ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/10 rup. 4-7
  • Woba ubona ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ubona ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ihinduka ry’intibagirwa ryatanguje ikiringo gishasha”
  • Amapfa, ibiza be na vya nyamugigima
  • Inkuru y’akezamutima!
  • Abantu bashira imbere ivyabo
  • Ubuzima kw’isi izoba yahindutse Iparadizo
  • Yezu atanga ubuhanuzi bwoshikije ibintu bihambaye cane
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ingene dushobora kumenya ko Harumagedoni iri hafi
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • “Umuhero w’Isi” Uri hafi!
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/10 rup. 4-7

Woba ubona ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu?

NTA n’umwe yipfuza gusinzikazwa n’indwara canke guhwikirwa n’icago. Umuntu w’inkerebutsi, kugira yirinde mwene ivyo vyago, arihweza ibimenyetso vyerekana ko hari akaga karaririye gushika maze agaca agira ico akoze. Yezu Kirisitu yaradondoye ikimenyetso kinaka dukeneye kubona no gutahura. Ico kimenyetso yariko avuga cogize ingaruka kw’isi yose no ku muryango wose w’abantu. Aho harimwo wewe n’umuryango wawe.

Yezu yaravuze ivyerekeye Ubwami bw’Imana, ubuzokuraho ubukozi bw’ikibi bukongera bugahindura isi iparadizo. Abigishwa biwe baripfuza kumenya ivy’ubwo Bwami, kandi bashaka kumenya igihe bwoziye. Bamubajije bati: “Ikimenyetso kizoba iki c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu?”.​—Matayo 24:3, NW.

Yezu yari azi yuko amaze kwicwa hanyuma akazuka, hociye ibinjana n’ibindi imbere y’uko yimikwa mw’ijuru akaba Umwami Mesiya kugira aganze umuryango w’abantu. Kubera ko abantu batoshoboye kubona n’amaso yabo ukwimikwa kwiwe, yaratanze ikimenyetso cofashije abayoboke biwe kubona ko ‘ari ho ari’ be n’uko bageze mu “nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu”. Ico kimenyetso kigizwe n’imice myinshi. Iyo mice yose ishizwe hamwe, igize ikimenyetso kirimwo vyinshi kiranga ukuhaba kwa Yezu.

Abanditsi b’Injili Matayo, Mariko na Luka, umwe wese yaranditse yitonze inyishu Yezu yatanze (Matayo, ikigabane ca 24 n’ica 25; Mariko, ikigabane ca 13; Luka, ikigabane ca 21). Hari n’abandi banditsi ba Bibiliya batanze ayandi makuru yerekeye ico kimenyetso (2 Timoteyo 3:1-5; 2 Petero 3:3, 4; Ivyahishuriwe 6:1-8; 11:18). Ntitwoshobora kuronka ikibanza gituma dushobora kwihweza ibintu vyose biranga ico kimenyetso Yezu yavuze, mugabo turaza kurimbura ibintu bitanu bikurubikuru bikigize. Uraza kubona yuko kurimbura ico kimenyetso biri n’ico bivuze kuri wewe ubwawe kandi ko bihambaye.​—Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 6.

“Ihinduka ry’intibagirwa ryatanguje ikiringo gishasha”

“Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami” (Matayo 24:7). Ikinyamakuru kimwe co mu Budagi (Der Spiegel) kivuga yuko imbere y’umwaka wa 1914, abantu bari “bizigiye kazoza keza igitangaza karangwamwo umwidegemvyo, iterambere be n’ugusagamba vyiyongereye”. Ariko, ibintu vyose vyaciye bihinduka. Ikinyamakuru kimwe (GEO) kivuga giti: “Ya ntambara yatangura muri Myandagaro 1914 ikarangira muri Munyonyo 1918 yabaye ikintu c’agacavutu cashitse ata wari aciteze. Yatumye bukwi na bukwi haba ihinduka ry’intibagirwa, abantu bava mu kiringo ca kera binjira mu kiringo gishasha”. Abasirikare barenga imiliyoni 60 bava mu migabane itanu y’isi baragiye mu ntambara iranga ubunyamaswa. Tugize incahagati, ku musi ku musi hicwa nk’abasoda bashika 6.000. Guhera ico gihe, abatohozakahise bo mu maruka yose yakurikiye bafise n’ivyiyumviro vya politike bitandukanye, babonye yuko ikiringo co “kuva mu mwaka wa 1914 gushika mu mwaka wa 1918 cabaye ikiringo c’ihinduka ry’intibagirwa ryatanguje ikiringo gishasha”.

Ya Ntambara ya mbere y’isi yose yatumye mu kibano c’abantu haba amahinduka adashobora kwigera asubira inyuma, yongera ituma umuryango w’abantu winjira mu misi ya nyuma y’uru runkwekwe rw’ibintu. Imyaka yari isigaye y’ico kinjana ca 20 yaranzwe n’intambara, amatati akoreshwamwo ibirwanisho be n’iterabwoba vyiyongereye. Mu myaka yo mu ntango y’iki kinjana turimwo ntihabaye akarusho. Uretse intambara, turabona n’iyindi mice ya ca kimenyetso.

Amapfa, ibiza be na vya nyamugigima

‘Hazobaho amapfa’ (Matayo 24:7). Ikigoyi carabiciye biracika mu Buraya mu gihe ca ya ntambara ya mbere y’isi yose, kandi amapfa yararembeje umuryango w’abantu guhera ico gihe. Umutohozakahise yitwa Alan Bullock yanditse yuko mu Burusiya no muri Ukraine mu 1933, “amasinzi y’abantu bari bishwe na kigoyi bayerereye mu gihugu hagati. . . . Imivyimba yari irundanye hirya no hino y’amabarabara”. Mu 1943, umumenyeshamakuru yitwa T. H. White yariboneye amapfa mu ntara y’Ubushinwa yitwa Henan. Yanditse ati: “Mu mapfa ibintu nka vyose biraribwa kandi birashobora gusyebwa, bikaribwa hanyuma umubiri ukabihinguramwo inguvu. Ariko igihe umuntu aba ahanamiwe n’urupfu ni ho gusa yiyumvira kurya ibintu bitaba bisanzwe biribwa”. Birababaje kubona muri Afirika amapfa yari asigaye arangwa ahantu nka hose muri iyi myaka mirongo iheze. Naho isi itanga ibifungurwa vyokwira abantu bose, Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imfungurwa n’uburimyi FAO rigereranya yuko abantu imiliyoni 840 kw’isi yose bafungura inticantikize.

‘Irya n’ino hazotera ibiza’ (Luka 21:11). Ikinyamakuru kimwe (Süddeutsche Zeitung) kivuga giti: “Ya nyonko yiswe inyonko yo muri Esupanye, bigereranywa yuko yahitanye abantu bari hagati y’imiliyoni 20 n’imiliyoni 50 mu 1918, bakaba barenga abahitanywe na ya ndwara yiswe Ikiza cirabura canke abahitanywe na ya ntambara ya mbere y’isi yose”. Guhera ico gihe, abantu badaharurika barahitanywe n’indwara nka malariya, indwara y’ibihara, igituntu, ubukangwe be na kolera. Vyongeye, isi iratewe ubwoba no kubona ca kiza SIDA kibandanya gukwiragira kidatezura. Ubu ikintu kigoye isigura ni ukuntu indwara zibandanya kubaho kandi harabaye iterambere ritangaje mu vy’ubuvuzi. Ico kintu kitumvikana umuryango w’abantu utari bwigere ubona, kiradufasha gutahura yuko tubayeho mu bihe bidasanzwe.

“Ukunyiganyiga kw’isi” (Matayo 24:7). Muri iyi myaka 100 iheze, vya nyamugigima vyahitanye abantu ibihumbi amajana. Bivugwa yuko kuva mu 1914, umuntu agize incahagati hoba habaye ku mwaka ku mwaka vya nyamugigima 18 bishobora gusenyagurira hasi inyubakwa bikongera bigasatagura isi. Harabaye nka rimwe mu mwaka vya nyamugigima bikaze kuruta kandi bishobora gusenyurira hasi inyubakwa. Naho habaye iterambere mu vy’ubuhinga bwa none, igitigiri c’abapfa kiguma congerekana kubera yuko ibisagara vyinshi bigwiramwo abantu ningoga na ningoga biri ahantu usanga munsi isi yase imigaga, hakaba hakarirwa na vya nyamugigima.

Inkuru y’akezamutima!

Imice myinshi ya ca kimenyetso c’imisi y’iherezo ni iyivuna umutima. Ariko Yezu yaravuze kandi ivyerekeye inkuru y’akezamutima.

“Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose” (Matayo 24:14). Igikorwa Yezu ubwiwe yatanguje, ni ukuvuga igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami, coshikiriye igihe caco c’agaheta mu misi y’iherezo. Kandi vy’ukuri ni ko vyagenze. Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza ubutumwa bwa Bibiliya bongera bigisha abantu b’umutima ukunze ingene ivyo biga bobishira mu ngiro mu buzima bwabo bwa misi yose. Ubu, Ivyabona barenga imiliyoni zitandatu baramamaza mu bihugu 235, bakamamaza mu ndimi zirenga 400.

Urabona ko Yezu atavuze yuko ubuzima bwohagaze bitewe n’ibintu vy’akavunamutima vyobaye kw’isi. Vyongeye, ntiyavuze yuko isi yose yokwugarijwe n’umuce umwe gusa wa ca kimenyetso. Ahubwo yavuze ko hobaye ibintu vyinshi cane, ivyo vyose hamwe bikaba vyogize ikimenyetso cobonetse aho ari ho hose kw’isi.

Ivyo bintu vyose biba nubifatire hamwe, nturabe gusa kimwekimwe ukwaco canke ngo urabe ibiba ahantu hamwehamwe gusa. Woba ubona ko bigize ikintu kimwe, ni ukuvuga ikimenyetso kirimwo vyinshi kiri n’ico kivuze ku baba kw’isi yose? Ibiriko biraba biri n’ico bivuze kuri wewe no ku muryango wawe. Twoshobora guca tubaza duti: ‘Kubera iki none abantu bake cane ari bo bitaho ico kimenyetso?’.

Abantu bashira imbere ivyabo

“Niwiyubare ntiwogere ng’aha!”, “Uragaba aha hantu hari umuyagankuba mwinshi!”, “Gabanya igitensi”. Ivyo ni bimwe mu bimenyetso n’ingabisho tubona mugabo ugasanga bikunda kwirengagizwa. Kubera iki? Kubera ko dutwarwa bitagoranye n’ivyo twiyumvira ko ari vyo vyiza kuri twebwe. Nk’akarorero, twoshobora kubona ko dukeneye gutwara umuduga ningoga kuruta uko amategeko abirekura, canke tugashobora kwipfuza cane kwogera ahantu bibujijwe. Mugabo, kwirengagiza ibimenyetso ntibiranga ubukerebutsi.

Nk’akarorero, ibibarafu bishunguruka biva mu misozi yitwa Alpes yo muri Otirishe, mu Bufaransa, mu Butaliyano be no mu Busuwisi rimwe na rimwe birahitana ubuzima bw’ingenzi zirengagiza ingabisho zibabwira ko bakwiye guca gusa mu nzira zitarimwo akaga igihe baba bariko banyerera ku mabarafu bambaye vya birato vyabigenewe. Ikinyamakuru kimwe (Süddeutsche Zeitung) kivuga yuko ingenzi nyinshi zirengagiza mwene izo ngabisho usanga zigendera ku ngingo ivuga ngo ‘Ahatari akaga, nta kuryoherwa kuharangwa’. Ikibabaje ni uko kwirengagiza imburizi bishobora kuzana inkurikizi z’agahomerabunwa.

Ni impamvu izihe zituma abantu birengagiza ca kimenyetso Yezu yadondora? Hari aho wosanga bahumwa amaso n’umwina, batimbishwa n’ukutitaho ibintu, bamugazwa n’ukudashobora gufata ingingo, batwarwa n’ubuzima bwabo bwa misi yose, canke bagengwa n’ugutinya ko bohava batakaza icubahiro bafise. Hoba hari impamvu n’imwe muri izo yoba ituma wirengagiza ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu? Ntivyoba none biranga ubukerebutsi ubonye ico kimenyetso maze ugaca ugira ico ukoze?

Ubuzima kw’isi izoba yahindutse Iparadizo

Abantu bagenda bongerekana bariko baritaho ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu. Umugabo umwe akiri muto yubatse wo mu Budagi yitwa Kristian yanditse ati: “Turi mu bihe bifurunganye. Nta gukeka ko tubayeho mu ‘misi y’iherezo’”. We n’umugore wiwe baramara umwanya munini babwira abandi ivyerekeye bwa Bwami burongowe na Mesiya. Uwitwa Frank na we nyene aba muri ico gihugu. We n’umugore wiwe bararemesha abandi bakoresheje inkuru nziza yo muri Bibiliya. Frank avuga ati: “Kubera ukuntu ibintu vyifashe kw’isi, abantu benshi bararajwe ishinga n’ivya kazoza. Turagerageza kubaremesha dukoresheje ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ivyerekeye isi y’iparadizo”. Gutyo, Kristian na Frank baragira uruhara mw’iranguka ry’umuce umwe wa ca kimenyetso Yezu yatanga, ni ukuvuga kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.​—Matayo 24:14.

Imisi y’iherezo niyagera ku gihe cayo c’agaheta, Yezu azokuraho runo runkwekwe rw’ibintu rushaje be n’abarushigikira. Ubwami burongowe na Mesiya buzoca buyobora ibintu kw’isi, ino ikaba izohindurwa Iparadizo nk’uko vyabuwe. Umuryango w’abantu uzokurwako indwara n’urupfu, kandi abapfuye bazozurwa maze babeho kw’isi. Ivyo ni ibintu biteye umunezero birindiriye abantu babona ikimenyetso c’ibihe. Ntivyoba none biranga ubukerebutsi umuntu amenye n’ibindi ku bijanye n’ico kimenyetso, akamenya n’ico abwirizwa gukora kugira aze arokoke umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu? Nta gukeka ko ico ari ikintu umuntu wese akwiye kubona ko cihutirwa rwose.​—Yohana 17:3.

[Iciyumviro ku rup. 4]

Yezu yavuze ko hobaye ibintu vyinshi cane, ivyo vyose hamwe bikaba vyogize ikimenyetso cobonetse aho ari ho hose kw’isi

[Iciyumviro ku rup. 6]

Woba ubona ko bigize ikintu kimwe, ni ukuvuga ikimenyetso kirimwo vyinshi kiri n’ico kivuze ku baba kw’isi yose?

[Uruzitiro ku rup. 6]

IBIMENYETSO BIRANGA IMISI Y’IHEREZO

Intambara zitari bwigere zibaho.​—Matayo 24:7; Ivyahishuriwe 6:4

Amapfa.​—Matayo 24:7; Ivyahishuriwe 6:5, 6, 8

Ibiza.​—Luka 21:11; Ivyahishuriwe 6:8

Ubugarariji bugenda bugwira.​—Matayo 24:12

Vya nyamugigima.​—Matayo 24:7

Ibihe bigoye.​—2 Timoteyo 3:1

Gukunda amahera birenze urugero.​—2 Timoteyo 3:2

Kutumvira abavyeyi.​—2 Timoteyo 3:2

Kuba abantu badakunda ababo.​—2 Timoteyo 3:3

Gukunda ibinezereza aho gukunda Imana.​—2 Timoteyo 3:4

Kutigumya.​—2 Timoteyo 3:3, NW

Kudakunda ivyiza.​—2 Timoteyo 3:3

Kwirengagiza akaga kimirije.​—Matayo 24:39

Abacokoranyi bahakana ibimenyamenya vyerekana ko turi mu misi y’iherezo.​—2 Petero 3:3, 4

Ukwamamaza Ubwami bw’Imana kw’isi yose.​—Matayo 24:14

[Abo dukesha ifoto ku rup. 5]

Abasoda bari mu Ntambara ya mbere y’isi yose: Yakuwe mu gitabu The World War​—A Pictorial History, 1919; umuryango ukenye: AP Photo/Aijaz Rahi; akana kamugajwe n’ubukangwe: © WHO/P. Virot

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika