Ibibazo vy’abasomyi
Igihe Yezu yategeka abayoboke biwe ‘kugurana abantu [“ata nyungu”, NW], bataziga ko bazoguranurwa’ yoba yashatse kuvuga yuko badakwiye no kwishuza ayo batanzeko ingurane?
Amajambo ya Yezu yanditse muri Luka 6:35 arushiriza kwumvikana umuntu yishimikije ibivugwa mu Vyagezwe vya Musa. Muri ivyo Vyagezwe, Imana yategetse Abisirayeli kudasaba inyungu ku ngurane bahaye Abisirayeli bagenzi babo baba bakenye, bakaba rero bari bakeneye gufashwa (Kuvayo 22:25; Abalewi 25:35-37; Matayo 5:42). Izo ngurane ntizatangwa ku bw’urudandazwa canke ngo zikoreshwe mu vyo kurondera inyungu. Ahubwo, mwene izo ngurane batasabako inyungu zaba ari izatanzwe ku bwo gufasha abakene canke abashikiwe n’ivyago. Na kare, kwobaye ari ukubura urukundo kuriramwo mbege ku mubanyi amerewe nabi mu vy’ubutunzi. Naho ari ukwo, nyene gutanga ingurane yari afise uburenganzira bwo gusubizwa ayo yatanzeko ingurane, kandi rimwe na rimwe agasigarana ingwati.—Gusubira mu vyagezwe 15:7, 8.
Mu gushigikira ico Cagezwe, Yezu yarerekanye ukuntu coshirwa mu ngiro mu buryo bwagutse kuruta, mu kuvuga yuko uwufashije adakwiye kwitega ko hagira ico “[a]zoguranurwa”. Nka kumwe kw’Abisirayeli, rimwe na rimwe abakirisu barashikirwa n’ingorane z’ivy’ubutunzi canke ibindi bintu vyoshobora kubasiga mu bukene, eka mbere bagasigara ata co biha. Mu gihe umuvukanyi mukirisu ari mu bihe nk’ivyo bibabaje arondeye gufashwa mu vy’amahera, ntivyoba none biranga umutima mwiza hagize uwumufasha? Nkako, urukundo nyakuri rwotuma umukirisu agira umutima wo gufasha umuvukanyi wiwe yaguye mu ngorane z’ivy’ubutunzi zikomeye bitamuvuyeko (Imigani 3:27). Vyoshoboka ko umuntu aha ingabirano umuvukanyi nk’uwo ari mu bukene, naho nyene amahera yomuha yoba ari make ku yo yomuha bwa ngurane.—Zaburi 37:21.
Mu kinjana ca mbere G.C., intumwa Paulo na Barunaba barashinzwe ibanga ryo gufata intererano zivuye ku bakirisu bo muri Aziya Ntoya bakazishira abavukanyi babo b’i Yudaya bari batewe n’ikigoyi (Ivyakozwe 11:28-30). Muri ubwo buryo nyene muri kino gihe, iyo hateye ivyago, abakirisu kenshi bararungikira ingabirano abavukanyi babo baba bari mu bukene. Mu kubigira gutyo, baba kandi bashinze intahe nziza ku bandi (Matayo 5:16). Ariko ntiwumve, inyifato y’umuntu arondera gufashwa be n’ukuntu ivyiwe vyifashe birakwiye kurimburwa. Ni kubera iki akenye? Aya majambo ya Paulo arahambaye: “Umuntu wese ni yanka gukora ntākarye”.—2 Ab’i Tesalonike 3:10.
Nimba umuvukanyi asavye ingurane adakenye cane mugabo akaba gusa ashaka icomufasha kugira asubire kuvyuka inyuma y’aho agiriye ingorane mu vy’amahera, hari aho vyoba bibereye kumuha ingurane idasaba inyungu. Mu bihe nk’ivyo, gutanga ingurane umuntu yiteze gusubizwa amahera yose yatanze ntivyoba biteye kubiri n’amajambo ya Yezu ari muri Luka 6:35. Ivyo bemeranije bikwiye gushirwa mu nyandiko, kandi uwasavye ingurane akwiye kugira ibishoboka vyose akayisubiza yisunze amasezerano bagiraniye. Mu vy’ukuri, urukundo rwa gikirisu rukwiye kugobera uwaguranywe gusubiza ingurane, nk’uko nyene rwavyuriye nyene kugurana umutima wo gutanga iyo ngurane.
Uwuriko ararimbura ivyo gutanga ingurane (canke gutanga ingabirano) yokenera kandi kurimbura uko ivy’umuryango wiwe bwite vyifashe. Nk’akarorero, vyoba vyotuma ahakwa kutaronsa abo mu muryango wiwe ivyo bakeneye, kandi cari ikintu Ivyanditswe bisaba ko kija imbere (2 Ab’i Korinto 8:12; 1 Timoteyo 5:8)? Ariko rero, ico ntikibuza yuko abakirisu barondera uturyo two kugaragarizanya urukundo, bakarugaragaza mu buryo buboneka buhuje n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.—Yakobo 1:27; 1 Yohana 3:18; 4:7-11.