Ni igiki kizogufasha gutahura Bibiliya?
“IVYO wabihishije abanyabgenge n’abahanga, [ubihishurira] inzoya” (Luka 10:21). Ayo majambo Yezu yabwiye Se wiwe wo mw’ijuru arerekana yuko kugira ngo dutahure Bibiliya, dutegerezwa kuba dufise agatima kabereye. Ubukerebutsi bwa Yehova burabonekera mu kuba yaratanze igitabu gishobora vy’ukuri gutahurwa gusa n’abantu bicisha bugufi kandi boroshe kwigisha.
Benshi muri twebwe ntibitworohera kwicisha bugufi. Twese turafise agatima twarazwe ko kugomba kugira ubwibone. Ikigeretseko, tubayeho mu “misi y’iherezo”, tukaba tuba mu bantu ‘bikunda gusa, b’ibirandamuke, bikakisha’ (2 Timoteyo 3:1-4). Utwo ni udutima tutubuza gutahura Ijambo ry’Imana. Ikibabaje ni uko abantu badukikije usanga twese batugirako akosho ku rugero runaka. None ni igiki cogufasha kugira agatima gakenewe kotuma utahura Bibiliya?
Gutegura umutima n’umuzirikanyi
Ezira, uwo akaba yari indongozi y’abasavyi b’Imana yo mu gihe ca kera, “[“yarateguriye umutima wiwe gusuzuma”, NW] ivyagezwe vy’Uhoraho” (Ezira 7:10). Hoba hariho uburyo twotegura umutima wacu? Egome. Dushobora gutangurira ku kubona Ivyanditswe mu buryo bubereye. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe ati: “Hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, [ntimw]āryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko” (1 Ab’i Tesalonike 2:13). Naho hakoreshejwe abantu mu kwandika Ivyanditswe, ivyo banditse vyavuye kuri Yehova. Kuba twemera ico kintu gihambaye cane bizotuma turushiriza kwakira neza ivyo dusoma.—2 Timoteyo 3:16.
Ubundi buryo dushobora gutegura umutima wacu ni ugutura isengesho. Kubera ko Bibiliya yahumetswe n’impwemu yera, tuzotahura ubutumwa buri muri yo tubifashijwemwo n’iyo mpwemu. Dutegerezwa gusenga dusaba iyo mfashanyo. Raba ingene ivyo ari vyo umwanditsi wa Zaburi yitwararika, umwe yandika ati: “Umpe gutahura, nanje nzokwitondera ivyagezwe vyawe, mbere nzovyitondera n’umutima wose” (Zaburi 119:34). Ntidukeneye gusenga dusaba gusa ubwenge bwo gutahura ibintu vyanditswe, ariko kandi turakeneye gusenga dusaba inyifato yo mu mutima izotuma tuvyemera. Kugira dutahure Bibiliya, turakeneye kuba abantu biteguriye kwakira neza ukuri.
Uko uzirikana kugira ngo ugire agatima kabereye, nurabe ico kwiga Bibiliya bishobora kukumarira. Turafise imvo nyinshi nziza zotuma dusoma Ijambo ry’Imana, ariko iyihambaye kuruta izindi ni uko ridufasha kwiyegereza Imana (Yakobo 4:8). Uko dusoma ibijanye n’ukuntu Yehova avyifatamwo mu bihe bitandukanye, ukuntu aha agaciro abamukunda, n’ukuntu afata abamuta, turatahura uko ameze. Intumbero yacu nyamukuru igihe dusoma Bibiliya ikwiye nantaryo kwama ari iyo kurushiriza kumenya neza Imana, gutyo tugakomeza ubucuti dufitaniye na yo.
Intambamyi zohava zitubuza kugira agatima kabereye
Ni ibiki vyohava bitubuza gutahura Ijambo ry’Imana? Intambamyi imwe ni ukurondera kudahemukira abantu kanaka kandi bitabereye. Nk’akarorero, woshobora kuba wemera ivyo abantu kanaka wubaha cane bemera be n’ivyo biyumvira. Ariko none wokora iki nka hamwe abo bantu batoba vy’ukuri bemera canke baha agaciro ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana? Muri ico gihe, gutahura ivyo Bibiliya mu vy’ukuri yigisha vyoshobora kuba ikintu kitoroshe. Ku bw’ivyo, Bibiliya ituremesha gusuzuma neza ivyo twigishijwe.—1 Ab’i Tesalonike 5:21.
Mariya nyina wa Yezu, yarahanganye n’ico kintu kitoroshe. Yari yararerewe mu migenzo y’Abayuda. Yaritondera rwose Ivyagezwe vya Musa kandi nta nkeka ko yaja kw’isinagogi. Mu nyuma yahavuye atahura yuko ubwo buryo bwo gusenga yari yarigishijwe n’abavyeyi biwe butari bucemewe n’Imana. Ku bw’ivyo, Mariya yaremeye inyigisho za Yezu araheza aba mu bantu ba mbere bo mw’ishengero rya gikirisu (Ivyakozwe n’intumwa 1:13, 14). Si ukuvuga ko yari yerekanye ko akengereye abavyeyi biwe canke imigenzo yabo; ahubwo riho, yari yerekanye urukundo afitiye Imana. Niba dushaka kwungukira kuri Bibiliya, cokimwe na Mariya, ukudahemukira Imana ni kwo gutegerezwa kuza imbere y’ukudahemukira umuntu, naho yoba ari nde.
Ikibabaje, abantu benshi ntibaha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya. Bamwebamwe bashima gukurikiza gusa imigenzo y’amadini ishingiye ku binyoma. Abandi na bo, mu buryo bavuga no mu buryo babayeho barerekana ko badaha agaciro ukuri. Ku bw’ivyo, kwemera ukuri kwo muri Bibiliya bisaba ko ugira ivyo uhevye: Vyoshobora gutuma utumvikana n’abagenzi, ababanyi, abo mukorana, eka mbere n’umuryango wawe (Yohana 17:14). Naho bimeze ukwo, wa muntu w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Gura ukuri, ntugushōre” (Imigani 23:23). Niba uha agaciro kanini ukuri, Yehova azogufasha gutahura Bibiliya.
Iyindi ntambamyi ibuza umuntu gutahura ubutumwa bwo muri Bibiliya ni ukudashaka gushira mu ngiro ivyo buvuga. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bgo mw ijuru, ariko bo ntibābihawe. Kuk’umutima w’ubu bgoko ucuramye, amatwi yabo akaba ari bihurugutwi” (Matayo 13:11, 15). Benshi mu bo Yezu yigisha bariziba amatwi, ntibashaka guhinduka. Ese ukuntu bari batandukanye na wa mudandaza w’ingenzi Yezu yavuga mu kigereranyo kimwe! Uwo mudandaza amaze kuronka imaragarita y’igiciro kinini, yaciye ubwo nyene ashora ivyo yari afise vyose kugira ayigure. Ukwo ni ko natwe dukwiye guha agaciro ugutahura ukuri kwo muri Bibiliya.—Matayo 13:45, 46.
Intambamyi yo kutaba uworoshe kwigisha
Intambamyi nyamukuru mu vy’ugutahura Bibiliya ni ukuba uwutoroshe kwigisha. Umuntu vyoshobora kumugora kwemera ivyiyumviro bishasha bivuye ku wundi aboneka ko aciye bugufi. Yamara, intumwa za Yezu Kirisitu bari abantu “batari barize bakaba n’abantu basanzwe” (Ivyakozwe n’intumwa 4:13, NW). Mu gusigura igituma, Paulo yanditse ati: “Muzirikane ihamagarwa ryanyu, bene Data, yukw ab’ubgenge bg’abantu bāhamagawe atari benshi, abakomeye bāhamagawe atari benshi, abapfasoni bāhamagawe atari benshi. Arikw Imana yatoranije ibipfu vyo mw isi, ngw imāramāze abanyabgenge” (1 Ab’i Korinto 1:26, 27). Niba ubona umenga vyokugora kwicisha bugufi ukemera kwigishwa n’umuntu aciye bugufi, niwibuke ko uwo muntu ari uburyo Imana iba ikoresheje kugira ikwigishe. Ni agateka akahe koza gasumba kwigishwa na Yehova, “Umucishabwenge [wacu] Mukuru”?—Yesaya 30:20, NW; 54:13.
Ya ntwazangabo y’Umusiriya yitwa Namani ntivyayoroheye kwakiriza yompi ubuyobozi buvuye ku muntu aciye bugufi. Kubera ko yarondera icomukiza imibembe, yaragiye kuraba Elisa umuhanuzi wa Yehova. Yamara, umusuku ni we yabwiye Namani ivyo Imana yari yavuze ko yokora kugira akire. Ubwo butumwa be n’uburyo bwashikirijwe, vyatumye Namani bitamworohera kwicisha bugufi ku buryo yabanje kwanka kwumvira ivyo umuhanuzi w’Imana yari yatumye ngo baze kumubwira. Mu nyuma, Namani yarahinduye agatima yari afise araheza arakira (2 Abami 5:9-14). Na twebwe turagira mwene iyo ngorane igihe twiga Bibiliya. Twoshobora kwiga yuko kugira dukire mu vy’impwemu no mu vy’inyifato runtu, dukeneye guhindura uburyo bwacu bwo kubaho. Twoba tuzogaragaza ukwicisha bugufi tukareka umuntu kanaka akatwigisha ivyo dukeneye gukora? Abantu boroshe kwigisha ni bo gusa bashobora gutahura Bibiliya.
Hari umugabo umwe w’umutegetsi wo mu gihe c’inganji y’Umwamikazi Kanidake w’Abanyetiyopiya yagaragaje agatima keza. Yariko asubira muri Afirika ari mu mukogote wiwe igihe umwigishwa Filipo yiruka amugana akamwegera. Filipo yabajije uwo mugabo niba yaratahura ivyo yariko arasoma. Uwo mutegetsi yaricishije bugufi ku buryo yaciye asubizayo ati: “Nobishobora nte, ntabonye ūbindōngōramwo?”. Uwo mugabo amaze gutahura Ijambo ry’Imana, yarabatijwe. Inyuma y’ivyo, yaciye ‘ashishikara kugenda anezerewe’.—Ivyakozwe n’intumwa 8:27-39.
Muri rusangi, Ivyabona vya Yehova ni abantu basanzwe. Buri ndwi bararongora inyigisho za Bibiliya mu mihana y’abantu barenga imiliyoni zitandatu. Kubera ko Bibiliya yigisha uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kubaho, igasigura icizigiro ntakekeranywa kimwe rudende umuryango w’abantu wogira, ikaba kandi itomora neza uburyo bwo kumenya Imana, abantu amamiliyoni basanze kwiga Bibiliya no gutahura ivyo ivuga bihimbaye rwose. Na wewe urashobora guhimbarwa n’ukuyitahura.
[Ifoto ku rup. 7]
Namani vyaramugoye kwemera ivyo umusuku aciye bugufi yamubwiye gukora
[Ifoto ku rup. 7]
Gutahura Bibiliya birahimbara umutima wacu