Twirinde “kwidodomba”
“Mukore vyose ata kwidodomba”.—AB’I FILIPI 2:14.
1, 2. Ni impanuro iyihe intumwa Paulo yahaye abakirisu b’i Filipi n’ab’i Korinto, kandi kubera iki?
INTUMWA Paulo, mw’ikete ryahumetswe yandikiye ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere ry’i Filipi, yararikeje cane. Yarakeje abakirisu bagenziwe bo muri ico gisagara kubera bari abakiranyi n’abanyamwete, yongera aravuga ukuntu anezerezwa n’ibikorwa vyabo vyiza. Ariko rero, Paulo yarabibukije kubandanya “[bakora] vyose ata kwidodomba” (Ab’i Filipi 2:14). Ni kubera iki none iyo ntumwa yabahaye iyo mpanuro?
2 Paulo yari azi ico kwidodomba bishobora gushikanako. Imyaka mikeyi imbere y’aho, yari yaribukije ishengero ry’i Korinto yuko kwidodomba bishobora gukwega ingaruka zibabaje. Paulo yarerekanye yuko Abisirayeli barakaje Yehova akatari gake igihe bari mu bugaragwa. Gute? Mu kwipfuza ibintu bibi, mu gusenga ibigirwamana, mu gusambana, mu kugerageza Yehova, hamwe no mu kwidodomba. Paulo yaremesheje Abanyakorinto kwigira kuri ubwo burorero. Yanditse ati: “Kandi ntimukidodombe, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bidodomvye, bakamarwa n’umuranduzi”.—1 Ab’i Korinto 10:6-11.
3. Ni kubera iki ibijanye n’ukwidodomba bihambaye ko tuvyitwararika muri iki gihe?
3 Twebwe abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe, turagaragaza agatima nk’ak’iryo shengero ry’i Filipi. Turafise ishaka ry’ibikorwa vyiza, kandi turagiriranira urukundo (Yohana 13:34, 35). Ariko rero, uravye ibintu bibabaje vyashikiye abasavyi b’Imana bo mu gihe ca kera bitewe n’ukwidodomba, turi n’imvo yumvikana yo gufata nka nkama iyo mpanuro igira iti: “Mukore vyose ata kwidodomba”. Reka tubanze twihweze abantu bamwebamwe bidodomvye bavugwa mu Vyanditswe. Hanyuma turaza guca irya n’ino ibintu bimwebimwe twokora kugira ngo ukwidodomba ntigukwege ingaruka zibabaje muri iki gihe.
Ishengero rimeze nabi ryidodombeye Yehova
4. Abisirayeli bidodomvye gute igihe bari mu bugaragwa?
4 Ijambo ry’igiheburayo risobanura ‘kwidodomba, kwidoga, canke kwidoga mu gushira ijwi hejuru’ rirakoreshwa muri Bibiliya ku bijanye n’ivyabaye muri ca kiringo c’imyaka 40 Abisirayeli bamaze mu bugaragwa. Rimwe na rimwe Abisirayeli barumva badahimbawe n’ukuntu ivyabo vyaba vyifashe, maze bagaca batangura kwidodomba. Nk’akarorero, haciye amayinga makeyi gusa bakuwe mu bunyagano mu Misiri, “ishengero ryose ry’Abisirayeli” ryaratanguye “[kw]idodombera Mose na Aroni”. Abisirayeli baridodomvye ku bijanye n’ibifungurwa, bavuga bati: “Uhoraho iy’apfuma atwicira mu gihugu ca Egiputa, tucīteretse inkono z’inyama, tukirya ivyo kurya tugahāga; none mwadukūyeyo mutuzana mur’ubu bugaragwa kugira ngw iri shengero ryose mutwicishe inzara”.—Kuvayo 16:1-3.
5. Igihe Abisirayeli bidodomba, ni nde mu vy’ukuri bariko bidodombera?
5 Tuvugishije ukuri, igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa Yehova yarabaronsa ivyo bakeneye, akabaronsa ibifungurwa hamwe n’amazi abigiranye urukundo. Abisirayeli nta ho bigeze baja mu kaga ko kwicwa n’inzara igihe bari mu bugaragwa. Ariko rero, kubera ko batabumbwa n’ivyo bafise, ibihe bitoroshe barimwo babigize ibikomeye cane maze batangura kwidodomba. Naho bidodombera Musa na Aroni, Yehova we yabona ko mu vy’ukuri ari we bariko bidodombera. Musa yabwiye Abisirayeli ati: “Uhoraho yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera; natwe twar’iki? erega si twebge mwidodombera, mwidodombera Uhoraho”.—Kuvayo 16:4-8.
6, 7. Nk’uko biboneka mu Guharūra 14:1-3, ni gute agatima Abisirayeli bari bafise kahindutse?
6 Budakeye na kabiri, Abisirayeli barasubiye kwidodomba. Musa yararungitse abagabo 12 ngo baje gutata ca Gihugu c’Isezerano. Nya batasi bagarutse, cumi muri bo babwiye Abisirayeli inkuru zivuna umutima. Ivyo vyavuyemwo iki? “Abisirayeli bose” baciye batangura “[kw]idodombera Mose na Aroni, ikoraniro ryose rirababarira, rit’Es’iyo tuba twaraguye mu gihugu ca Egiputa! Canke tukagwa mur’ubu bugaragwa! Mbeg’Uhoraho atujanira iki mur’ico gihugu [ca Kanani], kwicirwayo n’inkota? Abagore bacu n’ibibondo vyacu bakazoba abanyagano: non’iciza s’uko twosubira muri Egiputa?”.—Guharūra 14:1-3.
7 Ese ukuntu agatima Abisirayeli bari bafise kari kamaze guhinduka! Mu ntango, igihe bakurwa mu Misiri bakongera bakarokorwa baciye mu Kiyaga Gitukura, barakuriye Yehova ubwatsi, bituma bamuririmbira amashemezo (Kuvayo 15:1-21). Ariko igihe abo basavyi b’Imana bari mu bintu bitoroshe mu bugaragwa bakaba kandi bari batekewe n’ubwoba kubera Abanyakanani, ako gatima ko gukenguruka bahorana karahindutse basigara ari abantu badashima ivyo bafise. Aho gushimira Imana kubera yababohoje, barayitayeko ishavu kubera yuko ngo batagira ico biha. Uca ubona rero ko icatumye bidodomba ari uko batakenguruka vy’ukuri ivyo Yehova yabaronsa. Ntibitangaje kuba yaravuze ati: “Nzogeza hehe kwihanganira iri shengero rimeze nabi, rihora riranyidodombera?”.—Guharūra 14:27; 21:5.
Imyidodombo yabaye mu kinjana ca mbere
8, 9. Nuvuge abantu bamwebamwe bidodomvye bavugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu.
8 Abo bantu duhejeje kwumva bidodomvye, biboneka ko baseruye ibitabashimisha mu kuvugira hejuru. Ariko rero, igihe kimwe Yezu Kirisitu ari i Yeruzalemu guhimbaza Umusi mukuru w’Insago mu 32 G.C., “ha[rabaye] ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga” (Yohana 7:12, 13, 32, ni twe dushimitse.). Bariko bavugana mu bwongoshwe ibijanye na we, bamwe bavuga yuko ari umuntu ameze neza, abandi na bo babihakana.
9 Ikindi gihe, Yezu n’abigishwa biwe bari batumiwe na Lewi, uwitwa kandi Matayo, uno akaba yari umutozakori. “Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo” baratanguye “[kw]idodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha?” (Luka 5:27-30). Bari i Galilaya, aho hakaba hari haciye igihe gito ivyo bibaye, ‘Abayuda baridodombeye [Yezu] kuko yari yavuze, ati Ni jewe mutsima wamanutse uva mw’ijuru’. Mbere na bamwebamwe mu bayoboke ba Yezu baratsitajwe n’ayo majambo yavuze maze baca batangura kwidodomba.—Yohana 6:41, 60, 61.
10, 11. Ni kubera iki Abayuda bavuga ikigiriki bidodomvye, kandi abakurambere bakirisu bashobora gute kwungukira ku kuntu ico kibazo catorewe umuti?
10 Inyuma gatoyi ya Pentekote yo mu 33 G.C. harabaye imyidodombo, ariko iyo yo ivamwo ikintu ciza kuruta. Ico gihe, abigishwa bashasha benshi bataba muri Isirayeli baragaragarizwa ubwakiranyi n’abo basangiye ukwizera b’i Yudaya, ariko hari ingorane zahavuye zaduka ku bijanye n’igaburwa ry’ibintu vyaboneka. Inkuru ivuga iti: “Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose”.—Ivyakozwe n’intumwa 6:1.
11 Abo bantu bariko bidodomba, ntibari bameze nka ba Bisirayeli bari mu bugaragwa. Abo Bayuda bavuga ikigiriki ntibariko bidodomba babitumwe n’ubwikunzi, kubera ko badahimbawe n’ukuntu ivyabo vyari vyifashe. Iyo myidodombo yabo yarafashije gushira ahabona ukuntu abapfakazi bamwebamwe batitwararikwa neza mu vyo bakeneye. N’ikindi kandi, abo bantu bariko bidodomba ntibabaye abagumutsi ngo batangure gushira amajwi hejuru bidogera Yehova. Ikibazo catuma bidodomba bagituye intumwa, bano bakaba baciye batunganya uburyo cotorerwa umuti bidatevye narirya abo bidodomba batariko barira busema. Emwe, ako ni akarorero keza cane intumwa zasigiye abakurambere bakirisu bo muri iki gihe! Abo bungere bo mu buryo bw’impwemu bariyubara bakirinda ‘kwiziba amatwi igihe umugorwa atakamba’, ni ukuvuga igihe aserura akamubakiye.—Imigani 21:13; Ivyakozwe n’intumwa 6:2-6.
Tube maso ku kuntu ukwidodomba kugenda buhorobuhoro kuragira ico kwononye
12, 13. (a) Tanga akarorero kerekana ingaruka z’ukwidodomba. (b) Ni igiki gishobora gutuma umuntu yidodomba?
12 Bwinshi mu burorero duhejeje kubona bwo mu Vyanditswe burerekana yuko kwidodomba kwakweze ingaruka zibabaje mu basavyi b’Imana bo mu gihe ca kera. Ku bw’ivyo rero, vyoba vyiza tuzirikanye twitonze ku kuntu muri iki gihe ukwidodomba gushobora kugenda buhorobuhoro kuragira ico kwononye muri twebwe. Reka dutange akarorero koshobora kudufasha kubitegera. Ivyuma vy’ubwoko bwinshi usanga bikunda kugwa ingese. Igihe umuntu abonye ko icuma gitanguye kugwa ingese ntace agira ico akoze, ico cuma kirashobora kubandanya kigwa ingese gushika n’aho kitaba kigishoboye gukoreshwa ico cagenewe. Hari imiduga myinshi usanga yaratawe, atari kubera yuko itagishobora gukora, ahubwo kubera yuko ivyuma vyaguye ingese ku buryo kuyigendesha bishobora kubamwo akaga. None ako karorero gafitaniye isano irihe n’ivyo kwidodomba?
13 Nk’uko nyene ivyuma usanga bikunda kugwa ingese, n’abantu b’abanyagasembwa hari ukuntu usanga bafise impengamiro yo kwidoga. Turakwiye kurikanura kugira ngo tubone akantu kose koba kavyuye umutwe karanga iyo mpengamiro. Nk’uko nyene ahantu hatose be n’akayaga karimwo imyuka irimwo ivyunyunyu bimeze nk’umunyu usanga bituma ivyuma bigwa ingese ningoga, ingorane zidushikira ziratuma turushiriza kuba abantu bihutira kwidodomba. Imikazo turimwo irashobora gutuma akantu kadashavuza cane tukagira ikintu gikomeye. Uko ibintu bitera bidabuka muri ino misi y’iherezo y’ivy’iyi si, ni ko n’ibintu vyotuma umuntu yidodomba vyoshobora gutera vyongerekana (2 Timoteyo 3:1-5). Hari aho ivyo bintu rero vyotuma umusavyi wa Yehova atangura kwidodombera mugenziwe. Ushobora gusanga vyatewe n’ikintu gito cane, nk’ukubabazwa n’ubugoyagoye bw’umuntu kanaka, ububangukirwe afise, canke uduteka tw’umurimo yatewe.
14, 15. Ni kubera iki tudakwiye kurekerana impengamiro dufise yo kwidodomba?
14 Naho ikidushavuza coba ari ikihe, hamwe tworekerana impengamiro dufise yo kwidoga, vyoshobora gutuma dutsimbataza agatima ko kudashima, tugacika abantu bama bariko baridodomba. Emwe, ukwidodomba kurashobora kugenda buhorobuhoro kuragira ico kwononye mu vy’impwemu, amaherezo tukononekara rwose. Igihe Abisirayeli bidodomba ku bijanye n’ukuntu bari babayeho mu bugaragwa, barageze n’aho bata umwikomo kuri Yehova (Kuvayo 16:8). Ese twokwirinda ivyo ntivyigere bidushikira!
15 Umuntu arashobora gutuma icuma kitagwa ingese ningoga mu kugisiga irangi rikirinda ingese no mu kuza arihutira gukurako uturabagu tw’ingese akibonyeko. Na twebwe nyene, igihe tubonye yuko impengamiro yo kwidoga isa n’iyigomba kuvyura agatwe, twoshobora kuyibuza gukomera mu guca turondera kugira ico dukoze bidatevye kandi tukabishira no mw’isengesho. Ivyo twobigira gute?
Tubone ibintu nk’uko Yehova abibona
16. Dushobora gute kunanira impengamiro yo kwidoga igihe ibaye nk’iyigomba kuvyura agatwe?
16 Kwidodomba bituma ahanini twiyumvira ivyacu be n’ingorane turimwo, ntitube tukibona imihezagiro twebwe Ivyabona vya Yehova twironkera. Kugira ngo tunanire impengamiro dufise yo kwidodomba igihe isa n’iyigomba kuvyura agatwe, turakenera kuguma tubona mu bwenge bwacu iyo mihezagiro turonka. Nk’akarorero, umwe wese muri twebwe ari n’agateka ntangere ko kwitirirwa izina rya Yehova (Yesaya 43:10). Turashobora kuba abagenzi somambike biwe, kandi igihe ico ari co cose turashobora kuvugana n’uwo ‘yumva ivyo asabwa’ (Zaburi 65:2; Yakobo 4:8). Ubuzima bwacu buri n’ico buvuze kubera ko dutahura ca kibazo kijanye n’uwukwiye kuba segaba w’ibiriho vyose tukaba kandi twibuka ko kuguma turi intadohoka ku Mana ari agateka (Imigani 27:11). Turashobora kugira uruhara tudahorereza muri ca gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami (Matayo 24:14). Ukwizera inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu gutuma dushobora kugira ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi (Yohana 3:16). Iyo yose ni imihezagiro twironkera naho tubwirizwa kwihanganira ibintu bimeze gute.
17. Ni kubera iki dukwiye kugerageza kubona ibintu nk’uko Yehova abibona naho twoba turi n’imvo yumvikana yo kwidodomba?
17 Nimuze tugerageze kubona ibintu nk’uko Yehova abibona, ntitubibone mu buryo bwacu gusa. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yaririmvye ati: “Uhoraho, nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe” (Zaburi 25:4). Niba dufise impamvu yumvikana yo kwidodomba, Yehova ivyo arabizi. Arashobora guca ubwo nyene akemura ico kibazo. Ariko none, ni kubera iki rimwe na rimwe ahora areka ingorane yinaka ikabandanya? Ashobora kureka ikabandanya kugira ngo adufashe gutsimbataza kamere nziza zimwezimwe, nk’ukwihangana, ukurindirako, ukwizera n’ukwiyumanganya.—Yakobo 1:2-4.
18, 19. Tanga akarorero kerekana ivyiza bishobora kuvamwo igihe twihanganiye ibintu bitagenda neza ata kwidodomba.
18 Kwihanganira ibintu bitagenda neza ata kwidodomba ntibidufasha gusa kuryohora kamere zacu, ariko kandi vyoshobora gukora ku mutima abitegereza inyifato yacu. Mu 2003, hari Ivyabona vya Yehova bamwe bafashe urugendo bari mw’ibisi bavuye mu Budagi, bagiye kwitaba ihwaniro muri Hongiriya. Umushoferi w’iyo bisi ntiyari Icabona, kandi yumva muri we atomara imisi cumi urwo rugendo rwomaze ari kumwe n’Ivyabona. Ariko igihe urwo rugendo rwarangira, ntiyari akibona Ivyabona nk’uko yahora ababona. Kubera iki?
19 Muri urwo rugendo hariho ibintu bitari bike bitagenze neza. Ariko ivyo Vyabona ntibigeze bidoga. Uwo mushoferi yavuze yuko ata wundi mugwi w’abantu yari bwigere atwara umeze neza nk’uwo w’Ivyabona! Kandi uzi n’inkuru, yasezeranye yuko Ivyabona nibasubira kumugendera azobaha ikaze maze abatege yompi. Emwe, ivyo Vyabona baramukoze ku mutima koko mu “[gukora] vyose ata kwidodomba”!
Guharira abandi birakomeza ubumwe
20. Ni kubera iki dukwiye guhariranira?
20 Tuvuge iki nka hamwe hoba hari ikintu gituma twidogera uwo dusangiye ukwizera? Nimba ico kintu gikomeye, turakwiye guca dushira mu ngiro ingingo ngenderwako dusanga mu majambo Yezu yavuze muri Matayo 18:15-17. Yamara ntivyama ari ngombwa ko bigenda gutyo kubera yuko ibintu bishobora gutuma umuntu yidoga akenshi usanga bidahambaye cane. Mbega ntivyoba ari vyiza uciye ubona yuko ako ari akaryo ko kugaragaza agatima ko guharira abandi? Paulo yanditse ati: “Mwihanganiran[e], muhariran[e], iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana. Ikigeretse kur’ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana” (Ab’i Kolosayi 3:13, 14). Twoba dufise umutima ukunze wo guharira abandi? Mbega Yehova we ntafise impamvu yo kutwidogera? Yamara, yama yatugiriye ikigongwe n’imbabazi.
21. Abantu bashobora kuvyakira gute igihe bumvise umuntu ariko aridodomba?
21 Naho ikintu gituma twidodomba coba ari ikihe, kwidodomba si wo muti. Ijambo ry’igiheburayo risobanura “kwidodomba” rirashobora kandi gusobanura “kwidoga mu gushira ijwi hejuru”. Nta gukeka ko iyo turi kumwe n’umuntu yama ariko aridoga twumva tutamerewe neza kandi tukarondera kumwigirwa kure. Hamwe twokwidoga dushira ijwi hejuru, aboba bariko baratwumva na bo hari aho boca bumva bamerewe nk’ukwo nyene. Emwe, boshobora kwumva batamerewe neza ku buryo boca barondera kutwigirwa kure! Igihe twidoze dushira ijwi hejuru, abandi boshobora kwumva imyidodombo yacu, mugabo nta n’umwe bizotuma ashima kutwiyegereza.
22. Umwigeme umwe yavuze iki ku Vyabona vya Yehova?
22 Kugira agatima ko guharira abandi birakomeza ubumwe, ubwo na bwo bukaba ari ikintu abasavyi ba Yehova baha agaciro cane (Zaburi 133:1-3). Mu gihugu kimwe ca Buraya, hari umwigeme w’imyaka 17 w’umugatolika yandikiye ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova avuga ukuntu abatangarira rwose. Yavuze ati: “Emwe, nta rindi shirahamwe nzi usanga abarigize baticiyemwo ibice kubera urwanko, umwina, ukutihanganira abandi, ubwikunzi, canke ukudahuza”.
23. Ni igiki kiganirwako mu kiganiro gikurikira?
23 Gukenguruka imihezagiro yose yo mu vy’impwemu twebwe abasenga Imana y’ukuri Yehova twironkera, bizodufasha gukomeza ubumwe no kwirinda kwidodombera abandi igihe bishitse tukagiranira na bo akagorane. Ikiganiro gikurikira kiraza kwerekana ukuntu kamere zishimwa n’Imana zidufasha kwirinda ukwidodomba kwokwega ingaruka zibabaje kuruta, ukwo na kwo kukaba ari ukwidodombera igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova.
Woba uvyibuka?
• Kwidodomba birimwo iki?
• Ni akarorero akahe wotanga kadufasha gutegera ingaruka z’ukwidodomba?
• Ni igiki gishobora kudufasha kunanira impengamiro dufise yo kwidodomba?
• Kugira umutima ukunze wo guharira abandi bishobora gute kudufasha kwirinda kwidodomba?
[Ifoto ku rup. 14]
Mu vy’ukuri, Yehova ni we Abisirayeli bidodombera!
[Ifoto ku rup. 17]
Woba ugerageza kubona ibintu nk’uko Yehova abibona?
[Ifoto ku rup. 18]
Guhariranira birakomeza ubumwe buranga abakirisu