ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/7 rup. 4-7
  • ‘Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Twaremwe mw’ishusho y’Imana
  • “Ijambo ryawe ni ryo kuri”
  • Hari abahitamwo ‘kuryosharyoshwa amatwi’
  • Icizigiro c’Ubwami
  • Woba uzotega ugutwi ubutumwa bw’Ubwami?
  • Nurondeze Imana Umutima Wawe n’Umuzirikanyi Wawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ubwami “Butazokwigera Buhangūra”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ubwami bw’Imana—Ubutegetsi Bushasha bw’Isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/7 rup. 4-7

‘Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu’

IYO inyoni zivyutse mu gatondo, zirakunda kujwiragira akanya gatoyi hanyuma zikaguruka zigiye kurondera ivyo zirya. Ku mugoroba, ziragaruka mu vyari vyazo, zikongera zikajwiragira gatoya hanyuma zikaja kuryama. Mu bihe bimwebimwe vyo mu mwaka, ingore zirahura n’ingabo, zigata amagi maze zikarera ivyana vyazo. N’ibindi bikoko usanga bibaho mu buryo bene ubwo budahindagurika.

Ariko kuri twebwe abantu si ukwo bigenda. Ego ni ko turafungura, tukaryama kandi tukarondoka, ariko kuri benshi muri twebwe ivyo ntibihagije. Turipfuza kumenya igituma turiho. Turarondera kumenya intumbero y’ubuzima bwacu. Turipfuza kandi kugira icizigiro cerekeye kazoza. Ivyo bintu dukeneye rwose birerekana ikintu abantu bisangije, na co kikaba ari uko bakeneye ivy’impwemu.

Twaremwe mw’ishusho y’Imana

Bibiliya irasigura igituma umuntu akeneye ivy’impwemu, igihe ivuga iti: “Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’uburyo bubiri” (Itanguriro 1:27). Ukuba twaremwe “mw ishusho y’Imana” bisobanura ko naho twandujwe n’icaha hamwe n’agasembwa, dufise ubushobozi bwo kugaragaza kamere zimwezimwe z’Imana (Abaroma 5:12). Nk’akarorero, turashoboye kwiyumvira guhingura ibintu bishasha. Turafise kandi urugero runaka rw’ubukerebutsi, agatima ko gukunda ubutungane be n’ubushobozi bwo kugiriranira urukundo rwo kwitanga. Vyongeye, turashobora kuzirikana kuri kahise maze tugategura kazoza.​—Imigani 4:7; Umusiguzi 3:1, 11; Mika 6:8; Yohana 13:34; 1 Yohana 4:8.

Ukuba dukeneye ivy’impwemu birabonekera rwose mu cipfuzo tuvukana co gusenga Imana. Tudahagije icipfuzo dufise co kugiranira ubucuti bwiza n’Umuremyi wacu, ntidushobora kuronka agahimbare nyakuri kandi karamba. Yezu yavuze ati: “Hahirwa [“abazi ko bakeneye ivy’impwemu”, NW]” (Matayo 5:3). Ariko rero, dutegerezwa kuba maso kugira ngo twironse ico kintu dukeneye dukoresheje ukuri kwo mu vy’impwemu, ni ukuvuga ukuri kwerekeye Imana, ingingo mfatirwako zayo hamwe n’umugambi ifitiye abantu. None ukuri kwo mu vy’impwemu twogukura hehe. Muri Bibiliya.

“Ijambo ryawe ni ryo kuri”

Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya” (2 Timoteyo 3:16). Ayo majambo ya Paulo arahuje n’aya Yezu, uwabwiye Imana mw’isengesho ati: “Ijambo ryawe ni ryo kuri”. Muri iki gihe, iryo Jambo turazi ko ari Bibiliya Nyeranda, kandi vyoba vyiza dusuzumye tukaraba ko ivyo twemera hamwe n’ingingo mfatirwako twisunga bihuje n’ibiri muri ryo.​—Yohana 17:17.

Igihe tugereranya ivyo twizera n’Ijambo ry’Imana, tuba twiganye abantu b’i Beroya ha kera basuzuma neza ko ivyo Paulo yigisha bihuje n’Ivyanditswe. Aho kunebagura abo Banyaberoya, Luka yarabakeje kubera agatima kabo. Yavuze ati: “Bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ukuri” (Ivyakozwe 17:11). Turavye ukuntu muri kino gihe huzuye ukudahuza mu nyigisho zo mu madini hamwe no mu nyigisho zijanye n’inyifato runtu, birahambaye ko twigana akarorero k’abo Banyaberoya b’imico myiza.

Ubundi buryo bwo kumenya ukuri kwo mu vy’impwemu ukwo ari kwo, ni mu kuraba ingene guhindura ubuzima bw’abantu (Matayo 7:17). Nk’akarorero, igihe umuntu abaho yisunga ukuri kwo muri Bibiliya, bikwiye gutuma aba umunega mwiza, sebibondo mwiza, inarugo mwiza canke inabibondo mwiza, ivyo bigatuma agahimbare kongerekana mu rugo kandi bigatuma umuntu arushiriza kwumva aheze akanyota. Yezu yavuze ati: “Hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga”.​—Luka 11:28.

Ayo majambo ya Yezu aratwibutsa aya Se wiwe wo mw’ijuru, uwabwiye Abisirayeli ba kera ati: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo. Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga” (Yesaya 48:17, 18). Abantu bose bakunda ukumera neza be n’ubugororotsi, nta nkeka ko bari kuvyurirwa umutima wo kwitaba ako kamo karimwo igishika!

Hari abahitamwo ‘kuryosharyoshwa amatwi’

Imana yateye Abisirayeli ako kamo karimwo igishika kubera bariko barazimizwa n’ibinyoma vy’idini (Zaburi 106:35-40). Na twebwe nyene dutegerezwa kwirinda ibinyoma. Ku vyerekeye abiyita abakirisu, Paulo yanditse ati: “Erega hazoza igihe abantu batazoba bagikundira inyigisho nzima, ariko kubera ivyipfuzo vyabo bazokwirundako abigisha babaryosharyoshe amatwi; bazokwiziba amatwi ntibumve ukuri”.​—2 Timote 4:3, 4, UB.

Indongozi z’amadini ziraryosharyosha amatwi y’abantu mu kurenza uruho rw’amazi ku ngeso zituma bahaza ivyipfuzo bibi, nk’uguhuza ibitsina kw’abatubakanye, ukuryamana kw’abasangiye igitsina hamwe n’akaborerwe. Bibiliya iravuga itomora ko abantu bose bemera ibintu nk’ivyo bigakorwa be n’ababikora “batazoragwa ubgami bg’Imana”.​—1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Abaroma 1:24-32.

Mu vy’ukuri, bisaba kugira umutima rugabo kugira ngo umuntu abeho yisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya na canecane igihe atyekezwa, mugabo birashoboka. Mu Vyabona vya Yehova, harimwo abantu benshi bigeze kuba biziziwe n’ugufata ibiyayuramutwe, bakaba bari imborerwa, abasambanyi, abasinzi, ibisuma be n’ababeshi. Yamara, barashize Ijambo ry’Imana ku mutima maze bafashijwe n’impwemu yera rirabafasha guhindura ubuzima bwabo kugira “[ba]gende nk’uko bibereye ab’Umwami wacu” (Ab’i Kolosayi 1:9, 10; 1 Ab’i Korinto 6:11). Kubera ko bagiraniye amahoro n’Imana, baranaronse amahoro yo mu mutima, bongera bararonka icizigiro nyakuri cerekeye kazoza nk’uko tugira tubibone.

Icizigiro c’Ubwami

Icizigiro Bibiliya itanga cerekeye amahoro y’ibihe bidahera ku bantu bagamburuka, kizoranguka biciye ku Bwami bw’Imana. Muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero, Yezu yavuze ati: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:10). Ego cane, Ubwami bw’Imana bwonyene ni bwo bushobora neza gutuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi. Uti kubera iki? Kubera ko ubwo Bwami bwo mw’ijuru, na bwo bukaba ari intwaro irongowe na Yezu Kirisitu, ari bwo Imana izokoresha mu kwerekana yuko ari yo ikwiriye kugaba no kuganza isi.​—Zaburi 2:7-12; Daniyeli 7:13, 14.

Kubera ko Yezu Kirisitu ari we azoba ari Umwami w’ubwo Bwami bwo mw’ijuru, azokura abantu bagamburuka mu buja ubwo ari bwo bwose, harimwo n’icaha twarazwe na Adamu cadufashe mpiri be n’inkurikizi zaco ari zo ndwara n’urupfu. Mu Vyahishuriwe 21:3, 4 havuga hati: “Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu. . . [Yehova Imana a]zohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”.

Amahoro aramba azosasagara kw’isi yose. Ni kubera iki twovyemera tudakeka? Icotuma tuvyemera tudakeka kirerekanwa muri Yesaya 11:9, ahavuga hati: “Hose ku murwa wanje wera [mu batwarwa b’Ubwami] ntihazoba hakir’ukuryana canke ukwica]; kuko kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga”. Egome, abantu bose kw’isi bazogira ubumenyi butagira agakosa bwerekeye Imana bongere bayigamburukire. Woba wumva ico cizigiro kigushwangamura umutima? Nimba kigushwangamura umutima, ubu ni co gihe c’uko utangura kwironsa ‘ubumenyi bwerekeye Yehova’.

Woba uzotega ugutwi ubutumwa bw’Ubwami?

Biciye ku Bwami, Imana izokuraho ibikorwa vya Shetani vyose maze yigishe abantu mu nzira zayo zigororotse. Ku bw’ivyo, ntibitangaje kubona Ubwami ari bwo Yezu yashimikirako mu kwigisha. Yavuze ati: “Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana. . . , kukw ari co natumwe” (Luka 4:43). Ubwo butumwa nyene ni bwo Kirisitu yategetse abigishwa biwe kubwira abandi (Matayo 28:19, 20). Yari yaravuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Matayo 24:14). Uwo muhero uregereje rwose. Ese ukuntu rero bihambaye ko abantu b’imitima nziraburyarya batega ugutwi inkuru nziza irokora ubuzima!

Umwe Albert twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, yarumvise ubutumwa bw’Ubwami igihe umukenyezi wiwe be n’umuhungu wiwe batangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Mu ntango, Albert yarakekeranya. Yaranasavye umukuru w’idini w’aho yaba ngo agendere mukiwe be n’umuhungu wiwe kugira ngo abeshuze Ivyabona. Ariko uwo mukuru w’idini yaranse kubijamwo. Albert yaciye rero afata ingingo yo kuza arumviriza mu gihe hariko haragirwa inyigisho ya Bibiliya kugira ngo atore amakosa. Amaze kwumviriza rimwe gusa, yaciye atangura kugira uruhara muri iyo nyigisho, ashashaye kumenya vyinshi. Mu nyuma yarasiguye igituma yahinduye inyifato. Yavuze ati: “Iki ni co nari namye ndondera nantaryo”.

Albert yagiye yatangura kwironsa ivyo akeneye mu vy’impwemu, kandi ntiyigeze araba inyuma. Ukuri kwo muri Bibiliya kwaramuronkeje ico yari amaze igihe arondera mu buzima bwiwe, ni ukuvuga ikizokuraho akarenganyo be n’ukwononekara vyiraye mu bantu, araronka n’icizigiro cerekeye kazoza. Ukuri kwo muri Bibiliya kwaramuhaye amahoro yo mu mutima. Woba uriko uraronka ivyo ukeneye mu vy’impwemu? Ubona gute ufashe akanya ugasoma ibibazo biri mu ruzitiro ku rupapuro rwa 6? Nimba wipfuza kumenya ibindi, Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha.

[Uruzitiro ku rup. 6]

WOBA URIKO URARONKA IVYO UKENEYE MU VY’IMPWEMU?

Imfungurwa zo mu vy’impwemu uriko araronka zoba ziguhaza? Turagusavye usome ibibazo bikurikira maze urabe ivyo woshobora kwishura neza.

Imana ni nde, kandi yitwa nde?

□ Yezu Kirisitu ni nde? Ni kubera iki vyabaye ngombwa ko apfa? Urupfu rwiwe rushobora kukugirira akahe kamaro?

□ Shetani yoba abaho? Nimba abaho, yakomotse he?

Bitugendera gute iyo dupfuye?

□ Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi n’abantu?

Ubwami bw’Imana ni iki?

□ Ni izihe ngingo mfatirwako z’Imana zigenga ukwigenza runtu?

□ Mu muryango, ni ayahe mabanga Imana yajeje umunega, ayo yajeje umukenyezi na yo akaba ayahe? Ni ingingo ngenderwako zimwezimwe izihe zo muri Bibiliya zituma mu rugo harushiriza kuba agahimbare?

Nimba muri ivyo bibazo hari ico utokwishura neza, woshobora gusaba agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Ako gatabu kasohowe n’Ivyabona vya Yehova mu ndimi zababa 300, karaca irya n’ino ibiganiro vy’ishimikiro 16 bishingiye kuri Bibiliya kakongera kagatanga inyishu zishingiye ku Vyanditswe z’ibibazo vyose biri muri uru ruzitiro.

[Ifoto ku rup. 4]

Abantu ntibameze nk’ibikoko, bobo barakeneye ivy’impwemu

[Ifoto ku rup. 5]

“Bazokwirundako abigisha babaryosharyoshe amatwi”.​—2 Timote 4:3, “UB”

[Ifoto ku rup. 7]

Amahoro aramba azoboneka biciye ku Bwami bw’Imana butwarwa na Mesiya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika