ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/5 rup. 13-18
  • Rwaruka, mwoba muriko muritegekaniriza kazoza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rwaruka, mwoba muriko muritegekaniriza kazoza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nezerererwa ubuto bwawe
  • “Mwiyegereze Imana”
  • Nugire amahitamwo meza
  • Nuhe agaciro ibintu vy’impwemu
  • Nuhitemwo neza mu buto bwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Yemwe rwaruka, nimwibuke Umuremyi wanyu Ahambaye muri kino gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ushobora Gufasha Gute Umwana w’“Icangazi”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Rwaruka, nimukomeze icipfuzo mufise co gukorera Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/5 rup. 13-18

Rwaruka, mwoba muriko muritegekaniriza kazoza?

“Nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, . . . kw ar’ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ivy’ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro [“na kazoza”, NW]”.—YEREMIYA 29:11.

1, 2. Ni mu buryo buhushanye ubuhe imyaka y’ubuto ishobora kubonwa?

ABAKUZE benshi babona yuko ubuto ari ikiringo c’ubuzima ciza igitangaza. Baribuka inguvu be n’ingoga bari bafise igihe bari bakiri bato. Baribukana akamwemwe igihe bari bafise amabanga make cane, igihe bari bafise ibibanezereza vyinshi be n’igihe bari bafise uturyo imbere yabo two kugira ivyo bashitseko mu buzima bwabo.

2 Mwebwe mukiri bato, mushobora kuba mubona ibintu mu buryo buhushanye n’ubwo. Mushobora kuba mufise ingorane zijanye n’amahinduka yo mu vy’akanyengetera no ku mubiri yo mu buto. Kw’ishure, mushobora kuba muhangana n’akosho k’urunganwe gakomeye. Mushobora kuba mutegerezwa kugira akigoro gakomeye kugira ngo mwirinde ibiyayura umutwe, inzoga be n’ubushegabo. Benshi muri mwebwe murahangana kandi n’ikibazo c’ukutagira aho muhengamiye canke n’ibindi bibazo bijanye n’ukwizera kwanyu. Ego niko, ubuto bushobora kuba igihe kigoye. Ariko rero, ni igihe kandi kirimwo uturyo twinshi. Ikibazo gica kivyuka ni iki: Muzokoresha gute utwo turyo?

Nezerererwa ubuto bwawe

3. Ni impanuro iyihe kandi ni inkeburo iyihe Salomo yahaye urwaruka?

3 Abantu bakuze bazokubwira yuko ubuto butaramba, kandi ivyo ni vyo. Mu myaka mikeyi gusa, ubuto bwawe uzoba wabusize inyuma yawe. Nubunezerererwe rero mu gihe ukibufise! Iyo ni yo mpanuro yatanzwe n’Umwami Salomo, uwanditse ati: “Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe”. Ariko rero, Salomo yakebuye urwaruka ati: “Kura amaganya mu mutima wawe, kand’ushire ikibi kure y’umubiri wawe”. Yavuze kandi ati: “Ubuto n’ubusore [ni] ubusa”.—Umusiguzi 11:9, 10.

4, 5. Ni kubera iki ari ibiranga ubukerebutsi ko abakiri bato bitegekaniriza kazoza? Bitangire akarorero.

4 Woba utahura ico Salomo yashaka kuvuga? Kugira tubitangire akarorero, niwiyumvire uwukiri muto ahawe ingabirano y’agaciro kanini, kumbure intoranwa y’amahera. Azoyikoresha iki? Arashobora kuyikoresha yose mu kwinezereza, nka kumwe kwa wa mwana w’icangazi avugwa mu mugani wa Yezu (Luka 15:11-23). Mugabo none bizogenda gute ayo mahera niyahera? Nta gukeka ko azokwicuza kubona yarafyinase! Ku rundi ruhande, dufate yuko akoresheje iyo ntoranwa mu kwitegekaniriza kazoza, kumbure abigiranye ubukerebutsi akabikisha menshi muri ayo mahera. Amaherezo, igihe azoba ariko arungukira ku mahera yabikishije, wiyumvira yuko azokwicuza kubona atakoresheje ayo mahera yose mu kwinezereza mu buto bwiwe? Nawe uravyumva ko atazokwicuza!

5 Imyaka yo mu buto bwawe nuyibone ko ari ingabirano iva ku Mana, kandi koko ni ukwo biri. Iyo myaka uzoyikoresha gute? Urashobora gupfisha ubusa izo nguvu zose be n’izo ngoga zose mu kurondera ibiguhimbara, wiryohera muri ibi wongera wiryohera muri biriya, ata kwiyumvira ivya kazoza. Ariko rero niwabigira gutyo, kuri wewe “Ubuto n’ubusore” bizoba vy’ukuri ari “ubusa”. Ese ukuntu vyorushiriza kuba vyiza ukoresheje ubuto bwawe kugira ngo witegekanirize kazoza!

6. (a) Ni impanuro iyihe Salomo yatanze ironsa urwaruka uburongozi? (b) Yehova yipfuza gukorera iki abakiri bato, kandi uwukiri muto ivyo ashobora kuvyungukirako gute?

6 Salomo yaravuze ingingo ngenderwako ishobora kugufasha gukoresha ubuto bwawe mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose. Yavuze ati: “Wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe” (Umusiguzi 12:1). Ico ni co kintu nyamukuru gituma umuntu aroranirwa, ni ukuvuga kwumviriza Yehova no gukora ivyo agomba. Yehova yabwiye Abisirayeli ba kera ivyo yashaka kubagirira ati: “N[da]zi ivyiyumviro mbiyumvirako, . . . kw ar’ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ivy’ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro [“na kazoza”, NW]” (Yeremiya 29:11). Yehova yipfuza kandi kuguha ‘ivyizigiro na kazoza’. Niwamwibuka mu vyo ukora, mu vyo wiyumvira no mu ngingo ufata, ako kazoza n’ivyo vyizigiro uzobironka.—Ivyahishuriwe 7:16, 17; 21:3, 4.

“Mwiyegereze Imana”

7, 8. Uwukiri muto ashobora gute kwiyegereza Imana?

7 Yakobo yaturemesheje kwibuka Yehova igihe yaduhimiriza ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra” (Yakobo 4:8). Yehova ni Umuremyi, Segaba wo mw’ijuru abereye ugusengwa kwose be n’ugushemezwa kwose (Ivyahishuriwe 4:11). Yamara, nitwamwiyegereza, na we azotwegera. None ubwo bwitwararitsi burangwa urukundo ntibugushwangamura umutima?—Matayo 22:37.

8 Twiyegereza Yehova mu buryo butari buke. Nk’akarorero, intumwa Paulo avuga ati: “Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima” (Ab’i Kolosayi 4:2). Mu yandi majambo, nutsimbataze akamenyero ko gusenga. Ntumarwe akanyota no kuvuga gusa ngo ame, so wawe canke uwundi mukirisu mugenzawe wo mw’ishengero ahejeje kuguserukira mw’isengesho. Woba umaze guserurira Yehova akari ku mutima ukamubwira ivyo wiyumvira, ibiguhagaritse umutima be n’ingorane uhangana na zo? Woba urigera umubwira ibintu vyogutera ubuyega kubibwira uwundi muntu? Amasengesho atarimwo uburyarya kandi avuye ku mutima aratuma twumva dufise amahoro (Ab’i Filipi 4:6, 7). Aradufasha kwiyegereza Yehova no kwiyumvamwo yuko ariko aratwiyegereza.

9. Uwukiri muto ashobora gute kwumviriza Yehova?

9 Turabona ubundi buryo bwo kwiyegereza Yehova muri aya majambo yahumetswe: “Wumvire inama, wemere kwigishwa, kugira ng’ube umunyabgenge mu bihe vyo hanyuma” (Imigani 19:20). Vyemere, mu gihe wumviriza Yehova kandi ukamugamburukira, uba uriko uritegekaniriza kazoza. Wogaragaza gute yuko wumviriza koko Yehova? Nta mazinda yuko witaba amakoraniro ya gikirisu udahorereza ugatako ukumviriza ibigabu biba vyategekanijwe. Vyongeye, ‘urubaha so na nyoko’ mu kwitaba inyigisho ya Bibiliya y’umuryango (Abanyefeso 6:1, 2; Abaheburayo 10:24, 25). Ivyo ni vyiza. Naho ivyo ubigira, woba kandi ‘wicungurira umwanya’ wo gutegura amakoraniro, gusoma Bibiliya udahorereza no kugira ubushakashatsi? Woba ugerageza gushira mu ngiro ivyo usoma, kugira ngo ugende nk’‘umunyabwenge’ (Abanyefeso 5:15-17; Zaburi 1:1-3). Nimba ubigira, uriko uriyegereza Yehova.

10, 11. Ni ivyiza bihambaye ibihe abakiri bato baronka igihe bumvirije Yehova?

10 Mu majambo atangura yo mu gitabu c’Imigani, umwanditsi waco yahumekewe n’Imana arasigura intumbero y’ico gitabu ca Bibiliya. Avuga yuko ari iyo “kumenya ubgenge bo n’inyigisho; gutegēra amajambo y’ugutahura; kwigishwa gukora ibiroranye mu bgenge, mu kugororoka, mu kwitegereza neza no mu gutunganya; no guha imburabgenge kwiguranura, n’umusore kumuha ukumenya no kugira amakenga” (Imigani 1:1-4). Ku bw’ivyo rero, uko usoma kandi ugashira mu ngiro amajambo yo mu Migani, udasize inyuma n’ayandi yose ari muri Bibiliya, uzotsimbataza ukugororoka n’ugukora ibitunganye, Yehova na we azohimbarwa no kugufasha kumwiyegereza (Zaburi 15:1-5). Uko urushiriza gutsimbataza ukwitegereza neza canke ukwiyumvira neza, ukwikiranura canke ubukerebutsi, ukumenya be n’amakenga ari vyo bushobozi bwo kwiyumvira, ni ko ingingo uzofata zizorushiriza kuba nziza.

11 Vyoba bidategereka kwitega yuko uwukiri muto akorana ubukerebutsi muri ubwo buryo? Si ibidategereka, kubera yuko abakirisu bakiri bato benshi bakorana ubukerebutsi. Ico bivamwo, ni uko abandi babubaha kandi ‘ntibabagayire ubuto bwabo’ (1 Timoteyo 4:12). Abavyeyi babo barabanezerererwa bikwiriye kandi Yehova avuga yuko abo bakiri bato banezereza umutima wiwe (Imigani 27:11). Naho nyene bakiri bato, barashobora kwizigira badakeka yuko aya majambo yahumetswe aberekeye: “Witegereze ūtunganye rwose, urābe umugororotsi: kukw amaherezo y’ūmeze artyo ar’amahoro”.—Zaburi 37:37.

Nugire amahitamwo meza

12. Rimwe mu mahitamwo ahambaye abakiri bato bagira ni irihe, kandi ni kubera iki iryo hitamwo rigira ingaruka zimara igihe kirekire?

12 Ubuto ni igihe co kugira amahitamwo, amwamwe muri yo akaba afise ingaruka zimara igihe kirekire. Amahitamwo amwamwe ugira ubu azogira ico agukozeko mu myaka myinshi iri imbere. Amahitamwo aranga ubukerebutsi aratuma ugira ubuzima burangwa agahimbare kandi burimwo ukaroranirwa. Amahitamwo ataranga ubukerebutsi arashobora kwonona ubuzima bwawe bwose. Rimbura ukuntu ivyo ari ivy’ukuri ku vyerekeye amahitamwo abiri utegerezwa kugira. Ubwa mbere: Uhitamwo kwifatanya na bande? Ni kubera iki ivyo bihambaye? Urabona, hari umugani umwe wahumetswe ugira uti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka” (Imigani 13:20). Mu yandi majambo, impera n’imperuka turamera nk’abo twifatanya, baba abanyabwenge canke ibipfu. Woshima kumera nk’abahe muri abo?

13, 14. (a) Turetse abantu, mu bo mwifatanya harimwo n’iki? (b) Ni ukwihenda ukuhe abakiri bato bakwiye kwirinda?

