ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/12 rup. 19-24
  • Wewe wumvira nde: Imana canke abantu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wewe wumvira nde: Imana canke abantu?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni nde yari akwiye kwumvirwa: Imana canke abantu?
  • Abarwanya Imana ntibashobora gutsinda
  • Abamamaji b’Ubwami b’intatinyurukamvye bomu gihe ca none
  • Ntubatinye
  • «Dutegerezwa kugamburukira Imana»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • ‘Ntidushobora kureka kuvuga ivyerekeye Yezu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Wa muherezi mukuru yacira Yezu urwo gupfa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Nta cari kubabuza kwamamaza
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/12 rup. 19-24

Wewe wumvira nde: Imana canke abantu?

‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’.​—IVYAKOZWE N’INTUMWA 5:29.

1. (a) Icanditswe c’ishimikiro c’iki kiganiro ni ikihe? (b) Ni kubera iki intumwa zafashwe?

NYA bacamanza bo muri sentare nkuru y’Abayuda bategerezwa kuba bari bashangashiwe. Imbohe zari mw’ibohero nta wari azi irengero ryazo. Izo mbohe zari intumwa za Yezu Kirisitu, umugabo iyo sentare nkuru yari iherutse gucira urwo gupfa indwi nka zingahe imbere y’aho. Ico gihe na ho, iyo sentare yari yiteguriye kwicarira ikibazo c’abayoboke somambike biwe. Ariko igihe abarinzi b’ibohero baja kubazana mw’ibohero, basanze ahari impene hasigaye ikiziriko naho inzugi zari zugawe. Bidatevye, abarinzi baramenye yuko izo ntumwa zari ku rusengero i Yeruzalemu, ziriko zigisha abantu n’umutima rugabo ivyerekeye Yezu Kirisitu, kandi ico gikorwa nyene ari co cari catumye zifatwa! Abarinzi baciye ubwo nyene baja ku rusengero, barasubira gufata nya ntumwa, baca barazizana no muri ya sentare.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:17-27.

2. Umumarayika yategetse intumwa gukora iki?

2 Umumarayika ni we yari yakuye izo ntumwa mw’ibohero. Yoba yari yazikuyeyo kugira ngo ntizisubire guhamwa? Habe namba. Yari yazikuyeyo kugira ngo ababa i Yeruzalemu bumve inkuru nziza yerekeye Yezu Kirisitu. Umumarayika yari yategetse izo ntumwa “[‘kubandanya kubwira’, NW] abantu amajambo yose ya bga [buzima]” (Ivyakozwe n’intumwa 5:19, 20). Igihe rero abarinzi b’urusengero baja kuzizana, basanze ziriko zishitsa iryo tegeko.

3, 4. (a) Petero na Yohani bishuye gute igihe bategekwa kureka kwamamaza? (b) Izindi ntumwa na zo zishuye gute?

3 Babiri muri abo bamamaji bumira kw’ibanga, ari bo intumwa Petero n’intumwa Yohani, bari baramaze kurengutswa muri sentare imbere y’aho, nk’uko Yozefu Kayafa, umucamanza mukuru w’iyo sentare, yabibibukije ashimitse. Yavuze ati: “Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha [mw’izina rya Yezu]? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu” (Ivyakozwe n’intumwa 5:28). Kayafa ntiyari akwiye gutangazwa no kubona Petero na Yohani basubira kurenguka muri sentare. Ubwa mbere, igihe izo ntumwa zibiri zategekwa kureka kwamamaza, zishuye ziti: “Namb’ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye: kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise” (Ni twe dushimitse.). Nka kumwe kwa wa muhanuzi wa kera Yeremiya, Petero na Yohani ntibari gushobora kureka kurangura igikorwa bari barashinzwe co kwamamaza.​—Ivyakozwe n’intumwa 4:18-20; Yeremiya 20:9.

4 Igihe rero iyo sentare yari isubiye gusasa, uretse Petero na Yohani bonyene, n’izindi ntumwa zose, ushizemwo na Matiya uwari aherutse gutorwa, zari zifise akaryo ko kuvuga icese aho zihagaze ku bijanye n’itegeko sentare yari yaratanze (Ivyakozwe n’intumwa 1:21-26). Igihe zategekwa kureka kwamamaza, na zo nyene zishuranye ubushizi bw’amanga ziti: ‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:29.

Ni nde yari akwiye kwumvirwa: Imana canke abantu?

5, 6. Ni kubera iki intumwa zitumviye itegeko zahawe na sentare?

5 Intumwa bari abantu bagamburuka amategeko, kandi mu bisanzwe ntibagambarara itegeko rya sentare. Ariko rero, nta muntu n’umwe, naho yoba afise ububasha bungana gute, afise uburenganzira bwo gutegeka uwundi ngo arenge ku mategeko y’Imana. Yehova ni we ‘Musumbavyose aganza isi yose’ (Zaburi 83:18). Si “Umucamanza w’isi yose” gusa, ariko kandi ni na we Mutanzi ruheta w’amategeko, akaba n’Umwami w’ibihe bidahera. Itegeko iryo ari ryo ryose rya sentare ryoza rigomba guhonyanga itegeko ry’Imana iryo ari ryo ryose, riba ari ubusa imbere yayo.​—Itanguriro 18:25; Yesaya 33:22.

6 Hari abahinga mu vy’amategeko bakomakomeye biyemereye ico kintu c’ukuri. Nk’akarorero, umucamanza azwi cane w’Umwongereza wo mu kinjana ca 18 yitwa William Blackstone, yanditse yuko ata tegeko ry’abantu na rimwe rikwiye guhabwa uburenganzira bwo kuvuguruza “itegeko ryahishuwe” dusanga muri Bibiliya. Uca wumva rero ko Abanyekombe barenze akarimbi igihe bategeka intumwa ngo zireke kwamamaza. Emwe, intumwa ntizari gushobora na gato kwumvira iryo tegeko.

7. Ni kubera iki igikorwa co kwamamaza catumye abaherezi bakuru bashangashirwa?

7 Umwiyemezo intumwa zari zifise wo kubandanya kwamamaza watumye abaherezi bakuru bashangashirwa. Abaherezi bamwebamwe, ushizemwo na Kayafa ubwiwe, bari Abasadukayo, bano bakaba batemera izuka (Ivyakozwe n’intumwa 4:1, 2; 5:17). Ariko intumwa zo zakomeza kuvuga yuko Yezu yari yarazuwe mu bapfuye. Vyongeye, bamwebamwe mu baherezi bakuru bari baraciye ku biti no ku mabuye kugira babe abatoni ku bategetsi b’Abaroma. Igihe Yezu yariko acirwa urubanza, aho abaherezi bakuru baherewe akaryo ko kwemera ko Yezu ari umwami wabo, barashitse n’aho basemerera bati: “Nta mwami dufise, atari Kayisari” (Yohana 19:15)a. Intumwa ntizariko zemeza gusa yuko Yezu yari yarazuwe, ariko kandi zariko zigisha yuko uretse izina rya Yezu “ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo” (Ivyakozwe n’intumwa 2:36; 4:12). Abo baherezi batinya yuko abantu baramutse batanguye kurondera ko Yezu uwari yazutse ababera Indongozi, Abaroma bohavuye baza maze indongozi z’Abayuda zigashobora kumbure gutakaza ‘igisagara cabo n’ubwoko bwabo’.​—Yohana 11:48.

8. Ni impanuro iranga ubukerebutsi iyihe Gamaliyeli yahaye Ikombe?

8 Intumwa za Yezu Kirisitu zari ziraririye gushikirwa n’ibintu bibabaje. Abacamanza bo mw’Ikombe bari biyemeje kubicisha (Ivyakozwe n’intumwa 5:33). Ariko rero, ibintu vyaciye bihinduka ata n’umwe yari avyiteze. Umuhinga mu bijanye n’Ivyagezwe yitwa Gamaliyeli yarahagurutse maze ahanura bagenziwe kudafata ingingo gihutihuti. Yavuganye ubukerebutsi ati: “Iyi nama n’iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa: ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda”. Gamaliyeli yaciye yongerako ijambo rihambaye mu kuvuga ati: “Mwoye kuzosanga murwanya Imana”.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:34, 38, 39.

9. Ni igiki cerekana yuko igikorwa intumwa zakora cava ku Mana?

9 Igitangaje, nya sentare yaremeye impanuro ya Gamaliyeli. Abanyekombe “ba[ra]hamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura”. Yamara, izo ntumwa ntizaciye zitekerwa n’ubwoba. Ahubwo riho, zari ziyemeje kwumvira itegeko ryo kwamamaza zari zahawe n’umumarayika. Gutyo rero, intumwa zimaze gukurwa mw’ibohero, “imisi yose mu rusengero no mu mihana nti[z]ahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo” (Ivyakozwe n’intumwa 5:40, 42). Yehova yarahezagiye utwigoro zagize. Ku rugero rungana iki? ‘Ijambo ry’Imana ryarasagamvye, igitigiri c’abigishwa kirongerekana i Yeruzalemu’ (UB). Nkako, “abaherezi b’akavuvu b[arumviye] ukwizera” (Ivyakozwe n’intumwa 6:7). Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyaraciye inkokora abaherezi bakuru! Emwe, vyariko birushiriza kwibonekeza yuko ico gikorwa intumwa zakora cava vy’ukuri ku Mana!

Abarwanya Imana ntibashobora gutsinda

10. Ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, ni kubera iki Kayafa yoshobora kuba yariyumvira ko ari ntayegayezwa mu kibanza yari afise, mugabo ni kubera iki wovuga ko yihenze cane mu kwizigira abantu?

10 Mu kinjana ca mbere, abaherezi bakuru b’Abayuda bagenwa n’abategetsi b’Abaroma. Yozefu Kayafa, uwo akaba yari atunze cane, yashizwe muri ayo mabanga na Valérius Gratus, kandi yararambiye muri ayo mabanga kuruta benshi mu baherezi bakuru bamwitangiye imbere. Kayafa ashobora kuba yarabona ko ivyo atabikesha Imana, ahubwo yuko yabikesha ubuhanga yari afise mu vy’ukwumvikanisha abantu be n’ubucuti yari afitaniye na Pilato. Uko vyoba biri kwose, yarihenze cane mu kwizigira abantu. Hashize imyaka itatu gusa intumwa zirengukijwe imbere y’Ikombe, Kayafa yaratakaje ubutoni yari afise ku bategetsi b’Abaroma maze arakurwa mu mabanga y’ubuherezi bukuru.

11. Vyahavuye bigendera gute Ponsiyo Pilato be n’urunkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda, kandi ivyo bikwigisha iki?

11 Itegeko ryo gukura Kayafa mu mabanga yiwe ryavuye ku mutegetsi yakurira Pilato ari we Lucius Vitellius, uyo akaba yari buramatari wa Siriya, kandi Pilato umugenzi somambike wa Kayafa ntiyashoboye kubuza ko ivyo bishika. Nkako, haciye umwaka umwe gusa Kayafa akuwe mu mabanga yiwe, Pilato na we nyene yarakuwe mu mabanga yiwe hanyuma arahamagarwa i Roma kugira yisigure ku vyagirizi bikomeye. Na yo ku vyerekeye za ndongozi z’Abayuda zizigira Kayisari, Abaroma barabatwaye koko ‘igisagara cabo n’ubwoko bwabo’. Ivyo vyabaye mu mwaka wa 70 G.C., igihe ingabo z’Abaroma zakomvomvora igisagara ca Yeruzalemu, ushizemwo n’urusengero rwabo be n’ingoro y’Ikombe. Ese ukuntu ivyo vyerekanye neza ko aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi ari ay’ukuri: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza”!​—Yohana 11:48; Zaburi 146:3.

12. Ikibanza Yezu yahawe cerekana gute ko kwumvira Imana ari vyo biranga ubukerebutsi?

12 Yezu Kirisitu yazutse wewe, Imana yamugenye kuba Umuherezi Mukuru mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu ruhambaye rwose. Nta n’umwe ashobora kumukura muri iryo banga. Kukaba nkako, Yezu “afise ubuherezi budakūrwaho” (Abaheburayo 2:9; 7:17, 24; 9:11). N’ikindi kandi, Imana yaragenye Yezu kuba Umucamanza w’abariho n’abapfuye (1 Petero 4:5). Bwa Mucamanza, Yezu azoraba nimba Yozefu Kayafa na Ponsiyo Pilato bakwiye kuronka ubuzima muri kazoza.​—Matayo 23:33; Ivyakozwe n’intumwa 24:15.

Abamamaji b’Ubwami b’intatinyurukamvye bomu gihe ca none

13. Mu gihe ca none, ni igikorwa ikihe cabonetse ko kiva ku bantu, kandi ni ikihe cabonetse ko kiva ku Mana? Ivyo uvyemezwa n’iki?

13 Cokimwe no mu kinjana ca mbere, muri iki gihe cacu ‘abarwanya Imana’ babaye urwenda n’indwi (Ivyakozwe n’intumwa 5:39). Nk’akarorero, igihe Ivyabona vya Yehova bo mu Budagi banka gukoresha ya ndamutso yo guhayagiza Adolf Hitler nka we ndongozi yabo, Hitler yaciye arahira ararengwa ko ategerezwa kubaherengeteza (Matayo 23:10). Icokwitwa igikoresho ciwe co kuyogeza, casa n’igishoboye koko gukora igikorwa cari kigenewe. Abanazi ni vyo barashoboye gufata Ivyabona ibihumbi no kubarungika mu makambi y’itunatuniro. Barashoboye mbere no kwica Ivyabona bamwebamwe. Yamara, ntibashoboye gusenyura umwiyemezo Ivyabona bari bafise wo gusenga Imana yonyene. Eka mbere ntibashoboye guherengeteza abasavyi b’Imana uko bagize umugwi. Igikorwa abo bakirisu bakora cava ku Mana, nticava ku bantu, ukaba uzi ko igikorwa c’Imana kidashobora gusendwa. Ubu, inyuma y’imyaka 60 ihaciye, intahemuka zarokotse ya makambi y’itunatuniro ya Hitler baracariko barakorera Yehova n’‘imitima yabo yose n’ubugingo bwabo bwose n’ubwenge bwabo bwose’, mu gihe Hitler we n’umugambwe wiwe w’Abanazi bibukirwa gusa ku mabi bakoze.​—Matayo 22:37.

14. (a) Ni utwigoro utuhe abarwanya abasavyi b’Imana bagize kugira babambike ibara, kandi vyavuyemwo iki? (b) Utwigoro mwene utwo twoba tuzogirira abasavyi b’Imana inabi y’ibihe bidahera (Abaheburayo 13:5, 6)?

14 Mu myaka yakurikiye ico gihe Abanazi bariko bagerageza guherengeteza abasavyi b’Imana, hari n’abandi biyunze mu rugamba badashobora gutsinda rwo kurwanya Yehova n’abasavyi biwe. Mu bihugu bitari bike vya Buraya, hari abanyamadini n’abanyapolitike b’uruyeri bagerageje kwambika ibara Ivyabona vya Yehova mu kubita ngo ni agace canke ‘akadumbi gateye akaga’, nka kurya nyene abakirisu bo mu kinjana ca mbere bagirizwa (Ivyakozwe n’intumwa 28:22). Ikizwi co ni uko Sentare y’i Buraya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yemeje yuko Ivyabona vya Yehova ari idini, atari akadumbi. Kandi nta gukeka ko abaturwanya ivyo babizi. Yamara, ntikibuza ko bashishikara kwambika ibara Ivyabona. Ivyo vyatumye bamwebamwe muri abo bakirisu bakurwa mu kazi. Hari abana b’Ivyabona baturubitswe kw’ishure. Hari bene amazu Ivyabona bari bamaze igihe kirekire bagiriramwo amakoraniro bagize ubwoba maze barafuta amasezerano bari baragiranye na bo ku bijanye n’ayo mazu. Hamwehamwe, hari n’abo inzego za Leta zimye ubwenegihugu zitwaje ngo ni Ivyabona vya Yehova! Ariko ntiwumve, ivyo ntibivuna inkokora Ivyabona.

15, 16. Ivyabona vya Yehova bo mu Bufaransa bavyifashemwo gute igihe igikorwa cabo ca gikirisu carwanywa, kandi ni kubera iki babandanya kwamamaza?

15 Nk’akarorero, mu Bufaransa usanga muri rusangi abantu batarenza urugero mu buryo babona ibintu kandi ugasanga muri rusangi banka akarenganyo. Ariko rero, hari abaturwanya bakeyi bateje imbere amategeko amwamwe afise intumbero yo kuburabuza igikorwa c’Ubwami. None Ivyabona vya Yehova bo muri ico gihugu bavyifashemwo gute? Barongereje umwete mu gikorwa co mu ndimiro kuruta ikindi gihe ico ari co cose, kandi haravuyemwo ivyiza biteye akamwemwe (Yakobo 4:7). Nkako, mu kiringo c’amezi atandatu gusa, muri ico gihugu harabaye iyongerekana ritangaje ry’igitigiri c’inyigisho za Bibiliya zo ku muhana ry’ibice 33 kw’ijana! Emwe, Shetani aho ari, ategerezwa kuba ahekenya umusaya iyo yitegereje ukuntu abantu b’imitima nziraburyarya mu Bufaransa bariko bakira inkuru nziza (Ivyahishuriwe 12:17). Abakirisu bagenzi bacu bo mu Bufaransa barizigiye badakeka yuko bazokwibonera iranguka ry’aya majambo y’umuhanuzi Yesaya agira ati: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda”.​—Yesaya 54:17.

16 Ivyabona vya Yehova ntibaryoherwa no guhamwa. Ariko rero, kubera bagomba kugamburuka itegeko Imana yahaye abakirisu bose, ntibashobora kureka kuvuga ivyo bumvise, kandi ntibazoreka kubivuga. Barihatira kuba abanyagihugu beza. Yamara, mu gihe itegeko ry’Imana n’itegeko ry’abantu bidahuje, baca babwirizwa kwumvira Imana.

Ntubatinye

17. (a) Ni kubera iki tudakwiye gutinya abansi bacu? (b) Dukwiye kuvyifatamwo gute ku vyerekeye abaduhama?

17 Abansi bacu bari mu kaga. Bariko barwanya Imana. Ku bw’ivyo, nk’uko Yezu yatubwiye, turasabira abaduhama aho kubatinya (Matayo 5:44). Dusenga dusaba ko aboba bariko bararwanya Imana kubera ukutamenya nka kumwe kwa Sauli w’i Taruso, Yehova yobagirira ubuntu akabahumura amaso kugira babone ukuri (2 Ab’i Korinto 4:4). Sauli yaracitse umukirisu aba intumwa Paulo, kandi yaragiriwe nabi n’abategetsi bo mu gihe ciwe. Yamara, yagumye yibutsa abo basangiye ukwizera “kugamburukira abakuru n’abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose, no kutagira uwo bambika ibara [emwe, naho yoba ari umwe mu babahama bivuye inyuma], no kutitoraguza, no kwengenga, berekana ubugwaneza bgose ku bantu bose” (Tito 3:1, 2). Ivyabona vya Yehova bo mu Bufaransa n’ahandi barihatira gufata nka nkama iyo mpanuro.

18. (a) Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yehova yoshobora kurokora abasavyi biwe? (b) Amaherezo bizogenda gute?

18 Imana yabwiye umuhanuzi Yeremiya iti: “Ndi kumwe nawe ngo nkurokore” (Yeremiya 1:8). Yehova yoshobora gute kuturokora mu ruhamo muri iki gihe? Yoshobora guhagurutsa umucamanza yanka akarenganyo ameze nka Gamaliyeli. Canke na ho, yoshobora gutuma umutegetsi ameze nabi canke aturwanya asubirirwa ata wari avyiteze n’uwundi mutegetsi abona ibintu mu buryo butegereka kuruta. Ariko, rimwe na rimwe Yehova yoshobora kureka abasavyi biwe bakabandanya guhamwa (2 Timoteyo 3:12). Imana iretse tugahamwa, izokwama iduha inkomezi zo kwihanganira uruhamo (1 Ab’i Korinto 10:13). Ico Imana yoreka cose kikaba, nta mazinda dufise ku bijanye n’ukuntu amaherezo ibintu bizogenda: abarwanya abasavyi b’Imana baba bariko barwanya Imana, kandi abarwanya Imana ntibazotsinda.

19. Icanditswe c’umwaka wa 2006 ni ikihe, kandi ni kubera iki kibereye?

19 Yezu yabwiye abigishwa biwe kwitega amarushwa (Yohana 16:33). Ku bw’ivyo, aya majambo ari mu Vyakozwe n’intumwa 5:29 arabereye ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose: ‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’. Ni co gituma rero ayo majambo akabura yacaguwe ngo abe ari yo aba icanditswe c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova mu 2006. Nimuze rero mu mwaka uza, eka mbere no mu bihe bidahera, twiyemeze kwumvira Imana kuyirutisha abantu naho vyogenda gute!

[Akajambo k’epfo]

a Uwo “Kayisari” abo baherezi bakuru bahisemwo icese ico gihe, yari Tiberiyo, uwo akaba yari Umwami w’abami w’Umuroma yakengerwa, w’indyarya kandi w’umwicanyi. N’ikindi kandi, Tiberiyo yari azwi nabi kubera ingeso ziteye isoni z’ubuhumbu yari afise.​—Daniyeli 11:15, 21.

Woshobora kuvyishura?

• Ni akarorero karemesha akahe intumwa zadusigiye uravye ukuntu zahanganye n’uruhamo?

• Ni kubera iki dukwiye kwama twumvira Imana kuyirutisha abantu?

• Mu vy’ukuri, abaturwanya bariko barwanya nde?

• Abihanganira uruhamo, dushobora kwitega ko bizobagendera gute?

[Iciyumviro ku rup. 23]

Icanditswe c’umwaka wa 2006 kizoba ari iki: ‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:29

[Ifoto ku rup. 19]

‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’

[Ifoto ku rup. 21]

Kayafa yizigiye abantu aho kwizigira Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika