Inyigisho ijana mu buzima
1 Ese ukuntu ari umuhezagiro kubona mu maso h’abantu hakayangana igihe batahuye ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana! Kwigisha abandi ubumenyi bwerekeye Imana be n’umugambi ifitiye abantu, mu vy’ukuri birahimbara. Iyo nyigisho irashobora gushikana umuntu ku buzima budahera.—Yoh. 17:3.
2 Igituma iruta izindi zose: Inyigisho zo muri iki gihe usanga zitangwa hakoreshejwe uburyo nka bwose buboneka ugasanga zitangwa ku ciyumviro ico ari co cose gishoboka (Umus. 12:12). Ariko, ku bijanye n’agaciro, mwene ubwo bumenyi ntibushobora kugereranywa n “ibitangaza vy’Imana” (Ivyak. 2:11). Inyigisho isi itanga yoba yaratumye abantu biyegereza na gatoyi Umuremyi canke bakamenya umugambi wiwe? Yoba yarafashije abantu gutahura uko bitugendera iyo dupfuye canke gutahura igituma hari imibabaro myinshi? Yoba yaratumye abantu bagira icizigiro? Yoba yarafashije kuryohora ubuzima bwo mu rugo? Nta na gato. Inyigisho iva ku Mana ni yo yonyene ishobora gutuma turonka inyishu nyakuri z’ibibazo bihambaye kuruta ibindi mu bizima.
3 Inyigisho iva ku Mana iratanga ikintu isi ya kino gihe ibuze cane, ico na co akaba ari ugutuma umuntu agira ivyo aryohoye mu vy’inyifato runtu. Ijambo ry’Imana rirarandurana n’imizi ivy’ukwiratira ibara ry’urukoba, ubwoko, be n’ivy’ukwiratira igihugu, mu mitima y’abemera inyigisho ritanga bakongera bakazishira mu ngiro (Heb. 4:12). Ryaratumye abantu bavavanura n’ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’ubukazi, maze ‘barambara umuntu musha’ (Kol. 3:9-11; Mika 4:1-3). Vyongeye, inyigisho iva ku Mana yararonkeje inkomezi abantu amamiliyoni baratsinda imigenzo be n’ingeso bidahimbara Imana vyari vyarabiziziye.—1 Kor. 6:9-11.
4 Igituma iyo nyigisho yihutirwa ubu: Umucishabwenge wacu Mukuru aratwereka ico ibihe tubayemwo bisobanura. Imanza ziwe zijanye n’ubuhanuzi zirimwo amakuru agezweho ategerezwa gutangazwa mw’isi yose (Ivyah. 14:6, 7). Kirisitu ariko araganza mw’ijuru, inganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma yimirije gusangangurwa, kandi Ubwami bw’Imana bwiteguriye gukuraho intwaro zose zo kw’isi (Dan. 2:44; Ivyah. 11:15; 17:16). Ni co gituma vyihutirwa ko abantu bemera icese Umwami yagenywe n’Imana ariko araganza ubu, bakava muri Babiloni Hahambaye, vyongeye bakambaza izina rya Yehova bafise ukwizera (Zab. 2:11, 12; Rom. 10:13; Ivyah. 18:4). Nimuze tugire uruhara uko dushoboye kwose mu gikorwa co kuronsa abandi inyigisho ijana mu buzima.