ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/2 rup. 17-22
  • Tuzigame akaranga kacu k’ubukirisu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuzigame akaranga kacu k’ubukirisu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nushimangire akaranga kawe ka gikirisu
  • Niwiyemeze guhimbara Imana
  • Kahise gategura kazoza
  • Akaranga kibonekeza karazana imihezagiro iboneka
  • Yemwe bakirisu: nimwishimire abo muri!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • 9 Akaranga
    Be maso!—2018
  • Ndi nde?
    Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Rwaruka, nimunanire akosho k’urunganwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/2 rup. 17-22

Tuzigame akaranga kacu k’ubukirisu

“Ni mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize”.​—YESAYA 43:10.

1. Yehova akwegera kuri we abantu bameze gute?

IGIHE uzoba uri ku Ngoro y’Ubwami, uritegereza witonze hirya no hino yawe. Ni bande ubona muri ico kibanza co gusengeramwo? Ushobora kuhabona abakiri bato b’umutima nziraburyarya bariko barihereza bitonze ubukerebutsi bwo mu Vyanditswe (Zaburi 148:12, 13). Ushobora kandi kuhabona ba serugo bihatira guhimbara Imana naho nyene baba mw’isi ititura ubuzima bwo mu rugo. Kumbure uzohabona abageze mu zabukuru bakundwa, babaho bisunga ukwiyegurira Yehova kwabo bashikamye naho banyinyana n’ingorane zo mu busaza (Imigani 16:31). Abo bose barakunda Yehova cane. Kandi Yehova yasanze bibereye kugiranira ubucuti na bo. Umwana w’Imana yemeje ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye”.​—Yohana 6:37, 44, 65.

2, 3. Ni kubera iki kuguma twibuka neza akaranga kacu ka gikirisu bishobora kuba urugamba?

2 Ntiduhimbarwa none n’ukuba turi mu bantu Yehova ashima akongera agahezagira? Yamara, kuguma twibuka neza akaranga kacu ka gikirisu muri ibi “bihe bigoye” ni urugamba (2 Timoteyo 3:1). Ivyo ni ko canecane biri ku bakiri bato usanga barererwa mu miryango ya gikirisu. Hari uwukiri muto muri mwene abo yiyemereye ati: “Naho wasanga nitaba amakoraniro ya gikirisu, sinari mfise amahangiro atomoye yo mu vy’impwemu, kandi mvugishije ukuri, nta cipfuzo gitomoye co gukorera Yehova nari mfise”.

3 Bamwebamwe, naho baba bipfuza gukorera Yehova bivuye ku mutima, boshobora gutwarwa n’akosho k’urunganwe gakomeye, utwosho two mw’isi be n’impengamiro zo gukora icaha. Igihe dushizweko umukazo, woshobora buhorobuhoro gutuma dutakaza akaranga kacu ka gikirisu. Nk’akarorero, benshi mw’isi ya kino gihe babona ko ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zigenga ukwigenza runtu zataye igihe canke ko kuzikurikiza bidashoboka mw’isi ya none (1 Petero 4:4). Hari n’abiyumvira yuko bidahambaye gusenga Imana nk’uko ibitegeka (Yohana 4:24). Mw’ikete Paulo yandikiye Abanyefeso, avuga yuko isi ifise “impwemu”, canke agatima kiganje (Abanyefeso 2:2). Iyo mpwemu iragerageza guhata abantu ngo bahuze n’ivyiyumviro vy’ikibano kitazi Yehova.

4. Yezu yashimitse gute ku vy’uko dukeneye kuzigama akaranga kacu ka gikirisu kibonekeje?

4 Ariko rero, kubera turi abasavyi ba Yehova biyeguye, turatahura yuko gutakaza akaranga kacu ka gikirisu vyokwegera akarambaraye uwo ari we wese muri twebwe, yaba uwukiri muto canke uwukuze. Ingingo mfatirwako za Yehova be n’ivyo atwitezeko ni vyo vyonyene bishobora gufasha umuntu kubona akaranga ka gikirisu mu buryo bubereye. Nakare, twaremwe mw’ishusho yiwe (Itanguriro 1:26; Mika 6:8). Akaranga kacu ka gikirisu kibonekeje, Bibiliya igasanisha n’impuzu zambarwa bose bakazibona. Yezu yabuye ku vyerekeye igihe cacu ati: “Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe”a (Ivyahishuriwe 16:15). Ntidushaka kwiyambura kamere zacu za gikirisu be n’ingingo mfatirwako zacu zigenga inyifato, ngo tureke isi ya Shetani ibe ari yo itubumbabumba. Nka hamwe ivyo vyoshika, twoba dutakaje izo “mpuzu”. Ikintu nk’ico coba kibabaje kandi cotumaramaza.

5, 6. Ni kubera iki bihambaye kutaba nyamujiryanino mu vy’impwemu?

5 Ukwibuka neza akaranga ka gikirisu biragira ikintu kinini bihinduye ku kuntu umuntu abaho. Uti gute? Nka hamwe umusavyi wa Yehova atoba agitahura neza akaranga kiwe, yohava asanga yataye umurongo, agasigara ata burongozi canke amahangiro bitomoye afise. Bibiliya iragabisha akatari gake kwirinda ukwo kwijijanya imitima. Umwigishwa Yakobo yatanze inkeburo igira iti: “Ūkekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa. Uyo muntu yoye kwiyumvira kw ari n’ic’azohabga n’Umwami Imana, kukw ar’umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose”.​—Yakobo 1:6-8; Abanyefeso 4:14; Abaheburayo 13:9.

6 Dushobora gute kuzigama akaranga kacu ka gikirisu? Ni ibiki vyodufasha kurushiriza gutegera yuko kuba turi abasavyi b’Imana isumba vyose ari agateka gahambaye? Turakwinginze wihweze uburyo butari bumwe bukurikira.

Nushimangire akaranga kawe ka gikirisu

7. Ni kubera iki ari ngirakamaro gutakambira Yehova ngo adusuzume?

7 Nubandanye gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova. Ikintu c’agaciro kuruta ibindi vyose umukirisu afise ni ubucuti afitaniye n’Imana (Zaburi 25:14; Imigani 3:32). Igihe dutanguye kwijijanya imitima ku vyerekeye akaranga kacu ka gikirisu, dukwiye guca dusuzuma twitonze ukuntu ubwo bucuti bumeze be n’aho bugera. Umwanditsi wa Zaburi yatakamvye bikwiriye ati: “Uhoraho, unsuzume, ungerageze, sesa umushaha wanje n’umutima wanje” (Zaburi 26:2). Ni kubera iki ugusuzumwa nk’ukwo guhambaye? Ni kubera yuko ubwacu tudashobora gusuzuma ata kwihenda imvo zishika ibwina zituma dukora ibintu be n’agatima dufise. Yehova wenyene ni we ashobora gutahura umuntu wacu w’imbere, ni ukuvuga imvo zituma dukora ibintu, ivyiyumviro vyacu hamwe n’inyiyumvo zacu.​—Yeremiya 17:9, 10.

8. (a) Kugeragezwa na Yehova bishobora kutugirira akamaro gute? (b) Wafashijwe gute gutera imbere bwa mukirisu?

8 Iyo dusavye Yehova ngo adusuzume, tuba twemeye ko atugerageza. Arashobora kureka hagashika ibintu bishira ahabona imvo nyakuri zituma dukora ibintu be n’ukuntu umutima wacu umeze (Abaheburayo 4:12, 13; Yakobo 1:22-25). Dukwiye kwemera mwene ukwo kugeragezwa kubera yuko kuturonsa akaryo ko kwerekana aho tugeza mu kutadohoka kwacu kuri Yehova. Ivyo birashobora kwerekana nimba ‘dutunganye rwose duhīngūwe, tudahajije na kamwe’ (Yakobo 1:2-4). Kandi uko tugenda turageragezwa, ni ko tugenda turakura mu buryo bw’impwemu.​—Abanyefeso 4:22-24.

9. Kwiyemeza neza yuko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri coba ari ikintu twoshobora kugira canke kutagira? Sigura.

9 Niwiyemeze neza yuko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri. Ukuntu tubona akaranga kacu ko kuba abasavyi ba Yehova kurashobora kugoyagoya mu gihe kudashingiye bimwe bikomeye ku bumenyi bw’Ivyanditswe (Ab’i Filipi 1:9, 10). Umukirisu wese, yaba umuto canke uwukuze, arakeneye kwiyemeza neza yuko ivyo yemera ari ukuri koko nk’uko tugusanga muri Bibiliya. Paulo yahimirije abo basangiye ukwizera ati: “Mugerageze vyose, mugumye ivyiza” (1 Ab’i Tesalonike 5:21). Abakirisu bakiri bato bo mu miryango itinya Imana bategerezwa kumenya yuko badashobora kwiheka gusa ku kwizera kw’abavyeyi babo. Se wa Salomo ari we Dawidi yamuhimirije “kumenya Imana ya s[e], [aka]yisaban[a] umutima utunganye” (1 Ngoma 28:9, ni twe dushimitse.). Ntivyobaye bihagije ku musore Salomo kwihweza ingene se wiwe yatsimbataje ukwizera Yehova. Yategerezwa kumenya Yehova ku gatwe kiwe, kandi ivyo yarabigize. Yatakambiye Imana ati: “Umpe ubwenge no gutahura, kugira ngo mmenye iyo biva n’iyo bija mur’aba bantu”.​—2 Ngoma 1:10.

10. Ni kubera iki ata kibi kiri mu kubaza ibibazo bitarimwo uburyarya ubitumwe n’imvo nziza?

10 Ukwizera gukomeye kuba kwubakiye ku bumenyi. Paulo yavuze ati: “Ukwemera kuva ku kwumva” (Abaroma 10:17). Yashatse kuvuga iki muri ayo majambo? Yashatse kuvuga yuko biciye ku kwigaburira Ijambo ry’Imana, turushiriza kwizera no kwizigira Yehova, imihango yiwe be n’ishirahamwe ryiwe. Kubaza ibibazo bitarimwo uburyarya ku vyerekeye Bibiliya birashobora gutuma turonka inyishu ziduhumuriza. Vyongeye, mu Baroma 12:2, tuhasanga impanuro ya Paulo igira iti: “Mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose”. None ivyo dushobora kubishikako gute? Dushobora kubishikako mu kwironsa ‘ubumenyi ntagakosa bwerekeye ukuri’ (Tito 1:1). Impwemu ya Yehova irashobora kudufasha gutegera n’ibintu bigoye (1 Ab’i Korinto 2:11, 12). Igihe bitugoye gutahura ikintu kinaka, dukwiye gusaba Imana ngo idufashe (Zaburi 119:10, 11, 27). Yehova ashaka ko dutahura Ijambo ryiwe, tukaryizera, tukongera tukarigendera. Arashima ibibazo bitarimwo uburyarya umuntu abaza abitumwe n’imvo nziza.

Niwiyemeze guhimbara Imana

11. (a) Ni icipfuzo gisanzwe ikihe gishobora kutubera umutego? (b) Dushobora gute kuronka uburindutsi bwo kunanira akosho k’urunganwe?

11 Nurondere guhimbara Imana, nturondere guhimbara abantu. Kuba turi mu mugwi munaka birashobora kudufasha gushinga akaranga kacu ku rugero runaka, kandi ivyo ni ibisanzwe. Twese turakenera abagenzi, kandi gushimwa n’abandi bituma twumva tumerewe neza. Mu buyabaga, eka mbere no mu gihe umuntu amaze kwiterera mu myaka, akosho k’urunganwe karashobora gukomera, kagatuma umuntu agira icipfuzo gikomeye co gushaka kwigana abandi canke gushimwa na bo. Mugabo abagenzi be n’urunganwe ntibama nantaryo baturonderera ineza. Rimwe na rimwe usanga bironderera gusa umuntu bafadikanya mu gukora ikibi (Imigani 1:11-19). Igihe umukirisu atwawe n’akosho k’urunganwe, akenshi aca agerageza guhisha ico ari (Zaburi 26:4). Intumwa Paulo yagabishije ati: “Nimureke gufata imigenzo y’iyi si” (Abaromani 12:2, UB). Yehova araturonsa inkomezi zo mu mutima zidufasha kunanira akosho kava ku bandi karondera gutuma tumera nka bo.​—Abaheburayo 13:6.

12. Ni ingingo ngenderwako iyihe be n’akarorero akahe bishobora kudukomeza tukaguma dushikamye igihe ukwizigira Yehova kwacu kugeramiwe?

12 Iyo akosho kava ku bandi kageramiye ingene tubona akaranga kacu ka gikirisu, vyoba vyiza twibutse yuko kuguma turi intahemuka ku Mana bihambaye cane kuruta ivyiyumviro vy’abantu canke ibishimwa na benshi. Amajambo yo muri Kuvayo 23:2 ni ingingo ngenderwako ibereye. Agira ati: “Ntimuze muherēre ku ruhande rwa benshi bari mu nama y’ibibi”. Igihe benshi mu Bisirayeli bakekeranya ku bushobozi Yehova afise bwo gushitsa imihango yiwe, Kalebu yaranse rwose kuja ku ruhande rwa benshi. Yaremera adakeka yuko imihango y’Imana ari iyo kwizigirwa, kandi yarahezagiwe cane kubera impagararo yagize (Guharūra 13:30; Yosuwa 14:6-11). Woba nawe nyene witeguriye kunanira akosho k’ivyiyumviro vya benshi kugira ngo uzigame ubucuti ufitaniye n’Imana?

13. Ni kubera iki kumenyekanisha akaranga kacu ka gikirisu ari ingendo iranga ubukerebutsi?

13 Numenyekanishe akaranga kawe ka gikirisu. Ya mvugo ngo ‘Uwuja guhana umwansi aramwitanga’, irakora igihe tuburanira akaranga kacu ka gikirisu. Igihe Abisirayeli b’intahemuka bo mu gihe ca Ezira bari bahanganye n’abantu barwanya utwigoro twabo two gukora ivyo Yehova agomba, bavuze bati: “Tur’abasavyi b’Imana Nyen’ijuru n’isi” (Ezira 5:11). Mu gihe dukanzwe n’amajambo y’abatatwerekwa canke agacokoro kabo, twoshobora gusha coba. Kumenyekanisha akaranga kacu ka gikirisu ntibizotworohera gushikako igihe twokwama turondera kunezereza abantu bose. Ntugire ubwoba rero. Vyama nantaryo ari vyiza kumenyesha abandi mu buryo butomoye yuko uri Icabona ca Yehova. Ubigiranye icubahiro mugabo ushikamye, urashobora gusigurira abandi ingingo ugenderako, ivyo wemera be n’impagararo yawe ya gikirisu. Numenyeshe abandi yuko wamaze kwiyemeza kuguma wisunga ingingo mfatirwako ziri hejuru za Yehova ku bibazo bijanye n’ukwigenza runtu. Tomora yuko udashobora kudohoka ku cipfuzo cawe co kuguma uri umukirisu w’umugumyabanga. Niwerekane yuko wiratira ingingo mfatirwako wisunga zigenga ukwigenza runtu (Zaburi 64:10). Kuboneka yuko uri mukirisu ashikamye birashobora kugukomeza, bikagukingira, mbere bikanatuma bamwebamwe bashaka kumenya ivyerekeye Yehova be n’abasavyi biwe.

14. Ukudutyekeza canke ukuturwanya vyoba bikwiye kuduca intege? Sigura.

14 Birumvikana yuko hari aboshobora kugutyekeza canke bakakurwanya (Yuda 18). Nimba abandi batagutegereye igihe ugerageza kubasigurira ingingo ngenderwako wisunga, ntucike intege (Ezekiyeli 3:7, 8). Naho wogira gute, ntuzokwigera ujijura abantu badashaka kujijuka. Niwibuke Farawo. Nta cago canke igitangaro, eka mbere n’ukubura imfura yiwe bwite, cashoboye kujijura Farawo yuko Musa yariko avugira Yehova. Ntureke rero ngo ugutinya abantu kukubuze ico wikorera. Kwizigira Imana no kuyizera birashobora kudufasha gutsinda ubwoba.​—Imigani 3:5, 6; 29:25.

Kahise gategura kazoza

15, 16. (a) Iragi ryacu ryo mu vy’impwemu ni irihe? (b) Dushobora gute kwungukira ku kuzirikana kw’iragi ryacu ryo mu vy’impwemu tumurikiwe n’Ijambo ry’Imana?

15 Nuhe agaciro iragi ryawe ryo mu vy’impwemu. Bamurikiwe n’Ijambo ry’Imana, abakirisu bazokwungukira ku kuzirikana kw’iragi ryabo rihambaye ryo mu vy’impwemu. Iryo ragi ririmwo ukuri kw’Ijambo rya Yehova, icizigiro c’ubuzima budahera hamwe n’agateka ko guserukira Imana turi abamamaji b’inkuru nziza. Woba ushobora kubona uruhara ufise mu Vyabona vyiwe, mu mugwi w’abantu batewe agateka, bashinzwe igikorwa kirokora ubuzima co kwamamaza Ubwami? Uribuka yuko Yehova ubwiwe ari we yivugira ati: “Ni mwebge vyabona vyanje”.​—Yesaya 43:10.

16 Woshobora kwibaza ibibazo nk’ibi: ‘Iryo ragi ryo mu vy’impwemu rifise agaciro kangana iki kuri jewe? Noba ndariha agaciro bihagije ku buryo gukora ivyo Imana igomba ndabishira imbere y’ibindi vyose mu buzima bwanje? Ukuntu ndarikenguruka kwoba gukomeye bihagije ku buryo gutuma nshobora kunanira inyosha mbi izo ari zo zose zohava zituma ndaritakaza?’. Iragi ryacu ryo mu vy’impwemu rirashobora kandi gutuma twiyumvamwo cane yuko dutekaniwe mu vy’impwemu, uwo mutekano akaba ata handi uboneka atari mw’ishirahamwe rya Yehova (Zaburi 91:1, 2). Kuza turasubira kwihweza ibintu bihambaye vyabaye mw’ishirahamwe rya Yehova mu bihe vya none birashobora gutuma tunyurwa yuko ata muntu n’umwe canke ikintu na kimwe gishobora guherengeteza abasavyi ba Yehova kw’isi.​—Yesaya 54:17; Yeremiya 1:19.

17. Ni ibindi bintu ibihe bikenewe turetse ukwiheka kw’iragi ryacu ryo mu vy’impwemu?

17 Ariko ntiwumve, ntidushobora kwiheka gusa kw’iragi ryacu ryo mu vy’impwemu. Umwe wese muri twebwe ategerezwa kugiranira n’Imana ubucuti somambike. Paulo amaze kwita ku rutare kugira ngo yubake ukwizera kw’abakirisu b’i Filipi, yabandikiye ati: “Nuko rer’abo nkunda, nk’uko mwamye muga[mbur]uka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo ndiho gusa, ariko n’ubu nyene naho ntar’iyo ni murushirize” (Ab’i Filipi 2:12). Ntidushobora kwiheka ku wundi muntu ngo abe ari we aturonderera ubukiriro.

18. Ibikorwa vya gikirisu bishobora gute gutuma turushiriza kubona neza akaranga kacu ka gikirisu?

18 Nugire uruhara mu bikorwa vya gikirisu wivuye inyuma. Bivugwa yuko “igikorwa kigira akosho gakomeye ku karanga k’umuntu”. Muri iki gihe, abakirisu bashinzwe igikorwa gihambaye co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bwashinzwe. Paulo yavuze ati: “Ndashimisha igikorwa canje, kuko nd’intumwa ku banyamahanga” (Abaroma 11:13). Igikorwa cacu co kwamamaza kiradutandukanya n’isi, kandi ukugira uruhara muri co biraryohora akaranga kacu ka gikirisu. Kugira uruhara mu bindi bikorwa vya gitewokarasi twivuye inyuma, nk’akarorero mu makoraniro ya gikirisu, mu vyo kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo, mu kwitanga mu vy’ugufasha abari n’ivyo bakeneye, be no mu bindi nk’ivyo, birashobora gutuma turushiriza kubona neza akaranga kacu ka gikirisu.​—Ab’i Galatiya 6:9, 10; Abaheburayo 10:23, 24.

Akaranga kibonekeza karazana imihezagiro iboneka

19, 20. (a) Ni ivyiza ibihe ubwawe waronse kubera uri umukirisu? (b) Ni ibiki biduha ishingiro ry’akaranga kacu nyakuri?

19 Nufate akanya uzirikane ku vyiza vyinshi no ku nyungu nyinshi turonka kubera turi abakirisu b’ukuri. Twaratewe agateka ko kumenywa na Yehova. Umuhanuzi Malaki yavuze ati: “Abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe” (Malaki 3:16). Imana irashobora kutwita abakunzi bayo (Yakobo 2:23). Ubuzima bwacu burarushiriza kumera neza biciye ku kumenya neza ko buri n’intumbero kandi buri n’ico buvuze, biciye no ku kwishingira imigambi myiza kandi y’ingirakamaro. Vyongeye, twarahawe icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera.​—Zaburi 37:9.

20 Uribuka yuko akaranga kawe nyakuri be n’agaciro kawe bidahagaze ku kuntu abandi bantu bakwiyumvira, ariko bihagaze ku gaciro Imana iguha. Abandi boshobora kugera agaciro dufise bafatiye ku kuntu abantu babona ibintu mu buryo burimwo agahaze. Mugabo urukundo Imana idukunda be n’ukuntu ubwayo itwitwararika ni vyo vyerekana agaciro nyakuri dufise, kuko turi abayo (Matayo 10:29-31). Urukundo dukunda Imana ruraheza rugatuma turushiriza kumenya neza akaranga kacu, rukongera rugatuma tugira intumbero irushirije kuba iyitomoye mu buzima. “Ūkunda Imana ni we amenywa na yo”.​—1 Ab’i Korinto 8:3.

[Akajambo k’epfo]

a Ayo majambo ashobora kuba yerekeza ku mabango y’uwaba ahagarikiye iterama ryo ku rusengero i Yeruzalemu. Mu bihe vy’amaterama, yaraca mu rusengero kugira ngo arabe nimba abateramyi bayo b’Abalewi bari maso canke basinziriye aho bakorera. Umuteramyi wese basanga asinziriye yarakubitwa inkoni, impuzu ziwe na zo zigashobora guturirwa, ico kikaba cari igihano co kumumaramaza.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki bihambaye ko abakirisu bazigama akaranga kabo ko mu vy’impwemu?

• Twoshimangira gute akaranga kacu ka gikirisu?

• Iyo dutegerezwa guhitamwo uwo duhimbara, ni ibiki vyodufasha guhitamwo neza?

• Kumenya neza akaranga kacu ka gikirisu bishobora gute gutegura kazoza kacu?

[Ifoto ku rup. 21]

Kugira uruhara mu bikorwa vya gikirisu twivuye inyuma birashobora kuryohora akaranga kacu ka gikirisu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika