ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/4 rup. 12-16
  • Yemwe rwaruka, nimwibuke Umuremyi wanyu Ahambaye muri kino gihe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yemwe rwaruka, nimwibuke Umuremyi wanyu Ahambaye muri kino gihe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose”
  • Yemwe rwaruka, nimube inkerebutsi!
  • Impembo yabo yapfiriye mu magodoka
  • Nuhitemwo imigambi yawe ubigiranye ubukerebutsi!
  • Niwumvirize abagukunda
  • Nimurabire ku burorero bwiza kuruta ubundi
  • Niwirinde ‘kwironderera ibintu bihambaye’
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Yehova atwitegereza ku bw’ineza yacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Baruki, wa mukarani w’intahemuka wa Yeremiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Rwaruka, mwoba muriko muritegekaniriza kazoza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/4 rup. 12-16

Yemwe rwaruka, nimwibuke Umuremyi wanyu Ahambaye muri kino gihe

“Wame wibuka Umuremyi wawe [Ahambaye] mu misi y’ubusore bgawe.”​—UMUS. 12:1.

1. Yehova aserura gute ukuntu yizigiye abamusenga bakiri bato?

YEHOVA abona ko urwaruka rukirisu ruri n’agaciro kandi ko rumeze nk’urume rutotahaza ibimera. Nkako, yari yaravuze yuko ku musi yogomoreyeko “ingabo” z’Umwana wiwe, imisore n’inkumi ‘bokwitanze babikunze’ mu murimo wa Kristu. (Zab. 110:3) Ubwo buhanuzi bworangutse igihe abantu muri rusangi bobaye batitaho ivy’Imana, batwawe n’ukurondera inyungu zabo bwite be n’amahera, kandi bagambarara. Yamara, Yehova yari azi yuko urwaruka rumusenga rwobaye rutandukanye n’abo bantu. Ese ukuntu abizigiye, yemwe bavukanyi namwe bavukanyikazi mukiri bato!

2. Kwibuka Yehova bisobanura iki?

2 Iyumvire umunezero Imana itegerezwa kuba igira igihe ibona ingene urwaruka rumwibuka nka we Muremyi wabo Ahambaye. (Umus. 12:1) Mu bisanzwe, kwibuka Yehova ntibisobanura gusa kuguma tumubona mu bwenge. Bisobanura ko tugira ico dukoze, ni ukuvuga tugakora ibimuhimbara, tukareka amategeko yiwe be n’ingingo ngenderwako ziwe bikaba ari vyo bituyobora ku musi ku musi. Bisobanura kandi kumwizigira tuzi yuko ivyotubera vyiza kuruta ibindi ari vyo yamiza ku mutima. (Zab. 37:3; Yes. 48:17, 18) Ukwo none kwoba ari ko wiyumva ku vyerekeye Umuremyi wawe Ahambaye?

“Wizigize Uhoraho umutima wawe wose”

3, 4. Yezu yagaragaje gute ko yizigira Yehova, kandi ni kubera iki bihambaye ko twizigira Yehova muri iki gihe?

3 Emwe, Yezu Kristu yari we karorero keza kuruta ubundi k’umuntu yizigiye Imana. Yabayeho yisunga amajambo yo mu Migani 3:5, 6, agira ati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” Gatoyi inyuma y’aho Yezu abatirijwe, Shetani yaramwegereye maze aragerageza kumwosha ngo yemere guhabwa ububasha be n’ubuninahazwa vy’isi. (Luka 4:3-13) Yezu ntiyahenzwe. Yari azi ko “ubutunzi n’icubahiro n’ubu[zima]” nyakuri ari “ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho.”​—Imig. 22:4.

4 Isi ya kino gihe yiganjemwo ubwibone n’ubwikunzi. Kugira ngo tube ahantu nk’aho, biraranga ubukerebutsi dukurikije akarorero ka Yezu. Uramiza kandi ku muzirikanyi yuko Shetani azokora ico ari co cose kugira ngo ateshe abasavyi ba Yehova guca mu nzira yaga ijana mu buzima. Ashaka kubona umwumwe wese ariko aca mu nzira yagutse ijana mu mahonero. Ntakaguhende! Ahubwo riho, niwiyemeze kwama wibuka Umuremyi wawe Ahambaye. Numwizigire uherejeko, maze ucakire “ubuzima nyakuri,” ubwo na bwo bukaba ari ntakekeranywa kandi bwegereje.​—1 Tim. 6:19.

Yemwe rwaruka, nimube inkerebutsi!

5. Wewe wumva umerewe gute ku bijanye na kazoza k’iyi si?

5 Abakiri bato bibuka Umuremyi wabo Ahambaye usanga ari inkerebutsi kuruta urundi runganwe rwabo. (Soma Zaburi 119:99, 100.) Kubera ko babona ibintu nk’uko Imana ibibona, barazi bimwe vyuzuye yuko ivyizigiro vy’iyi si ata co bimaze. Yemwe rwaruka, naho mwoba mutaramara imyaka myinshi, nta gukeka ko mumaze kubona ingene ubwoba n’amaganya biguma vyiyongera! Niba mukiri ku ntebe y’ishure, birashoboka ko mumaze kwumva ibijanye n’ugutosekaza ibidukikije, ubushuhe bw’isi buguma bwiyongera, uguhonya amashamba, n’izindi ngorane zisa n’izo. Abantu usanga barajwe ishinga cane n’ivyo bintu, ariko Ivyabona vya Yehova ni bo bonyene batahura neza yuko ivyo biri mu bigize ca kimenyetso kiranga umuhero w’isi ya Shetani.​—Ivyah. 11:18.

6. Abakiri bato bamwebamwe bahenzwe gute?

6 Ikibabaje ni uko bamwebamwe mu basavyi b’Imana bakiri bato batagumye bari maso maze barirekerana, ntibaba bakibona ingene isi isigaje igihe gito cane. (2 Pet. 3:3, 4) Abandi barakwegakwezwe bagwa mu vyaha bikomeye bivuye ku kwifatanya n’abagenzi babi be n’ukuraba amashusho n’amasanamu vyerekana ubushegabo. (Imig. 13:20) Ese ingene vyoba bibabaje tubaye tutagitoneshwa n’Imana muri iki gihe twegereje cane umuhero! Turakwiye nyabuna kugira ico twigiye ku vyashikiye Abisirayeli mu 1473 B.G.C. igihe bari bakambitse mu Biyaya vy’i Mowabu, begereje cane kwinjira muri ca Gihugu c’isezerano. Ni ibiki none vyabaye?

Impembo yabo yapfiriye mu magodoka

7, 8. (a) Ni uburyo ubuhe Shetani yakoresheje mu Biyaya vy’i Mowabu? (b) Ni uburyo ubuhe Shetani ariko arakoresha muri iki gihe?

7 Ico gihe, biragaragara ko Shetani yashaka kubuza Abisirayeli kwironkera intoranwa yabo bari barasezeraniwe. Inyuma y’aho Shetani ananiriwe kubavuma biciye ku muhanuzi Balamu, yaciye akoresha ubundi buryo burushirije kuba ubwihishije. Yaragerageje gutuma bataba bakibereye guhezagirwa na Yehova. Abanyamowabukazi bakwegera cane barakoreshejwe kugira ngo babaryosharyoshe, kandi ico gihe hari ukuntu wa Mubesheranyi yashitse ku co yipfuza. Abantu baratanguye gushurashura n’Abanyamowabukazi no kwunamira Bayali y’i Peyori. Naho intoranwa yabo y’agaciro, ari co ca Gihugu c’isezerano, bari bayegereje cane, Abisirayeli bashika ku 24.000 barahasize ubuzima. Mbega icago!​—Guh. 25:1-3, 9.

8 Muri iki gihe, turiko turegereza bimwe vyihuta igihugu casezeranywe kirushirije kuba ciza, ari yo si nshasha. Nk’uko Shetani yamye, n’ubu ariko arakoresha ubuhumbu kugira ngo yonone abasavyi b’Imana. Ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu zo mw’isi zaratitutse cane ku buryo ubusambanyi busigaye bubonwa ko ari ikintu gisanzwe kandi ko ukwimara inambu y’umubiri kw’abasangiye igitsina kubonwa gusa ko ari ikintu umuntu yihitiramwo ubwiwe. Umuvukanyikazi umwe yavuze ati: “I muhira be no ku Ngoro y’Ubwami ni ho hantu honyene abana banje bamenyera yuko ukwimara inambu y’umubiri kw’abasangiye igitsina be n’uguhuza ibitsina hagati y’abatubakanye ari bibi mu nyonga z’Imana.”

9. Ni ibiki vyoshobora gushika mu gihe c’“ishurika ry’ubuto,” kandi abakiri bato bashobora gute kuvyifatamwo neza?

9 Abakiri bato bibuka Umuremyi wabo Ahambaye barazi ko amabanga mpuzabitsina ari ingabirano nyeranda ifitaniye isano n’ubuzima be n’ivy’ukurondoka. Ni co gituma bemera icese yuko uguhuza ibitsina gukwiye kugirwa mu buryo buhuje n’itegeko ry’Imana, ni ukuvuga mu mubano w’ababiranye. (Heb. 13:4) Ariko rero, mu gihe c’“ishurika ry’ubuto,” ni ukuvuga ca kiringo usanga inyiyumvo zo mu vy’igitsina ziba zikomeye cane kandi zishobora gutuma umuntu abona ibintu mu buryo butari bwo, birashobora kuba urugamba kuguma utanduye. (1 Kor. 7:36) Wokora iki none igihe utanguye kugira ivyiyumviro bitabereye? Nusenge Yehova ubigiranye ubwira kugira ngo agufashe kwitunira ku bintu bitanduye. Yehova yama nantaryo yumviriza abamwitura ata buryarya babigiranye. (Soma Luka 11:9-13.) Ibiyago vyubaka na vyo nyene birashobora gufasha kubogora umuzirikanyi.

Nuhitemwo imigambi yawe ubigiranye ubukerebutsi!

10. Ni ukwiyumvira kutari kwo ukuhe dushaka kwirinda, kandi ni ibibazo ibihe dushobora kwibaza?

10 Imvo imwe ituma urwaruka rwinshi rwo mw’isi rubaho rurondera ibihimbaro vy’umubiri kandi rutagira akarimbi mu vyo rukora ni iy’uko rudafise ubuyobozi buva ku Mana canke icizigiro ntakekeranywa ku bwa kazoza. Bameze nka ba Bisirayeli batitaho ivy’Imana bo mu gihe ca Yesaya, abari babayeho ku bwo “kwinezereza no guhimbarwa, . . . kurya inyama no kunywa vino.” (Yes. 22:13) Aho kunohokera abantu mwene abo, ubona gute uzirikanye ku cizigiro c’agaciro Yehova yashize imbere intahemuka ziwe? Niba uri umusavyi w’Imana akiri muto, woba urindiranye umushasharo isi nshasha? Woba wama ugira utwigoro twose two “kubaho [u]fise ukurorana kw’umuzirikanyi . . . mu gihe [u]rindiriye ca cizigiro c’ubuhirwe” Yehova yagushize imbere? (Tito 2:12, 13) Inyishu utanga zizogira ico zikoze ku migambi wishingira be n’ivyo ushira imbere.

11. Ni kubera iki urwaruka rukirisu rukiri ku ntebe y’ishure rukwiye gukora rugatama?

11 Isi ishaka ko urwaruka ruhebera inguvu zarwo mu migambi itajanye n’ivy’Imana. Mu bisanzwe, abo muri mwebwe bakiri ku ntebe y’ishure barakwiye gukora bagatama kugira ngo baronke inyigisho nziza z’ishimikiro. Nimwibuke ko intumbero yanyu atari iyo kuronka gusa akazi kabereye, ariko kandi ko ari iyo kubera kirumara ishengero no kuba umwamamaji w’Ubwami yimbuka. Kugira ngo mushike kuri iyo ntumbero, murakeneye kuba abashoboye kuyaga neza n’abandi, kwiyumvira mu buryo butomoye no kuzirikana hamwe n’abandi muturuye kandi mubigiranye icubahiro. Yamara, abakiri bato biga Bibiliya bakongera bakihatira gukurikiza ingingo ngenderwako zayo mu buzima bwabo bararonka inyigisho nziza kuruta izindi zitangwa, maze bakaba bishingiye umushinge mwiza uzotuma baroranirwa vyongeye bakazogira kazoza k’ibihe bidahera.​—Soma Zaburi 1:1-3.a

12. Ni akarorero akahe imiryango ya gikirisu vyoba vyiza yiganye?

12 Muri Isirayeli, inyigisho abana bahabwa n’abavyeyi babo ni yo yashirwa imbere cane. Iyo nyigisho yari ishingiye ku mice nka yose y’ubuzima, na canecane mu vy’impwemu. (Gus. 6:6, 7) Ku bw’ivyo, Abisirayeli bakiri bato bumvira abavyeyi babo be n’abandi bantu bitereye mu myaka batinya Imana ntibironkera gusa ubumenyi, ariko kandi bararonka ubukerebutsi, uguca mu kajisho, ugutahura be n’ubushobozi bwo kwiyumvira, izo na zo zikaba ari kamere z’imbonekarimwe inyigisho iva ku Mana ishobora kuronsa umuntu. (Imig. 1:2-4; 2:1-5, 11-15) Imiryango ya gikirisu muri iki gihe irakwiye kwitwararika muri ubwo buryo nyene ibijanye n’inyigisho.

Niwumvirize abagukunda

13. Ni impanuro bwoko ki abakiri bato bamwebamwe baronswa, kandi ni kubera iki bakwiye kwiyubara?

13 Abakiri bato bararonswa impanuro zitangwa n’abantu b’uburyo bwose, ushizemwo n’ubuyobozi butangwa n’abahanuzi bo mu mashure, abo usanga bakunze kwiyumvira gusa ibijanye n’ukuroranirwa mu vy’isi. Turakwingize ugerageze gusuzuma witonze izo mpanuro zose ubijanisha n’isengesho, ivyo ubigire wisunze Ijambo ry’Imana be n’ibifungurwa vyo mu vy’impwemu bitangwa n’umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. Biciye ku kwiyigisha Bibiliya, ubu urazi yuko abakiri bato bataramenya utuntu n’utundi ari bo canecane Shetani arondera. Nk’akarorero, muri rya tongo ry’i Edeni, Eva uwutari bwamenye utuntu n’utundi yarumvirije Shetani, uno akaba yari icaduka kitari bwamwereke na gato ko kimukunda. Ese ingene yari kwibonera ibintu bitandukanye n’ivyo yabonye iyo yumvira Yehova, uwari yaragaragaje mu buryo bwinshi ko amukunda!​—Ita. 3:1-6.

14. Ni kubera iki dukwiye kwumvira Yehova hamwe n’abavyeyi bacu bizera?

14 Na wewe nyene Umuremyi wawe Ahambaye aragukunda, kandi ivyo abigira mu buryo butyoroye. Ashaka ko uhimbarwa ibihe bidahera, atari ubu gusa! Ni co gituma, abigiranye igishika c’umuvyeyi yitwararikana, abwira wewe hamwe n’abandi bose bamusenga, ati: “Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.” (Yes. 30:21) Niba ufise abavyeyi bizera bakunda Yehova vy’ukuri, uwo ni uwundi muhezagiro wifitiye. Niwumvire impanuro baguha ubigiranye icubahiro igihe wishingira imigambi be n’ivyoja imbere y’ibindi. (Imig. 1:8, 9) Ikiruta vyose, bashaka ko wironkera ubuzima, buno bukaba ari ikintu c’agaciro kuruta kure n’iyo ubutunzi canke ivyubahiro vyo muri ino si.​—Mat. 16:26.

15, 16. (a) Dushobora kwizigira iki ku vyerekeye Yehova? (b) Ni icigwa gihambaye ikihe twigira ku vyashikiye Baruki?

15 Abibuka Umuremyi wabo Ahambaye baguma boroheje ubuzima bwabo, bizigiye yuko Yehova ‘atazogenda’ abataye, ‘eka atazogenda’ abahevye. (Soma Abaheburayo 13:5.) Kubera ko ukwo kubona ibintu mu buryo bubereye guhushanye n’ivyiyumviro vy’isi, dutegerezwa kwiyubara kugira ntitureke ngo impwemu y’isi itugireko akosho. (Ef. 2:2) Ku bijanye n’ivyo, rimbura akarorero k’umukarani wa Yeremiya ari we Baruki, uwabayeho igihe Yeruzalemu yari mu misi ya nyuma igoye yashikanye ico gisagara ku gusangangurwa mu 607 B.G.C.

16 Birashoboka ko Baruki yashaka kugira ubuzima burushirije kuba bwiza mu vy’umubiri. Yehova yarabonye ico kintu maze aca araburira Baruki abigiranye umutima mwiza ngo ntabandanye kwironderera “ibintu bihambaye” (NW). Baruki yaragaragaje ko ari umuntu yicisha bugufi kandi w’inkerebutsi, kuko yumviye Yehova maze ararokoka isangangurwa rya Yeruzalemu. (Yer. 45:2-5) Ariko rero, abo mu gihe ca Baruki birundanirije “ibintu bihambaye” mu vy’umubiri, bagashira Yehova mu kibanza ca kabiri, ntibatevye kunyagwa ivyabo vyose n’Abakaludaya (ari bo Banyababiloni). Vyongeye, benshi barahasize ubuzima. (2 Ngo. 36:15-18) Ivyashikiye Baruki biradufasha kubona yuko ubucuti bwiza umuntu afitiye n’Imana ari co kintu gihambaye cane kuruta ubutunzi n’ubukuru vyo muri iyi si.

Nimurabire ku burorero bwiza kuruta ubundi

17. Ni kubera iki Yezu, Paulo na Timoteyo ari uburorero bwiza ku basavyi ba Yehova bo muri iki gihe?

17 Kugira ngo Ijambo ry’Imana ridufashe kugendera mu nzira y’ubuzima, riraturonsa uburorero bwinshi bwiza tworabirako. Nk’akarorero, Yezu ni we muntu yari afise ububangukirwe bwo gukora ibintu kuruta ababayeho bose, yamara yagumye yumiye ku kintu cofashije abantu kubaho ibihe bidahera, ico na co kikaba ari “inkuru nziza y’ubwami.” (Luka 4:43) Kugira ngo intumwa Paulo ahe Yehova ibintu vy’agaciro kuruta ibindi yari afise, yarahevye umwuga wari kumutungisha cane maze akoresha umwanya wiwe be n’inguvu ziwe kugira ngo yamamaze inkuru nziza. Timoteyo, uno akaba yari “umwana [wa Paulo] nyakuri mu kwizera,” yariganye akarorero kiwe keza. (1 Tim. 1:2) Mbega Yezu, Paulo na Timoteyo boba baricujije ku bw’iyo ngendo y’ubuzima bakurikiye? Uwokubesha! Nkako, Paulo yavuze ko ivyo isi yashobora kumuronsa yabibona nk’“ikigunguzi c’umwanda” abigereranije n’agateka yari yaratewe ko gusukurira Imana.​—Flp. 3:8-11.

18. Ni amahinduka akomeye ayahe umuvukanyi umwe akiri muto yagize, kandi ni kubera iki aticuza?

18 Urwaruka rwinshi rukirisu muri iki gihe rurigana ukwizera Yezu, Paulo na Timoteyo bari bafise. Nk’akarorero, umuvukanyi umwe akiri muto yigeze kuba afise akazi k’umushahara mwiza yanditse ati: “Kubera ko mbayeho nisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, sinatevye kuza ndaduzwa igiti. Naho naronka amahera menshi, numva ko nariko ndahahamira umuyaga. Igihe negera komite nshingwabikorwa y’ihinguriro nakoreramwo maze ngaserura icipfuzo nari mfise co gukurikirana ubusuku bw’igihe cose, baciye ubwo nyene banyemerera amahera menshi kuruta, bizigiye ko nogumye nkora ako kazi. Ariko nari namaze gufata ingingo ntabanduka. Abantu benshi ntibashobora gutahura igituma nahevye ako kazi kugira ngo nkurikirane umurimo w’igihe cose. Nabishura mvuga yuko nshaka vy’ukuri kubaho nisunga ukwiyegurira Imana kwanje. Kubera ko ubuzima bwanje ubu bushingiye ku bintu vy’impwemu, hari ukuntu numva mpimbawe kandi nshize akanyota, ivyo bikaba ari ibintu ntokwigeze ndonswa n’amahera canke icubahiro, naho vyobaye bingana gute.”

19. Ni ihitamwo irihe riranga ubukerebutsi urwaruka ruremeshwa kugira?

19 Hirya no hino kw’isi, hariho abakiri bato ibihumbi bagize mwene ayo mahitamwo aranga ubukerebutsi. Ku bw’ivyo, yemwe rwaruka, igihe muzirikana mwitonze kuri kazoza kanyu, muramize hafi ku muzirikanyi umusi wa Yehova. (2 Pet. 3:11, 12) Ntimunohokere abariko bakoresha cane ivy’iyi si. Ahubwo riho, nimwumvirize ababakunda vy’ukuri. Ukwirundaniriza “amatunga mw’ijuru” ni wo mutahe ubitswe neza kuruta iyindi yose mushobora kugira, ukaba na wo wonyene uzobaronsa inyungu z’ibihe bidahera. (Mat. 6:19, 20; soma 1 Yohani 2:15-17.) Egome, nimwibuke Umuremyi wanyu Ahambaye. Nimwabigenza gutyo, Yehova azobahezagira.

[Akajambo k’epfo]

a Ku bijanye n’amashure ahanitse be n’akazi, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2005, urupapuro rwa 26-31.

Woba uvyibuka?

• Tugaragaza gute ko twizigira Imana?

• Inyigisho nziza kuruta izindi zose ni iyihe?

• Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira kuri Baruki?

• Ni bande batubera uburorero bwiza, kandi kubera iki?

[Amafoto ku rup. 13]

Yehova araturonsa inyigisho nziza kuruta izindi zose

[Ifoto ku rup. 15]

Baruki yarumviye Yehova maze ararokoka isangangurwa rya Yeruzalemu. Ni igiki ushobora kwigira kuri ako karorero?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika