubu bwa vuba, Imana izotuma uwo mugambi wo mu ntango uranguka.—Matayo 6:9, 10.
Mu gihe c’ubutegetsi bwa Yezu Kirisitu n’abazoba bafadikanije na we mw’ijuru, amahoro be n’agahimbare bizoba vyiganje kw’isi yose (Zaburi 37:9-11). Abo Imana yibuka bazozurwa hanyuma binovore amagara atagira agahaze (Ivyakozwe 24:15). Abantu bagamburuka babaye abizerwa ku Mana, bazohabwa ca kintu co mu ntango abavyeyi bacu batakaza, ni ukuvuga ubuzima budahera ari abatagira agasembwa mw’isi y’iparadizo.—Ivyahishuriwe 21:3, 4.
Yehova Imana ntiyigera ananirwa no kurangura ivyo agabira gukora. Abicishije ku mumenyeshakazoza wiwe Yesaya, yavuze ati: “Nk’ukw imvura na shelegi bigwa bivuye mw ijuru, ntibisubireyo, ariko bigatosa isi, bigatuma imeza, ikēra, igaha umubivyi imbuto, n’ūrya ikamuha ivyo kurya; uko ni kw ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera: ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye”.—Yesaya 55:10, 11.
Mu gitabu ca Bibiliya ca Yesaya, turabona ukuntu ubuzima buzoba bumeze mw’isi y’Iparadizo. Nta n’umwe azoba aba muri iyo Paradizo azovuga ngo, “Ndarwaye” (Yesaya 33:24). Ibikoko ntibizobangamira umuntu (Yesaya 11:6-9). Abantu bazokwubaka amazu mezameza hanyuma bayiberemwo, kandi bazotera ibiterwa hanyuma barye bahage (Yesaya 65:21-25). Vyongeye, Imana “urupfu [i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose”.—Yesaya 25:8.
Vuba, abantu bagamburuka bazokwibera ahantu heza cane nk’aho. ‘Bazocungurwa ngo ntibabe abaja bo kubora, bazohabwa ukwidegemvya gufatana n’ubwiza bw’abana b’Imana’ (Abaroma 8:21). Ese ukuntu bizoba bihimbaye kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo yo kw’isi yasezeranywe (Luka 23:43)! Urashobora kuzoba uyirimwo, niba ukora uhuje n’ubumenyi ntagakosa bwo mu Vyanditswe kandi ukaba wizera Yehova Imana na Yezu Kirisitu. Vyongeye urashobora kwizigira udakeka yuko ari ivyumvikana kwizera ko isi izoba iparadizo.
[Ifoto ku rup. 5]
Adamu na Eva bari baremewe kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo
[Amafoto ku rup. 7]
Mw’iparadizo yo kw’isi . . .
bazokwubaka amazu
bazotera inzabibu
bazohezagirwa na Yehova
[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]
U.S. Fish & Wildlife Service, Washington, D.C./NASA