Ijambo rya Yehova ryama riranguka
“[N]ta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye”.—YOSUWA 23:14.
1. Yosuwa yari nde, kandi ni igiki yagize amaja mu mpera y’ubuzima bwiwe?
YARI intwazangabo ifise ububangutsi kandi y’intatinyurukamvye akaba n’umugabo afise ukwizera kandi w’intadohoka. Yaragendanye na Musa kandi Yehova yaramuhisemwo kugira ngo abe ariwe ayobora ihanga rya Isirayeli, arikure mu bugaragwa buteye ubwoba arijane mu gihugu gitemba amata n’ubuki. Amaja mu mpera y’ubuzima bwiwe, uwo mugabo yubahwa cane ari we Yosuwa, yarashikirije abashingantahe bo mu Bisirayeli insiguro yo gusezera ikora ku mutima. Ata gukeka, iyo nsiguro yarakomeje ukwizera kw’abariko baramwumviriza, kandi irashobora gukomeza n’ukwawe.
2, 3. Igihe Yosuwa yashikiriza insiguro abashingantahe bo mu Bisirayeli, ibintu vyari vyifashe gute, kandi yababwiye ibiki?
2 Niwihe ishusho y’ukuntu ibintu vyari bimeze. Bibiliya idondora iti: “Hashize igihe kirekire, Uhoraho ahaye Abisirayeli impore, abakijije abansi babo bose bari babakikije; kandi Yosuwa yar’ashaje, ageze mu zabukuru; Yosuwa ahamagaza Abisirayeli bose, abashingantahe babo n’abakuru, n’abacamanza babo n’abagabisha b’ingabo, arababarira, ati Rāba ndashaje, ngeze mu zabukuru”.—Yosuwa 23:1, 2.
3 Yosuwa yariko aregereza imyaka 110, akaba yari yabayeho muri kimwe mu biringo biteye umunezero kuruta ibindi vyose muri kahise k’abasavyi b’Imana. Yari yariboneye ibikorwa vy’ububasha vy’Imana yongera aribonera iranguka ry’imihango itari mike mu yo Yehova yari yaratanze. Ni co gituma aravye ibintu yari yariboneye, yavuganye ukujijuka kwuzuye ati: “Mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu murazi neza mwese yukw ata kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse”.—Yosuwa 23:14.
4. Ni imihango iyihe Yehova yahaye Abisirayeli?
4 None ni amajambo ayahe ya Yehova yari yararangutse igihe Yosuwa yari akiriho? Tugiye kurimbura imihango itatu Yehova yahaye Abisirayeli. Uwa mbere, Imana yobarokoye ikabakura mu buja. Uwa kabiri, yobakingiye. Uwa gatatu, yobaronkeje ivyo bakeneye. Yehova yarahaye imihango nk’iyo abasavyi biwe bo mu gihe ca none, kandi nka kumwe kwa Yosuwa, na twebwe nyene mu buzima bwacu twariboneye iyo mihango iranguka. Ariko rero imbere yuko twihweza ibijanye n’ivyo Yehova yakoze mu gihe ca none, nimuze tubanze turimbure ivyo yakoze mu gihe ca Yosuwa.
Yehova ararokora abasavyi biwe
5, 6. Yehova yarokoye gute Abisirayeli abakura mu Misiri, kandi ivyo vyagaragaje ibiki?
5 Igihe Abisirayeli batakambira Imana ku bijanye n’ubuja barimwo mu Misiri, Yehova yarabumvise (Kuvayo 2:23-25). Igihe Musa yari kuri ca gisaka caka umuriro, Yehova yamubwiye ati: “Mmanukanywe no [kurokora abantu banje], mbakūre mu maboko y’Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki” (Kuvayo 3:8). Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyari biteye umunezero cane kwibonera ingene Yehova yaranguye uwo muhango! Igihe Farawo yanka kurekura Abisirayeli ngo bave mu Misiri, Musa yaramumenyesheje ko Imana yohinduye amazi y’Uruzi Nili agacika amaraso. Ijambo rya Yehova ryararangutse. Amazi y’Uruzi Nili yarahindutse amaraso. Amafi yarapfuye, kandi amazi y’urwo ruzi nta wari agishobora kuyanywa (Kuvayo 7:14-21). Farawo yagumye akomantaje umutima, maze Yehova arateza ibindi vyago icenda, ivyo yagiye aradondora kimwekimwe cose imbere yuko agiteza (Kuvayo, ikigabane ca 8-12). Inyuma y’icago c’icumi cishe icitwa imfura cose co mu Misiri, Farawo yaciye ategeka Abisirayeli kuva mu Misiri. Emwe, na bo baciye bavayo!—Kuvayo 12:29-32.
6 Ukwo kurokorwa kwaratumye Yehova afata Isirayeli nk’ihanga yitoranirije maze aca ariha Itegeko ryiwe. Kwarahayagije Yehova kurerekana ko ari Imana yama ishitsa imihango yayo, ko ijambo ryiwe ryama riranguka. Kwarerekanye ko Yehova ata ho ahuriye n’imana z’amahanga. Gusoma ibijanye n’ukwo kurokorwa kw’Abisirayeli birakomeza ukwizera kwacu. Niwiyumvire nawe ukuntu kwibonera ivyo bintu bitegerezwa kuba vyari bimeze! Yosuwa yarabonye ko mu vy’ukuri Yehova ari “Usumba vyose, [a]kaganza isi yose”.—Zaburi 83:18.
Yehova arakingira abasavyi biwe
7. Yehova yakingiye gute Abisirayeli ingabo za Farawo?
7 Tuvuge iki ku bijanye n’umuhango ugira kabiri, uwo na wo ukaba ari uw’uko Yehova yokingiye abasavyi biwe? Uwo muhango waraseruka mu wo Yehova yari yaratanze, ko yorokoye Abisirayeli akabakura mu Misiri maze bakinjira muri ca Gihugu c’isezerano. Niwibuke ko Farawo uwari yashangashiwe yakurikiye Abisirayeli ari kumwe n’ingabo ziwe zikomeye, zitwaye imikogote amajana n’amajana. Ese ingene uwo mugabo w’umunyabwibone ategerezwa kuba yaribwiye ko azobacakira, na canecane igihe Abisirayeli basa n’abafaditse bari hagati y’imisozi n’ikiyaga! Ubwo nyene Imana yaragize ico ikoze kugira ngo ikingire abasavyi bayo, mu gushira igicu hagati y’iyo migwi ibiri. Mu ruhande rw’Abanyamisiri hari umwijima, mu ruhande rw’Abisirayeli na ho hakaba umuco. Mu gihe ico gicu cariko kiratuma Abanyamisiri bategereza, Musa yararamvuye ukuboko amanika inkoni yiwe maze amazi y’Ikiyaga Gitukura yigaburamwo kubiri, gutyo haca haboneka inzira Abisirayeli bacamwo mu guhunga kandi iyo nzira nyene ica iba umutego Abanyamisiri baguyemwo. Yehova yarasanganguye buhere ingabo zikomeye za Farawo, gutyo aba akingiye abasavyi biwe ugutsindwa kwari kubashikira ata kabuza.—Kuvayo 14:19-28.
8. Ni ugukingirwa ukuhe Abisirayeli baronse (a) igihe bari mu bugaragwa (b) be n’igihe bagira binjire muri ca Gihugu c’isezerano?
8 Bamaze kujabuka ico Kiyaga Gitukura, Abisirayeli barayerereye mu gihugu cadondowe ko ari “ubugaragwa bunini buteye ubgoba, burimw’inzoka z’ubumara buturira na sikorupiyo, igihugu kigataye kitagira amazi” (Gusubira mu vyagezwe 8:15). N’aho nyene Yehova yarakingiye abasavyi biwe. Tuvuge iki ku bijanye n’igihe bagira binjire muri ca Gihugu c’isezerano? Ingabo zikomeye z’Abanyakanani zarabarwanije. Naho ari ukwo, Yehova yabwiye Yosuwa ati: “Va hasi, ujabukane aba bantu bose urwo ruzi Yorodani, muje mu gihugu mbahaye, mwebge Abisirayeli. Nta muntu n’umwe azoshobora kuguhagarara imbere imisi yose uzomara ukiriho: nk’uko nabanye na Mose ni ko nzobana nawe; sinzoguhemukira, sinzoguta” (Yosuwa 1:2, 5). Ayo majambo Yehova yavuze yararangutse. Mu kiringo c’imyaka nk’itandatu, Yosuwa yaratsinze abami 31 yongera arigarurira ibice bitari bike kandi bininibinini vya ca Gihugu c’isezerano (Yosuwa 12:7-24). Iyo Yehova atabakingira ntibari kuronka izo ntsinzi.
Yehova araronsa abasavyi biwe ivyo bakenera
9, 10. Yehova yaronkeje gute abasavyi biwe ivyo bari bakeneye igihe bari mu bugaragwa?
9 Ubu na ho rimbura umuhango ugira gatatu, uwo na wo ukaba ari uw’uko Yehova yoronkeje abasavyi biwe ivyo bakeneye. Inyuma gato y’aho Abisirayeli barokorewe bagakurwa mu Misiri, Imana yabasezeraniye iti: “Rāba, ngira ngo ndabacuncuburire umutsima uvuye mw ijuru: uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ivy’uwo musi”. Nk’uko nyene yari yabivuze, Imana yarabahaye uwo “mutsima uvuye mw ijuru”. “Abisirayeli babibonye, barabazanya, bat’Ibi n’ibiki?”. Yari mana, wa mutsima Yehova yari yabasezeraniye.—Kuvayo 16:4, 13-15.
10 Mu myaka 40 Abisirayeli bamaze mu bugaragwa, Yehova yarabitwararitse arabaronsa ivyo kurya be n’amazi. Yaritwararitse mbere n’ivy’uko impuzu zabo zitabashirirako be n’uko ibirenge vyabo bitavyimba (Gusubira mu vyagezwe 8:3, 4). Ivyo vyose Yosuwa yaravyiboneye. Yehova yararokoye abasavyi biwe, arabakingira yongera arabaronsa ivyo bakeneye nk’uko yari yarabibasezeraniye.
Ukurokorwa mu bihe vya none
11. Ni ibiki vyabaye i Brooklyn muri New York mu 1914, kandi ni igihe ikihe cari kigeze?
11 Tuvuge iki ku bijanye no muri kino gihe cacu? Ku musi wa gatanu mu gitondo, igenekerezo rya 2 Gitugutu 1914, Charles Russell, ico gihe akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa c’Abatohoji ba Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa, yarinjiye mu cumba c’uburiro muri Beteli y’i Brooklyn muri New York, maze abwirana umunezero abari aho ati: “Mwaramutse mwese”. Imbere yuko afata icicaro yaciye avugana akamwemwe ati: “Ibihe vy’Abanyamahanga vyarangiye; igihe c’abami babo caheze”. Igihe cari kigeze c’uko Yehova, we Segaba w’ijuru n’isi, asubira kugira ico akoze ku bw’ineza y’abasavyi biwe. Emwe, yaragize ico akoze pe!
12. Ni ukurokorwa ukuhe kwabaye mu 1919, kandi ivyo vyatumye haba iki?
12 Imyaka itanu gusa inyuma y’aho, Yehova yararokoye abasavyi biwe abakura muri “Babiloni Akomeye”, ya nganji ikomeye y’isi yose y’idini ry’ikinyoma (Ivyahishuwe 18:2). Muri twebwe si benshi biboneye ukwo kurokorwa guteye umunezero. Naho ari ukwo, turibonera neza ico uko kurokorwa kwavuyemwo. Yehova yarasubijeho ugusenga gutyoroye yongera arashira hamwe abashashaye kumusenga. Ivyo vyari vyaravuzwe biciye ku muhanuzi Yesaya, uwavuze ati: “Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’amahanga yose azosendanisha aja kuri wo”.—Yesaya 2:2.
13. Ni iyongerekana irihe woba wariboneye mu basavyi ba Yehova?
13 Amajambo Yesaya yavuze ntiyabuze kuranguka. Mu 1919 amasigarira y’abasizwe yaratanguje isekeza ryo gushinga intahe kw’isi yose ashirutse umwete, iryo sekeza rikaba ryaratumye ugusenga Imana y’ukuri gushirwa hejuru. Mu myaka ya 1930, vyaragaragaye ko abagize “izindi ntama” bariko baregeranirizwa mu gusenga kw’ukuri (Yohani 10:16). Hatanguye kuza abantu ibihumbi, mu nyuma baba ibihumbi amajana, ubu na ho bakaba ari amamiliyoni bariko barashigikira ugusenga gutyoroye! Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, abo bantu badondorwa ko ari “isinzi rinini, ata [woshobora kuriharura], bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose” (Ivyahishuwe 7:9). Ni ibiki woba wariboneye mu myaka umaze? Igihe watangura kwiga ukuri, hari Ivyabona vya Yehova bangahe kw’isi? Muri kino gihe, abasukurira Yehova baharurwa mu bantu barenga 6.700.000. Biciye ku kurokora abasavyi biwe akabakura muri Babiloni Akomeye, Yehova yarugururiye inzira iyongerekana riteye umunezero tubona kw’isi yose muri kino gihe.
14. Ni ukurokorwa ukuhe kwegereje?
14 Hariho ukundi kurokorwa kwegereje, ukwo kukaba kuzogira ico gukoze ku bantu bose baba kw’isi. Mu kwerekana mu buryo budasanzwe ububasha bwiwe, Yehova azokuraho abantu bose bamurwanya yongere arokore abasavyi biwe abashire mw’isi nshasha izoba irimwo ubugororotsi. Ese ukuntu bizoba biteye umunezero kubona ingene ubukozi bw’ikibi buzorangira be no kubona ingene igihe ciza gusumba ibindi vyose vyabayeho muri kahise kose k’abantu kizotangura!—Ivyahishuwe 21:1-4.
Ugukingirwa na Yehova muri kino gihe cacu
15. Ni kubera iki vyabaye ngombwa ko Yehova akingira abasavyi biwe mu bihe vya none?
15 Nk’uko twabibonye, Abisirayeli bo mu gihe ca Yosuwa bari bakeneye gukingirwa na Yehova. None abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya none, boba badakeneye ukwo gukingirwa? Baragukeneye nyene! Yezu yaburiye abayoboke biwe ati: “Bazobashira mu makuba bongere babice, kandi muzokwankwa n’amahanga yose muhorwa izina ryanje” (Matayo 24:9). Uko imyaka yagiye iragenda, Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu bitari bike barashikiwe n’ukurwanywa gukaze be no guhamwa bunyamaswa. Naho ari ukwo, vyaragaragaye ko Yehova yari kumwe n’abasavyi biwe (Abaroma 8:31). Ijambo ryiwe riradukura amazinda yuko ata kintu na kimwe, naho coba ‘ikirwanisho bacuriye kuturwanya’, kizohagarika igikorwa co kwamamaza Ubwami no kwigisha abantu.—Yesaya 54:17.
16. Ni ikimenyamenya ikihe wiboneye c’uko Yehova akingira abasavyi biwe?
16 Naho isi ibanka, Ivyabona vya Yehova barabandanije kwongerekana. Ivyabona vya Yehova bariko barasagamba mu bihugu 236, ico vy’ukuri kikaba ari ikimenyamenya cemeza y’uko Yehova ari kumwe natwe kugira ngo adukingire abipfuza kutuzimanganya canke kutunumya. Woba ushobora kwibuka amazina y’abanyapolitike canke y’abakuru b’amadini bakomakomeye bo mu gihe cawe batoteje bimwe bibi abasavyi b’Imana? Ni ibiki vyabashikiye? Ubu bari hehe? Benshi muri bo ntibakiriho, nka kurya nyene vyagendeye Farawo mu gihe ca Musa na Yosuwa. Ariko tuvuge iki ku bijanye n’abasavyi b’Imana bo mu gihe ca none bapfuye ari abizigirwa? Ubu barakingiwe kuko bari mu bantu Yehova yibuka. Kuri bo, nta handi hantu h’umutekano kuruta aho, boshobora kuba. Biragaragara yuko amajambo ya Yehova ajanye no gukingira abasavyi biwe yarangutse.
Yehova araronsa abasavyi biwe ivyo bakenera muri kino gihe
17. Yehova yadukuye amazinda gute ku bijanye n’ibifungurwa vyo mu vy’impwemu?
17 Yehova yararonkeje abasavyi biwe ivyo bari bakeneye mu bugaragwa, kandi ivyo arabigirira abasavyi biwe no muri kino gihe. Turafungurirwa mu vy’impwemu na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” (Matayo 24:45). Turaronka ubumenyi bwerekeye ukuri kwo mu vy’impwemu kwari kwaragizwe ibanga mu binjana n’ibindi. Umumarayika yabwiye Daniyeli ati: “Gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ubgenge buzogwira”.—Daniyeli 12:4.
18. Ni kubera iki twovuga yuko ubumenyi bw’ukuri bwagwiriye muri kino gihe?
18 Ubu tubayeho mu gihe c’iherezo kandi ubumenyi bw’ukuri bwaragwiriye koko. Kw’isi yose, impwemu nyeranda yarayoboye abantu bakunda ukuri, barashika ku kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana y’ukuri be n’imigambi yayo. Muri kino gihe, amabibiliya cokimwe n’ibitabu bifasha abantu gutahura ukuri kw’agaciro kuri muri Bibiliya biraboneka ku bwinshi hirya no hino kw’isi. Rimbura nk’akarorero urutonde rwerekana ibiri muri ca gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?a dukoresha mu kurongora inyigisho za Bibiliya. Mu bigabane vy’ico gitabu, harimwo ikivuga ngo “Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?”, “Abapfuye bari hehe?”, “Ubwami bw’Imana ni iki?”, be n’ikigira ngo “Ni kubera iki Imana ireka abantu bagacumukura?”. Haraciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi abantu bibaza ivyo bibazo. Muri kino gihe barashobora kuronka inyishu zavyo bitagoranye. Naho haheze ibinjana n’ibindi abantu biziziwe n’ukutamenya be n’inyigisho z’ubuhuni z’abiyita abakirisu, Ijambo ry’Imana ryoryo riratsinda, gutyo rikaronsa abo bose bashashaye gukorera Yehova ivyo bakeneye.
19. Ni imihango iyihe wabonye iranguka, kandi ivyo vyatumye ushika ku ciyumviro ikihe?
19 Nta nkeka yuko twisunze ivyo twiboneye n’amaso yacu, dushobora kuvuga duti: “[N]ta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse” (Yosuwa 23:14). Yehova ararokora abasavyi biwe, akabakingira, akongera akabaronsa ivyo bakeneye. Hoba hari umuhango n’umwe Yehova yatanze woshobora kuvuga yuko utarangutse mu gihe cawo kibereye? Emwe, nta n’uwa kirazira woronka! Ni ibiranga ubukerebutsi ko twemera ivyo Ijambo ry’Imana ryo kwizigirwa rivuga.
20. Ni kubera iki twoshobora kwitega kazoza dufise umutima mu nda?
20 Tuvuge iki ku bijanye na kazoza? Yehova yaratumenyesheje ko abenshi muri twebwe bafise icizigiro co kuzoba kw’isi izoba yahindutse Iparadizo iteye igomwe. Bakeya muri twebwe bafise icizigiro co kuzofatanya na Kristu kuganza bari mw’ijuru. Twaba dufise icizigiro ikihe, turafise imvo zumvikana zo kuguma turi intahemuka nka kumwe kwa Yosuwa. Hazogera igihe icizigiro cacu kiranguke. Ico gihe tuzotereza amaso inyuma twihweze imihango yose Yehova yatanze, maze natwe tuvuge duti: “Vyose vyarasohoye”.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woshobora kubisigura?
• Yosuwa yabonye iranguka ry’imihango iyihe ya Yehova?
• Ni imihango iyihe y’Imana wabonye iranguka?
• Ku bijanye n’ijambo ry’Imana, ni igiki dukwiye kwemera tudakekeranya?
[Ifoto ku rup. 23]
Yehova yaragize ico akoze kugira ngo arokore abasavyi biwe
[Ifoto ku rup. 23]
Yehova yakingiye gute abasavyi biwe ku Kiyaga Gitukura?
[Ifoto ku rup. 24]
Yehova yaronkeje gute abasavyi biwe ivyo bari bakeneye mu bugaragwa?
[Ifoto ku rup. 25]
Yehova aritwararika abasavyi biwe muri kino gihe