ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/1 rup. 9-11
  • Woba ushobora kwaguka mu rukundo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ushobora kwaguka mu rukundo?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Duhe agaciro abo dusangiye ukwizera
  • Abanyakorinto bari ‘bagiwe’
  • Twaguke mu rukundo muri iki gihe
  • Nurondere n’abandi bagenzi
  • Twiteho ivyo abandi bakeneye
  • ‘Twaguke’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Tugume turushiriza kugaragaza urukundo rwa kivukanyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Mukovye mu Gukundana”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • «Mubandanye kugendera mu rukundo»
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/1 rup. 9-11

Woba ushobora kwaguka mu rukundo?

UMUNYORORO ufata inanga y’ubwato utegerezwa kuba ukomeye kugira ubwato ntibutwarwe n’imipfunda. Ariko rero, ivyo bishoboka gusa mu gihe ufatanijwe neza kandi mu buryo bukomeye. Atari aho urashobora gucika.

Ni na ko bimera ku bijanye n’ishengero rya gikirisu. Kugira ishengero rikomere kandi rimere neza, abarigize bategerezwa kuba bafatanijwe mu bumwe. Ni igiki none kibafatanya? Ni urukundo, rwo nguvu ikomeye ituma haba ubumwe. Ntibitangaje rero kubona Yezu Kristu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje”. Mu vy’ukuri, abakirisu b’ukuri bakundana rwa rukundo rurengeye ubugenzi busanzwe be n’ukwubahana. Baratsimbataza urukundo rwo kwitanga.​—Yohana 13:34, 35.

Duhe agaciro abo dusangiye ukwizera

Amashengero menshi usanga agizwe n’abantu batangana mu myaka, badahuje ibara ry’urukoba, badahuje ubwenegihugu, badafise imico kama imwe, batavuga ururimi rumwe, n’ivyabo bitifashe kumwe mu kibano. Umwe wese usanga afise ivyo yanka n’ivyo akunda, ivyo yizigiye be n’ibimutera ubwoba, kandi kenshi na kenshi usanga umwe wese afise umutwaro ategerezwa kwikorera, kumbure akaba ari amagara make canke ingorane z’ivy’amahera. Ivyo bintu batandukaniyeko vyoshobora gutera ingorane ku bumwe bw’abakirisu. Ni giki none codufasha kwaguka mu rukundo no kuguma twunze ubumwe naho hari ivyo dutandukaniyeko? Duhaye agaciro bimwe bivuye ku mutima abagize ishengero bose, bizodufasha kurushiriza gukundana.

Twoshobora gute guha agaciro abandi? Nimba duha agaciro abo dusangiye ukwizera, turitwararika ivyo bakeneye, turabubaha cane, ntitwirengagiza kamere nziza cane bafise be n’ibintu vyiza bagira, kandi turakenguruka kuba bifatanya natwe mu gusenga. Ico ivyo bivamwo, ni uko turushiriza kubakunda. Kwihweza muri make ivyo intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Korinto bo mu kinjana ca mbere biraza kudufasha kubona ingene twogaragaza urukundo rwa gikirisu bimwe birushirije kuba ibishitse.

Abanyakorinto bari ‘bagiwe’

Paulo yandikiye Abanyakorinto ikete ryiwe rya mbere mu 55 G.C., ikete ryiwe rya kabiri na ryo aribandikira mu nyuma muri uwo mwaka nyene. Ivyo Paulo yavuze birerekana ko bamwebamwe mw’ishengero ry’i Korinto bataha agaciro abo bari basangiye ukwizera. Paulo yadondoye uko ibintu vyari vyifashe muri aya majambo agira ati: “Akanwa kacu karabasēsekariye, yemwe Bakorinto, umutima wacu urāgutse; ntimwāgiwe muri twebge, yamara mwāgiwe mu mitima yanyu” (2 Ab’i Korinto 6:11, 12). None Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko bari ‘bagiwe’?

Yashaka kuvuga ko bari baze mu mutima kandi ko bari ingumyi. Hari incabwenge imwe mu vya Bibiliya ibona ko urukundo Abanyakorinto bakunda Paulo rwari “rwatangiriwe n’ibihe bitoroshe barimwo biturutse ku mwikeko udafise ishingiro. . . no kw’ishavu”.

Ng’iyi impanuro Paulo yatanze: “Ndababgira nk’abana banje, namwe ni mwāguke, mwishure nk’uko mwagiriwe” (2 Ab’i Korinto 6:13). Paulo yaremesheje Abanyakorinto kwaguka mu rukundo bari bafitiye abo basangiye ukwizera. Ivyo vyosavye ko Abanyakorinto bagira ico bakoze babitumwe n’ukubona ibintu mu buryo bwiza be n’umutima wo gutanga, aho gutwarwa n’ukutizigira abandi be n’utugorane tudafashe bagiranira.

Twaguke mu rukundo muri iki gihe

Bireza umutima kubona ingene abasavyi b’Imana b’ukuri muri iki gihe bakora uko bashoboye kwose kugira baguke mu rukundo bakundana. Tuvugishije ukuri, kwaguka si ikintu coroshe. Si ukuba gusa umuntu azi ico ari bukore. Kwaguka bisaba ko twigenza mu buryo butandukanye n’ubw’abantu batisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwabo. Bene abo bantu usanga kenshi na kenshi badaha agaciro kanini abandi. Ukunda gusanga batitwararikana, bafyinata, kandi bahemana. Nimuze rero ntitwigere tureka ngo twoshwe n’udutima bene utwo. Ese ukuntu vyoba bibabaje hamwe urukundo dufitaniye rwonigirwa mu menshi n’ukutizigirana nka kumwe kw’Abanyakorinto! Ivyo vyoshobora gushika hamwe twoba tunyaruka kubona utunenge tw’umuvukanyi mugabo tugateba kubona kamere nziza afise. Vyoshobora kandi gushika mu gihe twoba twagiwe mu bijanye n’igishika, bitewe n’uko umuntu kanaka tudahuje imico kama.

Igihushanye n’ivyo, umusavyi w’Imana yaguka mu rukundo araha agaciro vy’ukuri abo basangiye ukwizera. Arabubaha cane, akubahiriza agateka kabo akongera akitwararika ivyo bakeneye. No mu gihe hoba hari imvo yumvikana yo kwidodomba, arihutira guharira kandi ntabika inzika. Aho kubika inzika, afata abo basangiye ukwizera nk’aho ata mvo mbi bakorana. Umutima wo gutanga aba afise uramufasha kugaragaza rwa rukundo Yezu yari afise ku muzirikanyi igihe yavuga ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje”.​—Yohana 13:35.

Nurondere n’abandi bagenzi

Urukundo ruva ku mutima ruzotuma turondera n’abandi bagenzi turetse barya dusanganywe, turondere kugira abagenzi barya mw’ishengero usanga tudakunda kuyaga cane. Uti none abo bashobora kuba ba nde? Hari bamwebamwe mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu usanga batinyatinya canke bitumwe n’imvo kanaka, ugasanga bafise abagenzi bake. Mu ntango twoshobora kwumva ko ata kintu kinini duhuriyeko n’abantu nk’abo, uretse ukuba dusangiye ugusenga. Ariko none, s’ivy’ukuri ko bamwe mu babaye abagenzi somambike kuruta abandi bose bavugwa muri Bibiliya bari abantu vyasa n’uko ata kintu kinini bari bahuriyeko?

Nk’akarorero, Rusi na Nawomi ntibari barukiye rimwe, bari bafise ubwenegihugu n’imico kama bitandukanye, kandi ntibari banasangiye ururimi kavukire. Mugabo ivyo ntivyabujije ko bakundana. Yonatani yakuze ari umuganwa, Dawidi na we akura ari umwungere. Uravye imyaka bari bafise, nta ho yari ihuriye, mugabo ni bo bantu bari abagenzi somambike kuruta abandi bose bavugwa mu Vyanditswe vyeranda. Ubugenzi abo bantu bose duhejeje kuvuga bari bafitaniye bwarabazaniye agahimbare bwongera burabaremesha mu vy’impwemu.​—Rusi 1:16; 4:15; 1 Samweli 18:3; 2 Samweli 1:26.

No muri iki gihe, hari abakirisu b’ukuri batarukiye rimwe canke uko ivyabo vyifashe mu buzima ata ho bihuriye, usanga ari abagenzi somambike. Nk’akarorero, uwitwa Regina ni umuvyeyi yireranye abana babiri b’imiyabagaa. Afise twinshi akora bigatuma ataronka umwanya wo kuja hamwe n’abandi. Harald na Ute ni umugore n’umugabo bubakanye bakukurutse batagira abana. Ubiravye, iyo miryango ibiri isa n’uko ata kintu kinini ihuriyeko. Yamara, Harald na Ute barashize mu ngiro ya mpanuro yo muri Bibiliya idusaba kwaguka. Bararondeye gushiramwo Regina n’abana biwe mu dukorwa tutari duke bajamwo, bakamarana umwanya na bo mu busuku bwo mu ndimiro no mu tuntu tumwetumwe two kwiruhura bajamwo.

Twoba dushobora kwaguka ntitugume dufise ba bagenzi dusanganywe gusa? Ubona gute urushirije kwiyegereza abo musangiye ukwizera b’ubundi bwenegihugu, b’iyindi mico kama, canke abo mudahuje imyaka?

Twiteho ivyo abandi bakeneye

Umutima wo gutanga uzotuma twitaho ivyo abandi bakeneye. Ni ibiki none bakeneye? Niwihweze abagize ishengero rya gikirisu. Abakiri bato barakeneye ubuyobozi, abageze mu za bukuru barakeneye indemesho, abasuku b’igihe cose barakeneye gukezwa no gufatwa mu mugongo, abo dusangiye ukwizera bavunitse umutima na bo barakeneye uwo bobwira ingorane zabo. Nta numwe atagira ico akenera. Twipfuza kwitaho ivyo bintu abandi bakeneye uko dushoboye kwose.

Kwaguka bisaba kandi ko twereka abari n’ivyo bakeneye mu buryo budasanzwe ko tubatahura. Woba uzi uwurwaye indwara idakira canke uwufise iyindi ngorane yinaka? Kwaguka mu rukundo no gutsimbataza umutima wo gutanga bizogufasha gutahura abari n’ivyo bakeneye no kubafata mu mugongo.

Uko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeye kazoza ka hafi bugenda bwegereza iranguka ryabwo, ubumwe bukomeye abagize ishengero bafitaniye buzorushiriza kuba co kintu c’agaciro karuta kure n’iyo amatungo, ububangukirwe umuntu afise, canke ibintu ashikako (1 Petero 4:7, 8). Umwumwe wese muri twebwe arashobora guterera agacumu k’ubumwe mu vyo gukomeza ubumwe buri mw’ishengero arimwo, mu kwaguka mu rukundo akunda abo basangiye ukwizera. Turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoduhezagira cane kubera tuzoba twakoze mu buryo buhuye n’aya majambo Umwana wiwe Yezu Kristu yavuze agira ati: “Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk’uko nabakunze”.​—Yohana 15:12.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

[Iciyumviro ku rup. 10]

Guha agaciro abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bisobanura kububaha cane, kwubahiriza agateka kabo no kwitwararika ivyo bakeneye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika