Nube umurindutsi nka Yeremiya
“Ni witege Uhoraho: rema, umutima wawe uhūmure: nuko, ni witege Uhoraho”.—ZABURI 27:14.
1. Ni imihezagiro myinshi iyihe Ivyabona vya Yehova binovora?
IVYABONA VYA YEHOVA baba mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu (Yesaya 11:6-9). Muri iyi si idurumbanye cane, barinovora ikibano co mu buryo bw’impwemu bari kumwe n’abakirisu bagenzi babo bafitaniye amahoro na Yehova Imana no hagati yabo (Zaburi 29:11; Yesaya 54:13). Vyongeye, iparadizo yabo yo mu buryo bw’impwemu iriko iraguka. Abantu bose ‘bakora ivy’Imana igomba bivuye ku mutima’, baragira uruhara mu kwagura iyo paradizo (Abanyefeso 6:6). Uti gute? Mu kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no mu kwigisha abandi kubaho bazisunga, gutyo bakaba babatumiye kwungukira ku mihezagiro myinshi iva kuri iyo paradizo.—Matayo 28:19, 20; Yohana 15:8.
2, 3. Ni ibiki abakirisu b’ukuri bategerezwa kwihanganira?
2 Ariko rero, kuba turi mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu ntibisigura yuko tudashobora gushikirwa n’ibigeragezo. Turacari abanyagasembwa kandi turacumukuzwa n’indwara be n’ubusaza, amaherezo tugapfa. Bisubiye, turiko turibonera iranguka ry’ubuhanuzi bwerekeye “imisi y’iherezo” (2 Timoteyo 3:1). Intambara, ubugizi bwa nabi, indwara, ikigoyi be n’ayandi magume akomakomeye, birasinzikaza abantu bose n’Ivyabona vya Yehova badasigaye inyuma.—Mariko 13:3-10; Luka 21:10, 11.
3 Iruhande y’ivyo vyose, turazi neza yuko hanze y’iyo paradizo yacu yo mu vy’impwemu isusurutse hahuhuta imiyaga y’igikonyozi y’uruhamo. Yezu yaburiye abayoboke biwe ati: “Kuko mutar’ab’isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka. Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’Umushumba ntaruta Shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama” (Yohana 15:18-21). Ukwo ni ko ibintu vyifashe no muri iki gihe. N’ubu abantu benshi ntibatahura canke ngo bahe agaciro uburyo bwacu bwo gusenga. Bamwebamwe baratunebagura, bakadutyekeza, canke mbere nk’uko Yezu yabibuye, no kutwanka bakatwanka (Matayo 10:22). Akenshi, turavugwa ukutari kwo kandi tugatyozwa biciye ku nzego menyeshamakuru (Zaburi 109:1-3). Ego cane, twese turashikirwa n’ibintu bigoye, kandi bamwebamwe muri twebwe boshobora gucika intege. Twokwihangana gute?
4. Ni hehe turonderera imfashanyo ituma twihangana?
4 Yehova azodufasha. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ahumekewe ati: “Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, arik’Uhoraho ayamukiza yose” (Zaburi 34:19; 1 Ab’i Korinto 10:13). Benshi muri twebwe barashobora kwemeza yuko igihe twizigiye Yehova n’umutima wacu wose, aduha inkomezi zo kwihanganira amagume ayo ari yo yose. Urukundo tumukunda be n’umunezero twashizwe imbere biradufasha kurwanya ugucika intege be n’ubwoba (Abaheburayo 12:2). Gutyo, igihe duhanganye n’ingorane, turabandanya gushikama.
Ijambo ry’Imana ryarakomeje Yeremiya
5, 6. (a) Ni uburorero ubuhe dufise bw’abasavyi b’ukuri bashoboye kwihangana? (b) Yeremiya yavyakiriye gute igihe yabwirwa kuba umumenyeshakazoza?
5 Muri kahise hose, abasavyi ba Yehova b’abizerwa bararonse umunezero naho baba bari mu bintu bigoye. Bamwebamwe babayeho mu bihe vy’urubanza, igihe Yehova yasuka uburake bwiwe ku bantu b’ibihemu. Muri abo basavyi b’abizerwa harimwo Yeremiya be na bamwebamwe bo mu gihe ciwe, tudasize inyuma abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Ubwo burorero bwa kera bwanditswe muri Bibiliya kugira ngo buturemeshe, kandi turashobora kubwigirako vyinshi (Abaroma 15:4). Nk’akarorero, rimbura ivya Yeremiya.
6 Yeremiya akiri muto, yabwiwe kuja kuba umumenyeshakazoza i Yudaya. Ico gikorwa yari ashinzwe nticari coroshe. Abantu benshi bariko basenga imana z’ikinyoma. Naho Yosiya yari umwizerwa, uwo na we akaba yari umwami igihe Yeremiya yatangura ubusuku bwiwe, abami bamukurikiye bose bari ibihemu, kandi benshi mu bari bajejwe kwigisha abantu, ni ukuvuga abamenyeshakazoza be n’abaherezi, ntibashigikira ukuri (Yeremiya 1:1, 2; 6:13; 23:11). Yeremiya none yumvise amerewe gute igihe Yehova yamusaba kuba umumenyeshakazoza? Ubwoba bwaramutekeye (Yeremiya 1:8, 17)! Yeremiya yaributse ukuntu yabanje kuvyakira: “Ndavuga, nti Yō, erega Mwami Uhoraho, sinzi kuvuga, kuko nkiri muto”!—Yeremiya 1:6.
7. Abantu bo mu cibare Yeremiya yakoreramwo bavyakira gute, kandi yavyifashemwo gute?
7 Abantu baba mu cibare Yeremiya yakoreramwo ahanini ntibamwumviriza, kandi yarakunda guhura n’ukurwanywa gukomeye. Igihe kimwe uwitwa Pashuri, akaba yari umuherezi, yaramukubise araheza amushirisha mu mpatane z’ibiti. Yeremiya yaravuze ingene yumvise amerewe ico gihe: “[Ndavuga], nti Sinzosubira kumuvuga [Yehova], canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe”. Kumbure vyoba vyaragushikiye ukumva umerewe gutyo, ugashaka gutana n’akabando. Raba icafashije Yeremiya gukomera kw’ibanga. Yavuze ati: “[Ijambo ry’Imana canke ubutumwa bwayo buca bu]ba nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora” (Yeremiya 20:9). Ijambo ry’Imana ryoba rigira ico rikoze kuri wewe mu buryo nk’ubwo?
Abari bafadikanije igikorwa na Yeremiya
8, 9. (a) Ni ubugoyagoye ubuhe umumenyeshakazoza Uriya yagaragaje, kandi vyavuyemwo iki? (b) Ni kubera iki Baruki yacitse intege, kandi yafashijwe gute?
8 Yeremiya ntiyari wenyene mu gikorwa ciwe co kumenyesha kazoza. Yari afise abo bafadikanije igikorwa kandi ivyo bitegerezwa kuba vyaramuremesha. Ariko rero, vyarashika bagenziwe ntibakorane ubukerebutsi. Nk’akarorero, umumenyeshakazoza mugenziwe yitwa Uriya yariko aburira Yeruzalemu n’Ubuyuda “[i]bihwanye n’amajambo yose ya Yeremiya”. Ariko rero, igihe Umwami Yehoyakimu yategeka yuko Uriya yicwa, uwo mumenyeshakazoza yaciye atekerwa n’ubwoba ahungira mu Misiri. Ivyo ntivyamukijije. Abantu b’umwami baramukurikiye, bamufata mpiri maze bamusubiza i Yeruzalemu, aho yiciwe. Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyarababaje Yeremiya!—Yeremiya 26:20-23.
9 Uwundi mugenzi wa Yeremiya yari umwanditsi wiwe Baruki. Baruki yari umufasha mwiza kuri Yeremiya, mugabo igihe kimwe na we nyene yararetse gushira umutima ku bintu vy’impwemu. Yatanguye kwidodomba ati: “Mbonye ibara, kuk’Uhoraho yongereje intuntu ku mubabaro wanje! Kuniha kurandambiye, simbona akaruhuko”. Baruki, uwari yacitse intege, yatanguye kureka guha agaciro ibintu vy’impwemu. Naho vyari ukwo, Yehova abigiranye umutima mwiza yarahaye Baruki impanuro iranga ubukerebutsi hanyuma Baruki asubira ku murongo. Yaciye akurwa amazinda yuko yorokotse isangangurwa rya Yeruzalemu (Yeremiya 45:1-5). Ese ukuntu Yeremiya ategerezwa kuba yararemye igihe Baruki yasubirana uburimbane bwiwe bwo mu vy’impwemu!
Yehova yarashigikiye abamenyeshakazoza biwe
10. Ni imihango iyihe Yehova yahaye Yeremiya y’ukumufasha?
10 Igihambaye kuruta, Yehova ntiyahevye Yeremiya. Yaratahuye ukuntu umumenyeshakazoza wiwe yumva amerewe maze aramuha inkomezi be n’imfashanyo yari akeneye. Nk’akarorero, mu ntango y’ubusuku bwa Yeremiya, hamwe yaserura amakenga ku bijanye n’uko ata vyo ashoboye, Yehova yamubwiye ati: “Ntuz’ugire ubgoba kubgabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze”. Hanyuma, amaze guha umumenyeshakazoza wiwe amakuru ajanye n’igikorwa yashinzwe, Yehova yavuze ati: “Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze” (Yeremiya 1:8, 19). Umve yemwe ukuntu ayo majambo ahumuriza! Kandi Yehova yarashikije umuhango wiwe.
11. Tuzi gute yuko Yehova yashikije umuhango yatanze wo gushigikira Yeremiya?
11 Yeremiya rero amaze gushirwa mu mpatane z’ibiti no kuba agatwengo k’abahita, yavuganye ukwizigira ati: “Uhoraho [y]ari kumwe nanje nk’umunyenkomezi n’uw’igitinyiro; Ni co kizotuma abampama batsitara, ntibaneshe: bazorimarima rwose” (Yeremiya 20:11). Mu myaka yakurikiye, igihe bagerageza kwica Yeremiya, Yehova yabandanije kuba kumwe na we, kandi nka kumwe kwa Baruki, Yeremiya yararokotse isangangurwa rya Yeruzalemu ari umuntu yidegemvya, mu gihe abamuhama be n’abirengagije imburi yiwe bobo, bamwe basanganguwe abandi bakajanwa i Babiloni ari inyagano.
12. Naho hari ibintu vyotuma ducika intege, ni igiki dukwiye kuguma twibuka?
12 Nka kumwe kwa Yeremiya, muri iki gihe benshi mu Vyabona vya Yehova barihanganira ingorane. Nk’uko vyamaze kuvugwa, zimwe muri izo ngorane ziterwa n’agasembwa kacu bwite, izindi zigaterwa n’umuvurungano urangwa muri iyi si, izindi na zo zigaterwa n’abarwanya igikorwa cacu. Mwene izo ngorane zirashobora kuduca intege. Nka kumwe kwa Yeremiya, vyoshika tugatangura kwibaza nimba dukwiye kubandanya umurimo wacu. Nkako, turashobora kwitega ko bizoza birashika tugacika intege. Ugucika intege kurageza urugero dushikanako mu gukunda Yehova. Nimuze rero twiyemeze kutareka ngo ugucika intege gutume duheba umurimo wa Yehova, nk’uko Uriya yawuhevye. Ahubwo riho, nimuze twigane Yeremiya kandi twizigire yuko Yehova azodushigikira.
Uburyo bwo kurwanya ugucika intege
13. Dushobora gute kwigana akarorero ka Yeremiya n’aka Dawidi?
13 Yeremiya yaraganira na Yehova Imana adahorereza, akamuserurira inyiyumvo ziwe zigera ibwina agatako akamusaba inkomezi. Ako ni akarorero keza twokwigana. Dawidi wo mu bihe vya kera, uwahanga amaso iryo Soko nyene ry’inkomezi, yanditse ati: “Uhoraho, tegera ugutwi amajambo yanje, ushire umutima ku majojwa yanje. Bangira ugutwi ijwi ry’ugutakamba kwanje, Mwami wanje, Mana yanje: kukw ari wewe nsenga” (Zaburi 5:1, 2). Inkuru yahumetswe yerekeye ubuzima bwa Dawidi irerekana yuko incuro n’izindi Yehova yishuye amasengesho Dawidi yamutura amusaba imfashanyo (Zaburi 18:1, 2; 21:1-5). Mu buryo nk’ubwo, igihe turi mu mikazo myinshi canke dufise ingorane zisa n’izo tutoshobora gutsinda, birahumuriza cane guhindukirira Yehova mw’isengesho maze tukamuserurira akari ku mutima (Ab’i Filipi 4:6, 7; 1 Ab’i Tesalonike 5:16-18). Yehova ntiyanka kudutega ugutwi. Ahubwo riho, adukura amazinda yuko ‘atubabara’ (1 Petero 5:6, 7). Ariko none, wumva vyoba bitegereka dusenze Yehova mugabo tukareka kwumviriza ivyo avuga?
14. Amajambo ya Yehova yagize ingaruka iyihe kuri Yeremiya?
14 Yehova avugana natwe gute? Subira uzirikane ku vyerekeye Yeremiya. Kubera ko Yeremiya yari umumenyeshakazoza, Yehova yarivuganira na we. Yeremiya aradondora ingaruka amajambo y’Imana yagize ku mutima wiwe mu kuvuga ati: “Amajambo yawe yarabonetse ndayarya; kand’amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ingabo” (Yeremiya 15:16). Vyemere, Yeremiya yanezerejwe n’uko yitiriwe izina ry’Imana, kandi amajambo yayo yari n’agaciro kuri uwo mumenyeshakazoza. Ku bw’ivyo, nka kumwe kw’intumwa Paulo, Yeremiya yari ashashaye gutangaza ubutumwa yari yarahawe.—Abaroma 1:15, 16.
15. Dushobora gute kwinjiza amajambo ya Yehova mu mutima wacu, kandi ni ukurimbura ibiki kuzotuma twiyemeza kutareka kuvuga?
15 Yehova ntiyivuganira n’umuntu n’umwe muri iki gihe. Ariko rero, turafise amajambo y’Imana yanditswe muri Bibiliya. Ku bw’ivyo, twize Bibiliya n’umwete tukongera tukazirikana bimwe bishika ibwina ku vyo twiga, na twebwe amajambo y’Imana azotubera “akanyamuneza n’ibihimbaro” vy’umutima wacu. N’ikindi kandi, turashobora kugira akamwemwe kubona twitirirwa izina rya Yehova igihe tugiye kubwira abandi ayo majambo. Nimuze rero ntitwigere twibagira ivy’uko ata bandi bantu mw’isi muri iki gihe batangaza izina rya Yehova. Ivyabona vyiwe ni bo bonyene bamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bwamaze gushingwa kandi bakigisha abicisha bugufi kugira ngo bacike abigishwa ba Yezu Kirisitu (Matayo 28:19, 20). Mbega ukuntu twahezagiwe! Uravye agateka gahambaye Yehova yaduteye abigiranye urukundo, wumva none tworeka kuvuga?
Tube maso ku bo twifatanya
16, 17. Yeremiya yabona gute ivyerekeye ukwifatanya n’abantu, kandi twomwigana gute?
16 Yeremiya aravuga ikindi kintu camufashije kuba umurindutsi. Yavuze ati: “Sinicaranye n’abaremye akarwi bitwengera, bihimbarirwa: nicaye ukwanje jenyene kubg’ukuboko kwawe; kuko wanyujuje umwikomo” (Yeremiya 15:17). Yeremiya yahisemwo kuba wenyene aho kwononwa n’abagenzi babi. Ukwo ni ko natwe tubona ibintu muri iki gihe. Ntitwigera twibagira ingabisho intumwa Paulo yatanze ivuga yuko “kubana n’ababi kwonona ingeso nziza”, mbere n’ingeso nziza twoba tumaze imyaka myinshi dufise.—1 Ab’i Korinto 15:33.
17 Kwifatanya n’abagenzi babi birashobora gutuma agatima k’iyi si konona ivyiyumviro vyacu (1 Ab’i Korinto 2:12; Abanyefeso 2:2; Yakobo 4:4). Nimuze rero tumenyereze ubwenge canke ububasha bwacu bwo gutegera kumenya abagenzi babi abo ari bo maze duheze tubamirire kure (Abaheburayo 5:14). Nka hamwe Paulo yoba ari kw’isi muri iki gihe, wiyumvira yuko yobwira iki umukirisu araba amasenema y’ubushegabo canke ubukazi kibure inkino z’ubukazi? Yohanura iki umuvukanyi ashishikara kwifatanya n’abantu batazinanyi na gato biciye kuri bwa buhinga bwo gutumatumanako amakuru bwa Internet? Yokwiyumvira iki ku mukirisu amara amasaha n’amasaha akina udukino two kuri videwo canke arorera televiziyo mugabo akaba adafise utumenyero twiza two kwiyigisha?—2 Ab’i Korinto 6:14b; Abanyefeso 5:3-5, 15, 16.
Nugume mw’iparadizo yo mu vy’impwemu
18. Ni ibiki bizodufasha kuguma dukomeye mu buryo bw’impwemu?
18 Turaha agaciro iparadizo yacu yo mu vy’impwemu. Nta kintu na kimwe kimeze nka yo mw’isi muri iki gihe. Mbere n’abatizera baravuga neza urukundo, ubwitwararitsi be n’ubuntu abakirisu bagaragarizanya. (Abanyefeso 4:31, 32) Naho ari ukwo, ubu turakeneye kuruta ikindi gihe ico ari co cose kurwanya ugucika intege. Kwifatanya n’abantu beza, isengesho be n’utumenyero twiza two kwiga birashobora kudufasha kuguma dukomeye mu vy’impwemu. Bizodukomeza kugira ngo duhangane n’ikigeragezo ico ari co cose twizigiye Yehova n’umutima wacu wose.—2 Ab’i Korinto 4:7, 8.
19, 20. (a) Ni ibiki bizodufasha kwihangana? (b) Ikiganiro gikurikira cerekeye bande, vyongeye ni bande kandi kiza gushimisha?
19 Ntidukwiye kwigera tureka ngo abaterekwa ubutumwa bwo muri Bibiliya dushikiriza badutere ubwoba maze batume twihakana ukwizera kwacu. Nka kumwe kwa ba bansi bahama Yeremiya, abaturwanya baba bariko barwanya Imana. Ntibazotsinda. Yehova, we akomeye rwose kuruta abaturwanya, atubwira ati: “Ni witege Uhoraho: rema, umutima wawe uhūmure: nuko, ni witege Uhoraho” (Zaburi 27:14). Dufise ukwizigira Yehova gushinze imizi rwose mu mutima wacu, nimuze twiyemeze kudateshwa ngo dute mu vyo gukora ivyiza. Nimuze twizigire yuko, nka kumwe kwa Yeremiya na Baruki, tuzokwimbura nitutarambirwa.—Ab’i Galatiya 6:9.
20 Kurwanya ugucika intege ni urugamba abakirisu benshi bama barwana. Ariko rero, abakiri bato barahangana n’ingorane zidasanzwe. Ariko barafise kandi uturyo twiza igitangaza. Ikiganiro gikurikira cerekeye neza na neza urwaruka ruri muri twebwe. Kiraza kandi gushimisha abavyeyi be n’abandi bose bo mw’ishengero bakuze biyeguye bashobora gufasha abakiri bato bo mw’ishengero biciye ku vyo bavuga, ku karorero batanga no ku mfashanyo babihera.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki dushobora kwitega ibintu biduca intege, kandi ni nde dukwiye guhanga amaso ngo adufashe?
• Yeremiya yatsinze gute ugucika intege naho yari yashinzwe igikorwa kitoroshe?
• Ni igiki kizotuma imitima yacu igira ‘akanyamuneza n’agahimbare’ no mu gihe twoba turi mu ngorane?
[Ifoto ku rup. 9]
Yeremiya yabona ko akiri muto cane kandi ko adashoboye ivy’ukuba umumenyeshakazoza
[Ifoto ku rup. 10]
Naho Yeremiya yariko arahamwa, yari azi yuko Yehova ari kumwe na we “nk’umunyenkomezi n’uw’igitinyiro”