13 Wiyumviriye ivyerekeye ukwifatanya n’abantu, uca kumbure ubona ukuba uri kumwe n’abantu. Ivyo ni vyo, mugabo ntibigarukira aho. Iyo uravye ikiganiro co kuri televiziyo, wumvirije umuziki, usomye igitabu, ugiye kuraba isenema canke urondeye amakuru kanaka kuri bwa buhinga bwo gutumatumanako amakuru bwa Internet, uba uriko urifatanya n’abantu. Nimba ivyo bintu bihengamiye ku vy’ubukazi no ku vy’ubushegabo canke bikuremesha kwihereza ibiyayura umutwe, kuborerwa, canke ikindi kintu cose giteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, uba uriko urifatanya n’“igipfapfa”, co gikora nk’aho umenga Yehova ntabaho.—Zaburi 14:1.

14 Kumbure wiyumvira yuko, kubera witaba amakoraniro ya gikirisu ukaba kandi ugira uruhara mw’ishengero, ukomeye bihagije ku buryo isenema yerekana ubukazi canke umuziki uryoheye ugutwi mugabo urimwo amajambo ateye amakenga bitogira ico bigukozeko. Kumbure wiyumvira yuko ata ngaruka mbi zizohaba niwakubitiza akajisho ku muhora werekana ivy’ubushegabo wo kuri Internet. Intumwa Paulo arakubwira yuko wibesha! Avuga ati: “Kubana n’ababi kwonona ingeso nziza” (1 Ab’i Korinto 15:33). Ikibabaje, abakirisu bakiri bato benshi baboneka ko bazoba kirumara, bararetse ingeso zabo zironekara mu kwifatanya n’abantu babi. Niwiyemeze rero kwamirira kure ukwifatanya na mwene abo bantu. Niwabigira gutyo, uzoba ukurikije impanuro ya Paulo igira iti: “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose”.—Abaroma 12:2.

15. Ihitamwo rigira kabiri abakiri bato bategerezwa kugira ni irihe, kandi ni imikazo iyihe rimwe na rimwe bashirwako muri ivyo?

15 Dushitse kw’ihitamwo rigira kabiri utegerezwa kugira. Bizoshika aho utegerezwa gufata ingingo y’ico ushaka kuzokora urangije amashure. Nimba uba mu gihugu aho usanga bigoye kuronka akazi, hari aho wokwiyumvamwo umukazo wo kwemera akazi karushirije kuba keza kaboneka. Nimba uba mu gihugu gitunze, hoshobora kuba hari ubuzi bwinshi utegerezwa guhitamwo, bumwebumwe muri bwo bukaba bukwegera cane. Abigisha bawe canke abavyeyi bawe babigiranye imvo nziza boshobora kuguhimiriza gukurikirana umwuga uzotuma utekanirwa mu vy’amahera, kumbure mbere ukakuronsa itunga. Ariko rero, kwiga uwo mwuga vyoshobora kugabanya cane umwanya ushobora kumara usukurira Yehova.

16, 17. Sigura ukuntu ivyanditswe bitandukanye bishobora gufasha uwukiri muto kubona ivy’akazi ku burimbane.

16 Uribuka kubaza Bibiliya imbere y’uko ufata ingingo. Bibiliya ituremesha gukora kugira ngo dushobore kuronka ikitubeshaho, ikerekana ko ari twe dufise ibanga ryo kwitunga (2 Ab’i Tesalonike 3:10-12). Ariko rero, hariho ibindi bintu ukeneye kurimbura. Tukuremesheje gusoma ivyanditswe bikurikira maze wiyumvire ingene bishobora gufasha uwukiri muto kugira uburimbane mu bijanye no guhitamwo umwuga: Imigani 30:8, 9; Umusiguzi 7:11, 12; Matayo 6:33; 1 Ab’i Korinto 7:31; 1 Timoteyo 6:9, 10. Umaze gusoma ivyo vyanditswe, woba ubona ukuntu Yehova abona ico kibazo?

17 Akazi k’umubiri ntigakwiye kwigera kaba agahambaye rwose gushika n’aho kanyoha umurimo turangurira Yehova. Nimba ushobora gukwiza ibisabwa bituma uronka akazi kakuronsa ivya nkenerwa wize amashure yisumbuye gusa, ni vyiza. Nimba ukeneye kwiga ibindi bintu kanaka uhejeje amashure yisumbuye, ico ni ikintu ukwiye kuganira n’abavyeyi bawe. Ariko rero, ntuze wigere wibagira “ibintu bihambaye kuruta”, na vyo bikaba ari ibintu vy’impwemu (Ab’i Filipi 1:9, 10, NW). Ntukore nka rya kosa ryakorwa na Baruki wa mukarani wa Yeremiya. Yararetse guha agaciro agateka k’umurimo yari yaratewe, atangura ‘kwironderera ibintu bihambaye’ (Yeremiya 45:5). Yamaze igihe kanaka yibagiye yuko ata ‘bintu bihambaye’ muri iyi si vyotumye yiyegereza Yehova canke vyomufashije kurokoka isangangurwa rya Yeruzalemu. Ikintu nk’ico coshobora kuvugwa no kuri twebwe muri iki gihe.

Nuhe agaciro ibintu vy’impwemu

18, 19. (a) Benshi mu baba mu kibano ubayemwo bariko bicwa n’iki, kandi ukwiye kubumvira iki? (b) Ni kubera iki benshi batumva ko bashonje mu buryo bw’impwemu?

18 Woba umaze kubona amafoto mu bimenyeshamakuru yerekana abana bo mu bihugu vyasinzikajwe n’ikigoyi? Nimba umaze kuyabona, nta gukeka ko baguteye akagongwe. Woba ugirira akangongwe nk’ukwo nyene abantu bo mu kibano ubayemwo? Ni kubera iki ukwiye kukabagirira? Kubera yuko benshi muri bo na bo nyene bishwe n’ikigoyi. Bariko bashikirwa n’inzara yabuwe na Amosi. Yavuze ati: “Eh’imisi izoza, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzotēza inzara mu gihugu, ntizoba ar’inzara y’ivyo kurya cank’inyota y’amazi, arikw izoba ar’iyo kwumva amajambo yanje, jewe Uhoraho”.—Amosi 8:11.

19 Ego niko, benshi mu bariko baricwa n’ico kigoyi co mu vy’impwemu “[nti]bazi ko bakeneye ivy’impwemu” (Matayo 5:3, NW). Benshi ntibumva ko bashonje mu buryo bw’impwemu. Bamwebamwe boshobora mbere kwiyumvira yuko bagaburirwa neza. Mugabo nimba biyumva gutyo, ni ukubera yuko bafungura ku “bgenge bg’iyi si” ata co bumaze, ubugizwe n’uguhahamira amaronko, ivyiyumviro bidafise ishingiro vy’abanyasiyansi, ivyiyumviro bitandukaye ku bijanye n’ukwigenza runtu be n’ibindi bintu nk’ivyo. Bamwebamwe biyumvira yuko “ubgenge” bwa none butuma inyigisho za Bibiliya ziba izataye igihe. Ariko rero, ‘ab’isi ntibazohabwa n’ubwenge kumenya Imana’. Ubwenge canke ubukerebutsi bw’isi ntibuzogufasha kwiyegereza Imana. Nta kindi buri atari “ubupfu ku Mana”.—1 Ab’i Korinto 1:20, 21; 3:19.

20. Ni kubera iki kwipfuza kwigana abantu badasenga Yehova ari ikintu kidategereka?

20 Iyo uravye ayo mafoto yerekana abana bishwe n’inzara, woba hari aho wigera wipfuza kumera nka bo? Birumvikana ko utigera uvyipfuza! Yamara, urwaruka rumwerumwe rwo mu miryango ya gikirisu rwarerekanye ko rwipfuza kumera nk’abantu barukikije bishwe n’ikigoyi co mu vy’impwemu. Mwene abo bakiri bato bashobora kuba biyumvira yuko urwaruka rwo mw’isi rwibereye mu mahoro, ruriko ruranezerererwa ubuzima. Baribagira yuko urwo rwaruka rwonkowe kuri Yehova (Abanyefeso 4:17, 18). Baribagira kandi inkurikizi mbi ziterwa n’ikigoyi co mu vy’impwemu. Zimwezimwe muri izo nkurikizi ni ugutwara inda z’indaro mu buyabaga be n’inkurikizi zo ku mubiri n’izo mu kanyengetera ziterwa n’ubushegabo, ukunywa itabi, akaborerwe be n’ukwihereza ibiyayura umutwe. Ikigoyi co mu vy’impwemu kiremesha agatima k’ubugarariji, ukwihebura gukomeye be n’ukubura intumbero mu buzima.

21. Twokora iki kugira ngo twirinde kwigana inyifato mbi z’abadasenga Yehova?

21 Ku bw’ivyo rero, igihe uri kw’ishure mu bo mudasangiye gusenga Yehova, ntutwarwe n’inyifato bagaragaza (2 Ab’i Korinto 4:18). Bamwebamwe bazonebagura ibintu vy’impwemu. Vyongeye, inzego menyeshamakuru zizoshikiriza ivyiyumviro bitari vyo mu buryo burimwo urwenge, zishaka kwerekana yuko ari ibisanzwe gukora ubusambanyi, kuborerwa canke gukoresha imvugo ziteye isoni. Nurwanye ako kosho. Nubandanye kwifatanya udahorereza n’abantu ‘bagumya ukwizera, bafise umutima utarimwo ijwi ribagiriza ikibi’. Nurushirize imisi yose “gukora ibikorwa vy’Umwami wacu” (1 Timoteyo 1:19; 1 Ab’i Korinto 15:58). Nugume ufise ivyo ukora ku Ngoro y’Ubwami no mu murimo wo mu ndimiro. Mu myaka uzomara uri umunyeshure, uraza uracishamwo ukore umurimwo w’ubutsimvyi bwo gufasha. Nukomeze ukuntu ubona ivy’impwemu muri ubwo buryo, ivyo bizotuma udatakaza uburimbane bwawe.—2 Timoteyo 4:5.

22, 23. (a) Ni kubera iki umukirisu akiri muto akenshi azogira amahitamwo abandi badategera? (b) Urwaruka ruremeshwa gukora iki?

22 Ukubona ibintu mu buryo bw’impwemu birashobora kuzogushikana ku gufata ingingo abandi batazotegera. Nk’akarorero, hari umukirisu akiri muto yari afise ingabirano mu vy’ugucuraranga akaba n’umunyeshure yaronka amanuta menshi mu vyigwa vyose vyo kw’ishure. Arangije amashure, yaciye yifatanya na se mu murimo wo gusukura amadirisha kugira ngo abone ingene ashishikara umwuga wiwe yari yahisemwo wo kuba umwamamaji w’igihe cose canke umutsimvyi. Abigisha biwe ntibigeze bategera icatumye afata iyo ngingo, mugabo nimba wariyegereje Yehova, turazi neza yuko wewe utegera icabitumye.

23 Uko urimbura ukuntu wokoresha ububangukirwe bw’agaciro bwo mu buto bwawe, “[niwi]bikire ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo ucakire ubu[zima] nyakuri” (1 Timoteyo 6:19). Niwiyemeze ‘kwibuka Umuremyi wawe’ mu buto bwawe eka no mu buzima bwawe bwose. Ubwo ni bwo buryo rudende bwo kwitegekaniriza kazoza keza, kazoza katazokwigera kagira iherezo.

Washitse ku biki?

• Ni impanuro yahumetswe iyihe ifasha abakiri bato mu gutegekanya kazoza?

• Ni uburyo bumwebumwe ubuhe uwukiri muto ashobora ‘kwiyegerezamwo Imana’?

• Ni ingingo zimwezimwe izihe uwukiri muto afata zizogira ico zikoze kuri kazoza kiwe?

[Amafoto ku rup. 15]

Woba uzoreka ukwiruka inyuma y’ivyawe kukagutwara inguvu zawe zose n’ingoga zawe zose vyo mu buto bwawe?

[Ifoto ku rup. 16, 17]

Abakirisu bakiri bato b’inkerebutsi baguma babona neza mu buryo bw’impwemu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika