ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/12 rup. 22-26
  • Abantu “bo mu ndimi zose” barumva inkuru nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu “bo mu ndimi zose” barumva inkuru nziza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana itagira nkunzi ifise ubutumwa bugenewe abantu bose
  • Gushikira abantu b’uburyo bwose
  • Baratsinda urugamba
  • ‘Dukunde inyambukira’
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kubwira inkuru nziza umuntu avuga urundi rurimi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ico Intererano Zacu Zikora
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Guteza imbere ibijanye n’umurimo urangurwa mu rurimi runyamahanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Nimusenyere ku mugozi umwe igihe mwamamaza mu cibare kivugwamwo indimi nyinshi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/12 rup. 22-26

Abantu “bo mu ndimi zose” barumva inkuru nziza

“Abantu cumi [“bo mu ndimi zose z’amahanga”, “NW”], ba[zofata] umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe”.​—ZEKARIYA 8:23.

1. Yehova yatanze gute igihe ciza n’akaryo keza kugira ngo ubukirisu butangure gukwiragira mu ndimi nyinshi no mu bihugu vyinshi?

URAVYE ico gihe, ukaraba n’ukuntu ibintu vyari vyifashe, ico gihe cari kibereye pe! Wari umusi wa Pentekote yo mu 33 G.C. Amayinga makeyi imbere y’aho, Abayuda be n’abahindukiriye idini yabo bo mu ntara zitari munsi ya 15 zo mu Nganji y’Abaroma no hirya yayo bari bakubise i Yeruzalemu harazima, baje guhimbaza Pasika. Kuri uwo musi, ibihumbi muri bo barumvise abantu basanzwe, bari bujujwe impwemu yera, batangaza inkuru nziza mu ndimi zitari nke zavugwa muri iyo ngaji. Baratahura neza ivyo abo bantu bariko baravuga, ata muvurungano uhabaye nka kumwe kwa ba bantu b’i Babeli ha kera (Ivyakozwe n’intumwa 2:1-12). Ico gihe ni ho havuka ishengero rya gikirisu. Ni na ho kandi hatangura igikorwa c’ukwigisha mu ndimi nyinshi no mu bihugu vyinshi cabandanije gushika n’uyu musi.

2. Abigishwa ba Yezu ‘bumije’ gute abantu batandukanye bariko babumviriza kuri Pentekote yo mu 33 G.C.?

2 Abigishwa ba Yezu bashobora kuba baravuga ikigiriki gisanzwe, urwo rukaba rwari ururimi rwavugwa n’abantu benshi ico gihe. Barakoresha kandi igiheburayo, ari rwo ururimi rwavugwa ku rusengero. Ariko rero, kuri uwo musi wa Pentekote ‘barūmije’ abantu batandukanye bariko babumviriza, mu kuvuga mu ndimi kavukire z’abo bantu. None havuyemwo iki? Abo bantu barakozwe ku mutima n’ukuri guhambaye bumvise mu rurimi bonse mw’ibere. Mu mpera z’uwo musi, nya mugwi mutoyi wari wongerekanye gushika n’aho uba ishengero rinini ry’abantu barenga 3.000!​—Ivyakozwe n’intumwa 2:37-42.

3, 4. Igikorwa co kwamamaza cagiye caguka gute uko abigishwa baza barimuka bava i Yeruzalemu, i Yudaya n’i Galilaya?

3 Butaraca na kabiri ico kintu c’intibagirwa kibaye, reka rero i Yeruzalemu hace haduka uruhamo maze “abāsābagiye bagendagenda bavuga ijambo ry’Imana” (Ivyakozwe n’intumwa 8:1-4). Nk’akarorero, mu Vyakoze n’intumwa ikigabane ca 8 tuhasoma inkuru yerekeye Filipo. Biboneka ko Filipo yari umwamamaji w’inkuru nziza yavuga ikigiriki. Filipo yarabwiye inkuru nziza Abasamariya. Yarabwiye kandi inkuru nziza umutegetsi w’Umunyetiyopiya, maze aremera ubutumwa bwerekeye Kirisitu.​—Ivyakozwe n’intumwa 6:1-5; 8:5-13, 26-40; 21:8, 9.

4 Uko abakirisu baza barimuka bava i Yeruzalemu, i Yudaya n’i Galilaya bakaja kurondera ahandi hantu ho kuba, ni ko baza barahura n’izindi ntambamyi zijanye n’uko badasangiye ubwoko be n’indimi n’abaho. Bamwebamwe muri bo bashobora kuba bashinga intahe ku Bayuda gusa. Mugabo umwigishwa Luka avuga ati: ‘Hari abagabo bari bavuye i Kupuro n’i Kurene, bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababwira ubutumwa bwiza bw’Umwami Yezu’.​—Ivyakozwe n’intumwa 11:19-21.

Imana itagira nkunzi ifise ubutumwa bugenewe abantu bose

5. Inkuru nziza yerekana gute yuko Yehova atagira nkunzi?

5 Ivyo bintu vyabaye birahuye n’inzira z’Imana; ukugira nkunzi ni umugani kuri yo. Intumwa Petero amaze gufashwa na Yehova guhindura uburyo yabona abanyamahanga, yavuganye ugukenguruka ati: “N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera” (Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35; Zaburi 145:9). Igihe intumwa Paulo, uwahora ahama abakirisu, yavuga yuko Imana ‘igomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa’, yari yemeje ko Imana itagira nkunzi (1 Timoteyo 2:4, NW). Kuba Umuremyi atagira nkunzi birabonekera ku kuntu uwo ari we wese ashobora kuronka icizigiro c’Ubwami, ashake abe ari uw’igitsina ikihe, afise ibara ry’urukoba irihe, afise ubwenegihugu ubuhe, canke avuga ururimi uruhe.

6, 7. Ni ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ubuhe bwavuze ibijanye n’ikwiragira ry’inkuru nziza mu bihugu vyinshi no mu ndimi nyinshi?

6 Ivy’uko inkuru nziza yokwiragiye mu bihugu vyinshi hari haciye ibinjana n’ibindi bivuzwe. Nk’uko ubuhanuzi bwa Daniyeli bwari bwarabivuze, “[Yezu yarahawe] inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe [“bamukorere”, NW]” (Daniyeli 7:14). Kubona honyene iki kinyamakuru gisohorwa mu ndimi 151 kandi kigakwiragizwa mw’isi yose, ivyo bigatuma ushobora gusoma ivyerekeye Ubwami bwa Yehova, ni ikimenyamenya c’uko ubwo buhanuzi bwo muri Bibiliya buriko buraranguka.

7 Bibiliya yari yaravuze ivyerekeye igihe abantu bavuga indimi zitandukanye bokwumvise ubutumwa bwayo butanga ubuzima. Igihe Zekariya yariko avuga ukuntu ugusenga kw’ukuri kwokwegereye benshi, yavuze ati: “Mur’iyo misi abantu cumi [“bo mu ndimi zose z’amahanga”, “NW”], ba[zofata] umutwe w’impuzu y’Umuyuda [ni ukuvuga abakirisu basizwe impwemu, abari mu bagize “Isirayeli y’Imana”], bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe” (Zekariya 8:23; Ab’i Galatiya 6:16). Intumwa Yohani na we, mu kwigana ivyo yabonye mw’iyerekwa, yavuze ati: “Mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama” (Ivyahishuriwe 7:9, ni twe dushimitse.). Emwe, turamaze kwibonera iranguka ry’ubwo buhanuzi!

Gushikira abantu b’uburyo bwose

8. Ni ibintu ibihe biba mu gihe ca none bisaba ko tugira ivyo duhinduye mu gikorwa cacu co gushinga intahe?

8 Muri iki gihe, abimukira mu bindi bihugu batera biyongera. Rwa rudandaza rutagira imbibe rwaruguruye ikiringo gishasha c’ukwimukanga. Abantu amasinzi bo mu turere turimwo intambara no mu turere tumerewe nabi mu vy’ubutunzi barimukiye ahantu usanga ibintu vyifashe neza kuruta, mu ntumbero yo kurondera ubuzima bwiza. Mu bihugu vyinshi, hari abantu benshi baje kubigereramwo be n’impunzi nyinshi zabihungiyemwo, bica bituma habaho imigwi y’abantu bavuga indimi z’inyamahanga. Nk’akarorero, muri Finilande havugwa indimi zirenga 120; muri Ositaraliya na ho, havugwa izirenga 200. Mu gisagara kimwe conyene co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika citwa San Diego, havugwa indimi zirenga 100!

9. Kuba mu cibare cacu hari abantu bavuga indimi zitandukanye dukwiye kubibona gute?

9 Twebwe abasuku bakirisu twoba tubona yuko kuba abo bantu bavuga izindi ndimi bari mu cibare cacu ari intambamyi ku busuku bwacu? Habe namba! Ahubwo riho tubona ko iryo ari iyaguka riteye akamwemwe ry’icibare turanguriramwo ubusuku, emwe ‘imirima yeze, igeze kwimbura’ (Yohana 4:35). Turihatira kwitwararika abantu babona ko bakeneye ivy’impwemu, tutaravye ubwenegihugu bwabo canke ururimi bavuga (Matayo 5:3, NW). Ivyo bituma uko umwaka utashe abantu barushiriza kuba benshi bo mu “ndimi zose” bacika abigishwa ba Kirisitu (Ivyahishuriwe 14:6). Nk’akarorero, muri Myandagaro 2004, igikorwa co kwamamaza mu Budagi cariko kirarangurwa mu ndimi nka 40. Ico gihe nyene, inkuru nziza yariko yamamazwa muri Ositaraliya mu ndimi zababa 30. Imyaka cumi imbere y’aho, muri ico gihugu inkuru nziza yamamazwa mu ndimi 18. Mu Bugiriki, muri uwo mwaka wa 2004 Ivyabona vya Yehova bariko babwira abantu inkuru nziza mu ndimi hafi 20. Mw’isi yose, Ivyabona vya Yehova bashika nka 80 kw’ijana usanga batavuga ururimi rw’icongereza, urukoreshwa cane kuruta izindi mu bihugu vyinshi.

10. Ni uruhara uruhe rwega umwamamaji wese ku giti ciwe mu vy’uguhindura abantu bo mu “mahanga yose” abigishwa?

10 Vy’ukuri, itegeko Yezu yatanze ryo ‘guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa’ ririko rirashitswa (Matayo 28:19, NW)! Ivyabona vya Yehova barakorana ubwira ico gikorwa bashinzwe, bakaba bakirangurira mu bihugu 235. N’ikindi kandi, barashikiriza ibitabu mu ndimi zirenga 400. Naho ishirahamwe rya Yehova ritanga ibikoresho bikenewe kugira ngo abantu babwirwe inkuru nziza, umwamamaji wese ku giti ciwe ategerezwa kugira akigoro ko gushikiriza ubutumwa bwo muri Bibiliya “abantu b’uburyo bwose”, mu ndimi bumva neza (Yohana 1:7, NW). Utwo twigoro twose dushizwe hamwe, dutuma abantu amamiliyoni bavuga indimi zitandukanye bungukira ku nkuru nziza (Abaroma 10:14, 15). Ni vyo, umwe wese muri twebwe aragira uruhara ruhambaye!

Baratsinda urugamba

11, 12. (a) Ni urugamba uruhe dutegerezwa kurwana, kandi impwemu yera idufasha gute? (b) Ni kubera iki kubwira inkuru nziza abantu mu rurimi kavukire rwabo usanga akenshi ari ngirakamaro?

11 Muri iki gihe, abamamaji b’Ubwami benshi baripfuza kwiga urundi rurimi, mugabo ntibitega yuko impwemu y’Imana izoca ibaha ingabirano yo kuvuga urundi rurimi ku gitangaro (1 Ab’i Korinto 13:8). Kwiga urundi rurimi si icoroshe. Mbere n’abasanzwe bavuga urundi rurimi hari aho vyoba ngombwa ko bahindura ivyiyumviro vyabo be n’uburyo bakoresha, kugira batume ubutumwa bwo muri Bibiliya buba ubukwegera abantu bavuga urwo rurimi batakuriye mu bintu bimwe na bo kandi badahuje na bo imico kama. N’ikindi kandi, ababa baherutse kwimukira mu kindi gihugu usanga ari abantu b’amasoni kandi batinyatinya. Rero, uca wumva ko gutahura uburyo biyumvira atari igikorwa coroshe.

12 Naho ari ukwo, impwemu yera irabandanya gukorera mu basavyi ba Yehova mu twigoro bagira two gufasha abantu bavuga izindi ndimi (Luka 11:13). Iyo mpwemu ntiduha ku gitangaro ubushobozi bwo kuvuga indimi, ariko irashobora gutuma turushiriza kugira icipfuzo co kuganira n’abantu batavuga ururimi rwacu (Zaburi 143:10). Kubwira abantu canke kubigisha ubutumwa bwo muri Bibiliya mu rurimi batamenyereye, vyoshobora gukora ku muzirikanyi wabo. Mugabo rero, kugira dukore ku mutima abatwumviriza, akenshi usanga ari vyiza ko dukoresha ururimi rwabo kavukire, kubera ko urwo rurimi ari rwo ruheza rugakora ku vyipfuzo vyabo, ku mvo zituma bakora ibintu, no ku vyizigiro bafise.​—Luka 24:32.

13, 14. (a) Ni ibiki bituma bamwebamwe bakora ubusuku mu rundi rurimi? (b) Agatima ko kwitanga kagaragara gute?

13 Abamamaji b’Ubwami benshi barakorera ubusuku mu cibare kirimwo abantu bavuga indimi z’inyamahanga igihe babona abantu baho bakira neza ukuri kwo muri Bibiliya. Abandi na bo, igihe babonye ko ubusuku bwabo busaba ko bagira akigoro karushirije, bakabona kandi ko burushirije kuryoha, baca bumva inguvu ziyongereye. Ishami rimwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu Buraya bwo mu Bumanuko rivuga riti: “Benshi mu bava mu Buraya bwo mu Buseruko usanga banyotewe ukuri”. Ibaze ukuntu gufasha mwene abo bantu bakira inkuru nziza bizana agahimbare!​—Yesaya 55:1, 2.

14 Ariko rero, kugira uruhara ruboneka muri ico gikorwa bisaba kugira umwiyemezo be n’agatima k’ukwitanga (Zaburi 110:3). Nk’akarorero, imiryango itari mike y’Abayapani yarahevye amazu mezameza yo mu bisagara bininibinini, irimukira mu turere twa kure kugira ifashe imigwi y’Abashinwa baje kugerera mu gihugu cabo gutahura Bibiliya. Mu karere ko mu Burengero bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kari ku nkengera y’ibahari, hari abamamaji bama bagira urugendo n’umuduga ruva kw’isaha imwe gushika ku masaha abiri, bagiye kurongorera inyigisho za Bibiliya abantu baturuka muri Filipine. Muri Noroveje, hari Ivyabona babiri bubakanye bigana n’umuryango uturuka muri Afuganisitani. Ivyo Vyabona bakoresha agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?a ko mu congereza n’ako mu kinoroveje. Uwo muryango urasoma ingingo mu kinya Irani, urwo rukaba ari ururimi rugomba gusa cane n’ururimi rwabo kavukire rw’ikidari. Bayaga mu congereza no mu kinoroveje. Mwene ako gatima ko kwitanga no guhuza n’uko ibintu vyifashe karahezagirwa cane igihe ba kavamahanga bakira inkuru nzizab.

15. Twese dushobora gute kugira uruhara mu vy’ukwamamaza mu ndimi nyinshi?

15 Woba ushobora kugira uruhara muri ico gikorwa kirangurwa mu ndimi nyinshi? Ubona gute uhereye ku kuraba indimi z’inyamahanga zikunda kuvugwa mu cibare canyu? Mu nyuma, woshobora kuza uritwaza udupapuro tw’inkuru nziza tumwetumwe canke udutabu tumwetumwe two muri izo ndimi. Ka gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose (mu gifaransa) kasohorwa mu 2004, karamaze gufasha cane mu vy’ugukwiragiza icizigiro c’Ubwami biciye ku butumwa bwako bworoshe kandi bwubaka, buri mu ndimi zitari nke.​—Raba ikiganiro kivuga ngo “Une bonne nouvelle pour des gens de toutes nations” (Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose), kiri ku rupapuro rwa 32.

‘Dukunde inyambukira’

16. Abavukanyi bajejwe amabanga bashobora gute kugaragaza ko batagira ubwikunzi mu gufasha abantu bavuga ururimi runyamahanga?

16 Twaba twiga urundi rurimi canke tutarwiga, twese turashobora gufasha mu bijanye no kwigisha ivy’impwemu ba kavamahanga baba mu karere kacu. Yehova yategetse abasavyi biwe ‘gukunda inyambukira’ (Gusubira mu vyagezwe 10:18, 19). Nk’akarorero, mu gisagara kinini kimwe co muri Amerika ya Ruguru, hari amashengero atanu asangiye Ingoro y’Ubwami. Nk’uko bisanzwe bigenda mu ngoro nyinshi, hari ugukurakuranwa ku bijanye n’ibihe vy’amakoraniro kugirwa uko umwaka utashe kwari guhava gutuma amakoraniro yo ku w’iyinga yo mu gishinwa agirwa bwitereye. Ariko rero, ivyo vyotumye benshi muri ba kavamahanga bafise ubuzi bujanye n’ivy’amaresitora badashobora kuyitaba. Abakurambere b’ayo yandi mashengero baragize ivyo bahinduye babigiranye umutima mwiza kugira ngo amakoraniro yo mu gishinwa ashobore kugirwa hakiri kare ku w’iyinga.

17. Dukwiye kubibona gute igihe hagize abafata ingingo yo kwimukira ahandi kugira baje gufasha umugwi ukoresha urundi rurimi?

17 Abacungezi b’abanyarukundo barakeza abavukanyi n’abavukanyikazi bakwije ibisabwa kandi bafise ubuhanga bipfuza kwimuka ngo baje gufasha imigwi ikoresha izindi ndimi. Ishengero ryabo ryoshobora guhomba mwene abo bigisha ba Bibiliya bazi utuntu n’utundi, mugabo abacungezi bo muri ryo bumva bamerewe nka kumwe kwa ba bakurambere b’i Lusitira no muri Ikoniyo. Abo bakurambere ntibafatiriye Timoteyo ngo ntajane na Paulo, naho Timoteyo yari kirumara cane ku mashengero yabo (Ivyakozwe n’intumwa 16:1-4). N’ikindi kandi, abaja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza ntibadendeburwa n’ukuntu ba kavamahanga babona ibintu, canke imico kama yabo canke inyifato yabo usanga bidahuye n’ivyabo. Ahubwo riho, baremera ibintu bitari bimwe usanga abantu baturuka mu bindi bihugu bisangije maze bakarondera kugiranira na bo imigenderanire myiza kugira bababwire inkuru nziza.​—1 Ab’i Korinto 9:22, 23.

18. Ni urugi runini rujana ku bikorwa uruhe rwuguruye kuri bose?

18 Nk’uko vyabuwe, inkuru nziza iriko yamamazwa “mu ndimi zose z’amahanga”. Mu vyibare birimwo abantu bavuga indimi z’inyamahanga, biracibonekeza ko hashobora vy’ukuri kuba iyongerekana. Abamamaji ibihumbi bazi guhuza n’uko ibintu vyifashe barinjiye muri urwo “rugi runini ruja mu bikorwa bikomeye” (1 Ab’i Korinto 16:9). Yamara rero, harakenewe n’ibindi kugira ngo ivyo vyibare birimwe, nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana.

[Utujambo tw’epfo]

a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Ushaka ubundi burorero, raba ikiganiro kivuga ngo “Ibintu bikeyi twahevye vyatumye duhezagirwa cane”, kiboneka mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2004, urupapuro rwa 24-28.

Woshobora kubisigura?

• Dushobora gute kwigana Yehova mu vy’ukutagira nkunzi ku bantu bose?

• Dukwiye kubona gute abantu bo mu cibare cacu batavuga ururimi rwacu?

• Ni kubera iki kubwira inkuru nziza abantu mu rurimi rwabo ari ngirakamaro?

• Dushobora gute kwerekana ko twitaho ba kavamahanga bari muri twebwe?

[Ikarata ku rup. 23]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Roma

KIRETE

AZIYA

FURUGIYA

PAMFILIYA

PONTO

KAPADOKIYA

MEZOPOTAMIYA

UBUMEDI

PARITIYA

ELAMU

ARABIYA

LIBIYA

MISIRI

YUDAYA

Yeruzalemu

[Bodies of water]

Ikiyaga Mediterane

Ikiyaga Cirabura

Ikiyaga

Gitukura

Ikigobe c’Abarabu

[Ifoto]

Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., abantu bo mu ntara 15 z’Inganji y’Abaroma no hirya yayo barumvise inkuru nziza mu ndimi zabo kavukire

[Ifoto ku rup. 24]

Ba kavamahanga benshi barakira neza ukuri kwo muri Bibiliya

[Ifoto ku rup. 25]

Iki ni icapa c’Ingoro y’Ubwami canditsweko mu ndimi zitanu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika