ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/10 rup. 4-7
  • Niwungukire ku nyigisho nziza cane kuruta izindi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwungukire ku nyigisho nziza cane kuruta izindi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubukirisu bw’ukuri buratanga inyigisho
  • Baravyuriwe umutima wo guhinduka
  • Urashobora kuronka inyigisho nziza cane kuruta izindi
  • Agaciro gahebuje k’inyigisho iva Ku Mana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ni inyigisho bwoko ki yotuma uroranirwa mu buzima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Inyigisho ijana mu buzima
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Abato Bibuka Umuremyi Wabo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/10 rup. 4-7

Niwungukire ku nyigisho nziza cane kuruta izindi

BIBILIYA irerekana ko Yehova Imana ari we Muremyi w’ibintu vyose, ushizemwo n’abantu (Itanguriro 1:27; Ivyahishuriwe 4:11). Bwa Mucishabwenge Mukuru, yarigishije wa mugabo n’umugore ba mbere ari bo Adamu na Eva yongera abategurira kuba mw’itongo ry’akaroruhore ry’i Edeni. Umugambi yari afise wari uwo kubandanya kubigisha no kubitwararika ibihe bidahera (Itanguriro 1:28, 29; 2:15-17; Yesaya 30:20, 21). Iyumvire ntuze ivyo bintu bari biteze!

Ariko rero, ikibabaje ni uko uwo umugabo n’umugore ba mbere bikuye amata mu kanwa. Ukugambarara kwabo kwatumye abantu bagenda barononekara mu vy’inyifato runtu no ku mubiri (Itanguriro 3:17-19; Abaroma 5:12). Ku vyerekeye abantu babayeho haciye amaruka makeyi gusa kuva abantu baremwe, Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo”.​—Itanguriro 6:5.

Ubu haraciye nk’imyaka 4.500 kuva Yehova avuze yuko umuntu yama afise impengamiro yo gukora ikibi. N’ikindi kandi, ivy’umuryango w’abantu vyifashe nabi kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Abenshi barabesha ata n’isoni, bakiba canke bagatera abandi. Ingorane ziguma zongerekana ku musi ku musi, mu gihe ivyo kwitwararika umuntu nkatwe na vyo biguma bigabanuka. None myinshi mu migenderanire abantu bagiriranira, ushizemwo n’iyo mu muryango, ntigeze ahatemba koko? Yamara, Imana si yo yokwagirizwa ibiriko biraba ubu, eka kandi ntiyaretse kurazwa ishinga n’ingorane zo muri iki gihe. Yehova yamye nantaryo yitwararika ineza y’abantu, kandi ariteguriye kwigisha abarondera ko abayobora kugira ngo bashikire ubuzima buhimbaye. Yararungitse Umwana wiwe Yezu Kirisitu kw’isi yongera arerekana ko yitwararika kwigisha abashaka kuroranirwa mu buzima, ubu hakaba haciye nk’imyaka 2.000 ivyo abigize. Yezu yarasize akarorero k’inyigisho itagira agahaze kubera yuko yari yaramaze imyaka idaharurika yigishwa na wa Mucishabwenge Mukuru.

Ubukirisu bw’ukuri buratanga inyigisho

Yezu Kirisitu yaratanguje ubukirisu bw’ukuri, buno bukaba ari uburyo bwo kubaho bushingiye ku rukundo. Muri ubwo bukirisu bw’ukuri, ivyiyumviro vyose be n’ibikorwa vyose bitegerezwa guhuza n’ivyo Imana igomba, kugira ngo izina ryayo riterwe iteka ryongere rininahazwe (Matayo 22:37-39; Abaheburayo 10:7). Inyigisho Yezu yatanga ku bijanye n’ubwo buryo bwo kubaho zari zishigikiwe na Se wiwe Yehova. Ku vyerekeye ukuntu Yezu yari afashwe mu mugongo n’Imana, muri Yohana 8:29 dusoma duti: “Uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara” (Ni twe dushimitse.). Ni vyo, mu kiringo cose Yezu yamaze arangura ubusuku bwiwe, Se wiwe yaramufata mu mugongo akongera akamuyobora. Abayoboke ba Yezu bo mu ntango bahanganye n’ingorane zo mu buzima bafise ubuyobozi bokurikira. Yehova yarabigishije abicishije ku Mwana wiwe. Gukurikiza inyigisho za Yezu be n’akarorero kiwe vyatumye baba abantu beza. Ivyo ni ko biri no ku bigishwa biwe bo muri iki gihe.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Akosho Yezu n’inyigisho ziwe vyagize ku bantu” ruri ku rupapuro rwa 6.

Ikintu kimwe kiranga ubukirisu bw’ukuri, ni uko butanga inyigisho igira ico ikoze ku mizirikanyi no ku mitima y’abantu ku buryo ibahindura ihereye imbere muri bo (Abanyefeso 4:23, 24). Reka tubitangire akarorero kamwe gusa. Rimbura ivyo Yezu yigishije ku bijanye n’ukudahemukira uwo mwubakanye. Yavuze ati: “Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngo Ntugasambane. Ariko jeho ndababgira yuk’umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe” (Matayo 5:27, 28). Yezu yavuze ayo majambo kugira yigishe abigishwa biwe yuko umutima ukwiye kuguma utyoroye be n’uko ivyiyumviro n’ivyipfuzo bitabereye vyoshobora kugira inkurikizi zikomeye naho umuntu atoba arashitsa ivyo yiyumviriye canke ivyo yipfuje. Si ivy’ukuri none yuko ivyiyumviro bibi bishobora gutuma umuntu akora ibintu bibabaza Imana be n’abantu nka we?

Ku bw’ivyo, Bibiliya itanga iyi mpanuro igira iti: “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima [canke, “imizirikanyi”, NW] misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose” (Abaroma 12:2). Hari aho woca ubaza uti: ‘Vyoba vy’ukuri bishoboka ko umuntu ahindura umuzirikanyi ukaba musha biciye ku nyigisho?’. Guhindura umuzirikanyi ukaba musha birimwo kuwerekeza mu yindi nzira mu kuwuzuzamwo ingingo ngenderwako be n’inyigisho bitangwa mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo umuntu ashobora kubishikako mu kwemera inyigisho Imana itanga ibicishije kw’Ijambo ryayo.

Baravyuriwe umutima wo guhinduka

“Ijambo ry’Imana [ni] rizima, rifise ubukuba” (Abaheburayo 4:12). Ijambo ry’Imana n’ubu riracabandanya kugira akosho gakomeye ku bantu, ivyo bikaba rero bigaragaza yuko ritigera rita igihe. Rirashobora kuvyurira umuntu umutima wo guhindura inzira ziwe, agakurikira ubukirisu bw’ukuri, maze agahinduka akaba umuntu mwiza kuruta. Uturorero dukurikira turerekana agaciro k’inyigisho yo muri Bibiliya.

Umwe Emilia twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki avuga ati: “Utwigoro nagize jewe ubwanje ntitwari duhagije kugira ngo ivyo mu rugo rwanje bimere neza. Igihe natangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, narabonye yuko ivyanje vyari gushobora guhinduka, nca ntangura guhindura inyifato. Narize kuba umuntu yihangana kuruta, ndiga no kudaca ntwarwa n’ishavu. Umunega wanje yahavuye yifatanya nanje mu kwiga Bibiliya. Ntivyamworoheye guhagarika kunywa inzoga, mugabo yarashoboye kuziheba. Ivyo vyatumye umubano wacu utangura kumera neza. Ubu turi abakirisu bahimbawe kandi turiko turinjiza mu bana bacu ingingo ngenderwako nziza zo muri Bibiliya”.​—Gusubira mu vyagezwe 6:7.

Inyigisho ubukirisu bw’ukuri butanga irashobora gutuma umuntu aheba ingeso mbi n’uburyo bwo kubaho butabereye. Uwitwa Manuela yasanze ivyo ari ukwo biri. Igihe yari afise imyaka 13, yarataye i muhira hanyuma atangura kunywa ubwoko bw’urumogi bwitwa marijuwana. Mu nyuma yaratanguye kunywa ibiyayuramutwe vyitwa heroyine. Yarahuza ibitsina n’abagabo be n’abagore kugira aronke amahera be n’aho akika umusaya. Rimwe na rimwe, Manuel yarondera ikimubeshaho mu kwambura abantu utwabo. Hafi igihe cose yama yafashe ibiyayuramutwe. Akenshi yama yapfunzwe kubera inyifato yiwe iranga ubukazi. Igihe kimwe yaramaze imyaka ine mw’ibohero muri ico kiringo akaba yaciye aja mu vy’ukudandaza ibirwanisho. Manuel amaze kwubaka urwiwe, yarabandanije kwibonera ingaruka mbi z’ubuzima yari afise. Avuga ati: “Twaruhiye kuba mu nzu yahora ari iy’inkoko. Ndacibuka igihe umukenyezi wanje yahora ateka ku mashiga y’amatafari. Ivyacu vyari bigeze ahatemba gushika n’aho abo mu muryango wanje bwite baremesha umugore wanje kumpeba”.

None ni igiki cahinduye ubuzima bwiwe? Manuel yishura ati: “Hari umuntu twari tuzinanyi yaje i muhira iwacu aratuyagira ivyerekeye Bibiliya. Naremeye ko aza arangendera kugira gusa ndamwereke yuko ata Mana yitwararika abantu iriho. Nabona yuko ubuzima bwanje ari ikimenyamenya kivyerekana neza. Naratangajwe n’uko ico Cabona yari umuntu yihangana kandi w’urupfasoni. Kubera ico, naremeye kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Naho bamwebamwe mu bari ng’aho bari bazi kahise kanje, barandamukije kigenzi. Batumye numva nisanze. Ivyo vyarampumurije cane. Narakozwe ku mutima gushika n’aho mfata ingingo yo kuvavanura n’ibiyayuramutwe kugira ngo ndondere akazi kabereye. Haheze amezi ane ntanguye kwiga Bibiliya, narakwije ibisabwa kugira ngo ntangure kuja mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Amezi ane inyuma y’aho, naciye mbatizwa mba Icabona ca Yehova”.

Ubukirisu bw’ukuri bwamariye iki Manuel n’umuryango wiwe? Manuel avuga ati: “Iyo ataba inyigisho yo muri Bibiliya, mba vy’ukuri narapfuye kera. Uburyo bwo kubaho Yezu yigishije bwatumye umuryango wanje ungarukako. Abana banje babiri si ngombwa ngo bace mu vyo naciyemwo nkiri muto. Ndahimbawe rwose kandi ndakengurukira cane Yehova kubona ubu mfitaniye imigenderanire myiza n’umukenyezi wanje. Bamwe mu bo twari tuzinanyi kera barankeje bongera bambwira ko biyumvira yuko inzira ndiko nkurikira ubu ari yo nziza kuruta izindi zose”.

Mu kubaho rukirisu, ukudahumana mu nyifato runtu birajana n’isuku ryo ku mubiri. Uwitwa John wo mu karere ko muri Afirika y’Epfo kasinzikajwe n’ubukene, ivyo yahavuye abitahura. Asigura ati: “Umukobwa wacu rimwe na rimwe yaramara indwi yose atoze, kandi nta numwe muri twebwe yari abinezwe”. Umugore wa John yiyemerera icese yuko inzu yabo yari isigaye iteye isoni. Mugabo babifashijwemwo n’inyigisho ya gikirisu, ibintu vyarahindutse. John yararetse kwifatanya n’akagwi k’ibisuma vy’imiduga, maze atangura kwitaho kuruta umuryango wiwe. Avuga ati: “Twarize yuko imibiri yacu be n’ivyambarwa vyacu bikwiye kuguma bisukuye kubera yuko turi abakirisu. Ndakunda amajambo ari muri 1 Petero 1:16 aduhimiriza kuba abera kubera yuko Yehova Imana ari uwera. Ubu turagerageza kandi gutuma akazu kacu kabayabaye kaguma gasa neza”.

