Hoba hari ico bitwaye upfuye idini uhisemwo?
BENSHI muri twebwe, iyo tugiye gusuma, turashima ko haba hariho ibintu vyinshi duhitamwo ivyo twipfuza. Kw’isoko, iyo hari ubwoko butandukanye bw’ivyamwa n’ibindi birimwa, turashobora guhitamwo ivyo dushima kurusha ibindi kandi vyogirira akamaro umuryango wacu. Mu gihe aho badandariza impuzu haba hari impuzu zizimbutse z’imideri myinshi n’amabara menshi, turashobora guhitamwo iyotubera kuruta izindi. Amwamwe mu mahitamwo tugira mu buzima usanga agaragaza gusa ivyo ubwacu dushima. Ariko rero, ayandi aragira ico akoze ku kumererwa neza kwacu, nk’akarorero uguhitamwo imfungurwa zitugirira akamaro canke uguhitamwo abagenzi beza. Tuvuge iki none ku bijanye n’uguhitamwo idini? Uburyo bwo gusenga duhitamwo, bwoba ari ikintu gusa kigaragaza ivyo twebwe ubwacu dushima? Canke ni ikintu kigira ico gikoze gikomeye ku kumererwa neza kwacu?
Hari amadini menshi atandukanye umuntu yohitamwo iryo yojamwo. Ibihugu vyinshi ubu biraha umuntu umwidegemvyo wo kuja mw’idini ashaka, kandi abantu batera barushiriza kwumva ko bafise umwidegemvyo wo kuva mw’idini ry’abavyeyi babo. Mw’itohoza rimwe ryagizwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, basanze Abanyamerika 80 kw’ijana “babona ko idini rimwe gusa atari ryo rishobora kujana abantu ku gakiza”. Iryo tohoza nyene ryerekanye ko “mu babajijwe ibibazo, umwe kuri batanu yavuze yuko yari yarahinduye idini amaze gukura”. Itohoza rimwe ryagizwe muri Berezile ryerekanye yuko hafi ica kane c’Abanyaberezile bose bahinduye idini.
Muri kahise, abantu baraharira n’ibiti bikuma ku bijanye n’inyigisho zitandukanya idini n’irindi. Ubu iciyumviro abenshi bafise ni iki: ‘Nta co bitwaye upfuye idini ryose uhisemwo’. Mugabo none, ivyo vyoba ari ko biri? Ihitamwo ugira ku bijanye n’idini wojamwo, hoba hari ico rishobora kugira kuri wewe?
Nk’uko abaguzi biyubara babaza ibibazo ku bijanye n’iyo ibidandazwa vyavuye, na wewe woba ugize ibiranga ubukerebutsi wibajije uti: ‘Aya madini yose yatanguye gute, kandi kubera iki?’. Bibiliya iratanga inyishu.
Amadini yatanguye gute?
Muri Isirayeli ya kera, Umwami Yerobowamu yaratanguje idini rishasha, ico gihe hakaba hari hagisigaye imyaka hafi igihumbi ngo Yezu aze kw’isi. Yerobowamu yari umwami wa mbere wa bwa bwami bwigenga bwa Isirayeli bwo mu Buraruko. Yari afise igikorwa kitoroshe co kunywanisha abo yatwara kugira ashike ku co yarondera. Bibiliya ivuga iti: “Umwami . . . yīgīra inama, acurisha ibishushanyo vy’amamasa bibiri mw izahabu, abarira abantu, at’Erega birabagoye kwama mudūga i Yerusalemu: ehe rāba, ngizi imana zanyu . . . , yemwe Bisirayeli!” (1 Abami 12:28). Biribonekeza yuko uwo mwami yashaka gukoresha idini ngo akevye abantu bakure umutima kuri Yeruzalemu, aho bari basanzwe basengera. Idini Yerobowamu yatanguje ryaramaze ibinjana n’ibindi. Ico ryavuyemwo ni uko abantu amamiliyoni biboneyeko igihe amaherezo Imana yashitsa urubanza yari yaraciriye Isirayeli yari yarahunye. Idini Yerobowamu yashinze, yarishinze afise umugambi wo kurondera gushika ku nyungu ziwe z’ivya politike. Amadini amwamwe ya Leta akibandanya no muri iki gihe, na yo nyene yatanguye gutyo nyene mu ntumbero yo gukomeza intwaro.
Intumwa Paulo yarahishuye iyindi mvo ituma abantu batanguza idini rishasha igihe yavuga ati: “Ndazi yuko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye umukuku. Kandi no muri mwebge ubganyu hazokwadukamw’abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo” (Ivyakozwe n’intumwa 20:29, 30). Indongozi z’ubwibone akenshi ziratanguza amadini kugira ngo ziyerekane. Amadini avuga ko ari aya gikirisu yariciyemwo ubudumbidumbi bwinshi.
Amadini arondera guhimbara nde?
Abantu bamwebamwe bashobora gutanguza idini rishasha kugira bashirire benshi aho bashaka. Nk’akarorero, hari ikinyamakuru (Economist) cagize ico kivuga ku mashengero yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avugwa ko ari maninimanini. Ikiganiro co muri ico kinyamakuru kivuga ivyerekeye ayo mashengero cerekana yuko ariko agwiza abanywanyi kubera ko “ashingiye ku ngingo ngenderwako isa n’imwe y’urudandaza rwose rutera imbere, na yo ikaba ari iyijanye no gushirira umukiriya aho ashaka”. Amwamwe muri ayo madini usanga agirwamwo “ibirori bijanye n’usenga bishwangamura birimwo amasinema, ibikino be n’imiziki ya none”. Indongozi zimwezimwe zo muri ayo madini zivuga ko zigisha abanywanyi bayo kuba “abatunzi, abafise amagara meza, n’abantu babaho batagira ingorane”. Nk’uko ico kinyamakuru kibivuga, naho ayo madini anebagurwa ko ari mu nzego zirondera ibinezereza abantu canke mu “rudandaza rw’ukwirwanako, ico ariko agira gusa ni ugushirira abanywanyi aho bashaka”. Ico kinyamakuru gisozera giti: “Ivy’ugushira hamwe urudandaza n’idini vyaragenze neza bimwe vy’agatangaza”.
Naho ayandi madini bitoba vyibonekeza cane ko ameze nk’urudandaza, amadini ariko “ashirira abanywanyi aho bashaka” atwibutsa ingabisho yatanzwe na Paulo. Yanditse ati: “Igihe kizoza, [ntiba]zokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahūje n’ukwifuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma”.—2 Timoteyo 4:3, 4.
Kubera ko amadini menshi yavutse bivuye ku cipfuzo co kurondera gushikira ubutegetsi, kurondera icubahiro, no kurondera kwemerwa n’abantu benshi aho kuvuka bivuye ku cipfuzo co kurondera guhimbara Imana, ntibitangaje rero kubona idini ryisuka mu bukozi bw’ikibi nk’ugukorera amabi abana, forode, intambara, canke iterabwoba. Kenshi na kenshi, idini usanga ari uruhendo. Wokwirinda gute none guhendwa?
[Iciyumviro ku rup. 4]
Amadini menshi yavutse bivuye ku cipfuzo co kurondera gushikira ubutegetsi, kurondera icubahiro, no kurondera kwemerwa n’abantu benshi aho kuvuka bivuye ku cipfuzo co kurondera guhimbara Imana