Barabonwa ko babereye kurongorwa ku masôko y’amazi y’ubuzima
“Wa Mwagazi w’intama . . . azobaragira, kandi azobarongora ku masôko y’amazi y’ubuzima”.—IVYAH. 7:17.
1. Ijambo ry’Imana rivuga iki ku bijanye n’abakirisu basizwe, kandi ni ibanga irihe Yezu yabajeje?
IJAMBO RY’IMANA ryerekana ko abakirisu basizwe bariko bitwararika ivyo Kristu atunze ngaha kw’isi, ari bo bagize “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”. Igihe Kristu yasuzuma uwo “mushumba” mu 1918, yasanze abo basizwe bari kw’isi bakiri abizigirwa mu gutanga “ibifungurwa [vyo mu buryo bw’impwemu] ku gihe kibereye”. Ni co gituma Yezu we Shebuja, yahimbawe no guca abashinga “ivyo atunze vyose” (Soma Matayo 24:45-47.). Muri ubwo buryo, abasizwe barakorera abandi basenga Yehova ngaha kw’isi imbere y’uko baronka intoranwa yo mw’ijuru.
2. Nudondore ivyo Yezu atunze.
2 Shobuja usanga afise ubukuru ku vyo atunze, kandi arashobora kubikoresha uko ashaka. Ivyo Yezu Kristu atunze, uno akaba ari Umwami yimitswe na Yehova, birimwo ibintu vyose biri kw’isi vyerekeye Ubwami. Aho harimwo n’“isinzi rinini” intumwa Yohani yabonye mu vyo yeretswe. Yohani adondora iryo sinzi rinini ati: “Ehe isinzi rinini, ata wari ashoboye guharura, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama, bambaye amakanzu maremare yera; kandi mu minwe yabo hari amashami y’ibigazi”.—Ivyah. 7:9.
3, 4. Ni mu buryo ki abagize isinzi rinini batewe agateka kadasanzwe?
3 Abagize iryo sinzi rinini bari mu bo Yezu yavuze ko ari “izindi ntama” ziwe (Yoh. 10:16). Bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera kw’isi izoba yahindutse Iparadizo. Barizigiye badakeka ko Yezu “azobarongora ku masôko y’amazi y’ubuzima” kandi ko “Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo”. Bafise ivyo ku muzirikanyi, “ba[ra]mesuye amakanzu maremare yabo bayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama” (Ivyah. 7:14, 17). Barizera inkuka ya Yezu, gutyo Imana igaca ibona ko bambaye ‘amakanzu maremare yera’. Baritwa abagororotsi bakaba n’abagenzi b’Imana nka Aburahamu.
4 Vyongeye, kubera ko abagize isinzi rinini ry’izindi ntama riguma ryongerekana Imana ibona ko ari abagororotsi, barizigira ko bazorokoka isangangurwa ry’ivy’iyi si mu gihe ca ya makuba akomeye (Yak. 2:23-26). Barashobora kwiyegereza Yehova, kandi uko bagize umurwi, barafise icizigiro ciza igitangaza co kuzorokoka Harumagedoni (Yak. 4:8; Ivyah. 7:15). Ntibagize umurwi wigenga ariko bakora babikunze bisunga ubuyobozi bahabwa n’Umwami wo mw’ijuru be na benewabo n’uwo Mwami basizwe bakiri kw’isi.
5. Abagize isinzi rinini bashigikira gute benewabo na Kristu basizwe?
5 Abakirisu basizwe bararwanijwe bimwe bikomeye n’isi ya Shetani, kandi izobandanya ibarwanya. Naho ari ukwo, barashobora kwiheka ku bagenzi babo bo mu bagize isinzi rinini babashigikira. Naho abakirisu basizwe ubu ari bakeyi, abagize isinzi rinini bobo baguma biyongerako abandi ibihumbi amajana uko umwaka utashe. Abo basizwe ntibashoboye gucungera ari bonyene rimwerimwe mu mashengero ya gikirisu ashika 100.000 ari hirya no hino kw’isi. Ku bw’ivyo, umwe mu mice abagize izindi ntama bashigikiramwo abo basizwe ni uko abagabo bakwije ibisabwa bo mu bagize isinzi rinini basukura ari abakurambere bo mu mashengero. Barafasha mu vyo kwitwararika abakirisu amamiliyoni, abo ubu Yezu yajeje wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”.
6. Ni mu buryo ubuhe vyari vyaravuzwe yuko abakirisu basizwe boshigikiwe na bagenzi babo bo mu zindi ntama?
6 Umuhanuzi Yesaya yari yaravuze yuko abakirisu basizwe boshigikiwe na bagenzi babo bo mu zindi ntama, ivyo bakabigira babikunze. Yanditse ati: “Uku ni k’Uhoraho agize, at’Abakozi [“badahembwa”, NW] ba Egiputa n’abadandaza ba Etiyopiya n’abagabo barebare b’i Sabe bazoza bagukomere amashi, bazoba abawe, bagukurikire” (Yes. 45:14). Mu buryo bw’ikigereranyo, muri iki gihe abakirisu bafise icizigiro co kuzoba kw’isi barakurikira abasizwe bagize umugwi w’umushumba be n’Inama Nyobozi iwuserukira mu gukurikiza ubuyobozi bwabo. Bwa “bakozi badahembwa”, abagize izindi ntama barakoresha inguvu zabo be n’ivyo batunze, babigiranye umutima wabo wose kandi babikunze, mu gushigikira ca gikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose Kristu yashinga abayoboke biwe basizwe bakiri kw’isi.—Ibik. 1:8; Ivyah. 12:17.
7. Abagize isinzi rinini bariko bamenyerezwa ku bw’intumbero iyihe?
7 Muri ukwo gushigikira abavukanyi babo basizwe, abagize isinzi rinini baba bariko baramenyerezwa kugira ngo babe umushinge w’ikibano gishasha c’abantu kizoshingwa inyuma ya Harumagedoni. Uwo mushinge utegerezwa kuba ukomeye, abawugize na bo bagategerezwa kuba bashoboye gukora bisunga ubuyobozi bwa Shebuja kandi bakabigira babikunze. Umukirisu wese ariko araronswa akaryo ko kugaragaza ko ashobora gukoreshwa n’Umwami Kristu Yezu. Mu kugaragaza ukwizera be n’ukudahemuka muri iki gihe, aba yerekanye ko azokwakira neza ubuyobozi uwo Mwami azotanga mw’isi nshasha.
Abagize isinzi rinini baragaragaza ukwizera bafise
8, 9. Abagize isinzi rinini bariko bagaragaza gute ukwizera bafise?
8 Abo mu zindi ntama bifatanya n’ishengero ry’abakirisu basizwe baragaragaza ukwizera bafise mu buryo butandukanye. Ubwa mbere, barashigikira abo basizwe mu gutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana (Mat. 24:14; 28:19, 20). Ubwa kabiri, baragamburuka babikunze ubuyobozi butangwa n’Inama Nyobozi.—Heb. 13:17; soma Zekariya 8:23.
9 Ubwa gatatu, abagize isinzi rinini barashigikira abavukanyi babo basizwe mu kubaho bahuza n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Barihatira gutsimbataza “urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya” (Gal. 5:22, 23). Muri iki gihe, kugaragaza izo kamere nziza aho kugaragaza kamere mbi ziranga “ibikorwa vy’umubiri”, ushobora gusanga ari kintu c’imbonekarimwe. Yamara, abagize isinzi rinini biyemeje kwirinda “ubusambanyi, ubuhumane, ubushirasoni, ugusenga ibigirwamana, gukora ivy’ubupfumu, inzankano, ugushihana, ishari, ugushangashirwa, amahane, amacakubiri, imice, inzigo, ukunywera akaborerwe, ukwidagadura, n’ibindi nk’ivyo”.—Gal. 5:19-21.
10. Ni umwiyemezo uwuhe abagize isinzi rinini bafise?
10 Kubera turi abanyagasembwa, birashobora kutubera urugamba kwama ivyamwa vy’impwemu, kwirinda ibikorwa vy’umubiri, be no gutsinda imikazo dutezwa n’isi ya Shetani. Ariko rero, twiyemeje kutareka ukudendebukirwa kuva ku bugoyagoye bwacu, ku kuba hari ivyo usanga tudashoboye mu gihe kinaka canke ku kuba amagara atakidukundiye ngo guhungabanye ukwizera kwacu gukomeye canke urukundo dukunda Yehova. Turazi yuko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye, ni ukuvuga ko azozigama abagize isinzi rinini mu gihe ca ya makuba akomeye.
11. Ni amayeri ayahe Shetani yakoresheje mu kugerageza gutuma ukwizera kw’abakirisu kugoyagoya?
11 Naho ari ukwo, twama nantaryo turikanuye kubera tuzi ko umwansi wacu nyezina ari wa Mubesheranyi, kandi akaba adashoka ata hasi (Soma 1 Petero 5:8.). Yaragerageje gukoresha abahuni be n’abandi bantu kugira ngo atujijure yuko inyigisho dukurikira ari iz’ikinyoma. Ariko ayo mayeri kenshi nta co yashitseko. Muri ubwo buryo nyene, naho uruhamo rimwe na rimwe rwatuma igikorwa co kwamamaza gicumbagira, akenshi wasanga nyabuna rwarakomeje ukwizera kw’ababa bariko barahamwa. Ku bw’ivyo, Shetani arakoresha cane uburyo ashobora kuba abona ko buzorushiriza gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya. Arafatira ku kudendebukirwa kwacu. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baraburiwe ku bijanye n’iyo ngeramizi igihe babwirwa bati: “Murimbure mwitonze umwe [Kristu] yihanganira mwene ayo majambo y’ibihari abacumuzi bavuga bigirira nabi”. Kubera iki none? Bibiliya yishura iti: “Kugira ntimuruhe ngo mudendebukirwe mu mitima yanyu”.—Heb. 12:3.
12. Impanuro zo muri Bibiliya zikomeza gute abadendebukiwe?
12 Vyoba bimaze gushika ukumva woteshwa ugata? Vyoba bishika rimwe na rimwe ukumva ata co ushoboye? Niba ari ukwo biri, ntureke ngo Shetani akoreshe izo nyiyumvo kugira ngo akubuze gukorera Yehova. Niwiga Bibiliya mu buryo bwimbitse, ugasenga ubigiranye ubwira, vyongeye ukitaba amakoraniro udahorereza kandi ukifatanya n’abo musangiye ukwizera, ivyo bizogukomeza vyongere bikurinde ‘kudendebukirwa mu mutima wawe’. Yehova yasezeranye ko azofasha abamukorera kugira biyubure mu nkomezi nsha, kandi uwo muhango ni ntakekeranywa (Soma Yesaya 40:30, 31.). Nugumize ijisho ku murimo w’Ubwami urangura. Niwirinde ibisamaza bitwara umwanya munini kandi ugume witunira ku gufasha abandi. Ivyo bizoheza rero bigukomeze kugira ngo wihangane naho vyoshika ukadendebukirwa.—Gal. 6:1, 2.
Bazorokorwa muri ya makuba maze binjire mw’isi nshasha
13. Abazorokoka Harumagedoni bazokora igikorwa ikihe?
13 Inyuma ya Harumagedoni, abatagororotse indiri bazoba bazutse bazokenera kwigishwa inzira za Yehova (Ibik. 24:15). Bazokenera kumenya ivyerekeye inkuka y’incungu ya Yezu. N’ikiruta ivyo, bazotegerezwa kwigishwa kwizera iyo nkuka kugira ngo baze bayungukireko. Bazokenera kuvavanura n’ivyiyumviro vyo mu madini y’ikinyoma bahozemwo no guheba uburyo bari basanzwe babayeho. Bazotegerezwa kwiga kwambara kamere nshasha iranga abakirisu b’ukuri (Ef. 4:22-24; Kol. 3:9, 10). Abo mu zindi ntama bazorokoka Harumagedoni bazoba bafise vyinshi vyo gukora. Mbega ukuntu azoba ari akanyamuneza kurangurira Yehova uwo murimo, ata mikazo canke ibisamaza vy’iy’isi mbi bizoba bihari!
14, 15. Dondora ibintu abazoba barokotse ya makuba ahambaye be n’abagororotsi bazoba bazutse bazoganirako.
14 Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bapfuye imbere y’uko Yezu arangura ubusuku bwiwe ngaha kw’isi, ico gihe na bonyene bazoba bafise vyinshi vyo kwiga. Bazomenya ivyerekeye Mesiya yari yarasezeranywe, uwo bari bashashaye kubona ariko ntibigera bamukubita ijisho. Ufatiye ku kuntu bari babayeho, bari baragaragaje ko bafise umutima ukunze wo kwigishwa na Yehova. Iyumvire ukuntu kazoba ari agateka kandi bizoba biteye akanyamuneza kubafasha, nk’akarorero gusigurira Daniyeli iranguka ry’ubuhanuzi yanditse yamara atatahuye!—Dan. 12:8, 9.
15 Ariko ntiwumve, naho abazoba bazutse tuzoba dufise vyinshi tuzobabwira, na twebwe tuzoba dufise vyinshi tuzobabaza. Bazoshobora kutugira ku muriri ivyabaye bivugwa muri Bibiliya ariko usanga bivugwa mu ncamake. Iyumvire ukuntu bizoba biteye akamwemwe kwumva amakuru y’ido n’ido yerekeye Yezu tuyabwirwa na muvyarawe, ari we Yohani Umubatizi! Amakuru tuzobwirwa n’ivyo Vyabona vyo kwizigirwa nta nkeka ko azonatuma dutahura Ijambo ry’Imana kuruta uko turitahura ubu. Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bamaze gupfa ushizemwo n’abo mu bagize isinzi rinini bapfa muri iki gihe c’iherezo, bazoshikira “izuka ryiza kuruta”. Batanguye gukorera Yehova mw’isi iganzwa na Shetani. Ese akanyamuneza bazogira mu kubandanya barangura umurimo wabo ibintu vyifashe neza cane mw’isi nshasha!—Heb. 11:35; 1 Yoh. 5:19.
16. Ubuhanuzi buvuga yuko Umusi w’Urubanza uzogenda gute?
16 Mu gihe kinaka c’Umusi w’Urubanza, imizingo izozingururwa. Iyo mizingo hamwe na Bibiliya ni vyo bizokwisungwa mu gucira urubanza abazoba bariho bose kugira ngo vyihwezwe niba bazoba babereye kuronka ubuzima budahera (Soma Ivyahishuwe 20:12, 13.). Amaja mu mpera z’Umusi w’Urubanza, umuntu wese azoba yararonse umwanya uhagije wo kwerekana aho ahagaze ku bijanye na ca kibazo c’uwukwiriye kugaba no kuganza ibiriho vyose. Yoba azoshigikira Ubwami yongere areke wa Mwagazi w’intama amurongore ku “masôko y’amazi y’ubuzima”? Canke azonana yanke gutwarwa n’Ubwami bw’Imana (Ivyah. 7:17; Yes. 65:20)? Ico gihe, umwumwe wese mu bazoba bari kw’isi azoba yararonse akaryo ko kwifatira ingingo, atohejwe na ca caha twarazwe canke ikibano kirangwa n’ubukozi bw’ikibi. Nta n’umwe azoshobora gukekeranya ku bijanye n’uko urubanza rwa nyuma Yehova azoca ruzoba rubereye. Inkozi z’ikibi ni zo zonyene zizorandurwa ibihe bidahera.—Ivyah. 20:14, 15.
17, 18. Ni kubera iki abakirisu basizwe be n’abo mu bagize izindi ntama barindiranye umunezero Umusi w’Urubanza?
17 Muri iki gihe, abakirisu basizwe bamaze kubonwa ko babereye kuronka Ubwami bariteganye umushasharo kuzoganza mu kiringo c’Umusi w’Urubanza. Mbega agateka ntangere bazoba batewe! Ico cizigiro nyene ni co kibavyurira umutima wo gukurikira impanuro Petero yahaye abavukanyi biwe bo mu kinjana ca mbere ati: “[Mukore] uko mushoboye kwose ngo mutume ihamagarwa ryanyu be n’itorwa ryanyu biba ntakekeranywa kuri mwebwe; kuko nimwaguma mukora ivyo bintu mutazogenda muguye namba. Nkako, aho ni ho muzoronswa ku bwinshi ukwinjira mu bwami budahera bw’Umukama wacu n’Umukiza Yezu Kristu”.—2 Pet. 1:10, 11.
18 Abagize izindi ntama baranezeranwa n’abavukanyi babo basizwe. Biyemeje kubashigikira. Kubera ko muri iki gihe ari abagenzi b’Imana, baravyurirwa umutima wo gukora ivyo bashoboye vyose mu murimo w’Imana. Mu kiringo c’Umusi w’Urubanza, bazohimbarwa no gushigikira n’umutima wabo wose indinganizo Imana izoshiraho uko Yezu azobarongora ku masôko y’amazi y’ubuzima. Gutyo, bazoheza babonwe ko babereye kuba abasavyi ba Yehova bo kw’isi ibihe bidahera!—Rom. 8:20, 21; Ivyah. 21:1-7.
Woba uvyibuka?
• Ivyo Yezu atunze birimwo iki?
• Abagize isinzi rinini bashigikira gute abavukanyi babo basizwe?
• Ni uduteka utuhe abagize isinzi rinini baterwa, kandi ni icizigiro ikihe bafise?
• Wewe ubona gute Umusi w’Urubanza?
[Ifoto ku rup. 25]
Abagize isinzi rinini baramesuye amakanzu maremare yabo bongera barayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama
[Ifoto ku rup. 27]
Ni ibiki witeze kuzobwirwa n’abizigirwa bazoba bazuwe?