Urashobora kuronka inyigisho nziza cane kuruta izindi

Si abo bonyene vyagendeye ukwo. Inyigisho ishingiye kuri Bibiliya yaratumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bagira ubuzima burushirije kuba bwiza. Kubera yuko ari abantu b’inzirabugunge kandi b’abanyamwete, usanga abakoresha babo babashima. Barahindutse ababanyi beza n’abagenzi beza bitwararika ineza y’abandi bantu nka bo. Kubera ko biyemeje kwirinda ingeso mbi be n’impengamiro z’umubiri, baritwararika neza amagara yabo y’umubiri, ayo mu bwenge be n’ayo mu mutima. Aho gusesagurira ubutunzi bwabo mu ngeso mbi, babukoresha ku bw’ineza yabo n’iy’imiryango yabo (1 Ab’i Korinto 6:9-11; Ab’i Kolosayi 3:18-23). Nta gukeka, ivyiza biva mu gushira mu ngiro ivyo Yehova avuga muri Bibiliya biragaragaza yuko kubaho umuntu yisunga ubukirisu nyakuri ari bwo buryo bwo kubaho bwiza cane kuruta ubundi, bukaba ari uburyo bwo kubaho butanga inyigisho nziza cane kuruta izindi. Ku vyerekeye umuntu abaho ahuza n’amategeko y’Imana, Bibiliya ivuga iti: “Ic’azokora cose kizomubera ko”.​—Zaburi 1:3.

Birahumuriza kumenya yuko Imana Mushoboravyose Yehova yiteguriye kutwigisha. Ku bimwerekeye, avuga ati: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo” (Yesaya 48:17). Egome, Yehova yarerekanye inzira biciye ku karorero Umwana wiwe Yezu Kirisitu yatanze no ku vyo yigishije. Inyigisho za Yezu zaragize ikintu kinini zihinduye ku buzima bw’abantu benshi bamumenye igihe yari kw’isi, kandi ivyo ni ko biri no ku bandi bantu benshi babaho bisunga inyigisho ziwe muri iki gihe. Kubera iki none utofata umwanya wo kwiga vyinshi ku vyerekeye izo nyigisho? Ivyabona vya Yehova b’aho uba bazohimbarwa no kugufasha kuronka mwene izo nyigisho z’agaciro.

[Akajambo k’epfo]

a Amazina amwamwe yarahinduwe.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]

Akosho Yezu n’inyigisho ziwe vyagize ku bantu

Zakayo akoresheje ikibanza yari afise co kuba umutozakori mukuru, yari yarabaye umutunzi mu kugunga abanyagihugu batobato no mu kubiba amahera. Ariko yarahinduye uburyo bwiwe bwo kubaho mu gushira mu ngiro inyigisho za Yezu.​—Luka 19:1-10.

Sauli w’i Taruso yararetse guhama abakirisu maze arahindukirira ubukirisu, aba intumwa Paulo.​—Ivyakozwe n’intumwa 22:6-21; Ab’i Filipi 3:4-9.

Bamwebamwe mu bakirisu b’i Korinto bahoze ari ‘abashakanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abaryamana n’abo bahuje ibitsina, ibisuma, abipfuza, imborerwa n’abatukana’. Yamara bamaze kumenya ubukirisu bw’ukuri, ‘baruhagiwe, barezwa, bongera baratsindanishirizwa mw’izina ry’Umwami wabo Yezu Kirisitu’.​—1 Ab’i Korinto 6:9-11.

[Ifoto ku rup. 7]

Bibiliya irashobora kukwereka ingene wororanirwa mu buzima

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika