ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/10 rup. 14-19
  • “Mugiriranire igishika kirangwa ikibabarwe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mugiriranire igishika kirangwa ikibabarwe”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igishika kirangwa ikibabarwe be n’urukundo
  • “Mwigishijwe n’Imana gukundana”
  • Woba ukeneye ‘kwaguka’?
  • Niwugurure umutima!
  • “Waranshitse ku nyota”
  • “Yehova yuzuye igishika kirangwa ikibabarwe”
  • Tubandanye kugiriranira ikibabarwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • “Mugiriranire ikibabarwe”
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Ingene wokwereka uwo mwubakanye ko umukunda
    Icofasha umuryango
  • Nimugiriranire Igishika mu Muryango
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/10 rup. 14-19

“Mugiriranire igishika kirangwa ikibabarwe”

“Ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose [canke, “mugiriranire igishika kirangwa ikibabarwe”, “NW”]”.—ABAROMA 12:10.

1, 2. Ni ubucuti ubuhe umumisiyonari umwe wo mu gihe ca none be n’intumwa Paulo bagiraniye n’abavukanyi babo?

MU MYAKA 43 uwitwa Don yamaze akorera umurimo w’ubumisiyonari mu gice ca Aziya co mu Buseruko, yari azwi ku bw’igishika yagirira abo yafasha. Igihe yari ku mpfiro, bamwebamwe mu bo bahora bigana Bibiliya baragize urugendo rw’ibilometero ibihumbi baja aho yari arwariye kugira bamubwire ngo “Kamsahamnida, kamsahamnida!”, akaba ari amajambo yo mu kinyakoreya asobanura ngo “Warakoze, warakoze!”. Igishika kirangwa ikibabarwe ca Don cari carabakoze ku mutima.

2 Ako karorero ka Don si ko konyene. Mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yaragiriye ikibabarwe kigera kure abo yafasha. Paulo yaritanze. Naho yari umugabo afise ukujijuka gukomeye, yari n’umuntu yengenga kandi yitwararikana “nka kurya umuvyeyi abungabunga abana biwe akabonsa” (UB). Yandikiye ishengero ry’i Tesalonike ati: “Twabagirira igishika [canke, “igishika kirangwa ikibabarwe”, NW], ni co catumye duhimbarwa no kubaha, s’ubutumwa bgiza bg’Imana gusa, ariko n’ubgacu bugingo na bgo, kuko mwabaye abo dukunda rwose” (1 Ab’i Tesalonike 2:7, 8). Mu nyuma, igihe Paulo yabwira abavukanyi biwe b’Abanyefeso ko batosubiye kumubona, “barari[ze] cane bagwa Paulo mw izosi, baramugumbira” (Ivyakozwe 20:25, 37). Biribonekeza ko ubucuti bwari hagati ya Paulo n’abavukanyi biwe bwashika kure cane, ntibugarukire gusa ku kuba bari basangiye ukwizera. We na bo bari bafitaniye igishika kirangwa ikibabarwe.

Igishika kirangwa ikibabarwe be n’urukundo

3. Amajambo yo muri Bibiliya akoreshwa ku gishika afitaniye isano gute n’urukundo?

3 Mu Vyanditswe, igishika kirangwa ikibabarwe, ukwumvira abandi impuhwe be n’imbabazi, vyose birafitaniye isano rya hafi cane na ya kamere iruta izindi kamere za gikirisu zose ari yo urukundo (1 Ab’i Tesalonike 2:8; 2 Petero 1:7). Nka kurya kw’impande z’akabuyenge k’akaroruhore ka diyama, izo kamere zishimwa n’Imana zose ni magiriranire kandi zirunganirana. Ntizituma abavukanyi biyegerezanya vyonyene, ariko kandi ziranatuma biyegereza Se wabo wo mw’ijuru. Ku bw’ivyo, intumwa Paulo yahimirije abo basangiye ukwizera ati: “Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi. . . . Ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose [canke, “mugiriranire igishika kirangwa ikibabarwe”, NW]”.—Abaroma 12:9, 10.

4. Imvugo ngo “igishika kirangwa ikibabarwe” ishaka kuvuga iki?

4 Ijambo ry’ikigiriki Paulo yakoresheje ku “gishika kirangwa ikibabarwe” rigizwe n’ibihimba bibiri, igihimba kimwe kikaba gisobanura ubugenzi, ikindi na co kigasobanura ikibabarwe umuntu asanganywe. Nk’uko incabwenge imwe mu vya Bibiliya ibisigura, ivyo bisobanura ko abakirisu “bategerezwa kurangwa n’urukundo rw’ukwiheberanira ruranga umuryango ukundana, usenyera ku mugozi umwe kandi ushigikirana”. Ukwo kwoba ari kwo wiyumva ku bavukanyi n’abavukanyikazi bawe bakirisu? Agatima karangwa igishika, ni ukuvuga ukwumva ko muri incuti, ni ko gakwiye kurangwa mw’ishengero rya gikirisu (Ab’i Galatiya 6:10). Ku bw’ivyo, Isezerano Rishasha mu congereza ca none ry’uwitwa J. B. Phillips rihindura Abaroma 12:10 ngo: “Nimuze tugiriranire hagati yacu ikibabarwe nyakuri kirimwo igishika, nka kirya kiba hagati y’abavukana”. Mu Bwuzure Bushasha na ho dusoma ngo: “Nimukundane nk’abavandimwe, umwe wese akîtangirana icubahiro mugenziwe”. Egome, ugukundana hagati y’abakirisu birimwo n’ibindi, turetse ukubona ko kubigira ari ikintu cumvikana be n’ikintu babwirizwa gukora. Tubigiranye ‘igishika ca kivukanyi kitarimwo uburyarya’ (NW), dukwiye ‘gukovya mu gukundana bivuye mu mutima’.—1 Petero 1:22.

“Mwigishijwe n’Imana gukundana”

5, 6. (a) Yehova yakoresheje gute amahwaniro mpuzamakungu kugira yigishe abasavyi biwe ivy’ikibabarwe ca gikirisu? (b) Ubucuti hagati y’abavukanyi burushiriza gute gukomera uko haca ikiringo kinaka?

5 Naho muri iyi si “urukundo rw’abenshi” ruriko ruratimba, Yehova ariko yigisha abasavyi biwe bo mu gihe ca none “gukundana” (Matayo 24:12; 1 Ab’i Tesalonike 4:9). Amahwaniro mpuzamakungu y’Ivyabona vya Yehova aratanga uturyo twibonekeje tw’ukwo kwigishwa. Kuri ayo mahwaniro, Ivyabona bo mu gihugu aberamwo barahura n’abavukanyi baba bavuye mu bihugu vya kure, kandi benshi barakiriye mu mazu yabo abaserukiye abandi kuri ayo mahwaniro, bari bavuye mu mahanga. Kw’ihwaniro rimwe riherutse kuba, hari abari bavuye mu bihugu aho abantu baho usanga biyumanganya ku bijanye no guserura ukuntu biyumva. Hari umukirisu yafashije mu vy’uburaro yigana ati: “Abo bari baserukiye abandi bagishika, bari bafise ubwoba be n’amasoni. Mugabo, hashize imisi itandatu gusa, igihe basezera, bo hamwe na bene kubaha indaro baragumbiranye barakoragura n’amosozi. Baragiriwe urukundo rwa gikirisu batazokwigera bibagira”. Kugaragariza ubwakiranyi abavukanyi bacu tutarinze kuraba amamuko yabo, birashobora kuzanira ivyiza umushitsi na nyene kumwakira.—Abaroma 12:13.

6 Naho ibintu nk’ivyo vyabaye ku mahwaniro bitera akamwemwe, ubucuti burushirije kuba ubwa somambike buratsimbatara igihe abakirisu basukuriye Yehova bari kumwe mu kiringo kinaka. Igihe tuzi abavukanyi bacu neza, turashobora gushima bimwe bishitse kuruta kamere zabo z’igikundiro, nk’ukuvugisha ukuri, ubwizigirwa, ukudahemuka, ubuntu, ugutanga, ukwubahiriza abandi, imbabazi be n’ukutigungirako (Zaburi 15:3-5; Imigani 19:22). Mark yakoreye umurimo w’ubumisiyonari muri Afirika yo mu Buseruko, yavuze ati: “Gukorana n’abavukanyi bacu dusenyera ku mugozi umwe birazana ubucuti bw’intamenwa”.

7. Ni igiki dusabwa gukora kugira ngo habe ikibabarwe ca gikirisu mw’ishengero?

7 Kugira ngo mwene ubwo bucuti bushikweko mw’ishengero bwongere buzigamwe, abarigize bategerezwa kwiyegerezanya. Mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu ubudahorereza, turakomeza ubucuti dufitaniye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu. Mu kuba ari ho turi imbere y’uko amakoraniro atangura, igihe ariko araba be n’inyuma yayo, tukongera tukayagiramwo uruhara, turaremeshanya kandi tukohererezanya ‘ku rukundo no ku bikorwa vyiza’ (Abaheburayo 10:24, 25). Hari umukurambere wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yigana ati: “Ndibukana igishika yuko nkiri umwana, umuryango wacu wari mu miryango yama iva ku Ngoro y’Ubwami ubwa nyuma, turiko tugiranira n’abandi ibiyago vya kigenzi kandi vyubaka”.

Woba ukeneye ‘kwaguka’?

8. (a) Paulo yashaka kuvuga iki igihe yahimiriza Abanyakorinto ‘kwaguka’? (b) Twokora iki kugira turemeshe ikibabarwe mw’ishengero?

8 Kugira ngo tugaragaze mwene ico kibabarwe bimwe bishitse, hari aho twoba dukeneye ‘kwaguka’ mu mitima yacu. Intumwa Paulo yandikiye ishengero ry’i Korinto ati: “Umutima wacu [wa]rāgutse; ntimwāgiwe muri twebge”. Paulo yabahimirije na bo ‘kwaguka’ (2 Ab’i Korinto 6:11-13). Woba nawe ushobora ‘kwaguka’ mu kibabarwe ugira? Ntukeneye kurindira ngo abandi babe ari bo batangura. Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, ivy’uko ari nkenerwa kugira igishika kirangwa ikibabarwe yabijanishije n’iyi mpanuro igira iti: “Ku vyo guterana iteka, umuntu wese abe ari we atangura” (Abaroma 12:10, NW). Kugira utere iteka abandi, urashobora kwibwiriza kuba ari wewe utangura kubaramutsa ku makoraniro. Woshobora kandi kubasaba ngo mujane mu busuku bwo mu ndimiro canke ngo mutegurire hamwe ikoraniro. Kubigenza gutyo biratuma igishika kirangwa ikibabarwe gikura.

9. Ni intambwe izihe bamwebamwe bateye kugira bacike abagenzi somambike b’abakirisu bagenzi babo (Nushiremwo uburorero ubwo ari bwo bwose bw’aho iwanyu.)?

9 Imiryango be n’abantu umwumwe ukwiwe mw’ishengero barashobora ‘kwaguka’ mu kugenderanira, kumbure bagasangira akajumbu, canke mu kwiruhurira hamwe (Luka 10:42; 14:12-14). Hakop rimwe na rimwe araringaniza ivy’uko imigwi mitomito ija kwinezereza mu gutembera. Yigana ati: “Haba hari abato n’abakuze be n’abavyeyi birerana abana. Umwe wese atahana ibintu bihimbaye biba vyamugumye mu bwenge, kandi bumva barushirije kwiyegerezanya”. Twebwe abakirisu ntidukwiye gusa kwihatira kuba abasangiye ukwizera, ariko dukwiye no kwihatira kuba abagenzi nyakuri.—3 Yohana 14.

10. Ni igiki dushobora gukora igihe ubucuti butifashe neza?

10 Ariko rero, vyoshika rimwe na rimwe udusembwa tukaba intambamyi ku gutsimbataza ubugenzi be n’ikibabarwe. Ni igiki dushobora gukora? Ubwa mbere, turashobora gusenga dusaba ko twogiranira imigenderanire myiza n’abavukanyi bacu. Ico Imana igomba ni uko abasavyi bayo babana bumvikana, kandi izokwishura bene ayo masengesho atagiramwo uburyarya (1 Yohana 4:20, 21; 5:14, 15). Dukwiye kandi kugira ico dukoze mu buryo buhuye n’amasengesho yacu. Uwitwa Ric, akaba ari umusuku w’ingenzi muri Afirika yo mu Buseruko, aribuka umuvukanyi vyagoranye ko bumvikana kubera yari umuntu akara. Ric asigura ati: “Aho kwirinda nya muvukanyi, nariyemeje kumumenya neza. Nahavuye menya yuko se wa nya muvukanyi yari yahoze ari umuntu akavya cane mu gutanga indero. Maze gutahura ukuntu uwo muvukanyi yari yararwanye urugamba rukomeye kugira atsinde ako gatima yareranywe, ngatahura n’urugero yari yarashikanyeko mu kukarwanya, naciye ndamukunda. Twaciye tuba abagenzi nyakuri”.—1 Petero 4:8.

Niwugurure umutima!

11. (a) Ni igiki gikenewe kugira ngo ikibabarwe gikure mw’ishengero? (b) Ni kubera iki kwirinda guserurira abandi inyiyumvo zacu bishobora kwonona ibintu mu buryo bw’impwemu?

11 Muri kino gihe, abantu benshi babaho batigera bagiranira ubucuti bwa somambike n’umuntu n’umwe. Mbega ukuntu bibabaje! Si ngombwa ngo bigende gutyo mw’ishengero rya gikirisu, kandi ntibikwiye kuba gutyo. Urukundo nyakuri rwa kivukanyi si ugupfa kuyaga n’abandi mu rupfasoni canke kugira inyifato iranga urupfasoni; eka mbere si ukwitanganiza ku bandi ubagirako ibintu vyerekana ko waryohewe birenze urugero. Ahubwo riho, dukwiye kugira umutima ukunze wo kwugurura umutima, nk’uko Paulo yabigiriye Abanyakorinto, kandi tukereka abo dusangiye ukwizera ko twitwararika vy’ukuri ukumererwa neza kwabo. Naho atari abantu bose usanga bafise impengamiro yo kuja hamwe n’abandi canke kuba abantu bakunda kuyaga, ukwikumira kurenze urugero kurashobora kwonona ibintu. Bibiliya igabisha iti: “Uwigungira ukwiye aba arondera ivyo yiharije gusa, kand’arwanya inama nziza zose”.—Imigani 18:1.

12. Ni kubera iki ukuyaga neza ari ntahara kugira habe ubucuti bwa somambike mw’ishengero?

12 Ukuganira kutarimwo uburyarya ni ikintu nyamukuru gituma haba ubugenzi nyakuri (Yohana 15:15). Twese turakenera abagenzi dushobora guserurira akari ku mutima be n’ukuntu twiyumva. Bisubiye, uko turushiriza kumenyana neza, ni ko birushiriza kworoha kuronsanya ivyo dukeneye. Igihe twerekana ko twitwararikana muri ubwo buryo, turatuma igishika kirangwa ikibabarwe congerekana, kandi tuzoheza tubone ko aya majambo ya Yezu ari ay’ukuri: “Gutanga kuzana [“agahimbare,” NW], kuruta guhabga”.—Ivyakozwe 20:35; Ab’i Filipi 2:1-4.

13. Ni igiki dushobora gukora kugira twerekane ko dufitiye abavukanyi bacu igishika nyakuri?

13 Kugira ngo igishika cacu kibe ngirakamaro cane, turakeneye kugiserura (Imigani 27:5). Igihe igishika dufise atari ic’uruheyiheyi, mu maso hacu ntihabura kuvyerekana, kandi birashobora kuvyurira abandi umutima wo kugira ico bakoze. Wa mugabo w’inkerebutsi yanditse ati: “Mu maso hakeye hanezereza umutima” (Imigani 15:30). Ibikorwa biranga ukwiyumvira abandi na vyo nyene biraremesha igishika kirangwa ikibabarwe. Naho ata n’umwe ashobora kugura igishika nyakuri, ingabirano itanzwe bivuye ku mutima irashobora kugira ikintu kinini ivuze. Agakarata k’intasho, agakete be n’‘ijambo rivuzwe mu gihe kibereye’, ivyo vyose birashobora guserura igishika kigera kure (Imigani 25:11; 27:9). Tumaze kugiranira ubugenzi n’abandi, dutegerezwa kubuzigama mu kubandanya kugaragaza igishika kitarimwo ubwikunzi. Canecane mu gihe c’inkenero, tuzoshima kuba ari ho turi kugira ngo dufashe abagenzi bacu. Bibiliya ivuga iti: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa”.—Imigani 17:17.

14. Twokora iki niba hari umuntu asa n’uko igishika tumugirira ata co kimubwira?

14 Tuvugishije ukuri, ntitwokwitega ko tuzoba umugenzi somambike w’umuntu wese mw’ishengero. Hazobaho mu bisanzwe abo twumva twiyegereje cane kuruta abandi. Niba rero hari uwusa n’uwutakugirira igishika nk’uko wavyipfuza, ntuce ubwo nyene ubona ko hari ikitagenda neza kuri wewe canke kuri uwo wundi muntu. Vyongeye, ntugerageze guhata uwo muntu ngo mugiriranire ubucuti bwa hafi vyanse bikunze. Ugiraniye na we ubugenzi bushoboka uko uwo muntu yobigukundira, uzoba uciye inzira izotuma mushobora kugiranira ubucuti muri kazoza.

“Waranshitse ku nyota”

15. Gukeza abandi canke kutabakeza bigira ingaruka iyihe kuri bo?

15 Ese ukuntu Yezu ategerezwa kuba yaranezerewe igihe kw’ibatisimu yiwe yumva aya majambo avuye mw’ijuru agira ati: “Waranshitse ku nyota” (Marko 1:11, UB)! Ukwo kuntu Se wiwe yaseruye ko amushima gutegerezwa kuba kwaratumye Yezu ashwiruka bimwe bigera kure yuko yari amufitiye igishika (Yohana 5:20). Ikibabaje, bamwebamwe ntibarigera bumva ugukezwa muri mwene ubwo buryo n’abo bubaha kandi bakunda. Ann avuga ati: “Abakiri bato benshi nkanje ntibafise abo mu muryango basangiye ukwemera. I muhira nta kindi twumva atari ugucokorwa. Ivyo biratubabaza cane”. Ariko rero, igihe abo bakiri bato bacitse abo mu bagize ishengero, bariyumvamwo igishika kirangwa mu muryango wo mu vy’impwemu ushigikirana kandi witwararikana, uwo muryango ukaba ugizwe na ba se na ba nyina na bene wabo na basaza babo be na bashiki babo mu kwizera.—Mariko 10:29, 30; Ab’i Galatiya 6:10.

16. Ni kubera iki kugaragaza agatima ko kunebagura abandi ata co bifasha?

16 Mu mico kama imwimwe, abavyeyi, abakuze be n’abigisha ni gake usanga baserura ko bashima n’umutima wabo wose abakiri bato, kubera biyumvira yuko ukwo kubashimagiza kwohava gutuma baca bashira agati mu ryinyo canke bishira hejuru. Mwene ukwo kwiyumvira kurashobora no kwandukira imiryango y’abakirisu be n’ishengero. Igihe abakuze bariko bavuga ukuntu babonye insiguro kanaka canke akandi kigoro uwukiri muto yagize, hari aho bovuga ngo: “Yari imeze neza, mugabo urashobora kurushaho!”. Canke hari n’aho usanga bashikirije iciyumviro c’uko badashimishwa n’uwukiri muto munaka. Mu kubigenza gutyo, abenshi baba biyumvira yuko bariko bavyurira ingoga abakiri bato zo gushikira aho ubushobozi bwabo bushika. Mugabo, ubwo buryo akenshi usanga buvuyemwo ikintu gihushanye n’ico bari biteze, kubera yuko abakiri bato boshobora guca bikumira canke bakumva ko badashoboye gushitsa ivyo bitezweko.

17. Ni kubera iki dukwiye kurondera uturyo two gukeza abandi?

17 Ariko rero, gukeza ntibikwiye kugirwa gusa nka co kintu umuntu abanza guherako imbere yo gutanga impanuro. Gukeza abandi ata buryarya burimwo biratuma haba igishika kirangwa ikibabarwe mu muryango no mw’ishengero, gutyo bikaremesha abakirisu bakiri bato gusaba impanuro abavukanyi n’abavukanyikazi bazi utuntu n’utundi. Aho kureka rero ngo imico kama abe ari yo igenga uburyo dufata abandi, nimuze “[twambare] wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri”. Nukeze abandi nk’uko Yehova abigenza.—Abanyefeso 4:24.

18. (a) Mwebwe mukiri bato, mukwiye kubona gute impanuro muhabwa n’abakuze? (b) Ni kubera iki abakuze bitondera uburyo batanga impanuro?

18 Ku rundi ruhande, niba mwebwe abakiri bato mukosowe n’abakuze canke bakabaha impanuro, ntimuce mubona ko babanka (Umusiguzi 7:9). Si vyo na gato! Birashoboka ko baba babitumwe n’uko babitwararika kandi babafitiye igishika. Ahandi ho, kubera iki bokwirirwa barigora bayaga namwe ibijanye n’ico kibazo? Kubera yuko bazi ingaruka amajambo ashobora kugira, abakuze, na canecane abakurambere b’ishengero, akenshi baramara umwanya munini biyumvira kandi basenga imbere yo gutanga impanuro, kubera yuko bashaka gusa gukora iciza.—1 Petero 5:5.

“Yehova yuzuye igishika kirangwa ikibabarwe”

19. Ni kubera iki abahemukiwe bohanga amaso Yehova ngo abashigikire?

19 Ibintu bidashimishije vyahavuye biba bishobora kuba vyatumye bamwebamwe biyumvamwo yuko hamwe boramuka basubiye kugaragaza igishika kirangwa ikibabarwe vyohava vyongera kubavuna umutima. Bisaba ko bagira uburindutsi n’ukwizera gukomeye kugira basubire kwugururira abandi umutima. Mugabo, bakwiye kutigera bibagira yuko Yehova “[a]tari kure y’umuntu n’umwe muri twebge”. Adutumirira kumwiyegereza (Ivyakozwe 17:27; Yakobo 4:8). Aratahura kandi ubwoba dufise bw’uko twohava tubabazwa, kandi adusezeranira kudushigikira no kudufasha. Dawidi umwanditsi wa Zaburi, adukura amazinda ati: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse”.—Zaburi 34:18.

20, 21. (a) Tuzi gute ko dushobora kugiranira ubucuti bwa hafi na Yehova? (b) Ni igiki dusabwa kugira ngo tugiranire ubucuti bwa somambike na Yehova?

20 Kugiranira ubugenzi bwa somambike na Yehova ni bwo bucuti dushobora kwunga buhambaye kuruta ubundi bwose. Mugabo none, ubucuti nk’ubwo bwoba koko bushoboka? Me! Bibiliya irahishura ukuntu abagabo n’abagore bagororotse bumvise bari hafi ya Dawe wa twese wo mw’ijuru. Amajambo yabo arangwa igishika yarazigamwe kugira atume twizigira tudakeka yuko na twebwe dushobora kwiyegereza Yehova.—Zaburi 23, 34, 139; Yohana 16:27; Abaroma 15:4.

21 Ivyo Yehova asaba kugira tugiranire ubucuti somambike na we, uwo ari we wese arashobora kubishitsa. Dawidi yabajije ati: “Uhoraho, ni nde azosembera mw ihema ryawe?”. Yishuye ati: “N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ukugororoka, akavuga ukuri mu mutima wiwe” (Zaburi 15:1, 2; 25:14). Uko tubona yuko gusukurira Yehova bivamwo ivyamwa vyiza kandi bigatuma atuyobora akongera akadukingira, tuzoheza tumenye yuko “Yehova yuzuye igishika kirangwa ikibabarwe”.—Yakobo 5:11, NW.

22. Ni ubucuti bwoko ki Yehova ashaka ko abasavyi biwe bagira?

22 Mbega ukuntu twahezagiwe kubona Yehova yipfuza kugiriranira n’abantu b’abanyagasembwa ubucuti bwa somambike nk’ubwo! Ntidukwiye none natwe guca tugiriranira igishika kirangwa ikibabarwe? Umwumwe wese muri twebwe abifashijwemwo na Yehova, arashobora kugira ico aterereye kugira habe igishika kirimwo ikibabarwe, ca kindi kiranga ikivukano cacu ca gikirisu akongera akakigirirwa. Mu gihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, umuntu wese azoba ari kw’isi azokwiyumvamwo ico gishika ibihe bidahera.

Woshobora kubisigura?

• Ni akayaga bwoko ki gakwiye kurangwa mw’ishengero rya gikirisu?

• Umwumwe wese muri twebwe ashobora gute gutuma mw’ishengero haba igishika kirangwa ikibabarwe?

• Gukeza abandi ata buryarya bishobora gute gutuma haba ikibabarwe?

• Ni gute igishika kirangwa ikibabarwe Yehova afise kidushigikira kandi kikatubungabunga

[Ifoto ku rup. 15]

Urukundo mu bakirisu rurimwo n’ibindi uretse ukwumva gusa ko ari ikintu bategerezwa kugira

[Amafoto ku rup. 16, 17]

Woba ushobora ‘kwaguka’ mu gishika ugira?

[Ifoto ku rup. 18]

Woba uri umuntu atorana amahinyu canke umuntu aremesha?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika