ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/10 rup. 26-31
  • Bavyeyi, mushaka ko abana banyu bogira kazoza kameze gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bavyeyi, mushaka ko abana banyu bogira kazoza kameze gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Guhitamwo ubuzima bwiza
  • Gutegura kazoza
  • Ico gukurikirana amashure ahanitse bitwara
  • Hoba hari ukundi umuntu yobigenza?
  • Amashure ahanitse be n’amahera vyoba vyotuma ugira kazoza keza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Umwana wanje yoba akwiye kuja mw’ishure?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ico abavyeyi bokora
    Be maso!—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/10 rup. 26-31

Bavyeyi, mushaka ko abana banyu bogira kazoza kameze gute?

“Namwe misore n’inkumi; . . . ni b[a]shime izina ry’Uhoraho”.​—Zaburi 148:12, 13.

1. Ni ibiki biraza ishinga abavyeyi ku vyerekeye abana babo?

HOBA hari abavyeyi batarazwa ishinga na kazoza k’abana babo? Kuva umwana akivuka, washaka n’imbere y’uko avuka, abavyeyi baca batangura guhagarika umutima bibaza icotuma umwana wabo amererwa neza. Baribaza bati: “Ubwo azogira amagara meza? Ubwo azokura nk’uko abandi bakura”? Uko umwana akura ni ko n’ibibazo bibaza vyongerekana. Muri rusangi, abavyeyi nta kindi barondera atari ineza y’uruvyaro rwabo.​—1 Samweli 1:11, 27, 28; Zaburi 127:3-5.

2. Ni kubera iki abavyeyi benshi muri kino gihe bipfuza cane yuko abana babo bogira ubuzima bwiza bamaze gukura?

2 Ariko rero mw’isi ya kino gihe, ntivyorohera abavyeyi gutunganiriza abana babo ibizotuma bamererwa neza. Abavyeyi benshi baraca mu makuba atoroshe: uri indwano, uri uruhagarara rw’ivya politike, uri ingorane z’ivy’ubutunzi, uri ugusinzikarizwa amagara canke uguhahamuka, n’ibindi. Mu bisanzwe, icipfuzo bafise ku mutima, ni uko abana babo batoshikirwa n’ingorane nk’izo. Mu bihugu biteye imbere, abavyeyi boshobora kubona abahungu n’abakobwa ba bagenzi babo be n’ab’incuti zabo batera imbere bakaronka akazi keza hanyuma bakagira ubuzima busa n’aho ari bwiza. Ivyo bituma abavyeyi baca bumva babwirizwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo n’abana babo nibakura bazoshobore kubaho neza muri rusangi, batekaniwe mu buzima.​—Umusiguzi 3:13.

Guhitamwo ubuzima bwiza

3. Abakirisu bahisemwo iki?

3 Kubera ko abakirisu ari abayoboke ba Yezu Kirisitu, bahisemwo kwegurira ubuzima bwabo Yehova. Barashize ku mutima amajambo ya Yezu agira ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere [“igiti ciwe co kubabarizwako”, NW] uko bukeye, ankurikire” (Luka 9:23; 14:27). Ego cane, ubuzima bw’umukirisu busaba yuko agira ico ahevye. Yamara rero, si ukuvuga ko aca abaho ata co yiha canke yishwe n’amarushwa. Ahubwo riho ni ubuzima buhimbaye kandi bushimishije, emwe, ubuzima bwiza, kubera ko busaba gutanga, Yezu na we akaba yavuze ko “gutanga kuzana [“agahimbare”, NW], kuruta guhabga”.​—Ivyakozwe n’intumwa 20:35.

4. Ni igiki Yezu yahimirije abayoboke biwe gukurikirana?

4 Abantu bo mu misi ya Yezu babayeho mu gihe ibintu vyari bigoye cane. Uretse ko bategerezwa kurondera ikibabeshaho, babwirizwa kandi kwihanganira ubutegetsi bw’Abaroma bw’umukazo be n’umutwaro w’agacinyizo baremekwa n’abanyamadini bo muri ico gihe basenga buheze umwuga (Matayo 23:2-4). Yamara rero benshi mu bumvise ivya Yezu barahevye kwiruka inyuma y’ivyabo, mbere n’imyuga yabo baraheba, maze bacika abayoboke biwe (Matayo 4:18-22; 9:9; Ab’i Kolosayi 4:14). None abo bigishwa boba bari bishize mu kaga vyongeye bakaba bahakwa gusanga biyononeye kazoza? Ehe raba amajambo Yezu yavuze: “Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina canke bashiki be canke se canke nyina cank’abana cank’itongo kubg’izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’azoragwa ubu[zima] budashira” (Matayo 19:29). Yezu yarakuye amazinda abayoboke biwe yuko Data wa twese wo mw’ijuru azi ivyo bakenera. Ni kwo guca abahimiriza ati: “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa”.​—Matayo 6:31-33.

5. Abavyeyi bamwebamwe babona gute amajambo Yezu yavuze adukura amazinda yuko Imana izokwitrwararika abasavyi bayo?

5 No muri iki gihe ibintu ntibitandukanye kanini n’ivyo. Yehova arazi ivyo dukenera, kandi abashira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo, na canecane abakurikirana ubusuku bw’igihe cose, na bo nyene barakurwa amazinda ko azobabungabunga (Malaki 3:6, 16; 1 Petero 5:7). Ariko rero hari abavyeyi usanga bazazanirwa muri ivyo. Ku ruhande rumwe, bipfuza ko abana babo batera imbere mu murimo wa Yehova, kumbure bakazokwinjira mu busuku bw’igihe cose. Ku rundi ruhande, baravye uko ibintu vyifashe muri iyi si mu vy’ubutunzi no mu bijanye n’akazi, babona ko bihambaye ko abakiri bato babanza kwiga amashure akwiye kugira ngo bagire ubumenyi bukenewe bwotuma baronka akazi keza, canke kugira ngo n’imiburiburi baze baronke ico bifashisha nivyakenerwa. Ku bavyeyi bene abo, kwiga amashure akwiye akenshi bisobanura kwiga amashure ahanitse.

Gutegura kazoza

6. Imvugo ngo “amashure ahanitse” ikoreshwa mu buhe buryo muri iki kiganiro?

6 Ivy’amashure usanga bitameze kumwe mu bihugu vyose. Nk’akarorero muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, umuntu yiga imyaka 12 mu mashure ya Leta akaba aronse inyigisho y’ishimikiro. Mu nyuma hari abanyeshure bohitamwo kwiga imyaka ine canke irenga ya kaminuza, kugira ngo baronke urupapuro rw’umutsindo rw’amashure ya kaminuza canke kugira ngo banonosore ivyigwa vy’ubuganga, ivy’ubucamanza, ivyo kuba abahinga mu bisata kanaka, n’ibindi. Bene iyo nyigisho ya kaminuza ni yo dushaka kuvuga igihe dukoresha imvugo ngo “amashure ahanitse” muri iki kiganiro. Hari ayandi mashure y’imyuga canke amenyereza ubuzi kanaka atanga ivyigwa bimara igihe gito umuntu agaca aronka urupapuro rw’umutsindo mu mwuga kanaka canke mu kazi kanaka.

7. Ni imikazo iyihe abiga mu mashure yisumbuye bashirwako?

7 Ikintu ceze muri kino gihe, ni uko amashure yisumbuye ategura abanyeshure ngo bazobandanirize ivyigwa mu mashure ahanitse. Ku bw’ivyo, menshi mu mashure yisumbuye ashimikira ku vyigwa bisaba gukoresha cane umutwe bituma abanyeshure bashobora kuronka amanuta meza mu bibazo bibaha uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza, aho gushimikira ku vyigwa bizotuma baronka ubumenyi bokenera mu kazi. Abanyeshure bo mu mashure yisumbuye muri kino gihe barashirwako umukazo udasanzwe n’abigisha, abahanuzi be n’abanyeshure bagenzi babo ngo bazoje kwiga muri za kaminuza za rurangiranwa, aho bizigira kuzoronkera impapuro z’imitsindo zibaha akaryo ko kuronka ubuzi bwizabwiza, bubaronsa umushahara munini.

8. Ni amahitamwo ayahe ahanze abavyeyi bakirisu?

8 None abavyeyi bakirisu bokora iki? Birumvikana yuko bashaka ko abana babo bakora neza mw’ishure kugira bamenye ubuhanga bukenewe buzotuma bitunga muri kazoza (Imigani 22:29). Ariko none boba bakwiye kurekerana abana babo bagatwarwa n’agatima ko guhiganirwa ivy’ugutera imbere no kuroranirwa mu vy’ubutunzi? Ni amahangiro nyabaki baremesha abana babo gukurikirana, haba mu vyo bavuga canke mu karorero ubwabo batanga? Abavyeyi bamwebamwe barakora n’akuya kakabira, bakaziganya akanoti kugira ngo igihe nicagera bazoshobore kurungika abana babo mu mashure ahanitse. Hari n’abemera kwinjira mu madeni kubera ico. Ariko rero, ico ivyo bitwara ntigishobora guharurwa mu mahera gusa. None gukurikirana amashure ahanitse bitwara iki muri iki gihe?​—Luka 14:28-33.

Ico gukurikirana amashure ahanitse bitwara

9. Twovuga iki ku bijanye n’amahera asohorwa ku bw’amashure ahanitse muri iki gihe?

9 Iyo turiko twiyumvira ico ikintu kizotwara, dukunda guca twiyumvira amahera tuzosohora. Mu bihugu bimwebimwe, amashure ahanitse afashwa na Leta kandi abanyeshure bemererwa kuyajamwo nta mahera y’ishure batanga. Ariko rero mu mihingo myinshi, amashure ahanitse usanga asaba amahera menshi, kandi ivyo ni ko birushiriza kumera. Hari ikiganiro c’abatanga ivyiyumviro vyabo mu kinyamakuru kimwe (New York Times) kivuga giti: “Amashure ahanitse yahora abonwa ko ari yo atuma abantu baroranirwa. Muri iki gihe, ni yo yerekana abifise n’abatifise”. Mu yandi majambo, amashure ahanitse yigisha neza atera yiharizwa n’abatunzi be n’abantu bakomakomeye, abo usanga bayashiramwo abana babo kugira ngo baze bacike abatunzi n’abantu bakomakomeye bo muri iyi si. Iryo ryoba ari ryo hangiro abavyeyi bakirisu bakwiye guhitiramwo abana babo?​—Ab’i Filipi 3:7, 8; Yakobo 4:4.

10. Ni mu buryo ki amashure ahanitse usanga afitaniye isano cane n’uguteza imbere iyi si?

10 N’ahantu nyene usanga amashure ahanitse bayiga kuri gusa, ntihabura ibindi bintu bigorana. Nk’akarorero, hari ikinyamakuru (The Wall Street Journal) kivuga yuko mu gihugu kimwe co mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Aziya, Leta ‘itunganya ivy’amashure ku buryo kw’isonga haja abanyeshure bazi ubwenge cane, ntihagire n’isoni biyitera’. ‘Abo kw’isonga’ si abandi atari abaja kwiga mu mashure akomakomeye yo mw’isi, nk’ishure kaminuza ry’i Oxford be n’iry’i Cambridge mu Bwongereza, amashure kaminuza akomakomeye yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, be n’ayandi. Ni kubera iki Leta itanga bene ivyo vyigwa bimara igihe kirekire? Ico kinyamakuru nyene kivuga giti: “Ni kugira ngo ubutunzi bw’igihugu burushirize gutera imbere”. Abanyeshure bashobora kuba vy’ukuri biga kuri gusa, mugabo ico babiriha ni ugukoresha ubuzima bwabo nka bwose mu guteza imbere iyi si. Naho bene ubwo buzima buhurumbirwa cane muri iyi si, bwoba ari bwo abavyeyi bakirisu bashakira abana babo?​—Yohana 15:19; 1 Yohana 2:15-17.

11. Amaraporo yerekana iki ku bijanye n’akaborerwe be n’ubuhumbu mu banyeshure bo muri kaminuza?

11 Ntitwokwirengagiza n’ingene aho biga haba hameze. Mu bigo vya kaminuza, usanga ari ho ingeso mbi zibarizwa: uri ibiyayuramutwe n’akaborerwe, uri ubuhumbu, uri ukwiba inyishu z’ibibazo, uri ukunyuzura, eka nta wobidonda ngo abiheze. Dufate nk’akaborerwe. Ikinyamakuru kimwe (New Scientist) cavuze ku bijanye no kunywa umuntu arondera kuborerwa, giti: “Ibice nka 44 kw’ijana vy’[abanyeshure bo muri kaminuza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika] baranywa barondera kuborerwa n’imiburiburi rimwe mu kiringo kitarenze indwi zibiri”. Iyo ngorane nyene ni yo yeze mu rwaruka rwo mu Burusiya, mu Bwongereza, muri Ositaraliya n’ahandi. Ku vyerekeye ubuhumbu, ivyo abanyeshure muri iki gihe bayaga, nk’uko bisobanurwa n’ikinyamakuru kimwe (Newsweek), ni ‘ukubonana incuro imwe kw’abahungu n’abakobwa, muri ukwo kubonana bakaba bagira ibintu vyinshi, uhereye ku gusomana ugashika ku guhuza ibitsina, ata n’imigambi bafise yo kunasubira kuyaga inyuma yaho’. Ivyigwa vyagizwe vyerekana yuko ibice 60 kw’ijana gushika ku 80 vy’abanyeshure baja muri mwene ivyo bintu. Hari umushakashatsi umwe avuga ati: “Mu gihe uri umunyeshure wo muri kaminuza atarwaye mu vy’igitsina, ntubura kubikora”.​—1 Ab’i Korinto 5:11; 6:9, 10.

12. Ni imikazo iyihe ihanamira abanyeshure bo muri kaminuza?

12 Uretse ukuntu aho abanyeshure biga haba hameze, hariho n’umukazo ujanye n’ibikorwa vyo kw’ishure be n’ibibazo bakora. Mu bisanzwe abanyeshure barakenera kwiga no gukora udukorwa bahabwa two gukorera i muhira kugira ngo bazotore ibibazo. Hari mbere n’abakenera gukora n’imiburiburi akazi k’amasaha makeyi ku musi bakagafatanya n’ukwiga. Ivyo vyose bibatwara umwanya munini n’inguvu nyinshi. Wumva none imirimo y’ivy’impwemu ica isigarana iki? Imikazo niyagwira, ni igiki bazoheba? Ivy’Ubwami vyoba bizoguma biza ubwa mbere canke bizoshirwa ku ruhande (Matayo 6:33)? Bibiliya ihimiriza abakirisu iti: “Mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, [“mwicungurira umwanya ubereye”, NW] kukw imisi ari mibi” (Abanyefeso 5:15, 16). Ese ukuntu bibabaje kubona hari abataye ukwizera bivuye ku mwanya n’inguvu ivyo bintu bibatwara, canke bivuye ku kuja mu ngeso ziteye kubiri n’Ivyanditswe zo mu bigo vya kaminuza!

13. Ni ibibazo ibihe abavyeyi bakirisu bategerezwa kurimbura?

13 Ariko ntiwumve, ubuhumbu, ingeso mbi be n’imikazo ntibiri mu bigo vya kaminuza gusa. Ariko rero, abakiri bato benshi bo mw’isi babona gusa ko mwene ivyo bintu vyose biri mu bigize indero baronka, ntihagire ikibi na kimwe babibonamwo. Ubwo none abavyeyi bakirisu boba bakwiye gushira abana babo mu bintu nk’ivyo babibona, ngo babimaremwo imyaka ine canke kumbure irenga (Imigani 22:3; 2 Timoteyo 2:22)? Ubwo hari uwokwemera ko abakiri bato baja mu kaga nk’ako ngo ni ukubera ibintu bazokwungukira kuri iryo shure? N’igihambaye kuruta, wumva none ari igiki abakiri bato baba bariko bariga ku bijanye n’ibintu bikwiye kuza imbere y’ibindi mu buzima bwaboa (Ab’i Filipi 1:10; 1 Ab’i Tesalonike 5:21)? Abavyeyi bategerezwa kurimbura ivyo bibazo bavyitondeye kandi bakabishira mw’isengesho, bakarimbura n’akaga kari mu kurungika abana babo kwiga mu yindi ntara canke mu kindi gihugu.

Hoba hari ukundi umuntu yobigenza?

14, 15. (a) Naho hari ibindi vyiyumviro bikwiragiye mu bantu, ni impanuro iyihe Bibiliya itanga yerekeye kino gihe? (b) Ni ibibazo ibihe abakiri bato bokwibaza?

14 Muri kino gihe, ivyiyumviro bikwiragiye mu bantu ni ivy’uko ngo kugira abakiri bato baroranirwe mu buzima, ata kundi bobigenza atari ukwiga kaminuza. Ariko rero, aho gukurikira ivyiyumviro bikwiragiye mu bantu, abakirisu bobo bisunga iyi ngabisho Bibiliya itanga, iti: “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose” (Abaroma 12:2). None Imana igomba iki ku basavyi bayo, baba abato canke abakuze, muri iki gihe gisozera imisi y’iherezo? Paulo yahimirije Timoteyo ati: “Wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, [“urangure bimwe bishitse ubusuku bwawe”, NW]”. Nta gukeka ko ayo majambo atwerekeye twese muri iki gihe.​—2 Timoteyo 4:5.

15 Aho gutwarwa n’agatima ko guhahamira amaronko karanga iyi si, twese turakeneye ‘kwirinda’ mu vy’impwemu. Niba ukiri muto, niwibaze uti: ‘Noba ndiko nkora uko nshoboye kwose kugira ngo “ndangure ubusuku bwanje”, no kugira ngo mbe umusuku w’Ijambo ry’Imana akwije ibisabwa? Ni imigambi iyihe nishingiye kugira ngo ndangure ubusuku bwanje “bimwe bishitse”? Noba maze kwiyumvira ivyo gukora umurimo w’igihe cose nkawugira umwuga?’. Ivyo ni ibibazo bitoroshe, na canecane igihe ubona abandi bakiri bato bikurikiranira ivyabo, ‘bakironderera ibintu bihambaye’ bibaza ko bizotuma bagira kazoza keza (Yeremiya 45:5, NW). Ku bw’ivyo, abavyeyi bakirisu babigiranye ubukerebutsi baratunganiriza abana babo imimerere ibereye yo mu vy’impwemu bakabaronsa n’inyigisho nziza zo mu vy’impwemu.​—Imigani 22:6; Umusiguzi 12:1; 2 Timoteyo 3:14, 15.

16. Abavyeyi bakirisu bashobora gute gutunganiriza abana babo imimerere ibereye yo mu vy’impwemu babigiranye ubukerebutsi?

16 Mu muryango umwe aho inabibondo amaze imyaka myinshi akora umurimo w’igihe cose, umukuru mu bahungu biwe batatu avuga ati: “Mawe yarihweza cane abo twifatanya. Ntitwifatanya n’abo kw’ishure. Twifatanya gusa n’abo mw’ishengero bakunda ivy’impwemu. Yarakunda kandi gutumira i muhira iwacu abari mu murimo w’igihe cose, nk’abamisiyonari, abacungezi b’ingenzi, abanyabeteli be n’abatsimvyi kugira tumarane akanya. Kwumviriza ivyo babonye no kubona umunezero baba bafise, vyaratsimbataje mu mitima yacu icipfuzo co gukora umurimo w’igihe cose”. Ese ukuntu bihimbaye kubona abo bahungu bose uko ari batatu bari mu busuku bw’igihe cose! Umwe asukurira kuri Beteli, uwundi yaritavye rya Shure rimenyereza abasuku, uwundi na we ni umutsimvyi!

17. Ni ubuyobozi ubuhe abavyeyi bashobora guha abakiri bato mu bijanye n’ivyigwa be n’imigambi bohitamwo gukurikirana (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 29.)?

17 Uretse ivy’ugutunganiriza abana babo imimerere myiza yo mu vy’impwemu, abavyeyi bategerezwa kandi kuronsa abana babo hakiri kare hashoboka ubuyobozi bubereye mu bijanye n’ivyigwa be n’imigambi bohitamwo gukurikirana. Hari uwundi musore, ubu akaba ari mu murimo wo kuri Beteli, avuga ati: “Abavyeyi banje bompi barakoze ubutsimvyi imbere y’uko bubakana n’inyuma y’aho bamariye kwubakana, kandi barakoze uko bashoboye kugira ngo binjize agatima k’ubutsimvyi mu muryango wose. Igihe cose twaba turiko turatora ivyigwa tuzokurikirana canke turiko dufata ingingo zogize ico zikoze kuri kazoza kacu, bama baturemesha kugira ihitamwo ryoturonsa akaryo keza ko kuronka akazi k’amasaha makemake ku musi, tukabona gukora ubutsimvyi”. Aho guhitamwo ivyigwa bisaba gukoresha cane umutwe vyerekeza umuntu ku kwiga kaminuza, abavyeyi n’abana barakeneye kuzirikana ku vyigwa vyofasha umuntu gukurikirana umurimo w’Imanab.

18. Ni ubuzi ubuhe bushoboka abakiri bato borimbura?

18 Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko mu bihugu vyinshi abakenewe vyihutirwa atari abahejeje kaminuza, ahubwo ko ari abokora mu vy’imyuga no mu buzi busanzwe. Ikinyamakuru kimwe (USA Today) kivuga ko “mu myaka mirongo iri imbere ibice 70 kw’ijana vy’abakozi batazoba bakeneye kuba barize imyaka ine ya kaminuza, ahubwo ko bazoba bakeneye kuba bize imyaka nk’ibiri ya kaminuza mu vy’imyuga canke amashure kanaka y’imyuga”. Menshi muri bene ayo mashure usanga atanga ivyigwa bimara igihe gito mu bijanye n’ugukora mu biro, gukanika imiduga, gukwamura orodinateri, gukora amazi, gutunganya imishatsi, n’iyindi myuga myinshi tutiriwe turavuga. Ubwo none bwoba ari ubuzi umuntu yoshima gukora? Neza cane! Kumbure ntibutuma bene kubukora baboneka ko bubahitse nk’uko bamwebamwe bobibona, ariko buraronsa abafise vy’ukuri umugambi wo gusukurira Yehova ico bifashisha kandi bukanabiboroherezamwo.​—2 Ab’i Tesalonike 3:8.

19. Uburyo nyabwo bwo kubaho butuma umuntu agira umunezero kandi agashira akanyota ni ubuhe?

19 Bibiliya yinginga iti: “Namwe misore n’inkumi; . . . ni b[a]shime izina ry’Uhoraho, kukw izina ryiwe ryonyene ari ryo rishizwe hejuru: ubukuru bgiwe buri hejuru y’isi n’ijuru” (Zaburi 148:12, 13). Ugereranije ugukurikirana umurimo w’igihe cose n’ibibanza be n’inyungu isi yemerera abantu, usanga umurimo w’igihe cose umuntu arangurira Yehova ari bwo buryo nyabwo bwo kubaho butuma umuntu agira umunezero kandi akumva ashize akanyota. Uramiza ku mutima uku kuntu Bibiliya idukura amazinda iti: “Umugisha w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo”.​—Imigani 10:22.

[Utujambo tw’epfo]

a Nimba ushaka kumenya inkuru z’abantu babonye ko inyigisho ya gitewokarasi ari yo ihambaye kuruta kaminuza, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Myandagaro 1982, urupapuro rwa 3-6; 1 Myandagaro 1979, urupapuro rwa 5-10; Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nyakanga 1978, urupapuro rwa 15; be n’iyo ku wa 22 Ntwarante 1980, urupapuro rwa 3-6.

b Raba Réveillez-vous! yo ku wa 8 Gitugutu 1998, mu kiganiro c’umutwe uvuga ngo “La recherche de la sécurité” (Kurondera ubuzima butekaniwe), urupapuro rwa 4-6, be n’iyo ku wa 8 Rusama 1989, mu kiganiro c’umutwe uvuga ngo “Quelle carrière choisir?” (Nkwiye guhitamwo umwuga uwuhe?) urupapuro rwa 12-14.

Woshobora kubisigura?

• Abakirisu bizigira iki kugira ngo bazogire kazoza keza?

• Abavyeyi bakirisu bahanganye n’ibibazo bitoroshe ibihe ku bijanye na kazoza k’abana babo?

• Ni ibiki umuntu ategerezwa kuraba igihe arimbura ico ugukurikirana amashure ahanitse bizotwara?

• Abavyeyi bofasha gute abana babo gukurikirana umurimo wa Yehova?

[Uruzitiro ku rup. 29]

Amashure ahanitse afise agaciro nyabaki?

Benshi mu binjira muri kaminuza, baba biteze kuronka urupapuro rw’umutsindo ruzotuma baronka ubuzi bubaha amahera menshi kandi budahungabana. Ariko rero amaraporo Leta zitanga yerekana ko abangana n’ica kane gusa c’abaja muri kaminuza baronka urupapuro rw’umutsindo mu myaka itandatu. Uca wumva rero ko bayaheza bigoranye. Mbega hoho no kuri abo bake baronka urwo rupapuro rw’umutsindo, wibaza ko ruca rutuma baronka akazi keza? Raba ico ubushakashatsi n’ivyigwa biherutse kugirwa bivuga.

“Kuja muri [kaminuza y’]i Harvard canke i Duke ntibisobanura ko umuntu aca aronka akazi keza akaronka umushahara munini. . . . Amashirahamwe atanga ubuzi usanga ata vyinshi azi ku bakiri bato basaba akazi. Urupapuro rw’umutsindo rw’agatangaza (nk’urwo kuri kaminuza zikomakomeye zo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika) rwoshobora gukanga abantu. Ariko mu nyuma, ikiba gihambaye ni ivyo umuntu ashoboye canke adashoboye gukora”.​—Ikinyamakuru (Newsweek) co ku wa 1 Munyonyo 1999.

“Naho akazi gasanzwe muri kino gihe usanga gasaba ubuhanga bwiyongereye kuruta uko vyari kera . . . , ubuhanga busabwa muri ubwo buzi ni ubuhanga buhambaye bwigishwa mu mashure yisumbuye, nk’ibiharuro, ugusoma n’ukwandika vyo mu w’icenda . . . , si ubuhanga bwo muri kaminuza. . . . Abanyeshure si ngombwa ngo baje muri kaminuza kugira ngo babone kuronka akazi keza, mugabo bakeneye kumenya neza ubuhanga bwo mu mashure yisumbuye”.​—Ikinyamakuru (American Educator) co mu Mpeshi ya 2004.

“Kaminuza nyinshi zarasigaye inyuma bimwe bikomeye uravye aho isi igeze mu bijanye no gutegura abanyeshure ngo bazokore akazi bahejeje kaminuza. Amashure y’imyuga . . . atera ahurumbirwa cane. Kuva mu 1996 gushika mu 2000 abayajamwo barongerekanye gushika ku bice 48 kw’ijana. . . . Muri ico gihe nyene, izo mpapuro z’umutsindo umuntu aronka yikokoye kandi zitwara umwanya utagira uko ungana zo kuri kaminuza, zarataye agaciro bimwe bitari bwabeho”.​—Ikinyamakuru (Time) co ku wa 24 Nzero 2005.

“Ivyo Urwego rujejwe abakozi rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rwagereranije ku bw’umwaka wa 2005 vyerekana bimwe biteye ubwoba yuko abatari munsi y’ica gatatu c’abize imyaka ine ya kaminuza batazoronka akazi gahuye n’impapuro z’umutsindo bafise”.​—Ikinyamakuru (The Futurist), co muri Mukakaro/Myandagaro 2000.

Ku bw’ivyo vyose, abigisha barushiriza kuba benshi basa n’abatabona akamaro ko kwiga amashure ahanitse muri kino gihe. Muri raporo yasohotse muri ca kinyamakuru (Futurist) bidoga bati: “Turiko twigisha abantu tuberekeza mu nzira izobajana ahatari ho”. Ariko raba Bibiliya yoyo ico ivuga ku vyerekeye Imana: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo. Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga”.​—Yesaya 48:17, 18.

[Ifoto ku rup. 26]

Barahevye kwiruka inyuma y’ivyabo bakurikira Yezu

[Ifoto ku rup. 31]

Abavyeyi bakirisu babigiranye ubukerebutsi baratunganiriza abana babo kuva bakiri bato imimerere myiza yo mu vy’impwemu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika