ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/6 rup. 23-28
  • Yemwe bakiri bato, nimushemeze Yehova!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yemwe bakiri bato, nimushemeze Yehova!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki mwoshemeza Yehova?
  • Ingene abakiri bato bamwebamwe bashemeje Yehova
  • Ushobora gute gushemeza Yehova?
  • Ukwiye gutangura gushemeza Yehova ryari?
  • Twatorewe Kuba Abashemeji b’Abanyamunezero kw Isi Yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • «Nimushemeze izina rya Yehova»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Nidushemeze Yehova ku bw’Ibikorwa Vyiwe Bihambaye!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Dushemeze Yehova buri musi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/6 rup. 23-28

Yemwe bakiri bato, nimushemeze Yehova!

“Mw isi ni mushime Uhoraho, . . . [mwebwe] misore n’inkumi”.​—ZABURI 148:7, 12.

1, 2. (a) Ni ibiki abakiri bato benshi usanga bazi ko batarekuriwe gukora? (b) Ni kubera iki abakiri bato benshi atari ngombwa ngo bababazwe n’uturimbi abavyeyi babo babashingira?

ABAKIRI BATO kenshi usanga bazi neza ivyo batarekuriwe gukora. Benshi muri bo barashobora kukubwira bitabagoye imyaka bategerezwa kubanza gushikana kugira bemererwe kwijabukana ibarabara, isaha badategerezwa kurenza bateramye ku mugoroba, canke imyaka bategerezwa gushikana kugira bemererwe kunyonga umuduga. Hari aho uwukiri muto yoshobora kubona yuko kenshi iyo asavye ikintu yipfuza rwose, yama yishurwa ngo: “Rindira ubanze ukure”.

2 Mwebwe abakiri bato murazi yuko abavyeyi banyu babona ko bibereye kutabarekurira ivyo bintu, kumbure kugira ngo babakingire. Vyongeye, nta nkeka murazi yuko Yehova ahimbarwa no kubona mugamburukira abavyeyi banyu (Ab’i Kolosayi 3:20). Mugabo none vyoba bishika mukumva umenga ubuzima bwanyu ntiburatangura nya gutangura? Ibintu vyose bihambaye vyoba bisaba ko mubanza gukura kugira murekurirwe kubikora? Si ko biri na gato! Hariho igikorwa kiriko kirarangurwa muri iki gihe, gihambaye rwose kuruta akandi gateka ako ari ko kose mushobora kuba mwiteze guterwa. Mwebwe mukiri bato mwoba none murekuriwe gukora ico gikorwa? Ntimubirekuriwe gusa, ahubwo Imana Musumbavyose ubwayo irabasaba kugikora!

3. Yehova atumira abakiri bato kugira uruhara mu kihe gikorwa gihambaye, kandi ni ibibazo ibihe tugira turimbure?

3 Ico gikorwa turiko turavuga ni ikihe? Raba amajambo yo mu canditswe iki kiganiro gishingiyeko: “Mw isi ni mushime Uhoraho, . . . [mwebwe] misore n’inkumi; namwe batāma n’abana” (Zaburi 148:7, 12). Ng’aho harerekana agateka gahambaye mushobora guterwa: Murashobora gushemeza Yehova. Mwebwe mukiri bato, mwoba muhimbarwa no kugira uruhara muri ico gikorwa? Benshi birabahimbara. Kugira ngo mutahure igituma bikwiye kubahimbara, reka turimbure ibibazo bitatu. Ica mbere: ni kubera iki mukwiye gushemeza Yehova? Ica kabiri: mushobora gute kumushemeza mu buryo buri n’ico buvamwo? Ica gatatu: ni ryari mwotangura gushemeza Yehova?

Ni kubera iki mwoshemeza Yehova?

4, 5. (a) Twisunze ibivugwa muri Zaburi ya 148, turi iruhande y’umugwi uhimbaye uriko ukora iki? (b) Ivyaremwe bidashobora kuvuga kandi bitagira ubwenge bishobora gute gushemeza Yehova?

4 Imvo ihambaye yo gushemeza Yehova ni uko ari we Muremyi. Zaburi ya 148 iradufasha gushimika kuri ukwo kuri. Zirikana gato kuri iki kintu: Hamwe woshika ahari umugwi ugizwe n’abantu benshi bariko barahuza amajwi, baririmba ururirimbo ruryoshe kandi rukora ku mutima, wokwumva umerewe gute? Bite hoho mu gihe amajambo y’urwo ruririmbo yoba ari amajambo uzi ko ari ay’ukuri, aserura ivyiyumviro uzi ko bihambaye, biteye umunezero, kandi vyeza umutima? Woba wokwumva wipfuje kumenya ayo majambo no gufasha abandi kuririmba? Benshi muri twebwe bovyipfuza. Urumva rero, Zaburi ya 148 irerekana yuko uri iruhande y’umurwi nk’uwo, mugabo wowo ukaba ubiryosha kuruta. Iyo zaburi iradondora isinzi ritagira uko ringana, ryose ririko rishemeza Yehova rihuza amajwi. Ariko rero, usomye iyo Zaburi woshobora kubona ikintu kidasanzwe. Uti ico na co ni igiki?

5 Vyinshi mu bintu bidondorwa muri Zaburi ya 148 ko biriko birashemeza Yehova ntibivuga kandi ntivyiyumvira. Nk’akarorero, dusoma yuko izuba, ukwezi, inyenyeri, shelegi, imisozi be n’uturambi biriko birashemeza Yehova. None ivyo vyaremwe bitagira ubuzima bishobora gute gushemeza Yehova (Umurongo wa 3, 8, 9)? Emwe, bishobora kumushemeza nk’uko ibiti, ibiremwa vyo mu biyaga be n’ibikoko bimushemeza (Umurongo wa 7, 9, 10). Woba warigeze kwihweza ikirengazuba kiryoheye ijisho canke ukunamura amaso ngo urabe ukwezi kw’igisyo kuriko guca mw’ijuru risharije inyenyeri, cabure ukaba warigeze kwihweza unezerewe ibikoko biriko birakina canke ukajorezwa n’ahantu h’akaroruhore? Ni nk’aho wumvise rero indirimbo yo gushemeza iva mu vyaremwe. Ibintu vyose Yehova yaremye biratwibutsa yuko ari we Muremyi ashobora vyose, yuko kw’isi no mw’ijuru ata n’umwe ariho w’umunyabubasha, w’inkerebutsi, canke w’umunyarukundo nka Yehova.​—Abaroma 1:20; Ivyahishuriwe 4:11.

6, 7. (a) Zaburi ya 148 idondora ibihe biremwa bifise ubwenge biriko bishemeza Yehova? (b) Ni kubera iki twoshobora kuvyurirwa umutima wo gushemeza Yehova? Bitangire akarorero.

6 Zaburi ya 148 iradondora kandi ivyaremwe bifise ubwenge biriko birashemeza Yehova. Ku murongo wa 2, turahabona “ingabo” za Yehova zo mw’ijuru, ni ukuvuga abamarayika, ziriko zishemeza Imana. Ku murongo wa 11, abantu b’abanyabubasha kandi bakomakomeye, nk’abami be n’abacamanza, baraterwa akamo ngo bifatanye muri iryo shemezo. Nimba abamarayika b’abanyenkomezi bahimbarwa no gushemeza Yehova, ni nde muntu buntu yovuga ko ahambaye cane ku buryo atomushemeza? Hanyuma, ku murongo wa 12 n’uwa 13, mwebwe abakiri bato muterwa akamo ko kwifatanya n’abandi mugashemeza Yehova namwe nyene. Mwoba muvyurirwa umutima wo kumushemeza?

7 Rimbura akarorero gakurikira. Hamwe woba ufise umugenzi somambike afise ubuhanga butangaje, kumbure mu vyo kwinonora imitsi, mu vy’utugenegene, canke mu vy’umuziki, none ntiwoyagira umuryango wawe be n’abandi bagenzi ibimwerekeye? Nta nkeka wobigira. No kumenya ivyerekeye ibintu vyose Yehova yakoze birashobora gutuma tumuyagira abandi. Nk’akarorero, muri Zaburi 19:1, 2 havuga yuko ijuru risharije inyenyeri rituma umuntu ‘avuga urudaca’. Iyo tuzirikanye ku bintu bitangaje Yehova yakoze, ntidushobora na gato kureka kuyagira abandi ivyerekeye Imana yacu.

8, 9. Ni kubera iki Yehova ashaka ko tumushemeza?

8 Iyindi mvo ihambaye ituma dushemeza Yehova ni uko ashaka ko tumushemeza. Kubera iki? Kwoba ari ukubera ko akeneye guhayagizwa n’abantu? Oya. Twebwe abantu twoshobora rimwe na rimwe kwipfuza guhayagizwa, mugabo Yehova wewe araturengeye kure n’iyo (Yesaya 55:8). Nta co yicura ku bimwerekeye canke ku vyerekeye kamere ziwe (Yesaya 45:5). Yamara, arashaka ko tumushemeza kandi arahimbarwa iyo tumushemeje. Kubera iki? Rimbura imvo zibiri. Ubwa mbere, arazi yuko dukeneye kumushemeza. Yaturemye turi abantu bakeneye ivy’impwemu, ni ukuvuga bakeneye gusenga (Matayo 5:3). Iyo Yehova atubonye turiko turironsa ico kintu dukeneye arahimbarwa nka kurya nyene abavyeyi bawe bahimbarwa no kubona uriko urafungura imfungurwa bazi yuko zirimwo ivyo umubiri wawe ukeneye.​—Yohana 4:34.

9 Ubwa kabiri, Yehova arazi yuko abandi bantu bakeneye kutwumva tumushemeza. Intumwa Paulo yandikiye umusore Timoteyo amajambo agira ati: “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva” (1 Timoteyo 4:16). Erega ni vyo, igihe ushemeza Yehova Imana mu kwigisha abandi ibimwerekeye, boshobora na bo nyene kumenya Yehova. Mwene ubwo bumenyi burashobora gutuma baronka ubukiriro bw’ibihe bidahera!​—Yohana 17:3.

10. Ni kubera iki twumva dusunikiwe gushemeza Imana yacu?

10 Hariho n’iyindi mvo ituma dushemeza Yehova. Niwibuke ka karorero kerekeye umugenzi wawe yoba afise ubuhanga budasanzwe. Hamwe wokwumva abandi bantu bariko bamuvugako ibinyoma, basiga iceyi izina ryiwe ryiza, ntiwoca none unarushiriza kwiyemeza kumushemeza? Erega na Yehova aratukwa cane muri iyi si (Yohana 8:44; Ivyahishuriwe 12:9). Abamukunda rero barumva basunikiwe kubwira abandi ukuri ku bimwerekeye, bakabeshuza ibinyoma bamuvugako. Woba na wewe ushaka kwerekana urukundo ukunda Yehova be n’ingene umukengurukira, ukongera ukagaragaza yuko ushaka ko ari we akuganza aho kuganzwa na Shetani wa mwansi wiwe mukuru? Ivyo vyose urashobora kubikora mu gushemeza Yehova. Ikibazo gikurikira rero ni ukumenya ingene womushemeza.

Ingene abakiri bato bamwebamwe bashemeje Yehova

11. Ni uburorero bwo muri Bibiliya ubuhe bwerekana yuko abakiri bato bashobora kuba kirumara cane mu gushemeza Yehova?

11 Bibiliya irerekana yuko abakiri bato akenshi baba kirumara cane mu gushemeza Yehova. Nk’akarorero, hariho akigeme k’Akisirayelikazi kari katwawe inyagano n’Abasiriya. Karashinze intahe gashize amanga kuri inabuja wako ku vyerekeye umuhanuzi yavugishwa n’Imana ari we Elisa. Amajambo kavuze yatumye hakorwa igitangaro, hanyuma intahe ihambaye irashingwa (2 Abami 5:1-17). Na Yezu yarashinze intahe ashize amanga akiri umwana. Mu bintu vyose vyabaye mu bwana bwiwe vyari gushobora kwandikwa mu Vyanditswe, Yehova yahisemwo ca gihe Yezu uwari afise imyaka 12 yabaza n’umutima rugabo ibibazo abigisha b’indongozi z’idini ku rusengero i Yeruzalemu, agasiga bajorejwe n’ukuntu yatahura inzira za Yehova.​—Luka 2:46-49.

12, 13. (a) Yezu yakoze iki mu rusengero imbere gato y’uko apfa, bica bituma abari ng’aho bakora iki? (b) Yezu yumvise amerewe gute igihe abana b’abahungu bashemeza Yezu?

12 Igihe Yezu yari umuntu akuze, yaratumye kandi abana bagira icipfuzo co gushemeza Yehova. Nk’akarorero, hasigaye imisi mikeyi ngo apfe, Yezu yaramaze igihe ku rusengero i Yeruzalemu. Bibiliya ivuga yuko yahakoreye “ibitangaza”. Yarahindiye hanze abariko bahindura aho hantu heranda isenga ry’abambuzi. Yarakijije kandi impumyi be n’abacumbagira. Abantu bose bari aho, na canecane indongozi z’idini, bari bakwiye kuvyurirwa umutima wo gushemeza Yehova be n’Umwana wiwe Mesiya. Ariko rero, ikibabaje ni uko benshi muri ico gihe batabashemeje. Bari bazi yuko Yezu yatumwe n’Imana, mugabo baratinya indongozi z’idini. Ariko rero, hariho umugwi umwe w’abantu wavuze ushize amanga. Woba uzi uwo ari wo? Bibiliya ivuga iti: “Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe babonye ibitangaza [Yezu] akoze, n’abana basemererera mu rusengero, ngo Hoziyana mwana wa Dawidi; baritonganya, baramubaza, bat’Urumva ivyo bavuga?”.​—Matayo 21:15, 16; Yohana 12:42.

13 Abo baherezi bari bizigiye yuko Yezu anumya abo bana b’abahungu bariko baramushemeza. Yoba yarabanumije? Ashwi da! Yezu yishuye nya baherezi ati: “Ego me; nta ho murasoma, ngo Mu kanwa k’abana bato n’abonka waroranijemw’ishimwe?”. Biraboneka neza yuko Yezu hamwe na Se wiwe bahimbawe n’ishemezo ry’abo bana b’abahungu. Abo bana bariko baragira ivyo abandi bantu bakuze bari ng’aho bari bakwiye kuba bariko baragira. Mu bwenge bw’abo bana, bitegerezwa kuba vyasa n’ibitomoye rwose. Barabonye uwo mugabo akora ibintu bitangaje, avugana umutima rugabo n’ukwizera, bongera bamubona yerekana urukundo rwinshi akunda Imana n’abasavyi bayo. Yari uwo yavuga ko ari, ni ukuvuga “umwana wa Dawidi” yari yarasezeranywe ari we Mesiya. Nya bana b’abahungu barahezagiwe kubera ukwizera kwabo, mu guterwa mbere agateka ko gushitsa ubuhanuzi.​—Zaburi 8:2.

14. Ingabirano abakiri bato bafise zibafasha gute gushemeza Imana?

14 Ubwo burorero butwigisha iki? Butwigisha yuko abakiri bato bashobora kuba kirumara cane mu gushemeza Yehova. Akenshi usanga bafise ingabirano yo kubona ukuri mu buryo butomoye kandi bworoshe, bagaserura ukwizera kwabo ata buryarya kandi babigiranye umwete. Barafise kandi ingabirano ivugwa mu Migani 20:29. Hagira hati: “Ubutōre bg’imisore ni bgo nkomezi zabo”. Ego cane, mwebwe abakiri bato mwarahezagiwe mu kuronka inkomezi n’inguvu, bikaba ari ibintu bifasha koko mu gushemeza Yehova. None neza na neza, mushobora gute gukoresha neza izo ngabirano?

Ushobora gute gushemeza Yehova?

15. Kugira ngo ube kirumara mu gushemeza Yehova, ukeneye kubitumwa n’iki?

15 Kuba kirumara mu gushemeza Imana bitangurira mu mutima. Ntushobora gushemeza Yehova mu buryo kirumara nimba ubigira gusa kubera yuko abandi bashaka ko ubigira. Niwibuke yuko ibwirizwa rihambaye kuruta ayandi yose ari iri: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose” (Matayo 22:37). Woba umaze kumenya neza Yehova biciye ku kwiyigisha Ijambo ryiwe? Ikintu ciza kiva muri ukwo kwiyigisha ni ukwiyumvamwo urukundo umuntu akunda Yehova. Uburyo busanzwe bwo kugaragaza urwo rukundo ni mu kumushemeza. Imvo ukorana imaze kuba iyitomoye n’iyikomeye, uba witeguriye gushemeza Yehova n’igishika.

16, 17. Ukuntu twigenza bifasha gute mu gushemeza Yehova? Bitangire akarorero.

16 Ariko rero, n’imbere y’uko urimbura ivyo uzovuga, nubanze urimbure inyifato uzogira. Iyo ka Kisirayelikazi ko mu gihe ca Elisa kaza kuba kari gasanzwe gashira isoni, katubaha, canke katavugisha ukuri, wiyumvira yuko Abasiriya bari bakajanye inyagano bari kwumviriza ivyo kavuze vyerekeye umuhanuzi avugishwa na Yehova? Birashoboka ko batari kuvyumviriza. Muri ubwo buryo nyene, abantu bararushiriza kukwumviriza igihe babona yuko wubaha, utabesha, kandi wigenza neza (Abaroma 2:21). Rimbura akarorero gakurikira.

17 Umwigeme umwe w’imyaka 11 wo muri Porotigali, mw’ishure yigamwo yarahaswe ngo ahimbaze imisi mikuru iteye kubiri n’ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Abigiranye icubahiro yarasiguriye umwigisha wiwe igituma ategerezwa kuvyanka, mugabo nya mwigisha aca aramutyekeza. Uko igihe caza kirarengana, ni ko nya mwigisha yaza aragerageza kumumaramaza kenshi mu gutyoza idini arimwo. Ariko rero, uwo mwigeme yagumye ari umuntu yubaha. Haciye imyaka, uwo muvukanyikazi yarabaye umutsimvyi asanzwe, ni ukuvuga umusuku w’igihe cose. Igihe yari kw’ihwaniro, yarihweje abantu bariko barabatizwa maze amenyamwo umwe muri bo. Yari umwe yahora ari mwigisha wiwe! Bamaze kugwana mu nda amaso yuzuye amosozi, uwo mugore akuze yaciye abwira nya mwigeme yuko atigeze yibagira ingene umunyeshure wiwe yari umuntu yubaha. Nya mwigisha yari yaragendewe n’Icabona, maze uwo mwigisha amwiganira ibijanye n’inyigenzo y’umunyeshure yigeze kwigisha. Ico vyavuyemwo, inyigisho ya Bibiliya yaratanguye, maze uwo mugore arakira ukuri kwa Bibiliya. Urabona rero yuko ukuntu wigenza gushobora kuba uburyo bukomeye bwo gushemeza Yehova!

18. Uwukiri muto yokora iki nimba bimugora gutanguza ibiyago vyerekeye Bibiliya na Yehova Imana?

18 Woba rimwe na rimwe ubona bikugora gutanguza ibiyago kw’ishure vyerekeye ukwizera kwawe? Si we wenyene. Ariko rero, hari ico wokora cotuma abandi bakubaza ivyerekeye ukwizera kwawe. Nk’akarorero, nimba bidateye kubiri n’amategeko kandi bikaba birekuwe, ubona gute witwaje ibitabu bishingiye kuri Bibiliya maze ukaza urabisoma mu kiringo c’akaruhuko canke mu bindi biringo igihe biba birekuwe kubigira? Abandi banyeshure boshobora kugira ico bakubajije ku vyo uriko urasoma. Ubishuye ukanababwira ibintu vyagushimishije mu kiganiro canke mu gitabu uriko urasoma, woshobora gusanga ikiyago camaze gutangura utarabica n’ikanda. Uribuka kubaza utubazo kugira ngo umenye ivyo abandi banyeshure bemera. Niwumvirize witonze, umubwire ivyo umaze kwiga muri Bibiliya. Nk’uko ivyabaye biri ku rupapuro rwa 29 bivyerekana, abakiri bato benshi bariko barashemeza Imana kw’ishure. Ivyo birabazanira umunezero mwinshi bikongera bigafasha abantu benshi kumenya Yehova.

19. Abakiri bato bashobora gute kurushiriza kuba kirumara mu busuku bw’inzu ku nzu?

19 Ubusuku bw’inzu ku nzu ni uburyo bwo gushemeza Yehova bugira ico buvamwo cane. Nimba utaratangura kubugiramwo uruhara, ubona gute wishingiye umugambi wo kubigira? Nimba uriko urabugiramwo uruhara, hoba hari iyindi migambi woshobora kwishingira? Nk’akarorero, aho kwama usubiramwo vya bindi nyene ku muhana wose ugendeye, nurondere uburyo bwo kuryohora, mu gusaba abavyeyi bawe canke abandi bantu bazi utuntu n’utundi ngo baguterere ivyiyumviro vyogufasha. Numenye ingene wokoresha Bibiliya gusumba uko wahora ubigira, ingene wosubira kugendera abo mwayaze mu buryo buri n’ico buvamwo, be n’ingene wotanguza inyigisho ya Bibiliya (1 Timoteyo 4:15). Uko urushiriza gushemeza Yehova muri ubwo buryo butandukanye, ni ko uzorushiriza kuba kirumara, kandi ni ko uzorushiriza kuryoherwa n’ubusuku bwawe.

Ukwiye gutangura gushemeza Yehova ryari?

20. Ni kubera iki atari ngombwa ngo abakiri bato biyumve ko ari bato cane ku buryo batoshobora gushemeza Yehova?

20 Mu bibazo bitatu vyihwezwa muri iki kiganiro, inyishu y’ico kibazo ca nyuma ni yo yoroshe kuruta izindi zose. Ehe raba inyishu irashe Bibiliya itanga: “Wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe” (Umusiguzi 12:1). Ego cane, igihe co gutangura gushemeza Yehova ni ubu. Biroroshe cane guca uvuga uti: “Ndi muto cane ku buryo ntoshobora gushemeza Yehova. Nta kintu nzi. Nkwiye kuzorindira gushika nkure”. Ntiwoba ubaye uwa mbere yiyumva gutyo. Nk’akarorero, Yeremiya uwari akiri muto yabwiye Yehova ati: “Yō, erega Mwami Uhoraho, sinzi kuvuga, kuko nkiri muto”. Yehova yaramusubirije umutima mu nda yuko ata mvo n’imwe yotuma atinya (Yeremiya 1:6, 7). Na twebwe nyene, nta kintu na kimwe gikwiye kudutera ubwoba igihe dushemeza Yehova. Nta kintu na kimwe coshobora kutugirira nabi Yehova adashobora guhindura ubusa.​—Zaburi 118:6.

21, 22. Ni kubera iki abakiri bato bashemeza Yehova bagereranywa n’ikime, kandi ni kubera iki ukwo kugereranya ibintu kuremesha?

21 Turabahimirije rero mwebwe abakiri bato duti: Ntimutinye gushemeza Yehova! Ubu mukiri bato ni co gihe ciza kuruta co kugira uruhara mu gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose biriko birarangurirwa kw’isi muri iki gihe. Nimwakigiramwo uruhara, muzoba bamwe mu bagize ikintu ciza ntangere, ni ukuvuga umuryango wo mw’ijuru no kw’isi w’abariko bashemeza Yehova. Yehova arahimbarwa no kubona muharurwa muri uwo muryango. Raba aya majambo yahumetswe umwanditsi wa Zaburi yabwiye Yehova: “Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; abasore bawe baza ah’uri nk’ikime, bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo”.​—Zaburi 110:3.

22 Ikime gica ibibatsi iyo umuco wo mu gatondo urashe, usanga kiryoheye ijisho, si ko none? Kiba gihimbaye, gikayangana, kandi kidashobora guharurwa kubera ko kiba ari cinshi. Ukwo ni ko Yehova ababona mwebwe abakiri bato muriko muramushemeza mudahengeshanya muri ibi bihe bigoye. Biratomoye yuko ingingo ufata yo gushemeza Yehova inezereza umutima wiwe (Imigani 27:11). Uko bishoboka kwose rero, mwebwe abakiri bato, nimushemeze Yehova!

Wokwishura gute?

• Ni imvo zimwezimwe zihambaye izihe zituma dushemeza Yehova?

• Ni ubuhe burorero bwo muri Bibiliya bwerekana yuko abakiri bato bashobora kuba kirumara cane mu gushemeza Yehova?

• Abakiri bato bashobora gute gushemeza Yehova muri iki gihe?

• Ni ryari abakiri bato bakwiye gutangura gushemeza Yehova, kandi kubera iki?

[Amafoto ku rup. 25]

Hamwe umugenzi wawe yoba afise ubuhanga budasanzwe, ivyo none ntiwobibwira abandi?

[Ifoto ku rup. 27]

Abanyeshure mwigana boshobora gushaka kumenya ivyo wemera

[Ifoto ku rup. 28]

Nimba ushaka kugira ico uryohoye mu busuku bwawe, nusabe Icabona azi utuntu n’utundi aguterere ivyiyumviro vyogufasha

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika