Idini rimaze iki?
“NDASHOBORA kuba umuntu ameze neza naho ata dini noba ndimwo!”. Ukwo ni ko abantu benshi biyumvira. Abantu benshi b’inziraburyarya, b’abanyempuhwe, kandi b’abizigirwa, usanga badashimishwa n’idini. Nk’akarorero, mu Buraya bwo mu Burengero, ni abantu bake usanga bama baja gusenga, naho abenshi bavuga ko bemera Imanaa. Mbere no muri Amerika y’Epfo, dufashe nk’abagatolika 100, abari hagati ya 15 na 20 ni bo bonyene bama baja mu misa.
Cokimwe n’abandi benshi, ushobora kuba ubona yuko idini ridafasha umuntu kugira ubuzima burushirije kuba bwiza. Ariko kandi, ushobora kuba uzi yuko mu myaka mirongo iheze, kuri ba sokuru bawe, abantu benshi bari bijukiye idini cane kuruta uko biri ubu. None vyagenze gute ngo mu mihingo myinshi abantu ntibabe bagikunda idini? Umuntu yoba ashobora kumera neza ata dini arimwo? Hoba hariho idini rishobora kukugirira akamaro?
Igituma abantu benshi bateye akagere idini
Muri kahise, abenshi mu bavuga ko ari abakirisu baramaze ibinjana n’ibindi bemera ko Imana isaba ukugamburuka. Bagenda gusenga kugira bashimwe n’Imana, vyaba biciye ku bintu vy’imigenzo vyagirwa n’umupatiri canke biciye ku buyobozi bwatangwa n’umupasitori. Ariko ntiwumve, abenshi bari bazi uburyarya bwarangwa mu madini. Uruhara idini ryagize mu ntambara be n’inyifato y’agaterasoni y’abakuru b’amadini, vyari bizwi cane. Yamara, abantu benshi wasanga babona ko idini ubwaryo ata kabi ririko. Abandi na bo wasanga bakunda kurya kuntu abantu biyumva igihe baba bari aho basengera, imigenzo yaho, be n’imiziki yahavugirizwa; mbere hari n’abajayo ku gutinya ko bazohava batabwa mu muriro udahera, iyo ikaba ari inyigisho ata na hamwe iboneka muri Bibiliya. Mu nyuma, ibintu vyinshi vyagiye biraba vyatumye abantu benshi bahindura uburyo babona amadini.
Inyigisho y’uko ngo ibintu vyabayeho bivuye kw’ihindagurika yahavuye ihurumbirwa. Bamwebamwe bahavuye bemera badakeka yuko ubuzima bwiyadukije, ata Mana ibigiyemwo. Amadini menshi ntiyashoboye gutanga ibimenyamenya bijijura vyerekana yuko Imana ari yo Sôko ry’ubuzima (Zaburi 36:9). N’ikigeretseko, ibintu vy’agatangaza vyashitsweko mu vy’ubuvuzi, mu vy’ugutwara ibintu n’abantu no mu vy’ugutumatumanako amakuru bivuye ku buhinga bwagenda butera imbere, vyatumye abantu babona yuko ingorane iyo ari yo yose ishobora gutorerwa umuti biciye ku buhinga n’ubumenyi. Vyongeye, abantu bari bafise ivyiyumviro vy’uko abahinga mu vy’imibano be n’abahinga mu vy’inyifato y’abantu batanga ubuyobozi bwiza kurusha amadini. Yamara, amadini ntiyashoboye kwerekana neza yuko kubaho umuntu yisunga amategeko y’Imana ari bwo buryo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose.—Yakobo 1:25.
Amadini menshi, mu kugira ico akoze kuri ivyo, yaciye ahindura ivyo yigisha. Abapatiri n’abapasitori barahevye kwigisha yuko Imana isaba ukugamburuka. Mu gishingo c’ivyo, benshi baciye bigisha yuko ngo umwumwe wese ategerezwa kwihitiramwo iciza n’ikibi. Indongozi z’amadini zimwezimwe, kugira zihurumbirwe n’abantu, zavuze yuko ngo Imana ikwemera uko woba ubayeho kwose. Inyigisho nk’iyo ica itwibutsa ivyo Bibiliya yari yaravuze iti: “[Hazoza] igihe . . . [aho] batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahūje n’ukwifuza kwabo”.—2 Timoteyo 4:3.
Inyigisho nk’iyo, aho gutuma abantu bakunda idini, yarabigijeyo. Ni ivyumvikana kubona baribajije bati: ‘Niba amadini akekeranya ku bijanye n’uko Imana yoba ifise ububasha bwo kurema be n’uko yoba ifise ubukerebutsi bwo gushinga amategeko, kuja gusenga bimariye iki? Kubera iki nokwirirwa ndigora nigisha ivy’idini abana banje?’. Abantu wasanga bagerageza kubaho mu buryo bubereye baciye batangura kubona ko idini ata co rimaze. Barahevye kuja gusenga, gutyo ntibaba bakibona ko idini rihambaye. Vyagenze gute none ngo ikintu cari gikwiye kuba ngirakamaro gihinduke ikintu ata co kimaze? Bibiliya iratanga insobanuro ijijura.
Abantu barakoresheje idini kugira bashike ku ntumbero mbi
Intumwa Paulo yaburiye abakirisu bo mu ntango yuko bamwebamwe bokoresheje ubukirisu kugira bashike ku ntumbero mbi. Yavuze ati: “Amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye umukuku. Kandi no muri mwebge ubganyu hazokwadukamw’abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo” (Ivyakozwe n’intumwa 20:29, 30). Umwe mu bantu bavuze “ibigoramye” yari umunyatewolojiya wo muri Ekeleziya Gatolika ya Roma yitwa Augustino. Yezu yari yarigishije abayoboke biwe kujijura abandi bantu mu kuzirikana na bo ku Vyanditswe. Ariko rero, Augustino yaragoretse insobanuro y’amajambo ya Yezu yanditswe muri Luka 14:23, ayavuga ngo “Ubagōbēre baze”, avuga ko asobanura yuko vyari bibereye gukoresha inguvu mu gikorwa co gutuma abantu bahindura idini (Matayo 28:19, 20; Ivyakozwe n’intumwa 28:23, 24). Augustino yarakoresheje idini kugira yifatire abantu mu minwe.
Umumarayika w’umugarariji yitwa Shetani ni we ari inyuma y’ugukoresha idini ukutari ko be n’ukwononekara kwaryo. Ni we yatumye abantu b’abanyedini bo mu kinjana ca mbere bagerageza kwonona amashengero y’abakirisu. Ku vyerekeye mwene abo bantu, Bibiliya ivuga iti: “Abameze bartyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bīgira intumwa za Kristo. Kand’ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yīgira umumarayika w’umuco. Nuko s’ikigoye kw abakozi biwe na bo bīgira nk’abakozi b’ukugororoka”.—2 Ab’i Korinto 11:13-15.
Shetani arabandanya gukoresha idini ryigira ko ari irya gikirisu, rikigira ko rigendera inyifato runtu, be n’uko rimurikira abantu, kugira atume babaho nk’uko agomba aho kubaho nk’uko Imana igomba (Luka 4:5-7). Ushobora kuba nawe warabonye yuko abakuru b’amadini benshi muri iki gihe bakoresha idini kugira bironkere icubahiro mu kwiha amazina y’icubahiro akomakomeye no kugira bironkere amahera mu masho barongoye. Intwaro na zo nyene zarakoresheje idini mu gushwirura abanyagihugu ngo bitange mu ntambara.
Shetani arakoresha idini cane rwose kuruta uko abantu babibona. Woshobora kuba wiyumvira yuko intagondwa nkeyi zo mu madini ari zo gusa ziriko zikoreshwa na Shetani. Yamara Bibiliya ivuga yuko umwe “yitwa Murwanizi, irindi [akaba ari] Satani, [ariko a]zimiza abari kw isi bose”. Bibiliya ivuga kandi iti: “Isi yose iri muri wa Mubi” (Ivyahishuriwe 12:9; 1 Yohana 5:19). None Imana ibona gute idini rikoreshwa n’indongozi ata kindi zirondera atari ugukwegera abantu inyuma yazo?
“Bimaze iki?”
Niba ubabazwa n’inyifato y’amadini amwamwe y’abiyita abakirisu, menya yuko Imana Mushoboravyose itayerekwa. Abiyita abakirisu bavuga yuko ngo bagiranye isezerano n’Imana; Isirayeli ya kera na yo nyene yavuga gutyo. Si abo biyita abakirisu, si abo Bisirayeli, bompi babaye abahemu. Ku bw’ivyo, uko Yehova yashize ku kabarore Isirayeli ni ko azobigira no ku biyita abakirisu bo muri iki gihe. Yehova yavuze ati: “[Ntib]umviye amajambo yanje, kand’ivyagezwe vyanje . . . bārabikēngereye. Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba? . . . Ibimazi vyanyu . . . ntibimpimbara” (Yeremiya 6:19, 20). Imana ntiyemera ibikorwa bijanye n’ugusenga vyagirwa n’indyadya. Ntiyashimishwa n’imigenzo yabo be n’amasengesho yabo. Yabwiye Isirayeli iti: “Imisi mikuru [muziririza], umutima wanje ura[y]izinutswe. Birangoye, ndambiwe kuvyihanganira. Ni mwatega amaboko yanyu nzobahisha mu nyonga hanje; mbere naho mwosenga amasengesho menshi sinzobumviriza”.—Yesaya 1:14, 15.
Yehova yoba ashima imisi mikuru amadini avuga ko ari iya gikirisu, yamara mu ntango ikaba yari iyo gutera iteka imana z’ikinyoma? Yoba yumviriza amasengesho aturwa n’abakuru b’amadini bonona inyigisho za Kirisitu? Imana yoba yemera idini na rimwe ritera akagere amategeko yayo? Numenye neza yuko imigenzo igirwa n’amadini muri iki gihe Imana iyibona nk’uko yabona vya bimazi Isirayeli ya kera yashikana, bimwe yavugako aya majambo agira ati: “Bimaze iki?”.
Naho ari ukwo, Yehova aritaho cane ukumusenga mu kuri kugirwa n’abantu b’inziraburyarya. Imana irahimbarwa iyo abantu berekanye ko bakenguruka ivyo ibaha vyose (Malaki 3:16, 17). Woba none ushobora kuba umuntu ameze neza kandi udasenga Imana? Umuntu ata co akorera abavyeyi biwe bamukunda, wumva yokwiyita umuntu ameze neza? Umuntu ata co akorera Imana, wumva none ashobora kuba ari umuntu ameze neza? Birumvikana ko dukwiye kwitwararikana ishaka Imana y’ukuri, yo ubuzima bwakomotseko. Mu kiganiro gikurikira, turabona ukuntu ugusenga kw’ukuri kudatera iteka Imana vyonyene, ariko kandi ko kutugirira akamaro.
[Akajambo k’epfo]
a Igitabu Ugutituka kw’ubukirisu mu Buraya bwo mu Burengero, 1750-2000 (mu congereza) kivuga giti: “Mu myaka ya 1960 . . . ni ho mu bihugu vyinshi hatangura kuba itituka ry’imico y’ivy’idini tuyifatiye hamwe”.
[Ifoto ku rup. 4]
Amadini yoba yarerekanye ibimenyamenya vy’uko Imana ari yo yaremye vyose?
[Ifoto ku rup. 5]
Ubwo uwuserukira Imana yoba akwiye kuja mu bintu nk’ibi?
[Ifoto ku rup. 5]
Imana ibona gute imisi mikuru nk’iyi?
[Credit line on page 5]
AP Photo/Georgy Abdaladze