‘Muze munezerwe rwose’
‘Iyo misi muze muyigire mikuru yo kuninahaza Uhoraho, kandi muze munezerwe rwose’.—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 16:15.
1. (a) Ni ibibazo ibihe Shetani yavyuye? (b) Inyuma y’ukugarariza kwa Adamu na Eva, ni ibiki Yehova yavuze ko vyobaye?
IGIHE Shetani yatuma Adamu na Eva bagarariza Umuremyi wabo, yaravyuye ibibazo bibiri bihambaye cane. Ubwa mbere, yaravyuye ugukekeranya ku bijanye n’uko Yehova yoba ari umunyakuri be n’uko yoba ategeka mu buryo bubereye. Ubugira kabiri, Shetani yabaye nk’uwuvuga yuko abantu bokoreye Imana kubera gusa inyungu bohakura. Ico kibazo ca kabiri caratomowe mu gihe ca Yobu (Itanguriro 3:1-6; Yobu 1:9, 10; 2:4, 5). Ariko rero, Yehova yaragize ico akoze adatebaganye kugira ngo abitorere umuti. Igihe Adamu na Eva bari bakiri mw’itongo ry’i Edeni, Yehova yaravuze ukuntu yotoreye inyishu ivyo bibazo. Yaravuze ivy’ukuza kw’“urubuto” rwokomerekeje Shetani umutwe agapfa, rubanje gukomeretswa ku gitsintsiri.—Itanguriro 3:15, NW.
2. Ni umuco uwuhe Yehova yagiye aratanga ku bijanye n’ukuntu yotumye ubuhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15 buranguka?
2 Uko igihe cagiye kirarengana, Yehova yagiye aratanga umuco wiyongereye ku bijanye n’ubwo buhanuzi, gutyo aba yerekanye yuko ubwo buhanuzi impera n’imperuka bworangutse ata kabuza. Nk’akarorero, Imana yarabwiye Aburahamu yuko urwo “rubuto” (NW) rwobonetse mu bomukomotseko (Itanguriro 22:15-18). Yakobo umwuzukuru wa Aburahamu yarabaye se w’imiryango 12 y’Abisirayeli. Mu 1513 B.G.C., igihe abagize iyo miryango bacika ihanga, Yehova yarabahaye urutonde rw’ivyagezwe rwarimwo n’ivyerekeye imisi mikuru itandukanye bohimbaje ku mwaka ku mwaka. Intumwa Paulo yavuze yuko iyo misi mikuru yari “igitūtu c’ivyari birāriye kuzoza” (Ab’i Kolosayi 2:16, 17; Abaheburayo 10:1). Iyo misi mikuru yaragirwamwo ibintu vyerekana mu buryo menyeshakazoza ukuntu umugambi wa Yehova werekeye nya Rubuto worangutse. Guhimbaza iyo misi mikuru vyatuma Abisirayeli bagira umunezero mwinshi. Kwihweza muri make ivy’iyo misi mikuru biraza gutuma turushiriza kwizera ko imihango ya Yehova ari iyo kwizigirwa.
Urubuto ruboneka
3. Ni nde yabaye rwa Rubuto rwari rwarasezeranywe, kandi yakomerekejwe gute ku gitsintsiri?
3 Haciye imyaka irenga 4.000 Yehova atanze ubuhanuzi bwa mbere, nya Rubuto rwari rwarasezeranywe rwarabonetse. Yezu ni we yabaye nya rubuto (Ab’i Galatiya 3:16). Yezu, umuntu atagira agasembwa, yagumye ari intadohoka gushika ku rupfu, gutyo aba yerekanye yuko ibirego vya Shetani vyari ibinyoma. N’ikindi kandi, kubera ko Yezu ata caha yari afise, urupfu rwiwe rwari inkuka y’agaciro kanini cane. Biciye kuri urwo rupfu rwiwe, Yezu yaratumye bishoboka ko abantu b’intahemuka bakomoka kuri Adamu na Eva bakurwako icaha n’urupfu. Urupfu rwiwe rwo ku giti co kubabarizwako ni rwo rwabaye kwa ‘gukomeretswa ku gitsintsiri’ kwa rwa Rubuto rwari rwarasezeranywe.—Abaheburayo 9:11-14.
4. Ni igiki cagereranije inkuka ya Yezu?
4 Yezu yapfuye ku wa 14 Nisani mu 33 G.C.a. Muri Isirayeli, igenekerezo rya 14 Nisani wari umusi uteye umunezero bahimbarizako Pasika. Buri mwaka kuri uwo musi, mu vyo abagize umuryango bafungurira hamwe haba harimwo n’inyama z’umwagazi w’intama utagira akanenge. Gutyo, baba bibutse uruhara amaraso y’umwagazi w’intama yagize mu bijanye n’irokorwa ry’abana b’imfura b’Abisirayeli igihe umumarayika ateza urupfu yatikiza abana b’imfura b’Abanyamisiri ku wa 14 Nisani mu 1513 B.G.C. (Kuvayo 12:1-14). Uwo mwagazi wa Pasika wagereranya Yezu, uwo intumwa Paulo yavuze ibimwerekeye ati: ‘Umwagazi w’intama wa Pasika wacu watanzweko ikimazi, ni Kristo’ (1 Ab’i Korinto 5:7). Nka kurya kw’amaraso y’umwagazi w’intama wa Pasika, amaraso ya Yezu yasesetse aratuma abantu benshi bashobora kuzoronka ubukiriro.—Yohana 3:16, 36.
‘Ashuriza abasinziriye’
5, 6. (a) Yezu yazutse ryari, kandi ni ikintu ikihe co mu Vyagezwe cerekeza kuri iryo zuka? (b) Ni gute izuka rya Yezu ryatumye amajambo yo mw’Itanguriro 3:15 aranguka?
5 Ku musi ugira gatatu, Yezu yarazuwe arasubira kuba muzima kugira ngo ashikirize Se wiwe agaciro k’inkuka yatanze (Abaheburayo 9:24). Hari ikintu cagirwa mu gihe c’uwundi musi mukuru cerekeza kw’izuka ryiwe. Umusi ukurikira ku wa 14 Nisani, ni ho Umusi mukuru w’Imitsima itambiwe waca utangura guhimbazwa. Bukeye bwaho, ni ukuvuga ku wa 16 Nisani, Abisirayeli barazana imikama y’imishuzo y’ivyimburwa vya sayiri, ari na vyo vyimburwa vya mbere na mbere vyimburwa muri Isirayeli, kugira ngo umuherezi ayizungurize imbere ya Yehova (Abalewi 23:6-14). Ese ukuntu bibereye kubona mu mwaka wa 33 G.C., kuri iryo genekerezo nyene, Yehova yarahinduye ubusa utwigoro tw’ububisha twa Shetani two kunumya buhere “icabona [ciwe] co kwizigirwa kandi c’ukuri”! Ku wa 16 Nisani mu 33 G.C., Yehova yarazuye Yezu mu bapfuye, amuzura ari ikiremwa c’impwemu kidapfa.—Ivyahishuriwe 3:14; 1 Petero 3:18.
6 Yezu “ya[ra]shurije abāsinziriye” mu rupfu, ni ukuvuga ababera umushuzo (1 Ab’i Korinto 15:20). Yezu we ntiyasubiye gupfa, nk’uko vyagendeye abantu bari barazuwe imbere y’uko we azuka. Ahubwo riho, yaraduze mw’ijuru iburyo bwa Yehova, aho yarindiririye igihe yokwimikiwe akaba Umwami w’Ubwami bwa Yehova bwo mw’ijuru (Zaburi 110:1; Ivyakozwe n’intumwa 2:32, 33; Abaheburayo 10:12, 13). Kubera ko Yezu yamaze kwimikwa, ubu arashoboye gukomeretsa ku mutwe wa mwansi akomeye Shetani, akamurandura buhere we hamwe n’uruvyaro rwiwe.—Ivyahishuriwe 11:15, 18; 20:1-3, 10.
Abandi bantu bagize urubuto rwa Aburahamu
7. Umusi mukuru w’Amayinga wari nyabaki?
7 Yezu ni we yabaye rwa Rubuto rwari rwarasezeranywe muri Edeni, kandi ni we Yehova yokoresheje mu ‘gusangangura ibikorwa vy’Umurwanizi’ (1 Yohana 3:8). Yamara rero, igihe Yehova yavugana na Aburahamu, yarerekanye yuko “urubuto” rwiwe rutobaye rugizwe n’umuntu umwe gusa. Rwobaye “rungan[a] n’inyenyeri zo kw ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga” (Itanguriro 22:17). Hari ikintu cagirwa mu gihe c’uwundi musi mukuru uteye umunezero cerekana mu buryo menyeshakazoza yuko hobayeho abandi bantu bagize urwo “rubuto”. Ku musi ugira 50 uhereye ku musi ukurikira ku wa 16 Nisani, Abisirayeli barahimbaza Umusi mukuru w’Amayinga. Icagezwe kijanye n’uwo musi mukuru kivuga giti: “Muharūre, murumye imisi mirongwitanu, irume ku musi ukurikira isabato igira indwi; muheze munshikanire ishikanwa, jewe Uhoraho, ry’ivyakozwe mw ifu y’ivyakurikiyeko. Mu ngo zanyu muze mukūremw’imitsima ibiri yo kuba ishikanwa ryo kuzunguzwa; ibe ivy’ibigiracumi bibiri vy’ingero yitwa efa y’ifu; iyo fu ibe igogōretse, icumbanywe n’umwambiro, ngw ibe ishikanwa ryo ku vyimburwa vy’umushuzo mpabga jewe Uhoraho”b.—Abalewi 23:16, 17, 20.
8. Ni ikintu ikihe kidasanzwe cabaye kuri Pentekote yo mu 33 G.C.?
8 Igihe Yezu yari kw’isi, Umusi mukuru w’Amayinga witwa Pentekote (iryo jambo mu kigiriki risobanura ngo “ugira mirongwitanu”). Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., wa Muherezi Mukuru ahambaye kuruta abandi, ari we Yezu Kristu uwari yarazuwe, yarasutse impwemu yera ku mugwi mutoyi w’abigishwa 120 bari bakoraniye hamwe i Yeruzalemu. Ku bw’ivyo, abo bigishwa baciye bacika abana b’Imana basizwe, baba na benewabo na Yezu Kristu (Abaroma 8:15-17). Bacitse ihanga rishasha, “Abisirayeli b’Imana” (Ab’i Galatiya 6:16). Iryo hanga ryatanguranye n’abo bantu bakeyi amaherezo ryogizwe n’abantu 144.000.—Ivyahishuriwe 7:1-4.
9, 10. Ni ikintu ikihe caranga umusi mukuru wa Pentekote cagereranya ishengero ry’abakirisu basizwe?
9 Ishengero ry’abakirisu basizwe ryagereranywa na ya mitsima ibiri icumbanywe umwambiro yama izunguzwa imbere ya Yehova ku musi mukuru wa Pentekote. Kuba iyo mitsima yaba icumbanywe umwambiro vyerekana yuko abo bakirisu basizwe bobaye bagifise umwambiro w’icaha barazwe. Naho ari ukwo, boshoboye kwegera Yehova bishimikije inkuka y’incungu ya Yezu (Abaroma 5:1, 2). Ni kubera iki none hakoreshwa imitsima ibiri? Ivyo bishobora kuba vyerekana yuko abo bana b’Imana basizwe amaherezo bovuye mu migwi ibiri itandukanye. Aba mbere bovuye mu Bayuda, abandi na bo bakava mu Banyamahanga.—Ab’i Galatiya 3:26-29; Abanyefeso 2:13-18.
10 Nya mitsima ibiri bashikanira Imana kuri Pentekote yacumbwa mu mishuzo y’ivyimburwa vy’ingano. Ni ivyumvikana rero ko abo bakirisu bavyawe n’impwemu bitwa “umushuzo w’ibiremwa vyayo” (Yakobo 1:18). Ni bo batangura guharirwa ivyaha vyabo hishimikijwe amaraso ya Yezu yasesetse, kandi ivyo bituma bishoboka ko baronka ubuzima budapfa mw’ijuru, aho bazoganzanya na Yezu mu Bwami bwiwe (1 Ab’i Korinto 15:53; Ab’i Filipi 3:20, 21; Ivyahishuriwe 20:6). Kubera yuko ari abana b’Imana bo mw’ijuru, vuba bagiye ‘kuzoragiza amahanga inkoni y’icuma’, bongere bibonere ingene ‘Shetani afyonyorerwa munsi y’ibirenge vyabo’ (Ivyahishuriwe 2:26, 27; Abaroma 16:20). Intumwa Yohani yavuze ati: “Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi”.—Ivyahishuriwe 14:4.
Umusi washimika ku vy’ukurokorwa
11, 12. (a) Ni ibiki vyagirwa ku Musi w’Impongano? (b) Ni ivyiza ibihe Abisirayeli bungukira ku kimazi c’impfizi y’inka no ku bimazi vy’impene?
11 Ku musi ugira cumi w’ukwezi kwa Etanimu (ukwahavuye kwitwa Tishiri)c, Abisirayeli barahimbaza umusi mukuru werekana mu buryo bw’ikigereranyo ukuntu ivyiza biva ku nkuka y’incungu ya Yezu vyokoreshejwe. Kuri uwo musi, ihanga ryose ryarakoranira hamwe ku bw’Umusi w’Impongano ngo hatangwe ibimazi kugira baharirwe ivyaha vyabo.—Abalewi 16:29, 30.
12 Kuri uwo Musi w’Impongano, umuherezi mukuru yarakerera impfizi y’inka ikiri umukangara, hanyuma ari Ahera Cane yarafata makeyi ku maraso y’iyo mpfizi akayajojotereza incuro indwi imbere y’umutemere wa rya Sandugu, ivyo bikaba vyagereranya ko ayo maraso ashikanywe imbere ya Yehova. Ico kimazi catangwa ku bw’ivyaha vy’umuherezi mukuru n’“urugo rwiwe”, ku bw’ivyaha vy’abandi baherezi be n’ivy’Abalewi. Umuherezi mukuru yaca afata impene zibiri. Imwe yarayikerera ikaba ikimazi co gutangirwa ivyaha “vy’abantu”. Makeyi ku maraso y’iyo mpene na yo nyene umuherezi yarayajojotereza imbere y’umutemere wa rya Sandugu ryari Ahera Cane. Ivyo biheze, uwo muherezi mukuru yararambika ibiganza vyiwe mu ruhanga rw’impene ya kabiri, maze akatura ibigabitanyo vy’Abisirayeli. Yaca ayiha uwuyijana mu bugaragwa kugira ngo itware mu buryo bw’ikigereranyo ivyaha vy’iryo hanga.—Abalewi 16:3-16, 21, 22.
13. Ibintu vyagirwa ku Musi w’Impongano vyagereranya gute uruhara Yezu arangura?
13 Nk’uko vyagereranywa n’ivyo bintu vyagirwa, Umuherezi Mukuru, ari we Yezu, arakoresha agaciro k’amaraso yiwe kugira ngo abantu bashobore guharirwa ivyaha. Ubwa mbere, agaciro k’ayo maraso yiwe karakoreshwa ku “nzu yo mu buryo bg’impwemu” igizwe na ba bakirisu basizwe 144.000, ivyo bigatuma babonwa ko ari abagororotsi bikongera bigatuma baba abatyoroye mu nyonga za Yehova (1 Petero 2:5; 1 Ab’i Korinto 6:11). Ivyo bigereranywa n’ibijanye n’ikimazi c’impfizi y’inka. Ivyo bituma abo bakirisu basizwe bashobora kuronka umwandu wabo wo mw’ijuru. Ubwa kabiri, agaciro k’amaraso ya Yezu karakoreshwa ku bandi bantu amamiliyoni bizera Kristu, nk’uko vyagereranywa n’ibijanye n’ikimazi c’impene. Abo bantu bazokwironkera ubuzima budahera ngaha kw’isi, ari na wo mwandu Adamu na Eva batakaje (Zaburi 37:10, 11). Yezu, yishimikije amaraso yiwe yasesetse, aratwara ivyaha vy’umuryango w’abantu akabibakurako, nka kurya nyene ya mpene itaba yakerewe yatwara mu buryo bw’ikigereranyo ivyaha vy’Abisirayeli mu bugaragwa.—Yesaya 53:4, 5.
Abisirayeli baranezererwa imbere ya Yehova
14, 15. Ni ibiki vyagirwa mu gihe co guhimbaza Umusi mukuru w’Insago, kandi ivyo vyibutsa iki Abisirayeli?
14 Ku musi wakurikira Umusi w’Impongano, Abisirayeli barahimbaza Umusi mukuru w’Insago, uwo na wo ukaba wari umusi mukuru uteye umunezero kuruta iyindi yose Abayuda bahimbaza buri mwaka (Abalewi 23:34-43). Uwo musi mukuru waba kuva ku musi ugira 15 w’ukwezi kwa Etanimu gushika ku musi ugira 21 w’ukwo kwezi nyene, maze ugasozerwa n’ikoraniro ry’agahebuza ryagirwa ku musi ugira 22 w’ukwo kwezi. Uwo musi mukuru werekana yuko ivyimburwa vyarangiye kwegeranywa, kandi cari igihe co gukurira ubwatsi Imana ku bw’ukumera neza kwayo kwinshi. Ni co gituma Yehova yabwiye abowuhimbaje ati: “Uhoraho Imana yanyu azoba yabahaye umugisha mu myimbu yanyu yose, no mu bikorwa vyose mwakoze, kandi muz[e munezerwe] rwose” (Gusubira mu vyagezwe 16:15). Ese ukuntu ico gihe gitegerezwa kuba cari gihimbaye!
15 Mu gihe c’uwo musi mukuru, Abisirayeli bamara imisi indwi baba mu nsago. Ivyo rero vyarabibutsa ko bigeze kuba mu nsago igihe bari mu bugaragwa. Uwo musi mukuru warabaronsa akaryo gahagije ko kuzirikana ku kuntu Yehova abitwararika nk’umuvyeyi (Gusubira mu vyagezwe 8:15, 16). N’ikindi kandi, kubera yuko Abisirayeli bose, abatunzi n’abakene, baba mu nsago zimeze cokimwe, vyarabibutsa yuko ku bijanye n’uwo musi bose bangana.—Nehemiya 8:14-16.
16. Umusi mukuru w’Insago wagereranya iki?
16 Umusi mukuru w’Insago wari umusi mukuru ujanye n’iyimbura, umusi uteye umunezero wo guhimbaza ukwegeranywa kw’ivyimburwa, ukaba wagereranya itororokanywa riteye umunezero ry’abizera Yezu Kristu. Iryo tororokanywa ryatanguye kuri Pentekote yo mu 33 G.C., igihe abigishwa ba Yezu 120 basigwa kugira ngo babe abo mu bazorangura “ibango ry’ubuherezi ryera”. Nk’uko Abisirayeli bamara imisi mikeyi baba mu nsago, abo basizwe barazi yuko ari “ingenzi” gusa muri ino si itubaha Imana. Bafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru (1 Petero 2:5, 11). Iryo tororokanywa ry’abo bakirisu basizwe risozerwa muri iyi “misi y’iherezo”, aho aba nyuma muri bamwe 144.000 batororokanywa.—2 Timoteyo 3:1.
17, 18. (a) Ni igiki cerekana ko hari n’abandi bungukira ku nkuka ya Yezu uretse abakirisu basizwe? (b) Ni bande muri iki gihe bariko barungukira ku Musi mukuru w’Insago w’ikigereranyo, kandi ni ryari uwo musi mukuru uteye umunezero uzoshika ku kiringo cawo c’agaheta?
17 Biri n’ico bivuze kubona mu gihe c’uwo musi mukuru wa kera impfizi z’inka 70 zaratangwako ikimazi (Guharūra 29:12-34). Igitigiri 70 kingana n’igiharuro 7 kugwiza 10, muri Bibiliya igiharuro 7 kikaba cerekana ko ikintu kinaka co mw’ijuru gitunganye, igitigiri 10 na co kikerekana ko ikintu kinaka co kw’isi gitunganye. Ku bw’ivyo rero, inkuka ya Yezu izogirira akamaro abantu b’intahemuka bandurutse kuri ya miryango 70 yose yakomotse kuri Nowa, ari na yo abantu bose bakomokako (Itanguriro 10:1-29). Tubihuje n’ivyo, muri iki gihe cacu iryo tororokanywa ryaragutse ku buryo rishirwamwo n’abantu bo mu mahanga yose bizera Yezu kandi bafise icizigiro co kuzoba mw’isi izoba yahindutse Iparadizo.
18 Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, yarabonye iryo tororokanywa ririko riraba mu gihe ca none. Ubwa mbere, yarumvise hatangazwa ibijanye n’ugushirwako ikimenyetso kw’aba nyuma muri bamwe 144.000. Hanyuma yaciye abona “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra”, rihagaze imbere ya Yehova na Yezu, rifise “amashami y’ibigazi mu minwe”. Abagize iryo shengero ryinshi “[bazova] muri wa mubabaro mwinshi” binjire mw’isi nshasha. Abo na bo nyene muri iki gihe ni ingenzi zo muri iyi si ishaje, kandi bariteze badakeka ko igihe kiri mu kugera aho “wa Mwagazi . . . azobaragira, kand’a[ka]zobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo”. Ico gihe, “Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo” (Ivyahishuriwe 7:1-10, 14-17). Umusi mukuru w’Insago w’ikigereranyo uzoshika ku kiringo cawo c’agaheta ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi niyarangira, igihe abo bagize ishengero ryinshi hamwe n’abazoba bazutse bazoba bagumye ari intahemuka bazoronka ubuzima budahera.—Ivyahishuriwe 20:5.
19. Kwihweza ibijanye n’imisi mikuru yahimbazwa muri Isirayeli tuvyungukirako gute?
19 Na twebwe turashobora ‘kunezerwa rwose’ mu kuza turazirikana ku co imisi mikuru y’Abayuda yo mu gihe ca kera isobanura. Birahimbaye cane kubona Yehova yarerekanye imbere y’igihe ingene ubuhanuzi yatanze muri Edeni bworangutse, kandi biranezereye rwose kubona ukuntu buriko buraranguka intambwe ku yindi muri iki gihe. Ubu, turazi yuko rwa Rubuto rwabonetse kandi ko rwakomerekejwe ku gitsintsiri. Ubu ni Umwami mw’ijuru. Vyongeye, abenshi muri bamwe 144.000 baramaze kwerekana ko ari intahemuka gushika ku rupfu. None ni ibiki bisigaye gukorwa? Ubwo buhanuzi, ni gute bugiye kuranguka bimwe bishitse? Ivyo ni vyo vyihwezwa mu kiganiro gikurikira.
[Utujambo tw’epfo]
a Ukwezi kwa Nisani guhura n’igice ca nyuma ca Ntwarante be n’igice ca mbere ca Ndamukiza, ufatiye ku kirangamisi cacu co muri iki gihe.
b Mu gutanga iryo shikanwa ryo kuzunguzwa ry’imitsima ibiri icumbanywe umwambiro, akenshi umuherezi yaba afise iyo mitsima mu biganza vyiwe, akaduza amaboko yiwe, maze akazunguza iyo mitsima ajana iburyo n’ibubamfu. Ivyo vyari ikimenyetso c’uko Yehova ashikirijwe iryo shikanwa.—Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, Imbumbe ya 2, ku rupapuro rwa 850, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
c Ukwezi kwa Etanimu, ari kwo Tishiri, guhura n’igice ca nyuma ca Nyakanga be n’igice ca mbere ca Gitugutu, ufatiye ku kirangamisi cacu co muri iki gihe.
Woshobora kubisigura?
• Umwagazi wa Pasika wagereranya iki?
• Umusi mukuru wa Pentekote wagereranya itororokanywa irihe ryobaye?
• Ni ibintu ibihe vyagirwa ku Musi w’Impongano vyerekana mu buryo menyeshakazoza ukuntu inkuka y’incungu ya Yezu ikoreshwa?
• Ni mu buryo ki Umusi mukuru w’Insago wagereranya itororokanywa ry’abakirisu?
[Igicapo ku rup. 22, 23]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Pasika
14 Nisani
Icakorwa:
Umwagazi w’intama wa Pasika ukererwa
Ico vyagereranya:
Yezu atangwako inkuka
Umusi mukuru w’Imitsima itambiwe (Nisani 15-21 Nisani)
15 Nisani
Icakorwa:
Isabato
Nisani 16
Icakorwa:
Gushikanira Imana sayiri
Ico vyagereranya:
Yezu azurwa
Imisi 50
Umusi mukuru w’Amayinga (Pentekote)
6 Sivani
Icakorwa:
Imitsima ibiri yarashikanirwa Imana
Ico vyagereranya:
Yezu yarashikirije Yehova benewabo basizwe
Umusi w’Impongano
10 Tishiri
Icakorwa:
Impfizi y’inka n’impene zibiri vyaratangwako ikimazi
Ico vyagereranya:
Yezu yarashikirije agaciro k’amaraso yiwe ku bw’abantu bose
Umusi mukuru w’Insago (canke w’ukwegeranya)
15-21 Tishiri
Icakorwa:
Abisirayeli barahimbarwa no kuba mu nsago bakananezererwa iyimbura, amapfizi y’inka 70 agatangwako ikimazi
Ico vyagereranya:
Itororokanywa ry’abasizwe be n’iry’abagize “ishengero ryinshi”
[Ifoto ku rup. 21]
Nka kurya kw’amaraso y’umwagazi w’intama wa Pasika, amaraso ya Yezu yasesetse aratuma abantu benshi bashobora kuzoronka ubukiriro
[Amafoto ku rup. 22]
Imishuzo y’ivyimburwa vya sayiri yashikanwa ku wa 16 Nisani yerekeza kw’izuka rya Yezu
[Amafoto ku rup. 23]
Ya mitsima ibiri yashikanirwa Imana kuri Pentekote yagereranya ishengero ry’abakirisu basizwe
[Amafoto ku rup. 24]
Umusi mukuru w’Insago wagereranya itororokanywa riteye umunezero ry’abakirisu basizwe be n’iry’abagize “ishengero ryinshi” bava mu mahanga yose