ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/4 rup. 8-11
  • Kwizera ubuhanuzi bwo muri Bibiliya birazigama ubuzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwizera ubuhanuzi bwo muri Bibiliya birazigama ubuzima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abayuda bagarariza Uburoma
  • Ibintu bidabuka hakaba akajagari
  • Icibutso gishingira intahe ubuhanuzi bw’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Igitabu wokwizigira—Igice ca 6
    Be maso!—2011
  • ‘Ivyo Bintu Ntibizobura Gushika’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Wewe Uzokira Imana Niyahaguruka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/4 rup. 8-11

Kwizera ubuhanuzi bwo muri Bibiliya birazigama ubuzima

YEZU ariko ava ku rusengero rw’i Yeruzalemu ari bwo bwa nyuma igihe umwe mu bigishwa biwe yitangaza ati: “Mwigisha, rāba aya mabuye ukw ari, n’iyi nyubako ukw iri!”. Urwo rusengero ni rwo ihanga ry’Abayuda ryirata rikongera rikabona ko ari co kintu c’agaciro kuruta ibindi. Ariko rero, Yezu asubizayo ati: “Urarāba iyi nyubako ihambaye? Ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi”.​—Mariko 13:1, 2.

Ico ciyumviro kiratangaje! Honyene amabuye amwamwe yubatse urwo rusengero ni maninimanini cane. Vyongeye, ayo majambo Yezu ahejeje kuvuga ku bijanye n’urwo rusengero yerekana ko Yeruzalemu hazosangangurwa, kumbure mbere n’iryo hanga ry’Abayuda, nya rusengero rukaba ari rwo ntimatima y’ugusenga kwaryo. Ni co gituma abigishwa ba Yezu bamugobera bati: “Tubgire, ivyo bizobaho ryari, ikimenyetso kizoba iki, c’igihe ivyo vyose bizoba bigira bishike?”.​—Mariko 13:3, 4.

Yezu abagabisha ati: “Umuhero uzoba utaraza”. Ubwa mbere, abo bigishwa bazokwumva intambara, vya nyamugigima, ibiza be n’amapfa bizoza birava hamwe bija ahandi. Ubukurikira, hazotera ibintu biteye ubwoba bitume iryo hanga ry’Abayuda rishikirwa n’amakuba akomeye, ari yo “marushwa ahambaye”. Yamara Imana izohaseruka kugira ngo irokore “abatoranijwe”, ari bo bakirisu b’intahemuka. Uti gute?​—Mariko 13:7; Matayo 24:7, 21, 22; Luka 21:10, 11.

Abayuda bagarariza Uburoma

Imyaka 28 irarangiye, kandi abakirisu b’i Yeruzalemu baracarindiriye uwo muhero ko ushika. Inganji nganzasi y’Uburoma irarembejwe n’intambara nyinshi, vya nyamugigima, amapfa be n’ibiza (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 9.). Mu Buyuda ni ho hatuma indyane z’abanyagihugu be n’izishingiye ku moko zikwiragira cane. Yamara, i Yeruzalemu hasa n’ahari agahengwe kubera ibihome bihakikuje. Abantu bararya, bagakora, bakarongora kandi bakavyara nk’uko bisanzwe. Kuba urwo rusengero amahero rugihagaze bituma ababa muri ico gisagara babona ko gitekanye kandi ko kitazokwigera gisangangurwa.

Nko mu 61 G.C., abakirisu b’i Yeruzalemu bararonka ikete intumwa Paulo abandikiye. Arabakeza kubera ko bihangana mugabo ararajwe ishinga n’uko hari abo mw’ishengero basa n’abatabona ko ibintu vyihutirwa. Bamwe bariko baragenda akayombekere mu vy’impwemu, abandi na bo ntibariko baratera imbere ngo babe abakirisu bahumuye (Abaheburayo 2:1; 5:11, 12). Paulo abahanura ati: “Nuko ntimute ubushizi bg’ubgoba bganyu. . . . Kuko hasigaye igihe gito cane, kand’ūgira aze, azoza, ntazoteba. Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje” (Abaheburayo 10:35-38). Mbega impanuro ije hageze! Ariko none abo bakirisu boba bazokwizera ko ubuhanuzi bwa Yezu buzoranguka maze bakaguma bari maso? Ubwo isangangurwa rya Yeruzalemu ryoba ryegereje koko?

Mu myaka itanu ikurikira, ibintu bigenda birushiriza kumera nabi i Yeruzalemu. Amaherezo, mu 66 G.C., Buramatari w’Umuroma yigenza nabi yitwa Florus arafata italanto 17 azikuye mu bubiko bweranda bw’urusengero kugira ngo birihe ibirarane vy’ikori Ubuyuda bwari bufitiye Uburoma. Abayuda riraniga maze bagaca bagarariza. Abayuda bagararije, ari bo Bayuda b’abanyeshaka, barashwara i Yeruzalemu maze bakirara mu ngabo z’Abaroma ziri muri ico gisagara. Baca batangaza ata n’ubwoba yuko Ubuyuda bwiganzuye Uburoma. Ubuyuda n’Uburoma rero ubu vyatanye mu mitwe.

Mu mezi atatu atarenga, buramatari w’Umuroma yatwara muri Siriya yitwa Cestius Gallus araja mu Bumanuko ari kumwe n’ingabo 30.000 kugira ngo ahashe abo Bayuda bagararije. Ingabo ziwe zishika i Yeruzalemu mu gihe c’umusi mukuru w’Insago zigaca zinjira mu turere tw’ico gisagara turi ku nkengera. Ba Bayuda b’abanyeshaka bari ku rushi baca bahungira mu nzitiro z’urusengero. Nya basoda b’Abaroma ngabo batanguye kubomora uruhome rw’urwo rusengero. Abayuda baratekerwa n’ubwoba. Ibaze na we ntuze, abasoda b’abapagani bariko barahumanya ikibanza ceranda kuruta ibindi vyose c’idini ry’Abayuda! Abakirisu bari muri ico gisagara bobo baca bibuka amajambo ya Yezu agira: ‘Aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bw’ubugesera gihagaze ahantu hera, ico gihe abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire’ (Matayo 24:15, 16). Boba baza kwizera amajambo y’ubuhanuzi ya Yezu bigatuma bagira ico bakoze? Ubiravye, baza kurokora igufa ari uko babigenjeje gutyo. Ariko none baza guhunga gute?

Sinzi ingene Cestius Gallus aca akura ingabo ziwe kandi ata n’imvo n’imwe iboneka ibimutumye, maze agaca yigira yerekeza ku nkengera y’ikiyaga, ba Bayuda b’abanyeshaka na bo bakamwoma inyuma. Igitangaje ni uko muri ico gisagara amarushwa aciye asa n’ayaheze! Abakirisu barizera imburi yo mu buryo bw’ubuhanuzi ya Yezu, maze bagahunga bakava i Yeruzalemu bakaja i Pela, kano kakaba ari agasagara katagira aho gahengamiye muri iyo ntambara kari mu misozi iri hakurya y’Uruzi Yorodani. Emwe, bahunze hageze! Ba Bayuda b’abanyeshaka ntibateba kugaruka i Yeruzalemu maze bagaca bahatira abanyagihugu basigaye aho i Yeruzalemu kubashigikira muri ubwo bugararijia. Ba bakirisu bobo, bibereye i Pela ata nkomanzi barindiriye ibiba mu nyuma.

Ibintu bidabuka hakaba akajagari

Mu mezi nk’angahe, izindi ngabo z’Abaroma ziraza gutera. Mu 67 G.C., Jenerali Vesupasiyano n’umuhungu wiwe Titusi barakoranya ingabo nyinshi cane zishika ku 60.000. Mu myaka ibiri ikurikira, izo ngabo zitema zigatongora ziraza zerekeje i Yeruzalemu, zikagenda zirahonya aho ziciye abagerageza kuzirwanya bose. Muri ico gihe nyene, utugwi tw’Abayuda tudacana uwaka turiko turatana mu mitwe bimwe bikomeye i Yeruzalemu. Ibigega babikamwo ivyimburwa vy’intete be n’igice gikikuje urusengero birasamburwa, Abayuda barenga 20.000 na bo bakicwa. Vesupasiyano ntiyihutira kwinjira i Yeruzalemu, kuko avuga ati: ‘Imana iriko irakora neza nk’umujenerali w’Umuroma kuruta uko nokora; abansi bacu bariko barimaranira’.

Umwami w’abami w’Umuroma Nero apfuye, Vesupasiyano aca agenda i Roma kugira ngo akingire ingoma, Titusi akaba ari we asigara kugira ngo asozere ico gitero. Titusi ashika i Yeruzalemu Pasika yo mu 70 G.C. yegereje, akagota abari muri ico gisagara bose, ni ukuvuga abanyagihugu baho be n’abandi bantu baje gusenga. Ingabo ziwe ziricira ibiti vyose vyo mu micungararo y’i Buyuda kugira ngo zubake hirya no hino y’uwo murwa mukuru basugereje igihome c’ibisonga kireha n’ibilometero 7. Ivyo birahuye neza n’ivyo Yezu yari yaravuze ati: ‘Abansi bawe [“bazokwubaka hirya no hino yawe igihome c’ibisonga”, NW], na bo ubwabo bagukikize, bakwugarize impande zose’.​—Luka 19:43.

Amapfa ntateba kubica bigacika muri ico gisagara. Utugwi twitwaje ibirwanisho turasahura mu mihana y’abapfuye be n’iy’abari ku mpfiro. N’imiburiburi umugore umwe yabuze ic’epfo n’ica ruguru arica akana kiwe kakiri gato akakarya, ivyo bikaba bishikije ubuhanuzi bugira buti: “Kubgo kwugarizwa no gusūgerezwa, abansi banyu bazoba babasugereje, muzoruhira kurya uruvyaro mwivyariye, murye abana banyu b’abahungu n’abakobwa”.​—Gusubira mu vyagezwe 28:53-57.

Inyuma y’ukwo gusugerezwa kumara amezi atanu, Yeruzalemu amaherezo harasangangurwa. Ico gisagara be n’urusengero rwaco amahero birasahurwa bikongera bigaturirwa maze ntihaba hagisigaye ibuye na rimwe rigeretse ku rindi (Daniyeli 9:26). Abantu bashika ku 1.100.000 barapfa; abandi 97.000 na bo bagatwarwa mu bunyaganob (Gusubira mu vyagezwe 28:68). Mu Buyuda nka bwose, nta Muyuda akihabarizwa. Mu vy’ukuri, muri iryo hanga ry’Abayuda haragwa ibara ritari bwigere rigwa, haba mu vya politike, mu vy’idini no mu vy’imico kamac.

Muri ico kiringo cose, abakirisu bibereye i Pela barakengurukira Imana bimwe bivuye ku mutima kubona yabarokoye. Emwe, ukwizera ubuhanuzi bwo muri Bibiliya kwarazigamye ubuzima bwabo!

Umwe wese muri twebwe aravye ivyo bintu vyabaye, vyoba vyiza muri iki gihe yibajije ati: ‘Noba mfise ukwizera kuzozigama ubuzima bwanje mu gihe c’amarushwa ahambaye yegereje? Noba ndi “mu bizera, ubuzima bwabo bugakizwa”, ni ukuvuga bukazigamwa?’.​—Abaheburayo 10:39; Ivyahishuriwe 7:14.

[Utujambo tw’epfo]

a Umutohozakahise w’Umuyuda yitwa Josèphe avuga yuko Abayuda b’abanyeshaka bakurikiye Abaroma imisi indwi imbere y’uko bagaruka i Yeruzalemu.

b Biharurwa ko mu Bayuda bose batwarwa n’Inganji nganzasi y’Uburoma, abarenga ic’indwi bishwe.

c Incabwenge mu vya Bibiliya y’Umuyuda yitwa Alfred Edersheim yanditse iti: “[Ayo] marushwa yashikiye Isirayeli [ntiyari] bwigere ashika uravye ibintu biteye ubwoba vyayishikiye, kandi mbere nta bintu biteye agahinda bizoza binganya na yo”.

[Igicapo ku rup. 9]

Ibintu bigize ca kimenyetso vyarangutse mu kinjana ca mbere

INTAMBARA:

Mu gihugu ca Gaule (39-40 G.C.)

Muri Afirika yo mu Buraruko (41 G.C.)

Mu Bwongereza (43, 60 G.C.)

Muri Arumeniya (58-62 G.C.)

Amatati y’abanyagihugu n’ayashingiye ku moko yabaye i Yudaya (50-66 G.C.)

VYA NYAMUGIGIMA:

I Roma (54 G.C.)

I Pompéi (62 G.C.)

Muri Aziya Ntoya (53, 62 G.C.)

I Kirete (62 G.C.)

AMAPFA:

I Roma, mu Bugiriki, mu Misiri (nko mu 42 G.C.)

I Yudaya (nko mu 46 G.C.)

IBIZA:

I Babiloni (40 G.C.)

I Roma (60, 65 G.C.)

ABAHANUZI B’IBINYOMA:

I Yudaya (nko mu 56 G.C.)

[Ikarata/Ifoto ku rup. 10]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Uburoma bwateye i Palesitina kuva mu 67-70 G.C.

Putolemayi

Ikiyaga c’i Galilaya

Pela

PEREYA

SAMARIYA

Yeruzalemu

Ikiyaga c’Umunyu

YUDAYA

Kayisariya

[Abo dukesha ifoto]

Map only: Based on maps copyrighted by Pictorial Archive (Near Eastern History) Est. and Survey of Israel

[Ifoto ku rup. 11]

‘Abansi bacu bariko barimaranira’.​—Vyavuzwe na Vesupasiyano

[Amafoto ku rup. 11]

Ingabo z’Abaroma zasanganguye i Yeruzalemu mu 70 G.C.

[Abo dukesha amafoto ku rup. 11]

Relief: Soprintendenza Archeologica di Roma; Vesupiyano: Bildarchiv Preussischer Kulturbesitz/Art Resource, NY

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika