ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/6 rup. 16-20
  • Twiyemeje kurangura ubusuku bwacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twiyemeje kurangura ubusuku bwacu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nubaka urwanje ngakora n’igikorwa c’ubumisiyonari
  • Turangurira ubusuku bwacu i Waterfall Bay
  • Duhingura ibikoresho vyo kwigisha
  • Dusubira i Rabaul
  • Dusubira gukorera muri Nouvelle-Guinnée
  • Ubuhinduzi be n’igikorwa co kugendera amashengero
  • Duterwa akandi gateka k’umurimo
  • Naragize ubuzima bushimishije kuruta ubundi bwose
    Be maso!—2011
  • Kwizigira Yehova vyaratumye ngira umutekano nyakuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/6 rup. 16-20

Inkuru y’ubuzima

Twiyemeje kurangura ubusuku bwacu

Nk’uko vyavuzwe na Lena Davison

“Ntanguye kubona ivyijiji. Sinshobora kubona”. Uko ni kwo umudereva w’akadege twarimwo yavuze ijwi ridasohoka neza. Haciye umwanya, ntiyabaye agishobora kuguma atwara nya kadege, maze aca agwa aho yari yicaye yataye ubwenge. Umunega wanje, uwutari azi na kimwe ku bijanye no gutwara indege, yaragerageje kumuvyura yihebuye. Imbere y’uko ndababwira ingene twagarukiye ku munwa w’icobo, reka mbanze ndabasigurire icatumye tuba turi muri ako kadege kari mu kirere ca Papouasie-Nouvelle-Guinée, kamwe mu turere tw’isi turi kure cane kuruta utundi.

NAVUKIYE muri Ositaraliya mu 1929, nkurira i Sydney, umurwa mukuru wa Leta ya Nouvelle-Galles du Sud. Dawe, uwitwa Bill Muscat, yari Umukomunisita, ariko icari gitangaje cane ni uko yemera Imana. Mu 1938 yaranemeye gushira umukono ku rwandiko rw’abanyagihugu rwasaba ko Joseph F. Rutherford, wo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova yemererwa kwigishiriza mu Nyubakwa y’igisagara ca Sydney.

Ico gihe dawe yatubwiye ati: “Ategerezwa kuba afise ikintu ciza co kutubwira”. Haciye imyaka umunani, twaramenye ibintu nyamukuru vyari muri ubwo butumwa yashikiriza. Dawe yaratumiye iwacu uwitwa Norman Bellotti, uno akaba yari Icabona ca Yehova w’umutsimvyi w’igihe cose, kugira ngo tuganire ivyerekeye Bibiliya. Abagize umuryango wacu ntibatevye kwemera ukuri kwo muri Bibiliya kandi hadaciye na kabiri barabaye abanyamwete mu busuku bwa gikirisu.

Mu myaka ya 1945, narahagaritse amashure kugira ngo mfashe mawe yari amaze igihe kirekire arwaye. Vyongeye, narashona impuzu z’abagore kugira ngo turonke ikitubeshaho. Ku misi ya gatandatu mw’ijoro, twe na mukurwanje Rose twarajana n’umugwi w’abatsimvyi maze tugashinga intahe ku mabarabara yari hafi ya ya Nyubakwa y’igisagara ca Sydney. Mu 1952, musazanje mukuru John yarasohotse rya shure rimenyereza abamisiyonari ry’i Gileyadi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, maze arungikirwa gukorera muri Pakisitani. Na jewe narakunda ubusuku kandi naripfuza kumwigana. Ni co gituma mu mwaka wakurikiye, naciye mba umutsimvyi asanzwe.

Nubaka urwanje ngakora n’igikorwa c’ubumisiyonari

Haciye igihe gitoyi, naramenyanye n’uwitwa John Davison yakorera ku biro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ca Ositaraliya. Narakozwe ku mutima n’uko yari umuntu yicisha bugufi, afise umwiyemezo utanyiganyiga kandi atadohoka kuri kamere ziwe nziza. Mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, yarapfunzwe incuro zitatu zose ahowe ko atagira aho ahengamiye. Twaciye dufata ingingo yo gukora ubusuku bwa gikirisu mu buzima bwacu bwose.

Nubakanye na John muri Ruheshi 1955. Twaraguze umuduga wa bisi dufise intumbero yo kuwugira inzu yo kuza turimukana iyo tugiye hose. Twari dufise umugambi wo kuwukoresha mu kwamamaza mu turere twa kure two muri Ositaraliya. Mu mwaka wakurikiye, harasabwe ko hogira Ivyabona bimukira muri Nouvelle-Guinée, ako kakaba ari akarere ko mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’izinga rinini riri mu Buraruko bwa Ositaraliyaa. Ubutumwa bw’Ubwami ntibwari bwigere bwamamazwa muri ako karere k’isi. Twaciye ubwo nyene twitanga turajayo.

Ico gihe, uburyo bumwe gusa bwatuma umuntu ashobora kwinjira muri Nouvelle-Guinée, kwari ukwemera gusinya kontara y’akazi k’imisi yose. John yaciye atangura kukarondera. Yaratevye arasinya kontara mw’ishirahamwe rimwe risatura imbaho ryo muri Nouvelle-Bretagne, ako kakaba ari akazinga gatoyi ko muri Nouvelle-Guinée. Haciye amayinga atari make, twaciye tuja gukora ako kazi, tukaba twashitse i Rabaul, muri Nouvelle-Bretagne muri Mukakaro 1956. Twamaze imisi itandatu turindiriye ubwato bwari kutujana i Waterfall Bay.

Turangurira ubusuku bwacu i Waterfall Bay

Inyuma y’imisi itari mike twamaze tugira urugendo rutoroshe mu bwato, twahavuye dushika i Waterfall Bay, aho hakaba ari ahantu hanini ibahari rita ikirimi hari nko ku bilometero 240 mu Bumanuko bwa Rabaul. Twahasanze ishirahamwe rinini cane risatura imbaho ryari mw’ishamba ahantu bari barakuye ibiti. Kuri uwo mugoroba, igihe abakozi bose bari ku meza, umukuru w’iryo shirahamwe yavuze ati: “Urabona rero mushingantahe nawe mupfasoni Davison, rino shirahamwe ryafashe ingingo y’uko abakozi bose bavuga idini barimwo”.

Twari tuzi neza yuko ata ngingo nk’iyo yafashwe, ariko kubera ko twari twanse kunywa itabi, vyaraboneka ko tubateye amakenga. Ukwo vyari kugenda kwose, John yishuye ati: “Turi Ivyabona vya Yehova”. Haciye haba agacerere. Abo bagabo bari bararwanye muri ya Ntambara ya kabiri y’isi yose kandi biyumvira ukutari kwo Ivyabona kubera yuko batagize aho bahengamiye muri iyo ntambara. Kuva ico gihe, abo bagabo baguma barondera ingene twomererwa nabi.

Ubwa mbere uwo mukuru yaranse kuduha ifirigo n’ishiga ry’ikizungu, naho vyompi twari tubifitiye uburenganzira. Ibifungurwa vyacu vyononekara ningoga vyaca bipfa, kandi twabwirijwe gukoresha ishiga rishaje cane twasanze mw’ishamba. Ubukurikira, abantu bo muri ako gasagara barabujijwe kutugurishako ibiribwa bikiri bishasha. Ku bw’ivyo, twikora ku nsoromano zose twashobora kuronka. Vyongeye, twabonwa nk’abatasi kandi baguma baduhanze ijisho kugira ngo barabe ko hari uwo twigisha Bibiliya. Mu nyuma nahavuye ndwara malariya.

Naho vyari ukwo, twari twiyemeje kurangura ubusuku bwacu. Twaciye dusaba abasore babiri b’imvukira bavuga icongereza bakora muri iryo shirahamwe ngo batwigishe ikinyamaleziya c’igipijini, rukaba ari rwo rurimi rwavugwa aho hantu. Natwe twaciye tubigisha Bibiliya. Mu mpera z’imishamvu twaragira ingendo za kure vyitwa ngo tugiye ahantu ho kuratira ijisho. Mu nzira, twarabwira inkuru nziza ku rwenge abantu bose twashobora gusanga mu dusagara twacamwo; bamwe twigisha Bibiliya na bo bakaza barahindura mu rurimi rw’abo bantu ivyo tuvuga. Twarajabuka inzuzi zitemba cane zirimwo ingona nyinshi zaba ziriko zota akazuba ku nkombe. Uretse igihe kimwe twahatswe, ni gake cane ivyo bikoko biteye ubwoba vyatubangamira.

Duhingura ibikoresho vyo kwigisha

Kubera yuko ubusuku twarangura bwaguma bwaguka, twarafashe ingingo yo kwandikisha imashini ubutumwa bwo muri Bibiliya bworoshe kugira tuzobushikirize ababa bashimishijwe. Ba bantu twigisha Bibiliya muri rya shirahamwe baradufashije guhindura ubutumwa bwa mbere. Twaramaze amajoro menshi turiko turandika udupapuro tw’inkuru nziza amajana n’amajana mu nyuma turadushikiriza ababa muri utwo dusagara be n’abakorera mu mato.

Mu 1957, uwitwa John Cutforth, uno akaba yari umusuku w’ingenzi azi utuntu n’utundi, yaratugendeye araturemeshab. Yatugiriye inama y’uko gukoresha amashusho bishobora kuba uburyo kirumara bwo kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya abantu batazi gusoma. We hamwe n’umunega wanje barateguye bongera baracapura urukurikirane rw’amashusho yoroshe afasha gusigura inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Mu nyuma, twaramaze amasaha menshi cane turiko turimurira mu dukaye amajambo asigura nya mashusho. Umutohoji wa Bibiliya wese yararonse ikopi yokoresheje mu kubwira inkuru nziza abandi. Ubwo buryo bwo kwigisha bwahavuye bukoreshwa mu gihugu cose.

Haciye imyaka ibiri n’igice turi i Waterfall Bay, ya kontara y’akazi twari twasinye yararangiye kandi twaremerewe kuguma muri ico gihugu. Twaciye twemera ubutumire twahawe bwo gukora umurimo w’ubutsimvyi budasanzwe.

Dusubira i Rabaul

Igihe twari mu rugendo rwo mu bwato twerekeza mu Buraruko bwa Rabaul, ubwato bwamaze ijoro ryose buhagaze i Wide Bay ahantu hari umurima w’inazi n’ubundi bwoko bw’ibigazi vyitwa cocoa. Kubera ko bene uwo murima, bakaba bari umugabo n’umugore bageze mu zabukuru bashaka kwisubirira muri Ositaraliya, baremereye John akazi ko guhagarikira ibintu vyose bijanye n’uwo murima. Naho ako kazi kakwegera cane, muri iryo joro twaraganiriye ibijanye n’ico kibazo, maze duhuriza ku ciyumviro c’uko tutaje muri Nouvelle-Guinée kwironderera amatungo y’ivy’umubiri. Twari twiyemeje kurangura ubusuku bwacu turi abatsimvyi. Ni co gituma bukeye, twamenyesheje uwo mugabo n’umugore ingingo twafashe, duca dusubira kwurira ubwato.

Tumaze gushika i Rabaul, twarifatanije n’umugwi mutoyi w’Ivyabona bari bimukiye muri ako karere baje bava mu bindi bihugu. Abantu bo muri ako karere barashimishwa cane n’ubutumwa bw’Ubwami, kandi twaratanguje inyigisho za Bibiliya nyinshi. Muri ico gihe, twagirira amakoraniro ya gikirisu mu nyubakwa twakotesheje muri ako karere, kandi abantu barenga 150 barayitaba. Benshi muri bo baremeye ukuri kwa Bibiliya kandi barafashije mu vyo gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana mu bindi bice vy’ico gihugu.​—Matayo 24:14.

Twaragendeye kandi agasagara kitwa Vunabal kari nko ku bilometero 50 uvuye i Rabaul, kakaba karimwo umugwi w’abantu bashimishijwe cane n’ukuri kwo muri Bibiliya. Ivyabo ntivyatevye kumenywa n’umugatolika umwe yari akomeye muri ako karere. Ari kumwe n’akagwi k’abayoboke biwe, yaradurumbanije inyigisho ya Bibiliya twari dusanzwe tugira buri ndwi maze aratwomora muri ako gasagara. Tumaze kumenya yuko mu ndwi ikurikira ibintu vyari gushobora kwunyuka, twaciye dusaba abapolisi kuduherekeza.

Uwo musi abagatolika bari batonze ibilometero n’ibilometero kuri iryo barabara badutuka. Benshi bari biteguriye kudutera amabuye. Muri ico gihe nyene, hari umupatiri yari yakoranije muri ako gasagara abakuru b’imiryango amajana n’amajana. Abapolisi badusubirije umutima mu nda yuko twari dufise uburenganzira bwo kugira amakoraniro yacu, akaba ari co gituma baciye baducira akayira muri iryo sinzi ry’abantu. Ariko rero, tugitangura amakoraniro yacu, nya mupatiri yaciye agumura iryo sinzi ry’abantu baca barashangashirwa. Abapolisi ntibashoboye guhagarika abo bagumutsi. Ni co gituma umukuru wabo yaciye aduhimiriza kuva aho hantu aca atujana aho umuduga wacu wari uri amaguru adakora hasi.

Abo bantu baciye badukikuza, badutuka, batuvuma kandi batugera ibipfunsi vyabo, mu gihe wa mupatiri we yari yihagarariye yifashe neza yitwengera. Tumaze kubacika, uwo mukuru w’abapolisi yariyemereye ko uwo ari wo mugumuko ukaze kuruta iyindi yose yari amaze kubona. Naho abenshi mu baba i Vunabal batekewe n’ubwoba kubera ubwo bukazi bw’abo bantu, hari umutohoji wa Bibiliya umwe yagumye ashigikiye n’umutima rugabo ukuri kwerekeye Ubwami. Kuva ico gihe, abandi bantu amajana n’amajana bo hirya no hino muri Nouvelle-Bretagne barashigikiye ukuri.

Dusubira gukorera muri Nouvelle-Guinnée

Muri Munyonyo 1960, twarasubiye kurungikwa gukorera i Madang, igisagara kinini kiri ku nkengera mu Buraruko bwa Nouvelle-Guinée, izinga rikuru. Dushitseyo, abantu benshi cane bararondeye kuduha ubuzi bwasaba gukora imisi yose. Hari ishirahamwe rimwe ryansavye kuba umukuru w’imangazini yaryo y’impuzu. Irindi na ryo ryashaka ko nza ndarisubiriramwo impuzu ryakora. Hari abagore bari baje kugerera aho hantu bemeye mbere kunyugururiza imangazini yo gushoneramwo impuzu z’abagore. Kubera yuko twamiza mu muzirikanyi intumbero twari dufise, twaranse tubigiranye urupfasoni ubwo buzi batwemereye be n’ubundi.​—2 Timoteyo 2:4.

Icibare c’i Madang carimbuka cane, kandi ishengero rikomeye mu vy’impwemu ntiryatevye kuboneka. Twaragira ingendo ndende n’amaguru canke kw’ipikipiki tugiye mu dusagara twa kure cane tujanywe no kwamamaza, tukaba twaramarayo imisi itari mike. Turi muri izo ngendo, twaza turarara mu tururi abantu bahevye, tukaryama ku birundo vy’ivyatsi twaba twaciye mw’ishamba. Twagenda twitwaje gusa ibifungurwa vyo mu magopo, ibisuguti be n’umusegetera.

Ku rugendo rumwe twagize, twaragendeye umugwi w’abantu bari bashimishijwe wo mu gasagara kitwa Talidig kari nko ku bilometero 50 mu Buraruko bwa Madang. Kubera ko uwo mugwi wariko uratera imbere mu vy’impwemu, umuyobozi w’ishure ryo muri ako gasagara yarababujije kwigira Bibiliya mu bibanza vya Leta. Mu nyuma, yarahimirije abapolisi gusambura amazu y’abo bantu no kubomorera mw’ishamba. Ariko rero, hari umukuru umwe w’agasagara kabanyi yabemereye kuba muri ako gasagara yatwara. Uwo mukuru w’umutima mwiza yahavuye yemera ukuri kwo muri Bibiliya, kandi muri ako karere haramaze kwubakwa Ingoro y’Ubwami ya kijambere.

Ubuhinduzi be n’igikorwa co kugendera amashengero

Mu 1956 ni ho twe na John twashika muri Nouvelle-Bretagne. Haheze imyaka ibiri gusa twarasabwe guhindura ibitabu bitandukanye bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi rw’ikinyamaleziya c’igipijini. Ico gikorwa caramaze imyaka n’iyindi. Mu nyuma mu 1970, twaratumiwe kuja ku biro vy’ishami vy’i Port Moresby, umurwa mukuru wa Papouasie-Nouvelle-Guinée, gukorerayo umurimo w’igihe cose turi abahinduzi. Twarigisha kandi ivyigwa vy’indimi.

Mu 1975, twarasubiye muri Nouvelle-Bretagne mu gikorwa co kugendera amashengero. Imyaka 13 yakurikiye twayimaze tugira ingendo mu ndege, mu bwato, mu muduga canke ku maguru zadushikanye mu bice nka vyose vy’ico gihugu. Twarahatswe incuro nyinshi muri izo ngendo, ushizemwo na ca kintu cadushikiye nababwiye mu ntango y’iki kiganiro. Ico gihe, umudereva wa nya kadege twarimwo yaragize ububabare bwinshi mu mushishito buramurabika igihe twariko turegereza ikibuga c’indege c’i Kandrian muri Nouvelle-Bretagne. Kubera ko nya kadege kari gasigaye kitwara, twagumye tuzungazungira hejuru y’ikibira ata gitabara, mu gihe John na we yariko agerageza yihebuye kuvyura uwo mudereva yari yataye ubwenge. Yaratevye aragarura akenge, maze arasubira kubona ku buryo yashoboye, bigoranye cane, gushikana nya kadege hasi. Akigashikana hasi, yaciye asubira kuraba.

Duterwa akandi gateka k’umurimo

Mu 1988, twarasubiye kurungikwa gukorera i Port Moresby kugira twitwararike ibintu vyarushiriza gukenerwa mu gikorwa c’ubuhinduzi kuri iryo shami. Abantu bashika 50 ni bo bari bagize umuryango waba kw’ishami ukongera ukahakorera. Twaranahamenyerereza abahinduzi bashasha. Twese twaba mu nyubakwa ibayabaye igizwe n’ivyumba vy’uburaro gusa. Twe na John twafashe ingingo yo kuguma twuguruye gatoyi umuryango w’icumba cacu kugira ngo turemeshe abagize umuryango be n’abashitsi kuhaca akanya gatoyi maze tumenyane. Ku bw’ivyo, twarashikiranye cane n’abagize uwo muryango twongera turarushiriza gukundana no gushigikirana.

Mu 1993, John yahavuye yicwa n’indwara y’umutima. Numvise nk’aho umengo hariho ikintu gipfuye muri jewe. Twari tumaze imyaka 38 twubakanye kandi iyo myaka yose twayimaze turi kumwe mu busuku. Naho vyagenze ukwo, nagumanye umwiyemezo wanje wo kubandanya, ndabifashijwemwo na Yehova (2 Ab’i Korinto 4:7). Umuryango w’icumba canje wagumye wuguruye, kandi abakiri bato babandanije baza kungendera. Ukwo kwifatanya n’abandi kwiza kwaramfashije kuguma mbona ibintu mu buryo bwiza.

Amagara yanje yagenda arayonga yatumye mu 2003 biba ngombwa ko nsubira kurungikwa gukorera ku biro vy’ishami vy’i Sydney muri Ositaraliya. Ubu mfise imyaka 77, ndacakora imisi yose y’ibikorwa mu Rwego rw’ubuhinduzi, kandi nguma mfise umwete mu gikorwa co kwamamaza. Abagenzi banje, abana be n’abuzukuru banje bo mu buryo bw’impwemu batuma namana umunezero.

Umuryango w’icumba canje kuri Beteli n’ubu uguma wuguruye, kandi imisi nka yose hama hari abaje kungendera. Mu bisanzwe, igihe uwo muryango wugaye, akenshi baradodora kugira ngo barabe icoba kitagenda neza. Magingo ngihumeka, niyemeje kuguma ndangura ubusuku, nkorera Imana yanje Yehova.​—2 Timoteyo 4:5.

[Utujambo tw’epfo]

a Ico gihe, ako karere ko mu Buseruko bw’iryo zinga kari kagabuwemwo kubiri: Mu Bumanuko hitwa Papouasie, mu Buraruko na ho hakitwa Nouvelle-Guinée. Muri iki gihe, igice co mu Burengero bw’iryo zinga citwa Papouasie, kikaba gikukira Indoneziya, igice co mu Buseruko na co kikitwa Papouasie Nouvelle-Guinée.

b Raba Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Ruheshi 1958, urupapuro rwa 333-336, ahavuga inkuru y’ubuzima ya John Cutforth.

[Ikarata ku rup. 18]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

NOUVELLE-GUINNÉE

OSITARALIYA

Sydney

INDONEZIYA

PAPOUASIE-NOUVELLE-GUINÉE

Talidig

Madang

PORT MORESBY

NOUVELLE-BRETAGNE

Rabaul

Vunabal

Wide Bay

Waterfall Bay

[Abo dukesha ifoto]

Ikarata be n’umubumbe: vyatanzwe na NASA/Visible Earth imagery

[Ifoto ku rup. 17]

Aha nari kumwe na John kw’ihwaniro rimwe ry’intara ryabereye i Lae, muri Nouvelle-Guinée mu 1973

[Ifoto ku rup. 20]

Aha nari kw’ishami ryo muri Papouasie-Nouvelle-Guinée mu 2002

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika