ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/4 rup. 9-14
  • Nunanire impwemu y’isi igenda ihindagurika

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nunanire impwemu y’isi igenda ihindagurika
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imico runtu iriko iratituka
  • “Ntidutwarwe akayombekere”
  • Impwemu y’iyi si irafise ububasha
  • Impwemu y’Imana irafise ububasha burushirije
  • Nuronke impwemu y’Imana, nturonke iy’isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Nunanire “impwemu y’isi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Kubera iki twoyoborwa n’impwemu y’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yoba akubera akarorero keza canke akubera imburi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/4 rup. 9-14

Nunanire impwemu y’isi igenda ihindagurika

“Ariko tweho ntitwāhawe impwemu y’iyi si, ariko twāhawe [im]pwemu [i]va ku Mana, kugira ngo tumenye ivy’Imana yatugabiye”.—1 AB’I KORINTO 2:12.

1. Ni mu buryo ubuhe Eva yahenzwe?

“INZOKA yampenze” (Itanguriro 3:13). Wa mugore wa mbere Eva akoresheje ayo majambo makeyi, yaragerageje kwisigura ku bijanye n’icatumye agarariza Yehova Imana. Ivyo yavuze vyari vyo naho bitasigura igituma yacumuye. Intumwa Paulo hashize igihe yarahumekewe kwandika ati: “[Eva] ni we yahenzwe” (1 Timoteyo 2:14). Yarahenzwe aremera yuko kugambarara, ni ukuvuga kurya ku camwa cari kibujijwe, vyogize ico bimwungura, bigatuma amera nk’Imana. Yarahenzwe kandi mu buryo bw’uko atamenye uwamuhenze uwo ari we. Ntiyamenye yuko Shetani wa Mucokoranyi ari we yariko avuga abicishije kuri iyo nzoka.—Itanguriro 3:1-6.

2. (a) Shetani azimiza abantu gute muri iki gihe? (b) “Impwemu y’iyi si” ni iki, kandi ni ibibazo ibihe tugira turimbure?

2 Kuva mu gihe ca Adamu na Eva, Shetani yarabandanije guhenda abantu. Kukaba nkako, ariko “[a]zimiza abari kw isi bose” (Ivyahishuriwe 12:9). Amayeri yiwe ntiyahindutse. Naho atagikoresha inzoka buyoka, arabandanya guhisha akaranga kiwe. Shetani abicishije mu vy’ukwinezereza, mu nzego menyeshamakuru no mu bundi buryo, arazimiza abantu kugira bemere yuko badakeneye ubuyobozi buranga urukundo bw’Imana, eka mbere ko ata n’ico bubungura. Isekeza Shetani abandanya kugira ry’uguhendana ryatumye abantu bo mu mihingo yose bagira agatima k’ukugarariza amategeko be n’ingingo ngenderwako vya Bibiliya. Ako gatima Bibiliya ikita “impwemu y’iyi si” (1 Ab’i Korinto 2:12). Iyo mpwemu iragira akosho gakomeye ku vyo abantu batazi Imana bemera, agatima kabo be n’inyifato bagaragaza. Iyo mpwemu yigaragaza gute, kandi dushobora gute kunanira akosho kayo konona? Reka tubirabe.

Imico runtu iriko iratituka

3. Ni kubera iki “impwemu y’iyi si” irushiriza kwigaragaza mu bihe vya none?

3 Mu bihe vya none, “impwemu y’iyi si” yararushirije kwigaragaza (2 Timoteyo 3:1-5). Ushobora kuba warabonye yuko imico runtu iriko iratituka. Ivyanditswe birasigura igituma ari ukwo vyifashe. Inyuma y’aho Ubwami bw’Imana bushingiwe mu mwaka wa 1914, intambara yaradutse mw’ijuru. Shetani n’abamarayika biwe b’amadayimoni baraneshejwe hanyuma bajugunyirwa mu micungararo y’isi. N’ishavu n’akantu, Shetani yarongereje isekeza ryiwe ryo guhenda ababa kw’isi bose (Ivyahishuriwe 12:1-9, 12, 17). Mu buryo bwose ashoboye, aragerageza ‘kuzimiza n’abatoranijwe nimba bishoboka’ (Matayo 24:24). Twebwe abasavyi b’Imana ni twe canecane arondera. Arihatira gusambura kamere yacu y’ivy’impwemu kugira ngo dutakaze ubutoni dufise kuri Yehova be n’icizigiro c’ubuzima budahera.

4. Abasavyi ba Yehova babona gute Bibiliya, isi na yo ikayibona gute?

4 Shetani aragerageza gutyoza Bibiliya, ca gitabu c’agaciro kitwigisha ivyerekeye Umuremyi wacu munyarukundo. Abasavyi ba Yehova barakunda Bibiliya kandi bakayiha agaciro. Turazi ko Bibiliya atari ijambo ry’abantu, ariko ko ari Ijambo ryahumetswe n’Imana (1 Ab’i Tesalonike 2:13; 2 Timoteyo 3:16). Ariko rero, isi ya Shetani ishaka ko twiyumvira ukundi. Nk’akarorero, intangamarara y’igitabu kimwe kirwanya Bibiliya ivuga ngo: “Nta kintu na kimwe ari ‘ceranda’ ku vyerekeye Bibiliya, eka mbere si ‘ijambo ry’Imana’. Ntiyanditswe n’aberanda bahumekewe n’Imana, ariko [yanditswe] n’abapatiri bironderera ubukuru”. Aboshwa ngo bemere ivyo, boshobora gutwarwa bitagoranye n’iciyumviro kitari co c’uko ngo bafise uburenganzira bwo gusenga Imana nk’uko bashaka canke bwo kutayisenga na gato.—Imigani 14:12.

5. (a) Ni ibiki umwanditsi umwe yavuze ku biraba amadini avuga ko yisunga Bibiliya? (b) Ivyiyumviro bimwebimwe vyiraye mw’isi bitandukanye gute n’ico Bibiliya ivuga (Shiramwo ibiri mu ruzitiro ruri ku rupapuro rukurikira.)?

5 Ukurwanya Bibiliya imbonankubone canke mu buryo budaca bwibonekeza be n’uburyarya bwo mu vy’idini bugirwa n’abivugisha ko bayemera, vyatumye abantu barushiriza kwanka idini, ushizemwo n’idini ivuga ko yisunga Bibiliya. Mu bimenyeshamakuru no mu bantu baminuje amashure, idini usanga rirwanywa. Umwanditsi umwe avuga ati: “Abantu benshi ntibabona neza idini y’Abayuda be n’ubukirisu. Ku ruhande rumwe, ayo madini abonwa ko ari meza, ku rundi ruhande na ho akabonwa nk’ikintu cataye igihe gituma hataba iterambere mu vy’ubwenge no mu vya siyansi. Muri iyi myaka iheze, agasuzuguro bari bayafitiye karakuze gacika urwanko rweruye kandi rurimwo agacokoro”. Urwo rwanko akenshi ruturuka ku bantu bahakana ko Imana ibaho kandi bacitse “abiyumvira ivy’ubusa”.—Abaroma 1:20-22.

6. Isi ibona gute ingeso zijanye n’igitsina ziyamirizwa n’Imana?

6 Ntibitangaje rero kubona abantu bariko bata ingingo mfatirwako z’Imana zigenga inyifato. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga yuko ubusambanyi bw’abasangiye igitsina ari ikintu “[g]iteye isoni” (Abaromani 1:26, 27, UB). Ivuga kandi yuko abashakanyi n’abasambanyi batazoragwa Ubwami bw’Imana (1 Ab’i Korinto 6:9). Yamara, mu bihugu vyinshi, izo ngeso zijanye n’ivy’igitsina ntizibonwa gusa nk’ikintu cemewe, ariko kandi zirahayagizwa mu bitabu, mu binyamakuru, mu ndirimbo, mu masenema be no mu biganiro vyo kuri televiziyo. Abavuga nabi izo ngeso babonwa ko bakavya, bihinguza, kandi ko ivyiyumviro vyabo bikiri inyuma y’amajambere. Aho kubona yuko ingingo mfatirwako z’Imana ari uburyo iseruriramwo ko itwitwararika, isi ibona ko izo ngingo ari intambamyi ituma umuntu atidegemvya canke ngo ashire akanyota.—Imigani 17:15; Yuda 4.

7. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

7 Kubera ko turi mw’isi irushiriza gushikama mu vy’ukurwanya Imana, vyoba biranga ubukerebutsi dusuzumye inyifato yacu be n’imico yacu. Dukwiye kuza turisuzuma tujanisha n’isengesho kandi tutibesha kugira ngo turabe yuko tutariko dutwarwa akayombekere buhorobuhoro tugata ivyiyumviro vya Yehova be n’ingingo mfatirwako ziwe. Nk’akarorero, twoshobora kwibaza duti: ‘Noba mpimbarwa n’ibiganiro nshobora kuba naririnda mu myaka nk’ingahe iheze? Noba nsigaye mbona yuko ingeso kanaka ziyamirizwa n’Imana ata co zitwaye? Noba mfise impengamiro yo kubona yuko ivy’impwemu bidahambaye kuruta uko nabibona muri kahise? Uburyo mbayeho bwoba bwerekana ko nshira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwanje?’ (Matayo 6:33). Ukuzirikana nk’ukwo kuzodufasha kunanira impwemu y’iyi si.

“Ntidutwarwe akayombekere”

8. Umuntu yoshobora gute gutwarwa akayombekere akava kuri Yehova?

8 Intumwa Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe ati: “Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako” (Abaheburayo 2:1). Iyo ubwato butwawe akayombekere, burahusha aho bwategerezwa gushikira. Umukapitene atabaye maso ku muyaga no ku mikuba y’amazi, ubwato ariko atwara bwoshobora gutwarwa akayombekere bitagoranye ntibushikire ahantu heza, ariko bukaja kwiseka ku gitandara co ku nkengera y’ikiyaga. Mu buryo nk’ubwo nyene, tutabaye maso ku kuri kw’agaciro kwo mw’Ijambo ry’Imana, twoshobora gutwarwa akayombekere bitagoranye tukava kuri Yehova, maze tugasaba mu buryo bw’impwemu. Ntivyoba ngombwa ko turinda gushibura buhere ukuri kugira ngo dusabe mu vy’impwemu. Kukaba nkako, si benshi bata Yehova bukwi na bukwi kandi ngo babigire n’ibigirankana. Akenshi bisuka buhorobuhoro mu kintu kibasamaza ntibumvire Ijambo ry’Imana. Ata kubica n’ikanda, baratwarwa akayombekere mu caha. Nka kurya kw’umukapitene ariko asinzira, abantu nk’abo bikangura amazi yamaze kurenga inkombe.

9. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yahezagiye Salomo?

9 Rimbura ubuzima Salomo yagize. Yehova yamushinze kuba umwami wa Isirayeli. Imana yarahaye Salomo uburenganzira bwo kwubaka urusengero yongera imutegeka kwandika ibihimba vya Bibiliya. Yehova yaravuganye na we incuro zibiri hanyuma amuha ubutunzi, izina rya rurangiranwa be n’ingoma irangwa amahoro. Ikiruta vyose, Yehova yarahaye Salomo ubwenge bwinshi. Bibiliya ivuga iti: “Imana iha Salomo ubgenge n’ubuhanga bginshi cane, n’umutima wagutse, nk’ukw isēsero ry’umusenyi wo ku kiyaga ryagutse. Ubgenge bga Salomo bgāruta ubg’abanyabgenge bose b’i burasirazuba n’ubg’Abanyegiputa bgose” (1 Abami 4:21, 29, 30; 11:9). Ntihabuze uwokwiyumvira ati: “Niba hari umuntu yogumye ari umwizerwa ku Mana, ni Salomo. Yamara, Salomo yaratwawe akayombekere mu vy’ubuhuni”. Ivyo vyashitse gute?

10. Ni ubuyobozi ubuhe Salomo atagamburutse, kandi ingaruka yabaye iyihe?

10 Salomo yari azi cane Ivyagezwe vy’Imana kandi yarabitahura bimwe bigera ibwina. Nta gukeka ko yotegerejwe kwitwararika bimwe bidasanzwe amacishabwenge yari yarahawe ababa abami muri Isirayeli. Muri ayo macishabwenge, hari iryavuga ngo: “Kandi [umwami] ntaz’agire umukimba w’abagore, kugira ngo ntibize bihindure umutima wiwe” (Gusubira mu vyagezwe 17:14, 17). Naho ubwo buyobozi butomoye bwari buhari, Salomo yarongoye abagore amajana indwi n’incoreke amajana atatu. Benshi muri abo bagore basenga imana z’inyamahanga. Ntituzi icatumye Salomo arongora abagore benshi bigeze iyo hose, eka mbere ntituzi n’ingene yasiguye icatumye abarongora. Ico tuzi gusa, ni uko atagamburutse ubuyobozi butomoye bw’Imana. Ingaruka yabaye neza na neza ivyo Yehova yari yaravuze ko vyobaye. Dusoma duti: “Abagore [ba Salomo] . . . bakwegera umutima wiwe ku zindi mana” (1 Abami 11:3, 4). Buhorobuhoro, ubwenge yari yarahawe n’Imana bwarayamye. Yaratwawe akayombekere. Amaherezo, icipfuzo ca Salomo co guhimbara abagore biwe b’abapagani casubiriye icipfuzo yari afise co kugamburukira Imana no kuyihimbara. Ese ukuntu vyari biteye agahinda narirya Salomo ari we yari yaranditse ngo: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.”!—Imigani 27:11.

Impwemu y’iyi si irafise ububasha

11. Ivyo dushira mu muzirikanyi wacu bigira ico bikoze gute ku vyiyumviro vyacu?

11 Akarorero ka Salomo karatwigisha yuko birimwo akaga kwiyumvira yuko utwosho tw’isi tutazogira ico dukoze ku vyiyumviro vyacu ngo ni uko tuzi ukuri. Nk’uko imfungurwa z’umubiri zigira ico zikoze ku mubiri wacu, ni ko n’ivyo tugaburira umuzirikanyi bishobora kugira ico bikoze kuri wo. Ivyo tugaburira umuzirikanyi wacu biragira ico bikoze ku vyiyumviro vyacu no ku nyifato yacu. Kubera yuko amahinguriro ivyo abizi, arasohora amadolari amamiliyaridi uko umwaka utashe kugira ahaye ivyo ahingura. Mw’ihaya ry’ibidandazwa rikwegakwega abantu, harakoreshwa akarimi gasosa be n’amashusho aryoheye ijisho kugira ngo bikwegere ivyipfuzo vy’abaguzi. Abahaya ibidandazwa barazi kandi yuko kubona ihaya ry’ikidandazwa rimwe canke kabiri gusa bitazoca bituma abantu bacirukira. Ariko rero, uko haca igihe abaguzi bakaza barabona ikidandazwa, akenshi bituma bagikunda. Uguhaya ibidandazwa kurakora, ahandi ho nta n’umwe yobishiramwo umutahe wiwe. Uguhaya ibidandazwa kuragira akosho k’ububasha ku vyiyumviro vy’abantu no ku nyifato bagira.

12. (a) Shetani yosha gute ivyiyumviro vy’abantu? (b) Ni igiki cerekana ko abakirisu bashobora kwoshwa?

12 Nka kurya kw’uwuhaya ibidandazwa, Shetani arateza imbere ivyiyumviro vyiwe mu gutuma biba ibikwegera, ivyo akabigira azi ko nihaca igihe, ashobora kwigarurira abantu bakiyumvira nk’uko yiyumvira. Shetani akoresheje ivy’ukwinezereza be n’ubundi buryo, arahenda abantu bakemera yuko iciza ari ikibi, ikibi na co ari iciza (Yesaya 5:20). N’abakirisu b’ukuri barirekeranye baratwarwa n’amakuru atari yo Shetani akwiragiza. Bibiliya igabisha iti: “Ariko [im]pwemu [i]vuga [i]vyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’impwemu zizimiza no ku vy’inyigisho z’abadayimoni, bavugisha uburyarya bg’abanyabinyoma, bokejwe icapa mu mitima yabo ibāgiriza ikibi”.—1 Timoteyo 4:1, 2; Yeremiya 6:15.

13. Abagenzi babi ni bande, kandi ni gute abagenzi bacu bagira ico bakoze kuri twebwe?

13 Nta n’umwe muri twebwe yatewe urucanco rumukingira impwemu y’iyi si. Imiyaga be n’imikuba vy’urunkwekwe rwa Shetani biri n’ububasha. Bibiliya idukebura mu buryo buranga ubukerebutsi iti: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza” (1 Ab’i Korinto 15:33). Mu bagenzi babi hashobora kujamwo ikintu cose canke umuntu wese, mbere n’uwo mw’ishengero, agaragaza agatima k’iyi si. Hamwe twokwiyumvira yuko abagenzi babi badashobora kutugirira nabi, ntivyoca none bituma dushika ku ciyumviro c’uko abagenzi beza badashobora kudufasha? Mbega ukuntu ukwo kwoba ari ukwihenda! Bibiliya iratomora ico kintu igihe ivuga iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka”.—Imigani 13:20.

14. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kurwanya impwemu y’iyi si?

14 Kugira turwanye impwemu y’iyi si, dutegerezwa kwifatanya n’abanyabgenge, ni ukuvuga barya basukurira Yehova. Dutegerezwa kwuzuza imizirikanyi yacu ibintu vyubaka ukwizera kwacu. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivy’ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira” (Ab’i Filipi 4:8). Bwa bantu bashoboye gutandukanya iciza n’ikibi, turashobora guhitamwo ibintu twiyumvira. Ese twokwama duhitamwo kwiyumvira ibintu bizotuma turushiriza kwiyegereza Yehova!

Impwemu y’Imana irafise ububasha burushirije

15. Abakirisu b’abanyakorinto bari batandukaniye he n’abandi bantu baba muri ico gisagara?

15 Abakirisu b’ukuri ntibameze nka barya bazimizwa n’impwemu y’iyi si, bo bayoborwa n’impwemu yera y’Imana. Ishengero ry’i Korinto ni ryo Paulo yandikiye ati: “Tweho ntitwāhawe impwemu y’iyi si, ariko twāhawe [im]pwemu [i]va ku Mana, kugira ngo tumenye ivy’Imana yatugabiye” (1 Ab’i Korinto 2:12). Korinto ha kera cari igisagara catwikiwe n’impwemu y’iyi si. Benshi mu baba muri ico gisagara bari barataye inyifato runtu ku buryo imvugo ngo “kubaho nk’Abanyakorinto” yahavuye isobanura “gukora ubushegabo”. Shetani yari yarahumye imitima y’abahaba. Ku bw’ivyo, batahura bike canke mbere ntihagire n’ico batahura ku vyerekeye ya Mana y’ukuri (2 Ab’i Korinto 4:4). Yamara, biciye ku mpwemu yiwe yera, Yehova yarahumuye Abanyakorinto bamwebamwe, atuma baronka ubumenyi bwerekeye ukuri. Impwemu yiwe yarabavyuriye umutima wo kugira ico bakoze yongera ibashikana ku kugira amahinduka ahambaye mu buzima bwabo kugira ngo bashobore kwemerwa na we kandi abahezagire (1 Ab’i Korinto 6:9-11). Naho impwemu y’iyi si yari ikomeye, nta ho yari ihuriye n’impwemu ya Yehova.

16. Dushobora gute kuronka impwemu y’Imana no kuyigumana?

16 Ivyo ni ko biri no muri kino gihe. Impwemu yera ya Yehova ni yo nguvu ifise ububasha kuruta izindi zose mu vyaremwe vyose, kandi arayiha abayisaba bose bari n’ukwizera, akayibaha ku buntu kandi atitangiriye itama (Luka 11:13). Ariko rero, kugira ngo turonke impwemu y’Imana, dutegerezwa gukora n’ibindi uretse gusa kunanira impwemu y’iyi si. Dutegerezwa kandi kwiga tudahorereza Ijambo ry’Imana tukongera tukarishira mu ngiro mu buzima bwacu kugira ngo agatima kacu, ni ukuvuga inyifato yacu yo mu muzirikanyi, gahuze n’ivyiyumviro vyayo. Ivyo tubigize, Yehova azodukomeza tunanire amayeri ayo ari yo yose Shetani yokoresha kugira ngo asambure kamere yacu y’ivy’impwemu.

17. Ni mu buryo butandukanye ubuhe ivyashikiye Loti bishobora kuduhumuriza?

17 Naho abakirisu atari ab’isi, bari mw’isi (Yohana 17:11, 16). Nta n’umwe muri twebwe ashobora kwirinda buhere impwemu y’iyi si kubera ko dushobora gukorana canke mbere tukanabana n’abantu badakunda Imana canke inzira zayo. Twoba twumva tumerewe nka kumwe kwa Loti, we “yababazwa cane”, mbere akanatuntuzwa n’ibikorwa vy’ubugarariji vyakorwa n’abantu yabamwo b’i Sodomu (2 Petero 2:7, 8)? Niba tumererwa nka we, turashobora kuronka impumurizo. Yehova yarakingiye Loti yongera aramurokora, kandi na twebwe arashobora kutugirira nk’ukwo nyene. Data wa twese w’umunyarukundo arabona ukuntu ivyacu vyifashe kandi arabizi, akaba ashobora no kuduha imfashanyo be n’inkomezi bikenewe kugira ngo tuzigame kamere yacu y’ivy’impwemu (Zaburi 33:18, 19). Tumwihetseko, tukamwizigira kandi tukamwitura, azodufasha kunanira impwemu y’iyi si, naho ivyacu vyoba bigoye gute.—Yesaya 41:10.

18. Ni kubera iki dukwiye guha agaciro ubucuti dufitaniye na Yehova?

18 Mw’isi yonkowe ku Mana kandi yahenzwe na Shetani, twebwe abasavyi ba Yehova turifitiye ubumenyi bwerekeye ukuri. Turagira rero umunezero be n’amahoro isi idafise (Yesaya 57:20, 21; Ab’i Galatiya 5:22). Turaha agaciro ca cizigiro ciza igitangaza c’ukubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo, aho impwemu y’iyi si igeze habi itazoba ikirangwa. Ese rero twoha agaciro ubucuti bw’agaciro dufitaniye n’Imana kandi tukitwararika gukosora impengamiro iyo ari yo yose yo gutwarwa akayombekere mu buryo bw’impwemu! Nimuze turushirize rwose kwiyegereza Yehova, na we azodufasha kunanira impwemu y’iyi si.—Yakobo 4:7, 8.

Woshobora kubisigura?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe Shetani yahenze abantu akongera akabazimiza?

• Dushobora gute kwirinda gutwarwa akayombekere tukava kuri Yehova?

• Ni igiki cerekana ko impwemu y’iyi si ifise ububasha?

• Dushobora gute kuronka impwemu y’Imana kandi tukayigumana?

[Igicapo ku rup. 11]

UBUKEREBUTSI BWO MW’ISI BURATANDUKANYE N’UBUKEREBUTSI BUVA KU MANA

Ukuri kuvana n’uko ibintu vyifashe—abantu ni bo bishiriraho ukuri kwabo bwite.

“Ijambo ry[’Imana] ni ryo kuri”.—Yohana 17:17.

Kugira ngo umenye iciza n’ikibi, niwizigire inyiyumvo zawe.

“Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa”.—Yeremiya 17:9.

Kora ivyo ushaka.

“Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe”.—Yeremiya 10:23.

Ubutunzi ni bwo butuma umuntu agira ubuhirwe.

“Gukunda amahera [ni] imizi y’ibibi vyose”.—1 Timoteyo 6:10.

[Ifoto ku rup. 10]

Salomo yaratwawe akayombekere arata ugusenga kw’ukuri, ahindukirira imana z’ikinyoma

[Ifoto ku rup. 12]

Nka kurya kw’uwuhaya ibidandazwa, Shetani arateza imbere impwemu y’iyi si. Woba uyinanira?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika