ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/10 rup. 12-16
  • Ni agatima akahe werekana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni agatima akahe werekana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NIWIRINDE IMPWEMU Y’ISI
  • NUGARAGAZE AGATIMA KO KWUBAHA MW’ISHENGERO
  • NIWEREKANE AGATIMA KEZA MU MIGENDERANIRE UGIRANIRA N’ABANDI
  • NUGIRE ICO UTEREREYE KU GATIMA KEZA KARANGWA MW’ISHIRAMWE RY’IMANA
  • Nuzigame agatima keza ishengero rifise
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Kuyoborwa n’impwemu y’Imana mu kinjana ca mbere no muri iki gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Nugende wisunga impwemu ubone kubaho uhuza n’ukwiyegura kwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Kubera iki twoyoborwa n’impwemu y’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/10 rup. 12-16

Ni agatima akahe werekana?

“Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu bubane n’agatima mwerekana.”​—FLM. 25.

WOSHOBORA KUVYISHURA?

  • Ni kubera iki dukwiye kwitwararika ibijanye n’agatima twerekana?

  • Ni udutima utuhe dukwiye kwirinda, kandi twobigira gute?

  • Twokora iki kugira ngo tugaragaze agatima kubaka mw’ishengero?

1. Ni icizigiro ikihe Paulo yaserura igihe yaba ariko arandikira abo basangiye ukwemera?

IGIHE intumwa Paulo yaba ariko arandikira abo basangiye ukwemera, yaguma aserura icizigiro yari afise c’uko Imana na Kristu boshimye agatima amashengero yagaragaza. Nk’akarorero, yandikiye Abagalatiya ati: “Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane n’agatima mwerekana, bene wacu. Amen.” (Gal. 6:18) None yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo “agatima mwerekana”?

2, 3. (a) Igihe Paulo yakoresha ijambo “agatima,” rimwe na rimwe yaba ariko yerekeza ku ki? (b) Ni ibibazo ibihe twokwibaza ku bijanye n’agatima twerekana?

2 Paulo yakoresheje ijambo “agatima” muri ubwo buryo mu kwerekeza ku nguvu idukoresha ituma tuvuga canke dukora ibintu mu buryo bunaka. Umuntu umwe yoshobora kuba yengenga, yitwararikana, yitonda, atanga cane canke ababarira abandi. Bibiliya irahayagiza “umutima utekereje kandi witonda” be n’“umutima utekanye.” (1 Pet. 3:4; Imig. 17:27) Uwundi muntu na we yoshobora kuba ahemana, ahahamira amaronko, ari inkomwahato canke agashobora kuba afise agatima ko kwigenga. N’ikirushirije kuba kibi, ni uko hariho abantu berekana agatima k’ubuhumbu, k’ukugambarara canke mbere k’ubugarariji.

3 Ku bw’ivyo, igihe Paulo yakoresha imvugo ngo “ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu bubane n’agatima mwerekana,” yariko araremesha abavukanyi biwe kwerekana agatima gahuye n’ukugomba kw’Imana be na kamere nk’iya Kristu. (Flp. 4:23; Soma Abakolosayi 3:9-12.) Muri iki gihe, turakwiye kwibaza duti: ‘Ni agatima akahe nerekana? Noshobora gute kurushiriza kugaragaza agatima gahimbara Imana? Noba norushiriza kugira ico nterereye ku gatima keza ishengero rifise?’ Tubitangire akarorero: Mu murima w’amashurwe, usanga ishurwe rimwerimwe ryose rigira ico riterereye ku bwiza bw’uwo murima muri rusangi. Twoba turi rimwe muri ayo mashurwe, tukagira ico duterereye ku bwiza bw’ishengero muri rusangi? Mu vy’ukuri, turakwiye kwihatira kuba nka rimwe muri yo. Nimuze ubu na ho turabe ico twokora kugira ngo tugaragaze agatima gahimbara Imana.

NIWIRINDE IMPWEMU Y’ISI

4. “Impwemu y’isi” ni iki?

4 Ivyanditswe bitubwira biti: “Twebwe ntitwaronse impwemu y’isi, ahubwo twaronse impwemu iva ku Mana.” (1 Kor. 2:12) None “impwemu y’isi” ni iki? Ni nka ya mpwemu nyene ivugwa mu Banyefeso 2:2, ahagira hati: “Mwagend[a] kera mwisunga ibintu vy’iyi si, mwisunga umutware w’ububasha bw’ikirere, ya mpwemu ubu ikorera mu bana b’ubugambarazi.” Ico “kirere” ni impwemu y’isi ari ko gatima kayo, kandi iradukikuje nka kurya kw’ikirere nya kirere. Iri hose. Akenshi ibonekera mu gatima abantu benshi bafise muri iki gihe ko kuvuga ngo: ‘Nta n’umwe akwiye kumbwira ico nkora’ canke ngo ‘Ndiko ndarwanira uburenganzira bwanje.’ Abo bantu ni “abana b’ubugambarazi” b’isi ya Shetani.

5. Ni agatima kabi akahe bamwebamwe berekanye muri Isirayeli?

5 Abantu bafise agatima nk’ako bamyeho. Mu gihe ca Musa, Kora yararwanije abari bafise ubukuru mw’ishengero rya Isirayeli. Yarondera canecane Aroni n’abahungu biwe, abari baratewe agateka ko kuba abaherezi. Ashobora kuba yarabona udusembwa twabo. Canke ashobora kuba yarerekana ko Musa yakoresha aka mwana wa mama mu gutera uduteka incuti ziwe. Uko ibintu vyoba vyari vyifashe kwose, biragaragara ko Kora yatanguye kubona ibintu nk’uko abantu babibona maze ariyamiriza abo Yehova yagenye, mu kubabwira n’akagaye n’akantu ngo: “Ivyanyu turabihaze . . . Kubera iki none mwiduza hejuru y’ishengero rya Yehova?” (Guh. 16:3) Muri ubwo buryo nyene, Datani na Abiramu baridogeye Musa, bamubwira yuko yariko ‘arigira umuganwa kuri bo aherejeko.’ Igihe basabwa kurenguka imbere ya Musa, bishuye n’ubwibone n’akantu bati: “Eka ntituduga!” (Guh. 16:12-14) Biragaragara ko Yehova atahimbawe n’ako gatima kabo. Yarishe abo bagarariji bose.​—Guh. 16:28-35.

6. Abantu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere berekanye gute ko bari bafise agatima kabi, kandi ni igiki gishobora kuba carabibatumye?

6 Abantu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere na bo nyene baratora amahinyu abari barahawe ubukuru mw’ishengero, “bagakengera ubutware.” (Yuda 8) Abo bantu bashobora kuba batashimishwa n’uduteka bari baratewe maze bakagerageza kwosha abandi ngo barwanye abagabo bagenywe bariko bararangura ibikorwa bashinzwe n’Imana bavyitondeye.​—Soma 3 Yohani 9, 10.

7. Ni mu buryo ubuhe dukwiye kuba maso mw’ishengero?

7 Biragaragara ko agatima nk’ako ata kibanza gafise mw’ishengero rya gikirisu. Ni co gituma dukwiye kuba maso kuri ico kintu. Abagabo b’inararibonye bo mw’ishengero ntibatunganye, nk’uko nyene abo mu gihe ca Musa be n’abo mu gihe c’intumwa Yonani batari batunganye. Abakurambere boshobora gukora amakosa agira ico adukozeko. Mu gihe ivyo bishitse, ese ukuntu vyoba bitabereye hagize uwo mw’ishengero avyifatamwo mu buryo buranga impwemu y’isi, mu gusaba ashimitse ko yotunganirizwa canke yuko hagira igikorwa kuri uwo muvukanyi! Yehova yoshobora guhitamwo kwirengagiza udukosa tumwetumwe. None natwe ntitwobigenza gutyo nyene? Abantu bamwebamwe bakora igicumuro gikomeye mw’ishengero baranka kurenguka imbere ya komite y’abakurambere yashinzwe kubafasha, babitumwe n’ivyo babona ko ari utunenge ku bakurambere. Boshobora kugereranywa n’umurwayi yanka umuti wovura indwara yiwe kubera ko hariho ikintu adashima ku muganga awumuhaye.

8. Ni ivyanditswe ibihe vyodufasha kuguma tubona mu buryo bubereye abatuja imbere mw’ishengero?

8 Kugira ngo twirinde ako gatima, turakwiye kwibuka yuko Bibiliya ivuga ko Yezu afise “mu kuboko kwiwe kw’ukuryo inyenyeri indwi.” Izo “nyenyeri” zigereranya abacungezi barobanuwe, mu buryo bwagutse na ho zikagereranya abacungezi bo mu mashengero. Yezu arashobora kuyobora izo “nyenyeri” ziri mu kuboko kwiwe mu buryo ubwo ari bwo bwose abona ko bubereye. (Ivyah. 1:16, 20) Ku bw’ivyo, kubera ko ari Umutwe w’ishengero rya gikirisu, arifatiye mu minwe inama z’abakurambere. Nimba uwo mu bagize inama y’abakurambere akeneye vy’ukuri gukosorwa, Umwe afise “amaso ameze . . . nk’urubeya rw’umuriro” azoraba yuko ivyo bikorwa ku gihe yashinze no mu buryo abona ko bubereye. (Ivyah. 1:14) Mu kurindira, tuguma tugaragariza icubahiro kibereye abagenywe n’impwemu nyeranda, kuko Paulo yanditse ati: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazobibazwa; kugira ngo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko vyogirira nabi mwebwe.”​—Heb. 13:17.

9. (a) Umukirisu yoshobora gute kugezwa igihe akosowe canke atojwe indero? (b) Ni uburyo bwiza kuruta ubundi ubuhe bwo kwakira igikangiro?

9 Agatima umukirisu afise koshobora kandi kugezwa igihe akosowe canke yatswe amabanga mw’ishengero. Umuvukanyi umwe akiri muto yarahanuwe n’abakurambere mu buryo burimwo ubugenge ku bijanye no gukina udukino tw’ubukazi two kuri videwo. Ikibabaje ni uko atakiriye neza iyo mpanuro bikaba vyabaye ngombwa ko akurwa mu bukozi bw’ishengero kubera ko atari agikwije ibisabwa n’Ivyanditswe. (Zab. 11:5; 1 Tim. 3:8-10) Mu nyuma, uwo muvukanyi yarakwiragije hose yuko atavyemeye, aguma yandikira ibiro vy’ishami amakete yo gutora amahinyu abo bakurambere, eka mbere akosha n’abandi mw’ishengero kubigenza gutyo. Ariko rero, nta co vyotumarira vy’ukuri guhungabanya amahoro y’ishengero ryose turondera kwisigura. Ese ukuntu vyorushiriza kuba vyiza tubonye ko igikangiro ari uburyo bwo kudufasha kubona ubugoyagoye tutari tuzi maze tukemera gukosorwa ducereje!​—Soma Gucura intimba 3:28, 29.

10. (a) Sigura ico muri Yakobo 3:16-18 hatwigisha ku bijanye n’agatima keza be n’agatima kabi. (b) Kugaragaza “ubukerebutsi buva hejuru” bivamwo iki”?

10 Muri Yakobo 3:16-18 haratwereka ibiranga umuntu agaragaza agatima katabereye canke kabereye mw’ishengero. Hagira hati: “Aho ishari n’agatima k’amahane biri, [ni] ho haba umuvurungano n’ikintu c’agahomerabunwa cose. Mugabo ubukerebutsi buva hejuru imbere ya vyose ni ubutanduye, maze bukaba ubw’amahoro, bugira ibitegereka, bugabirije kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza, ntibusobanura abantu mu kugira nkunzi, ntibwiyorobeka. Vyongeye, urubuto rw’icamwa c’ubugororotsi rubibwa mu mahoro ku bariko baremesha amahoro.” Nitwakora duhuza n’“ubukerebutsi buva hejuru,” kamere zacu zishimwa n’Imana zizotuma dushobora kugira ico duterereye ku gatima keza karangwa mu bavukanyi.

NUGARAGAZE AGATIMA KO KWUBAHA MW’ISHENGERO

11. (a) Kuguma dufise agatima kabereye bizodufasha kwirinda iki? (b) Akarorero ka Dawidi katwigisha iki?

11 Turakwiye kuguma twibuka yuko Yehova yashinze abakurambere igikorwa co “[kuragira] ishengero ry’Imana.” (Ivyak. 20:28; 1 Pet. 5:2) Ku bw’ivyo, turatahura yuko ikintu kiranga ubukerebutsi twokora ari ukwubaha iyo ntunganyo Imana yashizeho, twaba dufise ako gateka ko kuba abakurambere canke tutagafise. Kuguma dufise agatima kabereye birashobora kudufasha kwirinda kunohokera ibibanza. Igihe Umwami Sauli wa Isirayeli yabona yuko Dawidi yari ageramiye ubwami bwiwe, “yama arabana Dawidi umwikeko.” (1 Sam. 18:9) Uwo mwami yaratsimbataje agatima kabi aranipfuza kwica Dawidi. Aho kurazwa ishinga birenze urugero n’ibibanza nka Sauli, ese ukuntu vyorushiriza kuba vyiza tubaye nka Dawidi! Naho uwo musore yashikiwe n’ibintu vy’akarenganyo vyinshi cane, yagumye yubaha ubukuru bwashizweho n’Imana.​—Soma 1 Samweli 26:23.

12. Ni igiki cogira ico giterereye ku bumwe bw’ishengero?

12 Kubona ibintu mu buryo butandukanye birashobora gutuma bamwebamwe mu bagize ishengero bashavura, mbere no mu bacungezi. Impanuro dusanga muri Bibiliya zirashobora kudufasha muri ivyo, imwe ikaba igira iti: “Mu vyo guterana iteka mube aba mbere,” iyindi na yo iti: “Ntimube abanyabwenge mu maso yanyu bwite.” (Rom. 12:10, 16) Aho kuguma twerekana yuko ari twe tuvuga ukuri, turakwiye kwemera icese yuko akenshi usanga hariho uburyo bwinshi bubereye bwo kubona ibintu. Tugerageje gutahura ukuntu abandi babona ibintu, turashobora kugira ico duterereye ku bumwe bw’ishengero.​—Flp. 4:5.

13. Dukwiye kubona gute ivyiyumviro vyacu bwite, kandi ni akarorero ko muri Bibiliya akahe kerekana ico kintu?

13 Ivyo none vyoba bisobanura yuko ari bibi gushikiriza iciyumviro nimba tubonye yuko hari ikintu mw’ishengero twibaza ko gikeneye gukosorwa? Eka data. Mu kinjana ca mbere, haravyutse ikibazo cahaririweko cane. Abavukanyi baciye “bashinga yuko Paulo na Barunaba n’abandi bo muri bo baduga ku ntumwa n’abagabo b’inararibonye i Yeruzalemu ku vyerekeye ivyo bihari.” (Ivyak. 15:2) Nta gukeka ko umwe wese muri abo bavukanyi yari afise iciyumviro ashikiriza kuri ico kibazo no ku kuntu cotorerwa umuti. Ariko rero, umwe wese muri bo amaze gushikiriza iciyumviro ciwe maze hagafatwa ingingo hisunzwe ubuyobozi bw’impwemu, abo bavukanyi ntibabandanije kuzana ibindi vyiyumviro vyabo bwite. Ikete ryarimwo iyo ngingo rimaze gushikira amashengero, abo muri yo “[baranezerejwe] n’iyo ndemesho” bongera “[bara]komezwa mu kwizera.” (Ivyak. 15:31; 16:4, 5) No muri iki gihe nyene, tumaze gushikiriza ikibazo abavukanyi bajejwe amabanga, turakwiye guhimbarwa no kukibarekera bakacicarira.

NIWEREKANE AGATIMA KEZA MU MIGENDERANIRE UGIRANIRA N’ABANDI

14. Umwe wese ku giti ciwe ashobora ate kwerekana agatima keza?

14 Umwe wese ku giti ciwe, arafise uturyo twinshi two kwerekana agatima keza. Twese turashobora gufasha cane mu gihe tugaragaje agatima ko kubabarira abandi igihe badukoshereje. Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi.” (Kol. 3:13) Imvugo ngo “iyo hari uwufise ico yidogera,” itanga iciyumviro c’uko umuntu yoshobora kuba afise imvo zumvikana zo gushavurira abandi. Ariko rero, aho kurazwa ishinga birenze urugero n’utunenge twabo maze tugahungabanya amahoro y’ishengero, turagerageza kwigana Yehova hanyuma tukababarira abandi ata gahigihigi, tukabandanya kurangurira hamwe umurimo tujejwe.

15. (a) Twokwigira iki kuri Yobu ku bijanye no kubabarira abandi? (b) Isengesho rishobora gute kudufasha kugaragaza agatima keza?

15 Ku bijanye no kubabarira abandi, turashobora kugira ico twigiye kuri Yobu. Abitwa ngo ni abiruzi biwe batatu baramubabaje mu kumubwira amajambo menshi ataranga ubuntu. Ariko rero, Yobu yarabahariye. Uti gute? “[Yarasabiye] bagenziwe.” (Yobu 16:2; 42:10) Gusenga dusabira abandi vyoshobora kudufasha guhindura ukuntu tubabona. Gusenga dusabira abakirisu bagenzi bacu bose biradufasha gutsimbataza umutima nk’uwa Kristu. (Yoh. 13:34, 35) Uretse gusenga dusabira abavukanyi bacu, turakwiye no gusenga dusaba impwemu nyeranda. (Luka 11:13) Impwemu y’Imana iradufasha kugaragaza kamere za gikirisu mu vyo tugiranira n’abandi.​—Soma Abagalatiya 5:22, 23.

NUGIRE ICO UTEREREYE KU GATIMA KEZA KARANGWA MW’ISHIRAMWE RY’IMANA

16, 17. Ku bijanye n’‘agatima twerekana,’ ni ibiki wiyemeje kugira ku giti cawe?

16 Ese ukuntu hoshobora kuvamwo ivyiza bishimishije mu gihe umwe wese mu bagize ishengero yishingiye umugambi wo kugira ico aterereye ku gatima keza karangwa mw’ishengero! Tumaze kurimbura ivyo bintu, twoshobora kubona yuko twebwe ubwacu dushobora kugira ivyo turyohoye mu bijanye no kugaragaza agatima kubaka. Nimba ari ukwo biri, ntidukwiye kugonanwa kureka Ijambo ry’Imana rikadusuzuma. (Heb. 4:12) Paulo, uwarazwa ishinga cane n’ivyo yakora mu mashengero, yavuze ati: “[N]ta co numva niyagiriza. Yamara muri ivyo simboneka ko ndi umugororotsi, ariko uwunsuzuma ni Yehova.”​—1 Kor. 4:4.

17 Nitwihatira gukora duhuza n’ubukerebutsi buva hejuru, ntitwibone ko turi agahambaye canke ngo tubone ko ikibanza turimwo gihambaye cane, tuzogira ico duterereye ku gatima keza karangwa mw’ishengero. Tugize agatima ko kubabarira abandi tukongera tukabiyumvira neza, tuzogiranira n’abo dusangiye ukwemera imigenderanire irangwa amahoro. (Flp. 4:8) Dukoze ivyo bintu, turashobora kwizigira tudakeka yuko Yehova na Yezu bazohimbarwa n’‘agatima twerekana.’​—Flm. 25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika