Ingene twerekana urukundo dukunda Imana
GUTSIMBATAZA ugukunda Imana si ukwiga gusa ibiyerekeye. Nk’uko abasavyi b’Imana bo hirya no hino kw’isi bashobora kubishingira intahe, ugukunda Imana nyakuri kugenda kurakura uko umuntu arushiriza kumenya neza kamere zayo, mbere kukanarushiriza gukomera uko umuntu ashika ku kumenya ivyo Imana ikunda, ivyo yanka, ivyo ishima be n’ivyo isaba.
Yehova abigiranye urukundo yaraduhaye Ijambo ryiwe Bibiliya, muri yo akaba ari ho yihishura. Biciye kuri yo, turamenya ukuntu Yehova yavyifashemwo mu bintu bitandukanye. Nka kurya nyene agakete kavuye ku mukunzi gatuma tugira akanyamuneza kenshi, ni na ko Bibiliya ituma duhimbarwa rwose igihe tubonye imice mishasha ya kamere za Yehova zahishuwe.
Ariko rero, nk’uko rimwe na rimwe tuvyibonera mu busuku turangura ku mugaragaro, kwiga ivyerekeye Imana ntivyama nantaryo bituma umuntu aca ayikunda. Yezu yabwiye Abayuda bamwebamwe b’intashima bo mu gihe ciwe ati: “Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubu[zima] budashira, . . . ariko mwebge ndabazi yuko mutagira urukundo rw’Imana mu mitima yanyu” (Yohana 5:39, 42). Bamwebamwe baramara imyaka n’iyindi biga ivyerekeye ibikorwa vya Yehova biranga urukundo, yamara ugasanga bamukunda buhoro. Kubera iki? Barananirwa kuzirikana ku vyo biga. Igihushanye n’ivyo, abantu amamiliyoni b’inziraburyarya twigana Bibiliya baribonera ko urukundo bakunda Imana rubandanya gukura. Kubera iki? Kubera yuko bakurikira akarorero ka Asafu, nka kurya nyene ubwacu twabigize. Mu buryo ki?
Tuzirikane tubigiranye ugukenguruka
Asafu yari yiyemeje gutsimbataza ugukunda Yehova mu mutima wiwe. Yanditse ati: “Nkibaza mu mutima; . . . Nzovuga ibikorwa vy’Uhoraho, kuko nzokwibuka ibitangaza vyawe vya kera. Nzokwiyumvira ivyo wakoze vyose, nshire umutima ku bikomeye wakoze” (Zaburi 77:6, 11, 12). Ugukunda Imana kuzokura mu mutima w’umuntu azirikana ku nzira za Yehova nk’uko uwo mwanditsi wa Zaburi yabigira.
Vyongeye, kwibuka ivyo twabonye mu gihe twariko turasukurira Yehova, birakomeza ubucuti dufitaniye na we. Intumwa Paulo yavuze yuko turi “abakozi bakorana” n’Imana, kandi ubugenzi bushobora gukura hagati y’abantu bakorana, usanga ari ubudasanzwe (1 Abakorenti 3:9, UB). Igihe tugaragaza urukundo dukunda Yehova, arabikenguruka kandi bigatuma umutima wiwe unezerwa (Imigani 27:11). Igihe rero dusavye Yehova ngo adufashe maze akatuyobora mu gutorera umuti ingorane yinaka, turamenya ko ari kumwe natwe, urukundo tumukunda na rwo rugakomera.
Ubugenzi abantu babiri bafitaniye buratsimbatara igihe baseruranira inyiyumvo zabo. Muri ubwo buryo nyene, igihe tubwira Yehova igituma twamwihebeye, turakomezwa mu rukundo tumukunda. Tuzosanga ubwacu turiko turagaragaza amajambo ya Yezu agira ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’ubgenge bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose” (Mariko 12:30). Twokora iki kugira ngo twiyemeze neza yuko tuzobandanya gukunda Yehova n’umutima wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, n’ubwenge bwacu bwose, n’inkomezi zacu zose?
Gukunda Yehova n’umutima wacu wose
Ivyanditswe vyerekeza ku mutima w’ikigereranyo, ari wo muntu w’imbere, ni ukuvuga ivyipfuzo vyacu, inyifato yacu hamwe n’inyiyumvo zacu. Gukunda Yehova n’umutima wacu wose rero, bisobanura yuko twipfuza guhimbara Imana kuruta ikindi kintu ico ari co cose (Zaburi 86:11). Twerekana ko dufise urukundo nk’urwo mu gutuma kamere zacu zishimwa na yo. Turihatira kwigana Imana mu ‘kwanka ibibi tukamatana n’ivyiza’.—Abaroma 12:9.
Urukundo dukunda Imana ruragira ico rukoze ku nyiyumvo tugira ku kintu cose. Nk’akarorero, dushobora gusanga akazi kacu kadushimisha canke kadutwara, mugabo none, aho ni ho umutima wacu woba uri? Namba. Kubera yuko dukunda Yehova n’umutima wacu wose, imbere ya vyose turi abasuku b’Imana. Muri ubwo buryo nyene, turashaka guhimbara abavyeyi bacu, uwo twubakanye be n’umukoresha wacu, mugabo tugaragaza ko dukunda Yehova n’umutima wacu wose mu kurondera kumuhimbara imbere y’ibindi vyose. Kanatsinda, arabereye ikibanza ca mbere mu mutima wacu.—Matayo 6:24; 10:37.
Gukunda Yehova n’ubugingo bwacu bwose
Mu Vyanditswe, ijambo “ubugingo” ahanini ryerekeza ku muntu wese uko ari be no ku buzima afise. Nuko rero, gukunda Yehova n’ubugingo bwacu bwose bisobanura gukoresha ubuzima bwacu kugira tumushemeze twongere tugaragaze ko tumukunda.
Ego ni ko, turashobora kuba dufise ibindi bintu biduhimbara mu buzima, nko kwiga umwuga, gucuruza canke gutunga umuryango. Ariko muri ico gihe nyene, turagaragaza ko dukunda Yehova n’ubugingo bwacu bwose mu gukora ibintu nk’uko abishaka no mu kugumiza ibindi bintu mu kibanza bibereye mu buzima bwacu, gutyo ‘tukabanza kwitwararika ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo’ (Matayo 6:33). Ugusenga n’ubugingo bwose kandi bisigura kuba umunyamwete. Turereka Yehova ko tumukunda mu kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami tubigiranye umwete, mu gutanga insasanuro zubaka igihe turi ku makoraniro, canke mu gufasha abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu. Muri vyose, tuguma “[d]ukora ivy’Imana igomba [“n’ubugingo bwose”, NW]”.—Abanyefeso 6:6.
Yezu yaragaragaje ko akunda Imana n’ubugingo bwiwe bwose mu kwiyanka. Ivyo Imana igomba yabishize mu kibanza ca mbere, ivyiwe na vyo abishira mu kibanza ca kabiri. Yezu yaradutumiye ngo dukurikire akarorero kiwe. Yavuze ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere [“igiti ciwe co kubabarizwako hanyuma abandanye”, NW] ankurikir[a]” (Matayo 16:24, 25). Kwiyanka bisobanura kwiyegura. Bisigura yuko dukunda cane Imana ku buryo tuyiha uburenganzira dufise bwo kwigaba, nka kumwe nyene Umwisirayeli wo mu bihe vya Bibiliya yakunda shebuja agaherezako ku buryo yamwizingitirako akaba umugurano wiwe ibihe vyose (Gusubira mu vyagezwe 15:16, 17). Kwegurira ubuzima bwacu Yehova ni ikimenyamenya kijijura c’uko tumukunda.
Gukunda Yehova n’ubwenge bwacu bwose
Gukunda Yehova n’ubwenge bwacu bwose bisobanura ko tugira akigoro kose gakenewe kugira ngo dutahure kamere ziwe, imigambi yiwe be n’ivyo asaba (Yohana 17:3; Ivyakozwe 17:11). Duserura urukundo dufitiye Yehova mu gukoresha ubwenge bwacu bwose mu gufasha abandi kugira na bonyene bashike ku gukunda Yehova, hamwe no mu kuryohora ubuhanga bwacu bwo kwigisha. Intumwa Petero yahimirije ati: “[M]waman[e] ubwenge bubangutse” (1 Petro 1:13, UB). Vyongeye, turagira akigoro mu kugaragaza ko twitwararika abandi, canecane abasavyi b’Imana bagenzi bacu. Turamenya uko ivyabo vyifashe kandi tukaraba neza igihe ukubakeza kuba kubereye canke igihe baba bakeneye kwirurwa.
Turereka Yehova ko tumukunda n’ubwenge bwacu bwose mu kumugamburukira tubigiranye ubwenge. Turagerageza kubona ibintu nk’uko abibona, tukamumenya igihe dufata ingingo kandi tukizigira yuko inzira yiwe ari yo nziza kuruta izindi zose (Imigani 3:5, 6; Yesaya 55:9; Ab’i Filipi 2:3-7). Ariko none, uko tubandanya kwerekana urukundo dukunda Imana, dushobora gute gukoresha inkomezi zacu?
Gukunda Yehova n’inkomezi zacu zose
Urwaruka rwinshi rwo mw’ishengero rya gikirisu rurakoresha inkomezi zarwo mu gushemeza Yehova (Imigani 20:29; Umusiguzi 12:1). Uburyo bumwe abakiri bato benshi b’abakirisu berekana yuko bakunda Yehova n’inkomezi zabo zose, ni mu kugira uruhara mu murimo w’ubutsimvyi, ari bwo busuku bw’igihe cose. Ba inabibondo benshi bagira uruhara muri ubwo busuku igihe abana babo baba bari kw’ishure. Abakurambere b’abizerwa bagendera abantu cungere babifatanije n’ukwitwararika ineza y’imiryango yabo bwite, barerekana yuko bakunda Yehova n’inkomezi zabo zose (2 Ab’i Korinto 12:15). Yehova araha ububasha abamwizigira kugira ngo bashobore kwerekana urukundo bamufitiye mu kumushemeza bakoresheje inkomezi bafise uko ziba zingana kwose.—Yesaya 40:29; Abaheburayo 6:11, 12.
Urukundo rurakura igihe rutsimbatajwe mu buryo bubereye. Ku bw’ivyo, turabandanya kurondera umwanya wo kuzirikana. Turibuka ivyo Yehova yatugiriye be n’igituma akwiriye ko tumwibandako. Bwa bantu b’abanyagasembwa bakomoka kuri Adamu, ntidushobora kwigera tuba ababereye ‘ibintu Imana yateguriye abayikunda’, mugabo turashobora kwerekana ko dukunda Yehova n’ubugingo bwacu bwose. Nimuze tubandanye kubigenza gutyo!—1 Ab’i Korinto 2:9.
[Ifoto ku rup. 20]
Urukundo dukunda Imana turwerekanira mu bikorwa