Ikigabane ca 20
Isinzi rinini utoraba
1. Ni uwundi mugwi uwuhe Yohani abona amaze kudondora ingene bamwe 144.000 badomwako ikidodo?
YOHANI amaze kudondora ingene bamwe 144.000 badomwako ikidodo, aca atubwira kimwe mu bintu bihimbaye kuruta ibindi vyose bihishurwa mu Vyanditswe. Ategerezwa kuba yari afise umunezero mwinshi mu mutima igihe yigana ati: “Inyuma y’ivyo, ngize ntya mbona isinzi rinini ata wari ashoboye guharura, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama, bambaye amakanzu yera; kandi mu minwe yabo hari amashami y’ibigazi.” (Ivyahishuwe 7:9) Ego cane, uretse bamwe 144.000 bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, hariho uwundi mugwi w’abantu urokoka kubera ya miyaga ine itararekurwa, ni ukuvuga isinzi rinini rigizwe n’abantu bo mu ndimi zose n’amahanga yose.—Ivyahishuwe 7:1.
2. Abasobanuzi b’ivya Bibiliya bo mw’isi basiguye gute rya sinzi rinini, kandi mbere n’Abatohoji ba Bibiliya kera babona gute uwo mugwi?
2 Abasobanuzi b’ivya Bibiliya bo mw’isi bavuga ko iryo sinzi rinini ryerekeza ku batari Abayuda bahindukiriye ubukirisu canke ku bakirisu b’abamaratiri bazoja mw’ijuru. Mbere n’Abatohoji ba Bibiliya kera biyumvira ko iryo sinzi ari uwundi mugwi w’abantu bazoja mw’ijuru, nk’uko biri mu gitabu Le divin Plan des Âges casohotse mu congereza mu 1886, akaba ari ica mbere muri rwa rukurikirane Études des Écritures. Kivuga giti: “Barahomba agashimwe k’intebe y’ubwami n’akameremere k’Imana, ariko uburuhiro bazogera aho bavuka ari ibiremwa vy’impwemu bifise akameremere kari munsi y’ak’Imana. Naho bihebeye Imana koko, baratwarwa n’impwemu y’isi gushika aho bibananira gutanga ubuzima bwabo nk’ikimazi.” Igitabu Lumière (Igitabu ca mbere) casohotse mu congereza mu 1930 na co cagize giti: “Abagize iryo sinzi rinini ntibitabira akamo baterwa ko kuba ivyabona vy’Umukama b’abanyamwete.” Ico gihe vyiyumvirwa ko iryo sinzi rinini ari umugwi w’abantu biyumvamwo ko bagororotse kandi bazi ukuri mugabo ntibiteho kukumenyesha abandi. Bogiye mw’ijuru ariko wobaye ari uwundi mugwi utofadikanije na Kristu kuganza.
3. (a) Abantu bamwebamwe b’umutima ugororotse bahavuye bagira umwete mu gikorwa c’ukwamamaza bari bafise icizigiro ikihe? (b) Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 1923 wasiguye gute wa mugani w’intama n’impene?
3 Ariko rero, hariho abandi bantu bifadikanije n’abakirisu barobanuwe bahavuye bagira umwete udasanzwe mu gikorwa co kwamamaza. Nta vyizigiro bari bafise vyo kuja mw’ijuru. Nkako, icizigiro cabo cari gihuye n’umutwe w’insiguro y’icese abasavyi ba Yehova bashikirije kuva mu 1918 gushika mu 1922. Mu ntango iyo nsiguro yavuga ngo “Iyi si igira ihere: Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa.”a Gatoyi inyuma y’aho, Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Gitugutu 1923, warasiguye umugani wa Yezu w’intama n’impene (Matayo 25:31-46), uti: “Intama zigereranya abantu bose bo mu mahanga batarobanujwe impwemu ariko bipfuza gukora ibigororotse, bemera mu mutima wabo ko Yezu Kristu ari Umukama, biteze kandi bizigiye kubaho neza mu gihe c’intwaro yiwe.”
4. Ni gute umuco ku bijanye n’umugwi w’abafise icizigiro co kuba kw’isi wongerekanye mu 1931, mu 1932 no mu 1934?
4 Haciye imyaka nk’ingahe, ni ukuvuga mu 1931, harasohotse mu congereza igitabu Justification (Igitabu ca mbere) casigura Ezekiyeli ikigabane ca 9, kikaba cerekana ko abo bantu bashirwa ikimenyetso mu ruhanga kugira baze barokoke ku muhero w’isi ari za ntama zivugwa muri wa mugani. Igitabu ca gatatu casohotse mu 1932 caradondora umutima ugororotse wa Yehonadabu wa mugabo atari Umwisirayeli, uwifatanije na Yehu umwami wa Isirayeli yarobanujwe amavuta mu kwurira mu mukogote wiwe bakajana kugira yirabire umwete yari afise mu guhonya abasenga mw’idini ry’ikinyoma. (2 Abami 10:15-17) Ico gitabu casiguye giti: “Yehonadabu yagereranya uwo mugwi w’abantu bari kw’isi muri iki gihe aho igikorwa ca Yehu [co gutangaza imanza za Yehova] kiriko kirabandanya. Ni abantu b’umutima ukunze bamirira kure ishirahamwe rya Shetani bakifatanya n’ibigororotse, akaba ari bo Umukama azokiza kuri Harumagedoni mu kubarokora muri ayo makuba maze akabaha ubuzima budahera aha kw’isi. Ni bo bagize umugwi w’‘intama.’” Mu 1934, Umunara w’Inderetsi waratomoye yuko abo bakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi bategerezwa kwiyegurira Yehova bakabatizwa. Umuco ku bijanye n’uwo mugwi w’abantu bafise icizigiro co kuba kw’isi waguma wongerekana.—Imigani 4:18.
5. (a) Mu 1935 ni bande vyagaragaye ko bagize rya sinzi rinini? (b) Igihe J. F. Rutherford yasaba mu 1935 abitavye ihwaniro bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera ngo bahaguruke, vyagenze gute?
5 Hari hasigaye gatoyi ngo Ivyahishuwe 7:9-17 hatahurwe bimwe vyuzuye! (Zaburi 97:11) Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi cari kimaze igihe gisubiramwo icipfuzo c’uko ihwaniro ryari ritegekanijwe kubera i Washington D.C. muri Amerika kuva ku wa 30 Rusama gushika ku wa 3 Ruheshi 1935 “ryohumurije kandi rikagirira akamaro koko” abagereranywa na Yehonadabu. Erega ukwo nyene ni ko vyagenze! Mu nsiguro ikabura ivuga ibijanye na “rya sinzi rinini” yakurikiwe n’abantu bashika 20.000 bari bitavye iryo hwaniro, J. F. Rutherford, ico gihe akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa co kwamamaza kw’isi yose, yaratanze ibimenyamenya bishingiye ku Vyanditswe vyerekana ko abagize izindi ntama bo mu bihe vya none ari bo nyene bagize rya sinzi rinini rivugwa mu Vyahishuwe 7:9. Iyo nsiguro imaze kureta, yaciye avuga ati: “Abafise icizigiro co kuba kw’isi mwese turabasavye muhaguruke.” Benshi mu bari ng’aho baciye bahaguruka, maze aca avuga ati: “Raba rya sinzi rinini!” Habanje kuba agacerere, haca hakurikira amashi menshi. Ese ukuntu abagize umugwi wa Yohani bagize umunezero! Aho rero ntituvuze abagize umugwi wa Yehonadabu! Bukeye bw’aho, abantu 840 barabatijwe kandi benshi muri bo bari abo muri rya sinzi rinini.
Rya sinzi rinini ritomoka iryo ari ryo
6. (a) Ni igiki kidukura amazinda yuko abagize rya sinzi rinini ari umugwi w’abakirisu bo mu bihe vya none biyeguye bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera? (b) Amakanzu yera rya sinzi rinini ryambaye yerekana iki?
6 Ni igiki kitwemeza ko abagize rya sinzi rinini ari umugwi w’abakirisu bo mu bihe vya none biyeguye bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera? Imbere y’aho, Yohani yari yabonye mw’iyerekwa umugwi wo mw’ijuru “[waguriwe Imana ukuwe mu] bantu bo mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose.” (Ivyahishuwe 5:9, 10) Abagize isinzi rinini na bo nyene baturuka hamwe n’abo, ariko bafise ivyizigiro bitandukanye. Isirayeli y’Imana ifise igitigiri cashinzwe imbere y’igihe, ariko bobo si uko. Nta n’umwe ashobora kuvuga imbere y’igihe uko igitigiri cabo kizoba kingana. Baramesura amakanzu yabo bakayezesha amaraso ya wa Mwagazi w’intama, ivyo bikaba vyerekana yuko Yehova abona ko bagororotse kubera bizera incungu ya Yezu. (Ivyahishuwe 7:14) Bariko bazungagiza amashami y’ibigazi mu guha impundu Umwami wabo Mesiya.
7, 8. (a) Kuzungagiza amashami y’ibigazi bitegerezwa kuba vyibukije ibiki intumwa Yohani? (b) Kuba abagize isinzi rinini bazungagiza amashami y’ibigazi bisobanura iki?
7 Uko Yohani abandanya yihweza iryo yerekwa, ategerezwa kuba asubiza ubwenge inyuma mu myaka irenga 60 iheze, akibuka ijoro rya nyuma Yezu yamaze aha kw’isi. Ku wa 9 Nisani 33 G.C., igihe abantu basidukana n’iyonka kwakira Yezu yinjiye i Yeruzalemu, baratoye “amashami y’ibigazi, baja kumusanganira. [Baciye] batangura gusemerera bati: ‘Kiza, turagutakambiye! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova, egome, umwami wa Isirayeli!’” (Yohani 12:12, 13) Ayo mashami y’ibigazi abagize isinzi rinini bazungagiza be n’ukwo gusemerera vyerekana akamwemwe kenshi bafise ko kwemera Yezu bwa Mwami yagenywe na Yehova.
8 Nta gukeka kandi ko ayo mashami y’ibigazi n’ako kamo k’umunezero vyibutsa Yohani Umusi mukuru w’insago Abisirayeli bagira kera. Ku bijanye n’uwo musi, Yehova yari yategetse ati: “Kandi ku musi wa mbere muze mutore ivyamwa vy’ibiti vyizavyiza, ibibabi vy’ibigazi, n’amashami y’ibiti bisagaraye, n’ibiti vy’imyarava vyo mu mwonga, kandi muze munezerwe imbere ya Yehova Imana yanyu imisi indwi.” Amashami y’ibigazi cari ikimenyetso c’umunezero. Izo nsago z’igihe gito zaributsa abasavyi b’Imana ko Yehova yabarokoye abakuye mu Misiri kugira baje kuba mu mahema mu gahinga. “Kavamahanga n’impfuvyi n’umupfakazi” na bo nyene baranezerwa kuri uwo musi mukuru. Muri Isirayeli hose ‘waba ari umunezero gusa.’—Abalewi 23:40; Gusubira mu vyagezwe 16:13-15.
9. Ni akamo k’umunezero akahe abagize rya sinzi rinini biha?
9 Naho rya sinzi rinini ritari mu bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, birabereye kubona abarigize bafise amashami y’ibigazi, kuko bavugana akamwemwe n’ugukenguruka yuko intsinzi n’ubukiriro babikesha Imana na wa Mwagazi w’intama, nk’uko Yohani avyigana ati: “Kandi baguma basemerera n’ijwi rirenga, bati: ‘Ubukiriro tubukesha Imana yacu yicaye kuri irya ntebe y’ubwami, be n’urya Mwagazi w’intama.’” (Ivyahishuwe 7:10) Naho abagize isinzi rinini baturuka mu moko yose, barasemerera n’“ijwi rirenga” bahuje inama. None ivyo bishoboka gute kandi bava mu mahanga atandukanye bakavuga n’indimi zitandukanye?
10. Abagize isinzi rinini bashobora gute gusemerera n’“ijwi rirenga” bunze ubumwe kandi bava mu bihugu bitandukanye bakavuga n’indimi zitandukanye?
10 Iryo sinzi rinini riri mu bagize ishirahamwe mpuzamakungu rimwe gusa ryunze ubumwe koko kw’isi muri iki gihe. Naho baba mu bihugu bitandukanye ntibisunga ingingo zitandukanye, ahubwo bama bakurikiza ingingo ngenderwako zigororotse zo muri Bibiliya aho baba hose. Ntibaja mu mihari yo kwiratira igihugu canke yo guharanira amahinduka, ahubwo nyabuna ‘inkota zabo bazicuzemwo koko ibirimisho.’ (Yesaya 2:4) Ntibigabuye mu tudumbi canke mu madini atandukanye ku buryo bavuguruzanya mu kamo biha no mu butumwa bashikiriza, nk’uko biri mu madini y’abiyita abakirisu. Vyongeye, ntibareka ngo abakuru b’idini abe ari bo baninahaza Imana mu kibanza cabo. Ntibasemerera bavuga ko ubukiriro bwabo babukesha impwemu nyeranda kuko badasenga imana y’Ubutatu. Mu turere turenga 230 hirya no hino kw’isi, barafatanye mu nda mu kwambaza izina rya Yehova uko bavuga ururimi rutyoroye rw’ukuri. (Zefaniya 3:9) Birabereye kubona bemera icese ko ubukiriro bwabo babukesha Yehova ya Mana y’ubukiriro biciye kuri Yezu Kristu, we Mboneza yiwe y’ubukiriro.—Zaburi 3:8; Abaheburayo 2:10.
11. Ubuhinga bwa none bwafashije gute abagize rya sinzi rinini gutuma ijwi ryabo rirushiriza gusamirana?
11 Ubuhinga bwa none bwaratumye ijwi ry’iryo sinzi rinini rirushiriza gusamirana. Nta rindi dini kw’isi riracapura ibitabu bifasha kwiga Bibiliya mu ndimi zirenga 600, kuko ata wundi mugwi witwararika gushikiriza abantu bose bo kw’isi ubutumwa bumwe. Vyongeye, bahagarikiwe n’abakirisu barobanuwe bagize Inama Nyobozi, Ivyabona vya Yehova baratunganije porogarama ibafasha muri ivyo, bukaba ari ubuhinga bwa elegitoronike bwo gutunganya ivyandikano mu ndimi nyinshi (ubwitwa MEPS). Gushika ubu, ubwoko butandukanye bw’iyo porogarama burakoreshwa mu turere turenga 125 kw’isi, kandi ivyo vyarafashije kugira ngo ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kize kirasohorerwa icarimwe kabiri mu kwezi mu ndimi zirenga 200. Abasavyi ba Yehova kandi barasohorera icarimwe mu ndimi zitari nke ibitabu nk’iki ufise. Ni co gituma Ivyabona vya Yehova, abenshi muri bo bakaba ari abo muri rya sinzi rinini, batanga buri mwaka ibitabu imiliyoni amajana mu ndimi zose zivugwa cane, bigatuma ayandi masinzi yo mu miryango yose n’indimi zose yiga Ijambo ry’Imana akongera akiyunga kuri rya sinzi rinini mu gusemerera n’ijwi rirenga.—Yesaya 42:10, 12.
Bari mw’ijuru canke kw’isi?
12, 13. Ni mu buryo ki abagize isinzi rinini “bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama”?
12 Tuzi gute ko kuba abagize isinzi rinini “bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami” bidasobanura ko bari mw’ijuru? Hariho ibimenyamenya vyinshi bivyerekana. Nk’akarorero, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ng’aha ngo “imbere” (e·noʹpi·on) risobanura ngo ‘mu maso ya,’ rikaba rikoreshwa kenshi ku bantu bo kw’isi bari “imbere ya” Yehova. (1 Timoteyo 5:21; 2 Timoteyo 2:14; Abaroma 14:22; Abagalatiya 1:20) Igihe kimwe Abisirayeli bari mu gahinga, Musa yabwiye Aroni ati: “Bwira ikoraniro ryose rya bene Isirayeli uti: ‘Nimwegere imbere ya Yehova, kuko yumvise imyidodombo yanyu.’” (Kuvayo 16:9) Ico gihe Abisirayeli ntibarinze kuduzwa mw’ijuru kugira bahagarare imbere ya Yehova. (Gereranya n’Abalewi 24:8.) Ahubwo riho, aho nyene mu gahinga bari bahagaze imbere y’amaso ya Yehova, akaba yariko arabihweza.
13 Vyongeye, dusoma duti: “Umwana w’umuntu niyashika mu buninahazwa bwiwe . . . amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe.” Abantu bose ntibazoba bari mw’ijuru igihe ubwo buhanuzi buzoranguka. Birumvikana ko “[a]bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera” batazoba bari mw’ijuru. (Matayo 25:31-33, 41, 46) Ahubwo riho, abantu bazoba bari kw’isi aho Yezu ababona, maze abahindukirire kugira abacire urubanza. Muri ubwo buryo nyene, abagize isinzi rinini bari “imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama” mu buryo bw’uko bari ahantu Yehova n’umwami wiwe Kristu Yezu bababona, bakaba babacira urubanza rwiza.
14. (a) Ni bande badondorwa ko bari “hirya no hino ya nya ntebe” no “ku Musozi Siyoni” wo mw’ijuru? (b) Naho abagize rya sinzi rinini bakorera Imana “mu rusengero rwayo,” kubera iki badaca baba abagize umugwi w’abaherezi?
14 Ba bakurambere 24 n’umugwi w’abarobanuwe 144.000 badondorwa ko bari “hirya no hino ya nya ntebe” ya Yehova no “ku Musozi Siyoni” wo mw’ijuru. (Ivyahishuwe 4:4; 14:1) Abagize isinzi rinini si umugwi w’abaherezi kandi ntibaterwa agateka gahambaye nk’ako. Ni ivy’ukuri ko mu nyuma badondorwa mu Vyahishuwe 7:15 yuko bariko bakorera Imana “mu rusengero rwayo.” Mugabo iyo mvugo ntiyerekeza ku gice c’indani mu rusengero, ni ukuvuga Aheranda Rwose. Ahubwo yerekeza ku kigo co kw’isi c’urusengero rw’Imana rwo mu buryo bw’impwemu. Ijambo ry’ikigiriki na·osʹ ryahinduwe ng’aha ngo “urusengero,” akenshi ryerekeza ku nyubakwa yubatswe ku bwo gusenga Yehova ifashwe uko yakabaye. Muri iki gihe, iyo mvugo igereranya inyubakwa yo mu buryo bw’impwemu igizwe n’ijuru n’isi.—Gereranya na Matayo 26:61; 27:5, 39, 40; Mariko 15:29, 30; Yohani 2:19-21.
Ishemezo rikwiye kw’isi no mw’ijuru
15, 16. (a) Mw’ijuru bavyakira gute rya sinzi rinini riserutse? (b) Ibiremwa vy’impwemu vya Yehova bica bikora iki igihe cose ahishuye umuce mushasha w’umugambi wiwe? (c) Twebwe abari kw’isi dushobora gute kugira uruhara muri rwa ruririmbo rw’ishemezo?
15 Abagize rya sinzi rinini bariko barashemeza Yehova, mugabo hariho n’abandi bariko bamuririmbira amashemezo. Yohani yigana ati: “Kandi abamarayika bose bari bahagaze bakikuje ya ntebe y’ubwami na ba bakurambere na vya binyabuzima bine, maze bubarara hasi imbere ya ya ntebe y’ubwami, basenga Imana, bavuga bati: ‘Amen! Umuhezagiro n’ubuninahazwa n’ubukerebutsi n’ugukenguruka n’iteka n’ububasha n’inkomezi bibe ivy’Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen.’”—Ivyahishuwe 7:11, 12.
16 Igihe Yehova yarema isi, abamarayika biwe beranda ‘bose hamwe barihaye akamo k’umunezero, abana b’Imana bose batangura gusamiriza impundu.’ (Yobu 38:7) Abamarayika bategerezwa kuba bagumye biha ako kamo nyene k’ishemezo igihe cose Yehova yaba ahishuye umuce mushasha w’umugambi wiwe. Igihe ba bakurambere 24, ni ukuvuga bamwe 144.000 mu buninahazwa bwabo bwo mw’ijuru, basemerera berekana icubahiro bafitiye wa Mwagazi w’intama, ibindi biremwa vyo mw’ijuru bica bibiyungako mu gushemeza Yezu na Yehova Imana. (Ivyahishuwe 5:9-14) Ivyo biremwa biramaze kurengerwa n’umunezero mu kwihweza iranguka ry’umugambi wa Yehova igihe azura abakirisu b’abizigirwa barobanuwe ngo baje mu kibanza kininahaye co mw’ijuru. Ubu na ho, ibiremwa vya Yehova vyose vy’intahemuka vyo mw’ijuru birasesereza impundu rya sinzi rinini riserutse. Vy’ukuri, umusi w’Umukama ni ikiringo giteye umunezero ku basavyi ba Yehova bose. (Ivyahishuwe 1:10) Ese ingene twebwe abari kw’isi twatewe agateka ko kugira uruhara muri urwo ruririmbo rw’ishemezo mu gushingira intahe Ubwami bwa Yehova!
Rya sinzi rinini riraserutse
17. (a) Ni ikibazo ikihe umwe muri ba bakurambere 24 abaza, kandi kuba azi inyishu yaco vyerekana iki? (b) Ikibazo c’uwo mukurambere cishuwe ryari?
17 Kuva mu gihe c’intumwa Yohani gushika mu kiringo c’umusi w’Umukama, abakirisu barobanuwe bagumye bazazaniwe n’akaranga ka rya sinzi rinini. Birabereye rero kubona umwe muri ba bakurambere 24, uwuserukira abarobanuwe bamaze gushika mw’ijuru, ari we abaza Yohani ikibazo gikabura ubwenge. Yohani avuga ati: “Maze umwe muri ba bakurambere aca ambwira ati: ‘Aba bambaye amakanzu yera, ni bande kandi bavuye hehe?’ Buno nyene nca ndamubwira nti: ‘Mukama wanje, ni wewe ubizi.’” (Ivyahishuwe 7:13, 14a) Ego cane, uwo mukurambere arazi inyishu y’ico kibazo kandi arayimenyesha Yohani. Ivyo birerekana ko abamaze kuzurwa bo muri wa mugwi w’abakurambere 24 bashobora kuba bagira uruhara mu kumenyesha ukuri kuva ku Mana muri iki gihe. Abagize umugwi wa Yohani bari kw’isi bobo bamenye akaranga k’iryo sinzi rinini mu kwihweza bitonze ivyo Yehova yariko ararangura muri bo. Ntibatevye kwibonera umuco ukayangana w’ukuri kuva ku Mana washwaye ishirahamwe ryayo mu 1935, igihe Yehova yashinze kigeze.
18, 19. (a) Abagize umugwi wa Yohani bashimitse ku cizigiro ikihe mu myaka ya 1920 na 1930, ariko ni bande bakiriye ubutumwa ku bwinshi? (b) Igihe akaranga k’abagize rya sinzi rinini kamenyekana mu 1935, vyerekanye iki ku bijanye na bamwe 144.000? (c) Ibitigiri vy’abitaba Icibutso n’abihereza ku bimenyetso vyerekana iki?
18 Mu myaka ya 1920 no mu ntango z’imyaka ya 1930, abagize umugwi wa Yohani barashimitse ku cizigiro c’ijuru, haba mu bitabu canke mu gikorwa co kwamamaza. Biboneka ko igitigiri ca bamwe 144.000 kitari bwuzure. Ariko benshi mu bakiriye ubutumwa bakongera bakagira umwete mu gikorwa co gushinga intahe vyahavuye biboneka ko bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo. Nta cipfuzo co kuja mw’ijuru bari bafise. Si vyo bari barahamagariwe. Ntibari abo mu busho buto, bari abo mu zindi ntama. (Luka 12:32; Yohani 10:16) Igihe vyamenyekana mu 1935 ko ari bo rya sinzi rinini ry’abagize izindi ntama, vyarerekanye ko icagurwa rya bamwe 144.000 riri mu kurangira.
19 Ibitigiri vyoba bishigikira ico ciyumviro? Neza cane. Mu 1938, kw’isi yose hari Ivyabona vya Yehova 59.047 bagira uruhara mu busuku. Muri abo, abashika 36.732 ni bo bihereje ku bimenyetso ku Cibutso c’urupfu rwa Yezu duhimbaza buri mwaka, baba berekanye ko bahamagariwe ijuru. Mu myaka yakurikiye, igitigiri cabo cagiye kiragabanuka, ahanini kubera ko Ivyabona vya Yehova b’abizigirwa bagiye bararangiza ubuzima bwabo bwo kw’isi. Mu 2011, abantu 11.824 gusa ni bo bihereje ku bimenyetso vy’Icibutso, ico kikaba ari igitigiri gito cane ugereranije n’abashika 19.374.737 bari bitavye urwo rubanza kw’isi yose.
20. (a) Mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, ni iciyumviro ikihe J. F. Rutherford yashikirije ku bijanye na rya sinzi rinini? (b) Ni ibiki vyerekana ko rya sinzi rinini ari rinini koko?
20 Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yaduka, Shetani nta ko atagize ngo ahagarike igikorwa co gutororokanya abagize rya sinzi rinini. Igikorwa ca Yehova caraburabujwe mu bihugu vyinshi. Muri ico gihe kitoroshe be n’imbere gatoyi y’uko J. F. Rutherford asandaba muri Nzero 1942, yari yaravuze ati: “Erega, . . . bisa n’uko rya sinzi rinini ritazoba rinini cane.” Ariko rero, Imana yarahezagiye ibintu bigenda ukundi! Mu 1946, igitigiri c’Ivyabona bamamaza kw’isi yose cari caduze gishika ku 176.456, benshi bakaba bari abo muri rya sinzi rinini. Mu 2011, Ivyabona 7.395.672 ni bo bariko barakorera Yehova badahemuka mu bihugu 236. Emwe, iryo ni ISINZI RININI koko, kandi ico gitigiri kiguma congerekana.
21. (a) Ni gute igikorwa co kwegeranya abasavyi b’Imana mu kiringo c’umusi w’Umukama gihuye neza n’ivyo Yohani yeretswe? (b) Ubuhanuzi bumwebumwe buhambaye bwatanguye kuranguka gute?
21 Igikorwa co kwegeranya abasavyi b’Imana mu kiringo c’umusi w’Umukama rero kirahuye neza n’ivyo Yohani yeretswe: habanje kwegeranywa amasigarira ya bamwe 144.000, hakurikira rya sinzi rinini. Nk’uko Yesaya yabivuze, ubu “mu kiringo ca nyuma c’imisi” abantu bo mu mahanga yose bariko bararindiga baza gusenga Yehova mu buryo butyoroye. Bisubiye, turahimbarwa vy’ukuri n’“amajuru mashasha n’isi nshasha” Yehova ariko ararema. (Yesaya 2:2-4; 65:17, 18) Imana iriko “[irongera] gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristu, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi.” (Abanyefeso 1:10) Ba samuragwa b’Ubwami bwo mw’ijuru barobanuwe, bakaba bamaze ibinjana bacagurwa kuva mu gihe ca Yezu, ni bo bagize ibintu “vyo mw’ijuru.” Ubu na ho, abagize rya sinzi rinini rigizwe n’izindi ntama baraseruka ari bo ba mbere mu bintu “vyo kw’isi.” Niwakora uhuza n’iyo ndinganizo, urashobora kuzokwironkera agahimbare ibihe bidahera.
Imihezagiro rya sinzi rinini ryironkera
22. Ni ayandi makuru ayahe Yohani aronka ku bijanye na rya sinzi rinini?
22 Biciye ku muhora w’Imana, Yohani araronka ayandi makuru ku bijanye n’iryo sinzi rinini. Yigana ati: “Na we [wa mukurambere] ambwira ati: ‘Aba ni abavuye muri ya makuba akomeye, kandi bamesuye amakanzu yabo bayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama. Ni co gituma bari imbere y’intebe y’ubwami y’Imana; kandi bariko bayikorera igikorwa ceranda umurango n’ijoro mu rusengero rwayo; kandi Uwicaye kuri iyo ntebe y’ubwami azosanza ihema ryiwe hejuru yabo.’”—Ivyahishuwe 7:14b, 15.
23. Amakuba akomeye rya sinzi rinini ‘rizovamwo’ ni iki?
23 Imbere y’aho, Yezu yari yaravuze ko ukuhaba kwiwe mu buninahazwa bw’Ubwami kwoshitse ku gihe c’agaheta muri ya “makuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, kandi atazokwongera kubaho.” (Matayo 24:21, 22) Mu gushitsa ubwo buhanuzi, abamarayika bazorekura ya miyaga ine kugira itikize iyi si ya Shetani. Hazobanza gutikizwa Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Ayo makuba niyamara gukomera cane, Yezu azoca arokora abazoba basigaye kw’isi muri bamwe 144.000, hamwe rero na rya sinzi rinini.—Ivyahishuwe 7:1; 18:2.
24. Abo muri rya sinzi rinini bategerezwa gukora iki kugira barokoke?
24 Abo muri rya sinzi rinini bategerezwa gukora iki kugira barokoke? Wa mukurambere abwira Yohani ko “bamesuye amakanzu yabo bayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama.” Mu yandi majambo, barizeye ko Yezu ari Umucunguzi wabo, bariyegurira Yehova kandi baravyerekana mu kubatizwa mu mazi, bakaba bafise “ijwi ryo mu mutima ryiza” kubera inyifato yabo igororotse. (1 Petero 3:16, 21; Matayo 20:28) Ku bw’ivyo, baratyoroye kandi baragororotse mu nyonga za Yehova. Baguma kandi birinze ngo ‘ntibatosekazwe n’isi.’—Yakobo 1:27.
25. (a) Abagize rya sinzi rinini barangurira gute Yehova “igikorwa ceranda umurango n’ijoro mu rusengero [rwiwe]”? (b) Ni mu buryo ki Yehova ‘asanza ihema ryiwe’ hejuru ya rya sinzi rinini?
25 Vyongeye, ni Ivyabona vya Yehova b’abanyamwete kuko “bariko ba[mu]korera igikorwa ceranda umurango n’ijoro mu rusengero rw[iwe].” Woba uri muri iryo sinzi rinini ryiyeguriye Imana? Nimba uri muri ryo, urifitiye agateka ko gukorera Yehova udatezura mu kigo co kw’isi c’urusengero rwiwe ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu. Muri iki gihe, abagize rya sinzi rinini bararangura igice kinini cane c’igikorwa co gushinga intahe, bahagarikiwe n’abarobanuwe. Naho bafise ibindi bikorwa barangura, ibihumbi amajana muri bo baremeye gukora umurimo w’igihe cose ari abatsimvyi. Ariko rero, waba uri umutsimvyi canke utari we, bwa mukirisu yiyeguye wo muri rya sinzi rinini, urashobora guhimbarwa n’ukuba witwa umugororotsi n’umukunzi w’Imana kubera ukwizera kwawe n’ibikorwa urangura bigatuma yemera ko uba umushitsi mw’ihema ryayo. (Zaburi 15:1-5; Yakobo 2:21-26) Ukwo ni ko Yehova ‘asanza ihema ryiwe’ hejuru y’abamukunda, akabakingira kuko ari umwakiranyi.—Imigani 18:10.
26. Iyindi mihezagiro abagize isinzi rinini bazokwironkera ni iyihe?
26 Wa mukurambere abandanya ati: “Ntibazokwongera gusonza canke kunyoterwa, eka n’izuba ntirizokwongera kubaturira canke hagire ubushuhe bubababura, kuko wa Mwagazi w’intama ari hagati ya ya ntebe y’ubwami azobaragira, kandi azobarongora ku masôko y’amazi y’ubuzima. Kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.” (Ivyahishuwe 7:16, 17) Emwe, Yehova ni umwakiranyi pe! Ariko none ayo majambo neza na neza asobanura iki?
27. (a) Ni ubuhanuzi ubuhe Yesaya yavuze busa n’amajambo ya wa mukurambere? (b) Ni igiki cerekana ko ubuhanuzi bwa Yesaya bwatanguye kurangukira kw’ishengero rya gikirisu mu gihe ca Paulo?
27 Reka turimbure ubundi buhanuzi busa n’ubwo. Bugira buti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Mu gihe c’ubutoni narakwishuye, kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye . . . Ntibazosonza, eka ntibazonyoterwa, eka kandi ubushuhe bugatura canke izuba ntibizobakubita. Kuko Umwe abumvira ikigongwe ari we azobayobora, kandi azobarongōra iruhande y’imbizi z’amazi.’” (Yesaya 49:8, 10; raba kandi Zaburi 121:5, 6.) Intumwa Paulo yarasubiyemwo igice c’ubwo buhanuzi maze acerekeza ku “musi w’ubukiriro” watanguye kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. Yanditse ati: “Kuko [Yehova avuga a]ti: ‘Mu gihe c’ukwemerwa narakwumvise, kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye.’ Ehe! Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa. Ehe! Ubu ni wo musi w’ubukiriro.”—2 Abakorinto 6:2.
28, 29. (a) Amajambo ya Yesaya yarangutse gute mu kinjana ca mbere? (b) Amajambo yo mu Vyahishuwe 7:16 arangukira gute kuri rya sinzi rinini? (c) Kuba rya sinzi rinini rirongorwa “ku masôko y’amazi y’ubuzima” bizovamwo iki? (d) Ni agateka kadasanzwe akahe abagize rya sinzi rinini bazokwironkera?
28 None uwo muhango wo kudasonza, kutanyoterwa canke kuticwa n’ubushuhe bugatura warangutse gute ico gihe? Nta gukeka ko vyashika abakirisu bo mu kinjana ca mbere bagasonza canke bakanyoterwa. (2 Abakorinto 11:23-27) Ariko mu buryo bw’impwemu hoho bari bafise umusesekara. Bararonswa ibintu vyinshi ku buryo batagira inzara n’inyota vyo mu buryo bw’impwemu. Vyongeye, Yehova ntiyaretse ngo ubushuhe bw’uburake bwiwe bubarurumbire igihe yakuraho ivy’Abayuda mu 70 G.C. Muri iki gihe, amajambo yo mu Vyahishuwe 7:16 ararangukira kuri rya sinzi rinini muri ubwo buryo nyene. Bo hamwe n’abakirisu barobanuwe, barisenena ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu.—Yesaya 65:13; Nahumu 1:6, 7.
29 Nimba uri mu bagize iryo sinzi rinini, “[u]zokwiha akamo k’umunezero” kubera umerewe neza ku mutima naho woba ubwirizwa kwihanganira ingorane n’imikazo bingana iki muri iyi misi ya nyuma y’iyi si ya Shetani. (Yesaya 65:14) Muri ubwo buryo, n’ubu Yehova arashobora ‘guhanagura amosozi yose ku maso yawe.’ Ntuzokwongera guterwa ubwoba n’“izuba” rigatura ry’urubanza rubi rw’Imana, kandi ya miyaga ine y’agatikizo niyarekurwa, uzoshobora gukinjishwa ‘ubushuhe bubabura’ bugereranya ukudashimwa na Yehova. Iryo tikizwa niryarangira, wa Mwagazi w’intama azokurongora kugira wungukire bimwe vyuzuye “ku masôko y’amazi y’ubuzima” ahembura, ayagereranya intunganyo zose Yehova agushiriraho kugira uronke ubuzima budahera. Kuba warizeye amaraso ya wa Mwagazi w’intama, bizoboneka ko bitabaye impfagusa kuko uzogenda uragirwa uwutunganye intambwe ku yindi. Uzoba wifitiye agateka kadasanzwe wewe uri muri rya sinzi rinini rigizwe n’abantu “amamiliyoni” batazorinda no gupfa! Amosozi yose azoba yahanaguwe ku maso yawe bimwe bishitse.—Ivyahishuwe 21:4.
Baratuma ihamagarwa ryabo riba ntakekeranywa
30. Ni ibintu vyiza igitangaza ibihe duhishurirwa n’ivyo Yohani yeretswe, kandi ni bande bazoshobora “guhagarara”?
30 Mbega ibintu vyiza igitangaza ayo majambo aduhishurira! Yehova ubwiwe avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami, abasavyi biwe bose mw’ijuru no kw’isi na bo bariko bahuriza amajwi hamwe mu kumushemeza. Abasavyi biwe bo kw’isi baratahura yuko ari agateka ntangere kugira uruhara muri urwo ruririmbo rw’ishemezo ruguma rurushiriza gusamirana. Vuba, Yehova na Kristu Yezu bagiye gushitsa urubanza rwabo maze hace humvikana aka kamo kagira gati: “Umusi uhambaye w’uburake bwabo [uraje], kandi ni nde ashobora guhagarara?” (Ivyahishuwe 6:17) None inyishu ni iyihe? Ni bakeya gusa mu bantu baba kw’isi, ushizemwo abazoba bakiri kw’isi muri bamwe 144.000 badomweko ikidodo hamwe n’isinzi rinini ry’izindi ntama ‘bazohagarara,’ ni ukuvuga bazorokokana na bo.—Yeremiya 35:19; 1 Abakorinto 16:13.
31. Iranguka ry’ivyo Yohani yeretswe rikwiye gutuma abakirisu bakora iki, baba abarobanuwe canke abo muri rya sinzi rinini?
31 Ku bw’ivyo, abakirisu barobanuwe bagize umugwi wa Yohani barihata rwose kugira ‘bashishikare urugendo rwabo bagana kw’ihangiro ngo baronke agashimwe k’ihamagarwa ryo kuduga bahamagawe n’Imana biciye kuri Kristu Yezu.’ (Abafilipi 3:14) Barazi neza ko ibintu biba muri ino misi bibasaba kwihangana bimwe bidasanzwe. (Ivyahishuwe 13:10) Inyuma y’imyaka myinshi bamaze bakorera Yehova badahemuka, barashikama mu kwizera, bakanezerwa kuko amazina yabo “yanditswe mw’ijuru.” (Luka 10:20; Ivyahishuwe 3:5) Abagize isinzi rinini na bo nyene barazi ko “uwihanganye gushika kw’iherezo [ari] we azokizwa” wenyene. (Matayo 24:13) Naho abagize isinzi rinini bazorokoka ya makuba akomeye uko ari umugwi, umwe wese muri bo ategerezwa kwihata rwose kugira agume atyoroye kandi afise umwete.
32. Kuba imigwi ibiri yonyene ari yo ‘izohagarara’ ku musi w’uburake bwa Yehova, vyerekana ko ari igiki cihutirwa?
32 Nta na kimwe cerekana ko hari abandi ‘bazohagarara’ ku musi w’uburake bwa Yehova uretse iyo migwi ibiri. None ivyo bisobanura iki ku bantu amamiliyoni bama berekana buri mwaka ko bubaha incungu ya Yezu mu kwitaba Icibutso c’urupfu rwiwe mugabo bakaba bataragaragaza ko bizera iyo ncungu ku buryo biyegura ngo babe abasavyi ba Yehova babatijwe bamukorera n’umwete? Bite hoho ku bantu bigeze kuba bafise umwete mugabo bakaba bararetse imitima yabo ‘iraremerwa n’amaganya y’ubuzima’? Ese abo bose bokwikangura kandi bakaguma bari maso, kugira baze “[ba]shobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu” ari we Yezu Kristu. Igihe gisigaye ni kigufi!—Luka 21:34-36.
[Akajambo k’epfo]
a Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Ndamukiza 1918, urupapuro rwa 98.
[Uruzitiro ku rup. 119]
Ugusobanura ni ukw’Imana
Mu kiringo c’imyaka mirongo, abagize umugwi wa Yohani bararondeye kumenya akaranga ka rya sinzi rinini mugabo ntibaronse insobanuro ihagije. Uti kubera iki? Inyishu tuyisanga mu majambo ya wa mwizigirwa Yozefu, igihe yavuga ati: “None ugusobanura si ukw’Imana?” (Itanguriro 40:8) Ni ryari Imana isobanura iranguka ry’ubuhanuzi bwayo kandi ibigira gute? Akenshi ibigira igihe bwimirije kuranguka canke igihe buriko buraranguka kugira ngo abasavyi bayo bashaka kubutahura bamenye neza ubutumwa buri muri bwo. Ukwo gutahura tukuronswa “kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.”—Abaroma 15:4.
[Uruzitiro ku rup. 124]
Abagize rya sinzi rinini
▪ bava mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose
▪ bahagaze imbere y’intebe y’ubwami ya Yehova
▪ baramesuye amakanzu yabo bayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama
▪ bavuga ko ubukiriro bwabo babukesha Yehova na Yezu
▪ bavuye muri ya makuba akomeye
▪ bakorera Yehova mu rusengero rwiwe umurango n’ijoro
▪ Yehova arabakingira kandi akabitwararikana urukundo
▪ Yezu arabaragira akabashikana ku masôko y’amazi y’ubuzima
[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 121]
[Ifoto ku rup. 127]
Abagize isinzi rinini ubukiriro bwabo babukesha Imana na wa Mwagazi w’intama
[Ifoto ku rup. 128]
Wa Mwagazi w’intama azorongora isinzi rinini ku masôko y’amazi y’ubuzima