ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/4 rup. 3
  • Abantu bararondera inyishu zibereye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu bararondera inyishu zibereye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Abantu bararondera ubuyobozi ngirakamaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Inyishu ngirakimazi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Kubera iki dukwiye gusaba impanuro?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/4 rup. 3

Abantu bararondera inyishu zibereye

Noshobora gute kubungabunga amagara yanje?

Nokora iki kugira ngo ubuzima bwo mu rugo rwacu burushirize kubamwo agahimbare?

Nokora iki kugira ngo nshobore kuguma mu kazi?

HOBA hari ikibazo na kimwe urigera wibaza muri ivyo? Woba wararonse inyishu zakugiriye akamaro vy’ukuri? Uko umwaka utashe, harasohorwa ibitabu bitandukanye bishika nko ku 2.000 bitanga impanuro kuri ivyo bibazo be no ku bindi bihambaye. Nko mu Bwongereza honyene, abasomyi barasohora nk’amadolari y’Abanyamerika imiliyoni 150 (amarundi arenga imiliyaridi 150) buri mwaka kugira ngo baronke ibitabu bitanga impanuro zijanye n’ukuntu umuntu yovyifatamwo mu ngorane zishika mu buzima. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika na ho, abadandaza ibitabu abantu bifashisha baronka nk’amadolari y’Abanyamerika imiliyoni 600 (amarundi arenga imiliyaridi 600) ku mwaka. Urumva ko atari we wenyene urondera impanuro ngirakimazi ku bijanye n’ukuntu wovyifatamwo mu buzima bwa misi yose.

Ku bijanye n’impanuro umuntu asanga muri ivyo bitabu umuyoro, umwanditsi umwe yavuze ati: “Ibitabu bishasha vyinshi usanga bisubiramwo gusa ibintu biba vyaramaze kwandikwa”. Mu vy’ukuri, nyinshi mu mpanuro umuntu asanga muri ivyo bitabu zisubiramwo gusa amajambo aranga ubukerebutsi dusanga mu gitabu ca kera kuruta ibindi vyose kw’isi. Nta gukeka ko ico gitabu ari co cakwiragijwe cane mw’isi kuruta ibindi vyose. Ico gitabu kiramaze guhindurwa nko mu ndimi 2.400, caba ari cose canke igice caco. Hirya no hino kw’isi, amakopi y’ico gitabu yose hamwe amaze gucapurwa arenga imiliyaridi 4 n’imiliyoni 600. Ico gitabu si ikindi atari Bibiliya.

Bibiliya ivuga itomora iti: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka” (2 Timoteyo 3:16). Vy’ukuri, Bibiliya ntiyanditswe ngo ibe igitabu co kwifashisha gusa. Intumbero nyamukuru yatumye yandikwa ni iyo guhishura ivyo Imana igomba ku vyerekeye abantu. Naho ari ukwo, Bibiliya iravuga ibintu vyinshi ku bijanye n’ukuntu twovyifatamwo mu ngorane zikunda gushikira umwumwe wese muri twebwe, kandi isezerana yuko abakurikiza ubuyobozi itanga bazomenya ivyobagirira ikimazi (Yesaya 48:17, 18). Igihe umuntu ashize mu ngiro impanuro ngirakimazi Bibiliya itanga, zama zimugirira akamaro yaba ava mu bwoko ubuhe, mu mico kama iyihe canke yize amashure ayahe. Ubona gute none wihweje ikiganiro gikurikira maze ukirabira nimba ivyo Bibiliya ivuga nko ku bijanye n’ibibazo vyerekeye amagara, umuryango be n’akazi ari ngirakamaro?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika