Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Matayo
UMUNTU yatanguye kwandika inkuru iteye umunezero yerekeye ubuzima bwa Yezu Kristu be n’ubusuku bwiwe ni Matayo, uwakoranye cane na we kandi akaba yahoze ari umutozakori. Injili ya Matayo, iyatanguye kwandikwa mu giheburayo mu nyuma igahindurwa mu kigiriki, yarangiye kwandikwa nko mu 41 G.C. ikaba ari ikiraro gihuza Ivyanditswe vy’igiheburayo be n’Ivyanditswe vy’ikigiriki.
Iyo Njili ikora ku mutima kandi y’ingirakamaro, iyigaragara ko yandikiwe ahanini Abayuda, idondora Yezu Umwana w’Imana ko ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Kwitwararika cane ubutumwa bwo muri iyo Njili bizorushiriza gutuma twizera Imana y’ukuri, Umwana wayo be n’imigambi yayo.—Heb. 4:12.
‘UBWAMI BWO MW’IJURU BUREGEREJE’
Matayo arashimika ku vyerekeye Ubwami be no ku nyigisho za Yezu, naho kubigenza gutyo bisaba ko ashikiriza ivyabaye atisunga neza na neza ukuntu vyagiye birakurikirana. Nk’akarorero, ya Nsiguro yo ku Musozi yiganwa amaja mu ntango y’ico gitabu ca Matayo, naho nyene Yezu yayishikirije igihe yari agejeje hagati ubusuku bwiwe.
Igihe Yezu arangurira ubusuku bwiwe i Galilaya, arakora ibitangaro, akaronsa za ntumwa 12 ubuyobozi bujanye n’ubusuku, agashira ku kabarore Abafarizayo akongera agatanga ibigereranyo vyerekeye Ubwami. Mu nyuma arava i Galilaya maze akaza “ku mipaka ya Yudaya hakurya ya Yorodani” (Mat. 19:1). Yezu n’abigishwa biwe bari ku rugendo, arababwira ati: ‘Tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azocirwa urwo gupfa, kandi ku musi ugira gatatu azozurwa’.—Mat. 20:18, 19.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
3:16—Ni mu buryo ki ‘ijuru ryugurutse’ igihe Yezu yabatizwa? Ivyo bisa n’ivyerekana ko Yezu yasubiye kubona mu bwenge ukuntu yari abayeho mw’ijuru imbere y’uko aba umuntu.
5:21, 22—Gushavurira umuntu vyoba ari bibi kuruta kumubikira inzika? Yezu yagabishije avuga ko umuntu abikira inzika umuvukanyi wiwe aba ariko akora igicumuro gikomeye. Ariko rero, igihe umuntu ashavuriye uwundi akavuga ijambo ry’akagaye, aba akoze igicumuro gikomeye kuruta, ivyo akaba yobibazwa na sentare iruta iyo ku mugina.
5:48—Vyoba mu vy’ukuri bishoboka ko tuba “abatunganye, nk’uko [Data] wo mw’ijru atunganye”? Ivyo birashoboka ku rugero runaka. Muri ico canditswe, Yezu yariko aravuga ibijanye n’urukundo, kandi yabwiye abariko bamwumviriza kwigana Imana be no kuba abatunganye mu kugaragaza urukundo (Mat. 5:43-47). Uti gute? Mu kurugaragariza n’abansi babo.
7:16—Ni “ivyamwa” ibihe biranga idini ry’ukuri? Ivyo vyamwa birimwo n’ibindi uretse ukuntu twigenza. Birimwo n’ivyo twemera, ni ukuvuga inyigisho twisunga.
10:34-38—Ubutumwa bwo mu Vyanditswe bwoba ari bwo ntandaro y’ukutumvikana kwo mu muryango? Habe namba! Ahubwo riho, ukwo kutumvikana guturuka ku mpagararo abagize umuryango batizera bagira. Boshobora guhitamwo kwiyamiriza ubukirisu canke kuburwanya, maze bigatuma muri uwo muryango haba amacakubiri.—Luka 12:51-53.
11:2-6—Niba Yohani yari asanzwe azi yuko Yezu yari we Mesiya bitumwe n’uko yari yarumvise ijwi ry’Imana rivyemeza, ni kubera iki none yabajije niba Yezu yari “Umwe ariko araza”? Yohani ashobora kuba yabajije ico kibazo kugira ngo aronke imvaho itanzwe na Yezu ubwiwe. N’ikiruta ivyo, Yohani yashaka kumenya niba hari “uwundi” yari agiye kuza afise ububasha bw’Ubwami maze akarangura ibintu vyose Abayuda bari biteze. Inyishu Yezu yatanze yarerekanye ko atawomusubiriye.
19:28—Iyo “miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli” izocirwa urubanza igereranya iki? Iyo miryango ntigereranya ya miryango 12 igize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu (Gal. 6:16; Ivyah. 7:4-8). Intumwa Yezu yariko abwira ayo majambo zobaye ziri mu bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, zikaba rero zitociriye urubanza abagize iyo Isirayeli nyene. Yezu yaragiraniye ‘isezerano na bo ku bw’ubwami’, kandi bogize ‘ubwami n’abaherezi ku Mana’ (Luka 22:28-30; Ivyah. 5:10). Abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu ni bo “bazocira urubanza isi” (1 Kor. 6:2). Ku bw’ivyo rero, “imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli” icirwa urubanza n’abicaye ku ntebe z’ubwami zo mw’ijuru, biboneka ko igereranya isi y’abantu batari mu bagize umugwi w’abami n’abaherezi, iyagereranywa na ya miryango 12 ku Musi w’Impongano.—Lew., ikig. 16.
Ivyigwa tuhigira:
4:1-10. Iyo nkuru itwigisha yuko Shetani abaho koko; ko atari ikibi cibereye aho gusa. Shetani arakoresha “icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho” kugira ngo atwoshe nabi. Yamara rero, gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe bizodufasha kuguma turi abizigirwa ku Mana.—1 Yoh. 2:16.
5:1–7:29. Numenye ko ukeneye ivy’impwemu. Nube indemeshamahoro. Niwamirire kure ivyiyumviro vy’ubuhumbu. Nugume ushitsa ivyo wasezeranye. Igihe usenga, nushire imbere ivy’impwemu, ivy’umubiri na vyo bize mu nyuma. Nube umutunzi ku Mana. Nubanze kurondera Ubwami n’ubugororotsi bw’Imana. Ntucire urubanza abandi. Nukore ivyo Imana igomba. Mbega ivyigwa vy’ingirakamaro dusanga muri ya Nsiguro yo ku Musozi!
9:37, 38. Dukwiye gukora duhuza n’amasengesho dutura Umukuru w’iyimbura tumusaba “[kurungika] abakozi mw’iyimbura ryiwe”, mu kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa.—Mat. 28:19, 20.
10:32, 33. Ntidukwiye kwigera dutinya kuvuga ivyerekeye ukwizera kwacu.
13:51, 52. Gutahura ukuri kwerekeye Ubwami bituma tuzezwa ibanga ryo kwigisha abandi no kubafasha gutahura ubwo butunzi.
14:12, 13, 23. Birahambaye cane ko tuba turi twenyene mu bihe bimwebimwe kugira ngo tuzirikane mu buryo buri n’intumbero.—Mrk. 6:46; Luka 6:12.
17:20. Turakeneye ukwizera kugira ngo dutsinde intambamyi zimeze nk’imisozi ziburabuza iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu no kugira ngo twihanganire ibintu bigoye. Ntidukwiye gufata minenegwe ibijanye n’ugutsimbataza be n’ugukomeza ukwizera dufitiye Yehova n’imihango yiwe.—Mrk. 11:23; Luka 17:6.
18:1-4; 20:20-28. Kuba abigishwa ba Yezu bari abanyagasembwa be n’uko bari bakuriye mw’idini ryashimika ku bijanye n’ubukuru, ni vyo vyatuma barazwa ishinga cane n’ivy’ubukuru. Dukwiye gutsimbataza ukwicisha bugufi uko tuguma turi maso ku mpengamiro dufise zo gukora icaha kandi tukaguma tubona mu buryo bubereye uduteka twatewe be n’amabanga tujejwe.
“UMWANA W’UMUNTU AZOGABURWA”
Ku wa 9 Nisani mu 33 G.C., Yezu araza i Yeruzalemu “agendera ku ndogobwa” (Mat. 21:5). Bukeye, araza ku rusengero maze akaruhumanura. Ku wa 11 Nisani, arigishiriza muri urwo rusengero, agashira ku kabarore abanditsi n’Abafarizayo, maze mu nyuma akabwira abigishwa biwe ibigize “ikimenyetso c’ukuhaba [kwi]we n’ic’insozero y’ivy’isi” (Mat. 24:3). Ku musi ukurikira, arababwira ati: “Murazi yuko mu misi ibiri hazoba pasika, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa ngo amanikwe”.—Mat. 26:1, 2.
Ni ku wa 14 Nisani. Yezu amaze gutanguza ihimbazwa ry’Icibutso c’urupfu rwiwe rwimirije, aragurwa, agafatwa, akageragezwa, maze akamanikwa. Ku musi ugira gatatu, arazurwa mu bapfuye. Imbere y’uko Yezu uwazuwe aduzwa mw’ijuru, araha itegeko abayoboke biwe rigira riti: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa”.—Mat. 28:19.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
22:3, 4, 9—Ayo mahamagarwa atatu y’abatumiwe ku bukwe aranguka ryari? Ihamagarwa rya mbere rijanye n’ugutororokanya umugwi w’umugeni ryatanguye igihe Yezu be n’abayoboke biwe batangura kwamamaza mu 29 G.C., kandi ryarabandanije gushika mu 33 G.C. Ihamagarwa rya kabiri ryatanguye kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. igihe haba ugusukwa kw’impwemu nyeranda, rirangira mu 36 G.C. Ayo mahamagarwa yompi yari yerekeye gusa Abayuda, abahindukiriye idini ry’Abayuda be n’Abasamariya. Ariko rero, ihamagarwa rya gatatu ryari ryerekeye abantu bo mu mayira ava mu gisagara, ni ukuvuga abanyamahanga batagenyerewe, ryatanguye mu 36 G.C. igihe intwazangabo y’ingabo z’Uburoma yitwa Koruneliyo yahinduka akaba umukirisu, rikaba rikibandanya no muri iki gihe cacu.
23:15—Ni kubera iki umuntu yaba ahindukiriye idini ry’Abafarizayo yaba “uwubasumvya kabiri kuba uwa Gehena”? Bamwebamwe mu bahindukirira idini ry’Abafarizayo bashobora kuba bahora ari abanyavyaha katwa. Ariko rero, mu guhindukirira idini ry’abo Bafarizayo b’intagondwa, baba bongeye ikibi mu kindi, kumbure bakaba intagondwa kurusha abo bigisha babo bari bamaze gucirwa rubi. Gutyo rero, baba babaye ‘aba Gehena’ incuro kabiri ugereranije n’Abafarizayo b’Abayuda.
27:3-5—Ni igiki catumye Yuda adogombwa mu mutima? Nta kintu na kimwe cerekana yuko ukwo kudogombwa mu mutima kwari ukwigaya nyakuri. Aho kurondera guharirwa n’Imana, yaturiye icaha ciwe abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye. Kubera ko Yuda yakoze “igicumuro kizana urupfu koko”, vyari ivyumvikana ko arengerwa n’ukwiyagiriza be n’ukwihebura (1 Yoh. 5:16). Ukwo kudogombwa mu mutima kwiwe kwatumwe n’uko yari yihebuye.
Ivyigwa tuhigira:
21:28-31. Kuba dukora ivyo Imana igomba ni co kintu vy’ukuri gihambaye kuri Yehova. Nk’akarorero, turakwiye kugira uruhara n’umwete muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa.—Mat. 24:14; 28:19, 20.
22:37-39. Ese ukuntu ayo mabwirizwa abiri asumba ayandi yose yerekana muri make kandi mu buryo burashe ivyo Imana isaba abayisenga!
[Ifoto ku rup. 31]
Woba uriko uragira uruhara n’umwete mu gikorwa c’iyimbura?
[Abo dukesha ifoto]
© 2003 BiblePlaces.com
[Ifoto ku rup. 31]
Matayo arashimika ku vyerekeye Ubwami