ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 29
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zaburi: ibirimwo

      • Ububasha bw’ijwi rya Yehova

        • Nimusenge mwambaye ivyambarwa vyeranda (2)

        • «Ijwi ry’Imana ininahaye riraturagara» (3)

        • Yehova arakomeza abantu biwe (11)

Zaburi 29:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 16:28, 29

Zaburi 29:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nimusenge.»

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko ubweranda bwiwe bwakaka.»

Zaburi 29:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 7:10; Zb 18:13
  • +Zb 104:3

Zaburi 29:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 26:11; 40:9

Zaburi 29:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 2:12, 13

Zaburi 29:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina biboneka ko ryerekeza ku runani rw’imisozi ya Libani.

  • *

    Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 3:8, 9

Zaburi 29:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 19:18; Zb 77:18

Zaburi 29:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 13:13; Heb 12:26
  • +Gh 13:26

Zaburi 29:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 10:17, 18; Ezk 20:47

Zaburi 29:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «hejuru y’amazi menshi yo mw’ijuru.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 38:25
  • +1Tm 1:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2006, rup. 20

Zaburi 29:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 40:29
  • +Zb 72:7

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zab. 29:11Ng 16:28, 29
Zab. 29:31Sm 7:10; Zb 18:13
Zab. 29:3Zb 104:3
Zab. 29:4Yb 26:11; 40:9
Zab. 29:5Yes 2:12, 13
Zab. 29:6Gus 3:8, 9
Zab. 29:7Kv 19:18; Zb 77:18
Zab. 29:8Yes 13:13; Heb 12:26
Zab. 29:8Gh 13:26
Zab. 29:9Yes 10:17, 18; Ezk 20:47
Zab. 29:10Yb 38:25
Zab. 29:101Tm 1:17
Zab. 29:11Yes 40:29
Zab. 29:11Zb 72:7
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zaburi 29:1-11

Zaburi

Ni zaburi ya Dawidi.

29 Nimuhe Yehova ivyo akwiriye, yemwe bana b’abahambaye.

Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe+.

 2 Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe.

Nimwunamire* Yehova mwambaye ivyambarwa vyeranda*.

 3 Ijwi rya Yehova ryumvikana hejuru y’amazi.

Ijwi ry’Imana ininahaye riraturagara+.

Yehova ari hejuru y’amazi menshi+.

 4 Ijwi rya Yehova rirakomeye+.

Ijwi rya Yehova ni agahore.

 5 Ijwi rya Yehova rivunagura amasederi.

Egome, Yehova amenagura amasederi y’i Libani+.

 6 Atuma Libani* yikina amatavu nk’inyana,

agatuma Siriyoni+ yikina amatavu nk’ishuri yo mw’ishamba*.

 7 Ijwi rya Yehova rirekura imbeya z’umuriro+.

 8 Ijwi rya Yehova rituma ubugaragwa bujugumira+.

Yehova atuma ubugaragwa bw’i Kadeshi+ bujugumira.

 9 Ijwi rya Yehova rituma impongokazi zijugumira zikaramburura,

kandi rikokora ikibira kigasigara ari amenya+,

maze ibiri mu rusengero rwiwe vyose bikavuga biti: «Ninahazwa!»

10 Yehova yicaye hejuru y’amazi y’umwuzure*+.

Yehova ni Umwami, kandi azoganza gushika ibihe bidahera+.

11 Yehova azoha inkomezi abantu biwe+.

Yehova azohezagira abantu biwe mu kubaha amahoro+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika