Abageze mu zabukuru barirengagizwa kandi bagafatwa nabi
UMUNYEZAMU umwe, igihe yariko agendagenda azunguruka aho akorera, ntiyari yiteze kubona ikintu giteye ubwoba nk’ico yagira abone. Agize atya yagiye abona hanze iruhande y’inyubakwa nziza cane y’amagorofa ibamwo abantu, ibiziga bibiri vy’abubakanye bageze mu zabukuru bari bikororeye hasi baciye mw’idirisha ry’icumba babamwo cari mw’igorofa y’umunani. Naho ukwo kwiyahura kwari kubabaje cane, icatumye biyahura coco cari kibabaje kuruta. Agakaratasi kamwe basanze mu mupfuko w’umunega kagira gati: “Dushimye ko ubuzima bwacu bugarukira aha kubera ukuntu umuhungu wacu n’umukazana wacu baguma batugirira nabi bongera baduturubika”.
Abantu bashobora kuba batazi ido n’ido ry’iyo nkuru, ariko ikibazo nyamukuru cihishije muri ivyo bintu vyabaye kirateye isibe. Nkako, ivyo gufata nabi abageze mu zabukuru usanga bikwiye mu mihingo nka yose yo kw’isi. Irabire nawe ibikurikira:
• Itohoza rimwe ryagizwe ryerekanye yuko ibice 4 kw’ijana vy’Abanyakanada bageze mu zabukuru usanga babagirira nabi bakongera bakabarya imitsi, akenshi ugasanga babigirirwa n’umuntu wo mu muryango. Yamara rero, abageze mu zabukuru benshi usanga kuvuga ayo bagowe bibatera isoni, canke mbere bakanatinya kubivuga. Abahinga bavuga yuko ibitigiri vy’ukuri vy’abageze mu zabukuru bafatwa nabi vyoba vyababa ibice 10 kw’ijana.
• Ikinyamakuru kimwe co mu Buhindi (India Today) kivuga giti: “Igihugu c’Ubuhindi, naho gisa n’ikigizwe n’imiryango irimwo abantu bafatanye mu nda cane, kiriko kiratabagurika kubera ko igitigiri c’abageze mu zabukuru badakundwa n’abana babo gitera congerekana”.
• Twisunze ibitigiri bihari vy’ukuri kuruta ibindi, Ikigo kimwe co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kiraba ivy’ukugirirwa nabi kw’abageze mu zabukuru kivuga yuko “Abanyamerika bari hagati y’umuliyoni 1 n’imiliyoni 2 bafise imyaka 65 canke irenga, usanga umuntu bari bazeyeko uburaro n’uburamuko yarabakomerekeje, arabarya imitsi, canke arabafata nabi mu bundi buryo”. Icegera kimwe c’umushikirizamanza co mu gisagara ca San Diego muri Kaliforoniya, kivuga ko ivy’ukugirira nabi abageze mu zabukuru ari “kimwe mu bibazo bikomeye bihanze abashinzwe kuraba abarenga ku mategeko muri iki gihe”. Ico cegera congerako giti: “Mbona ko iyo ngorane izokwongerekana rwose mu myaka mikeyi iri mbere”.
• I Cantorbéry, mu mazinga ya Nouvelle-Zélande, abantu baguma barushiriza kurazwa ishinga n’ukuntu abageze mu zabukuru usanga incuti zabo zirondera kubagirira nabi, na canecane incuti usanga zifise ingorane zijanye n’ukunywa ibiyayuramutwe, inzoga, be n’ugukina akamari. Muri ico gisagara ca Cantorbéry, mu 2002 abageze mu zabukuru 65 ni bo vyavuzwe ko bagiriwe nabi, ariko mu 2003 ico gitigiri cari kimaze kwongerekana cane gishika ku bantu 107. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rimwe ryashinzwe kugira ribuze mwene ukwo gufata nabi abageze mu zabukuru, avuga yuko ivyo bitigiri bishobora kuba ari “bike cane ubigereranije n’igitigiri nyakuri usanga ari kinini rwose” c’abageze mu zabukuru bafatwa nabi.
• Ikinyamakuru kimwe co mu Buyapani (The Japan Times) kivuga yuko Urunani rw’amashirahamwe y’ivy’ubutungane rwo mu Buyapani rwavuze yuko “abageze mu zabukuru bafatwa nabi bakeneye kwitwararikwa cane kuruta mbere uko abana bagirirwa nabi bitwararikwa canke uko abandi bantu bagirirwa ivy’ubukazi mu rugo”. Kubera iki? Ico kinyamakuru kivuga yuko impamvu imwe ari uko “ukugirirwa nabi kw’abageze mu zabukuru, ukugereranije n’ukugirirwa nabi kw’abana canke ukuba hagati y’abubakanye, kwokwo usanga hari ukuntu guteba kwigaragaza, ku ruhande rumwe bikaba biterwa n’uko abageze mu zabukuru bumva umengo ni bo bagirwa n’ikosa igihe hari ikintu kiranga ubukazi abana babo babakoreye, ku rundi ruhande bigatumwa n’uko Leta hamwe n’abategetsi bo mu karere babamwo gushika ubu bataratorera umuti iyo ngorane”.
Ubwo burorero bukeyi gusa bw’ibintu biriko biraba hirya no hino kw’isi butuma twibaza ibi bibazo: Ni kubera iki none abageze mu zabukuru benshi gutyo bariko birengagizwa bongera bafatwa nabi? Umuntu yoba yokwizigira yuko ibintu bizotinda bikamera neza kuruta? Abageze mu zabukuru bahumurizwa gute?