Zaburi
Ni zaburi ya Dawidi.
29 Nimuhe Yehova ivyo akwiriye, yemwe bana b’abahambaye.
Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe+.
2 Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe.
Nimwunamire* Yehova mwambaye ivyambarwa vyeranda*.
Yehova ari hejuru y’amazi menshi+.
7 Ijwi rya Yehova rirekura imbeya z’umuriro+.
8 Ijwi rya Yehova rituma ubugaragwa bujugumira+.
Yehova atuma ubugaragwa bw’i Kadeshi+ bujugumira.
9 Ijwi rya Yehova rituma impongokazi zijugumira zikaramburura,
kandi rikokora ikibira kigasigara ari amenya+,
maze ibiri mu rusengero rwiwe vyose bikavuga biti: «Ninahazwa!»
10 Yehova yicaye hejuru y’amazi y’umwuzure*+.
Yehova ni Umwami, kandi azoganza gushika ibihe bidahera+.
11 Yehova azoha inkomezi abantu biwe+.
Yehova azohezagira abantu biwe mu kubaha amahoro+.