Nuzigame agatima keza ishengero rifise
“Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu bubane n’agatima mwerekana.”—FLP. 4:23.
DUSHOBORA DUTE KUREMESHA AGATIMA KEZA MW’ISHENGERO . . .
igihe twifatanya n’abavukanyi bacu?
mu kugira umwete mu busuku bwo mu ndimiro?
mu kumenyesha abakurambere igicumuro gikomeye kiba cakozwe?
1. Ishengero ry’i Filipi n’iry’i Tiyatira yakejwe ku biki?
ABAKIRISU bo mu kinjana ca mbere b’i Filipi bari bakenye. Naho vyari ukwo, baratanga batitangiriye itama kandi baragaragariza abo basangiye ukwemera urukundo rw’akarorero. (Flp. 1:3-5, 9; 4:15, 16) Ni co gituma Paulo yasozereye ikete yabandikiye ahumekewe mu kuvuga ati: “Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu bubane n’agatima mwerekana.” (Flp. 4:23) Kubera yuko abakirisu b’i Tiyatira bagaragaza agatima nk’ako, Yezu Kristu, uwari yaninahajwe yababwiye ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ubusuku bwawe, n’ukwihangana kwawe, be n’uko ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivyo hambere.”—Ivyah. 2:19.
2. Ni uruhara uruhe turangura mu bijanye no gutsimbataza agatima ishengero ryacu rigaragaza?
2 Ishengero rimwerimwe ryose ry’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe, na ryo nyene usanga riragaragaza agatima kanaka. Amashengero amwamwe arazwi canecane yuko agaragaza agatima k’igishika n’urukundo. Ayandi usanga ashigikira n’umwete mwinshi igikorwa co kwamamaza Ubwami akongera agaha agaciro ubusuku bw’igihe cose. Igihe umwe wese ku giti ciwe atsimbataje agatima keza, biratuma ishengero rirushiriza kwunga ubumwe no gutera imbere mu vy’impwemu. (1 Kor. 1:10) Ariko rero, tugaragaje agatima kabi birashobora gutuma abagize ishengero bahunikira mu vy’impwemu, bakaba akazuyazi, eka mbere bakarenza uruho rw’amazi ku bibi bikorwa. (1 Kor. 5:1; Ivyah. 3:15, 16) None ishengero ryanyu rifise agatima akahe? Wewe ubwawe ushobora gute kugira ico uterereye kugira ngo mw’ishengero habe agatima keza?
NUREMESHE AGATIMA KEZA
3, 4. Dushobora gute “[guhaya Yehova] mw’ishengero rinini”?
3 Umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Nzoguhaya [Yehova] mw’ishengero rinini; mu bantu benshi nzogushemeza.” (Zab. 35:18) Uwo mwanditsi w’amazaburi ntiyareka gushemeza Yehova igihe yaba ari kumwe n’abandi basavyi b’Imana. Amakoraniro tugira ku ndwi ku ndwi, harimwo n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, araturonsa uturyo twiza two kugaragaza agatima k’umwete igihe dutanga insasanuro maze tugaserura ukwizera kwacu. Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba nungukira mu buryo bwuzuye ku gateka ko kugira uruhara mu makoraniro? Noba ndayategura neza nkongera ngatanga insasanuro ziri n’ico zivuze? Jewe serugo, noba mfasha abana banje gutegura insasanuro imbere y’igihe nkongera nkabigisha gutanga inyishu mu majambo yabo bwite?’
4 Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yarerekanye ko hariho isano hagati y’ukuba umutima wacu uhamye n’ukuntu turirimba. Yavuze ati:“Umutima wanje urahamye, ewe Mana, umutima wanje urahamye. Nzoririmba, mpibongoze.” (Zab. 57:7) Indirimbo zikoreshwa ku makoraniro ya gikirisu ziraturonsa akaryo keza ko ‘kuririmbira Yehova no kumuhibongoreza’ tubigiranye umutima uhamye. Nimba tutazi zimwezimwe muri izo ndirimbo, mubona gute twimenyereje kuziririmba kuri wa mugoroba wahariwe Ugusenga kwo mu muryango? Nimuze twiyemeze ‘kuririmbira Yehova ubuzima bwacu bwose no kumuhibongoreza igihe cose tuzoba tukiriho.’—Zab. 104:33.
5, 6. Twoshobora gute kugaragariza abandi ubwakiranyi n’agatima ko gutanga, kandi kubigenza gutyo biremesha iki mw’ishengero?
5 Kugaragariza ubwakiranyi bene wacu na bashiki bacu ni ubundi buryo bwo kuremesha agatima k’urukundo mw’ishengero. Mu kigabane ca nyuma c’ikete Paulo yandikiye Abaheburayo, arashiramwo aya majambo yo kubahimiriza agira ati: “Urukundo rwanyu rwa kivukanyi nirubandanye. Ntimwibagire ubwakiranyi.” (Heb. 13:1, 2) Kuronsa ibifungurwa abacungezi b’ingenzi hamwe n’abakenyezi babo canke abasuku b’igihe cose bo mw’ishengero, ni uburyo bwiza cane bwo kugaragaza ubwakiranyi. Rimwe na rimwe twoshobora gutumira abapfakazi, imiryango y’abireranye abana canke abandi kugira ngo dusangire akajumbu, kibure kugira bifatanye natwe mu gihe c’ugusenga kwo mu muryango.
6 Paulo yategetse Timoteyo ngo ahanure abandi “gukora ivyiza, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi, bibikire nk’ubutunzi ahatagira inkomanzi umushinge mwiza ku bwa kazoza, kugira bacakire ubuzima nyakuri.” (1 Tim. 6:17-19) Paulo yariko arasaba yuko abo basavyi b’Imana bagenziwe botsimbataza agatima ko gutanga. Mbere n’igihe ivy’ubutunzi biba vyifashe nabi, turashobora kuremesha agatima ko gutanga. Uburyo bwiza bwo kugira ico kintu ni ugufasha abantu bo mw’ishengero badafise amahera y’urugendo yobashikana ku mahwaniro akongera akabagarukana. Tuvuge iki kuri abo bungukira kuri bene ivyo bikorwa biranga ubuntu bwuzuye urukundo? Boba bariko bararemesha agatima keza mw’ishengero hamwe bogaragaza ko bakenguruka, ivyo bakabigira kumbure mu kutitega ko barihirwa amahera yose mugabo bakagira ico baterereye mu kwirihira na makeyi. Vyongeye, ubwo gutunganya ivyo kumara umwanya wiyongereye turi kumwe na bene wacu hamwe na bashiki bacu bo mu buryo bw’impwemu, ntivyotuma bumva ko bakenewe be n’uko bakundwa? Igihe dukoreye ibikorwa vyiza vyinshi “incuti zacu mu kwizera” tukaba kandi twiteguriye gukoresha umwanya wacu n’ivyo dutunze mu kubafasha, turarushiriza kubakunda tukongera tugatuma mw’ishengero harangwa agatima k’igishika.—Gal. 6:10.
7. Kutamena ibanga bifasha gute gutuma mw’ishengero haguma hari agatima keza?
7 Rimbura ibindi bintu bikomeza urukundo dufitaniye n’abo dusangiye ukwemera, ivyo na vyo bikaba ari ubugenzi n’ukugumya ibanga. (Soma Imigani 18:24.) Abagenzi nyakuri ntibamena ibanga. Igihe abavukanyi bacu baduseruriye akari ku mutima bakaba kandi bazi neza yuko iryo batubwiye ritazorenga umunwa, urukundo twari dusanzwe dufitaniye ruca rurushiriza gukomera. Ese tworemesha mw’ishengero agatima k’urukundo nka kamwe karangwa mu muryango, mu kuba abagenzi bizigirwa bashobora kugumya ibanga.—Imig. 20:19.
NUBE UMUNYAMWETE MU BUSUKU
8. Abanyalawodiseya bahawe impanuro iyihe, kandi kubera iki?
8 Igihe Yezu yariko arabwira ishengero ry’i Lawodiseya, yavuze ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, yuko udakanye canke ngo ushuhe. Icompa ugakanya canke ugashuha. Ko rero uri akazuyazi, ntube ushushe canke ngo ukanye, ngira nkudahwe umve mu kanwa.” (Ivyah. 3:15, 16) Abanyalawodiseya nta mwete bari bafise mu busuku bwa gikirisu. Birashoboka yuko ako agatima kagira ico gakoze no ku bucuti bari bafitaniye. Ni co gituma Yezu abigiranye urukundo yabahanuye ati: “Abo niyumvamwo bose ndabakangira kandi nkabatoza indero. Nugire umwete rero, wigaye.”—Ivyah. 3:19.
9. Umwete tugira mu busuku bwo mu ndimiro ugira ico ukoze gute ku gatima ishengero rifise?
9 Kugira ngo turemeshe agatima keza mw’ishengero, turakwiye kugira umwete mu murimo wo mu ndimiro. Imwe mu ntumbero z’ishengero ni ukurondera abantu bameze nk’intama mu cibare caryo maze rikabubaka mu buryo bw’impwemu. Ku bw’ivyo, dutegerezwa kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, nk’uko Yezu yabigira. (Mat. 28:19, 20; Luka 4:43) Uko tuzorushiriza kugira umwete mu busuku, ni ko tuzorushiriza kwunga ubumwe turi “abakozi bakorana n’Imana.” (1 Kor. 3:9) Igihe tubona abandi mu murimo wo mu ndimiro bariko baraburanira ukwizera kwabo bongera berekana ko bakenguruka ibintu vy’impwemu, turavyurirwa umutima wo kubakunda no kububaha kuruta uko twahora. N’ikindi kandi, gukora ‘duhuje inama’ mu busuku biratuma mw’ishengero harangwa agatima k’ubumwe.—Soma Zefaniya 3:9.
10. Kuryohora umurimo wacu wo mu ndimiro bigira ico bikoze gute ku gatima abandi bagaragaza mw’ishengero?
10 Utwigoro tugira mu kuryohora ubusuku bwacu na two nyene turagira ikintu ciza dukoze ku bandi. Igihe turushiriza kwitwararika abantu duhura, kandi tukihatira gukora ku mutima abatwumviriza, umwete dufise mu busuku urongerekana. (Mat. 9:36, 37) Abo turi kumwe usanga barondera kwigana uwo mwete. Yezu yarungitse abigishwa biwe kwamamaza ari babiribabiri aho kurungika umwumwe. (Luka 10:1) Uretse ko ivyo vyatuma baremeshanya bakongera bakigishanya, vyaranatuma barushiriza kugira umwete mu busuku. Ntidushima none gukorana n’abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete? Agatima k’umwete bagaragaza karaturemesha kakongera kakadufasha kubandanya mu gikorwa co kwamamaza.—Rom. 1:12.
NIWIRINDE KWIDODOMBA NO GUKORA IGICUMURO
11. Ni agatima akahe Abisirayeli bamwebamwe bo mu gihe ca Musa batsimbataje, kandi ivyo vyatumye bakora iki?
11 Haciye indwi nkeyi gusa Abisirayeli babaye ihanga, baratsimbataje agatima ko kudashima uko ivyabo vyari vyifashe no kwidodomba. Ivyo vyatumye bagarariza Yehova n’abamuserukira. (Kuv. 16:1, 2) Abisirayeli bakeyi bavuye mu Misiri ni bo gusa bashitse mu Gihugu c’isezerano. Mbere na Musa yarankiwe kwinjira muri ico gihugu kubera ukuntu yavyifashemwo igihe ishengero rya Isirayeli ryagaragaza agatima kabi! (Gus. 32:48-52) Twokora iki none muri iki gihe kugira ngo twirinde kugira agatima kabi?
12. Twokwirinda gute gutsimbataza agatima ko kwidoga?
12 Dutegerezwa kwirinda gutsimbataza agatima ko kwidodomba. Naho gutsimbataza ukwicisha bugufi n’ukwubaha ubukuru bizodufasha, turakeneye kuraba neza abo twifatanya. Guhitamwo nabi uburyo bwo kwisamaza canke kumarana umwanya urenze urugero n’abo dukorana canke abo twigana batubaha ingingo ngenderwako zigororotse, biratugirako ingaruka mbi. Twoba tubaye inkerebutsi twirinze kwifatanya n’abantu bafise agatima kabi canke baremesha agatima ko kwigenga.—Imig. 13:20.
13. Akosho konona ko kwidodomba gashobora gushikana ku bindi bintu vyonona mu buryo bw’impwemu ibihe mw’ishengero?
13 Akosho konona ko kwidodomba karashobora gushikana ku bindi bintu vyonona mu buryo bw’impwemu. Nk’akarorero, kwidodomba birashobora guhungabanya amahoro n’ubumwe vy’ishengero. Vyongeye, kwidogera abo dusangiye ukwemera, uretse ko bishobora gutuma bababara, birashobora no gushikana ku bicumuro vyo kwambika ibara abandi no kubatuka. (Lew. 19:16; 1 Kor. 5:11) Abidodomvyi bamwebamwe bo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere ‘barakengera ubutware bakongera bagatuka abanyabuninahazwa.’ (Yuda 8, 16) Nta gukeka ko Imana itashima ukwo kwidodombera abagabo bari bafise amabanga mw’ishengero.
14, 15. (a) Kureka igicumuro kikabandanya gukorwa bishobora gute kugira ico bikoze kw’ishengero ryose? (b) Dukwiye gukora iki igihe tumenye ko hari umuntu akora igicumuro mu mpisho?
14 Tuvuge iki mu gihe tumenye yuko hari umuntu akora igicumuro mu mpisho, kumbure akaba anywa inzoga zirenze urugero, araba amashusho yerekana ubushegabo canke abayeho mu buhumbu? (Ef. 5:11, 12) Kurenza uruho rw’amazi ku gicumuro gikomeye birashobora kubuza impwemu nyeranda ya Yehova gukorera mw’ishengero ata kiyitangira bikongera bigahungabanya amahoro y’ishengero ryose. (Gal. 5:19-23) Nka kurya nyene abakirisu bo mu ntango b’i Korinto babwirijwe gukura ikibi mw’ishengero, ni na ko muri iki gihe akosho konona ako ari ko kose gategerezwa gukurwa mw’ishengero kugira ngo rigumane agatima keza. Wokora iki none kugira ngo utume mw’ishengero haguma hari amahoro?
15 Nk’uko twamaze kubivuga, birahambaye ko tugumya ibanga mu bintu bimwebimwe, na canecane igihe abandi baduseruriye akari ku mutima. Ese ukuntu kumena ibanga ari ikintu kibi kandi kibabaza! Naho ari ukwo, igihe hakozwe igicumuro gikomeye, abo Ivyanditswe bizeza ibanga ryo gutunganya ico kibazo, ni ukuvuga abakurambere bo mw’ishengero, barakwiye kubimenyeshwa. (Soma Abalewi 5:1.) Mu gihe rero tumenye ko hari mwene wacu canke mushiki wacu yakoze igicumuro gikomeye, turakwiye kumuremesha kwegera abakurambere maze akabasaba imfashanyo. (Yak. 5:13-15) Ariko rero mu gihe atabigize mu kiringo kinaka, turakwiye kumenyesha ico gicumuro abakurambere.
16. Kumenyesha abakurambere ibicumuro bikomeye biba vyakozwe bifasha gute kuzigama agatima k’ishengero?
16 Ishengero rya gikirisu ni ubwugamo bwo mu buryo bw’impwemu, ari co gituma dutegerezwa kurikingira mu kumenyesha abakurambere igicumuro gikomeye kiba cakozwe. Mu gihe abakurambere batumye uwo mucumuzi yikubita agashi maze akemera gukangirwa no gukosorwa mu buryo bwerekana ko yigaye, ntaba akibangamiye agatima k’ishengero. Mugabo tuvuge iki mu gihe nyene gukora igicumuro gikomeye atigaye maze akanka impanuro ziranga urukundo abakurambere bamuhaye? Igihe akuwe mw’ishengero, biratuma akosho konona kaba kari hagati muri twebwe ‘gatikira,’ ni ukuvuga ko gakurwaho, maze agatima k’ishengero kakazigamwa. (Soma 1 Abakorinto 5:5.) Egome, kuzigama agatima k’ishengero bisaba yuko umwe wese muri twebwe agira ikintu kibereye akoze, agasenyera ku mugozi umwe n’inama y’abakurambere akongera agakingira ineza y’abo basangiye ukwemera.
NUREMESHE “UBUMWE BW’IMPWEMU”
17, 18. Ni igiki kizodufasha “kugumya ubumwe bw’impwemu”?
17 Mu “kwihebera inyigisho y’intumwa,” abayoboke ba Yezu bo mu ntango barafashije gutsimbataza agatima k’ubumwe mw’ishengero. (Ivyak. 2:42) Baraha agaciro impanuro n’ubuyobozi bishingiye ku Vyanditswe bahabwa n’abagabo b’inararibonye. Kubera yuko abakurambere bo muri iki gihe basenyera ku mugozi umwe na wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, abagize ishengero bose bararemeshwa kuguma bunze ubumwe kandi bagafashwa kubigira. (1 Kor. 1:10) Igihe tuyobotse inyigisho zishingiye kuri Bibiliya zitangwa n’ishirahamwe rya Yehova tukongera tugakurikiza ubuyobozi duhabwa n’abakurambere, tuba twerekanye yuko “[t]wihatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.”—Ef. 4:3.
18 Nimuze rero dukore uko dushoboye kwose kugira ngo tuzigame agatima keza mw’ishengero. Tubigenjeje gutyo, turashobora kwemera tudakeka ko ‘ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu buzobana n’agatima twerekana.’—Flp. 4:23.
[Ifoto ku rup. 19]
Woba uremesha agatima keza mw’ishengero mu gutegura insasanuro ziri n’ico zivuze?
[Ifoto ku rup. 20]
Nuremeshe agatima keza mw’ishengero mu kumenya indirimbo zacu