Guhumuriza uwurwaye indwara izomuhitana
“Igihe numva yuko mawe yari arwaye indwara izomuhitana, emwe, vyarangoye kwemera! Narakubiswe n’inkuba, birananira kwemera yuko mawe nikundira yari agiye gupfa.”—Vyavuzwe na Grace, wo muri Kanada.
IGIHE uwacu atowe indwara amaherezo izomuhitana, abagize umuryango be n’abagenzi barababara cane kandi boshobora kutamenya ukuntu bovyifatamwo. Bamwebamwe boshobora kwibaza nimba ata kintu na kimwe bakwiye guhisha uwo murwayi ku bijanye n’ukuntu ivyiwe vyifashe. Abandi na bo baribaza nimba bazoshobora kwihanganira kubona uwabo ariko aracumukura canke kumbure atubahirizwa mu gateka kiwe bivuye ku ngaruka z’iyo ndwara. Abatari bake barahagarika umutima biyumvira yuko batazomenya ico bazovuga canke bazokora igihe uwo murwayi azoba ari ku mpfiro.
None ni ibiki ukeneye kumenya ku bijanye n’ukuntu ukwiye kuvyifatamwo igihe wumvise inkuru mbi nk’iyo? Vyongeye, woshobora gute kuba “umukunzi” nyakuri w’uwo murwayi ukongera ukamuhumuriza kandi ukamushigikira muri ico gihe c’umubabaro?—Imigani 17:17.
Uko uwo ari we wese yosanga yavyakiriye
Ni ibisanzwe cane ko umuntu agira umubabaro igihe uwiwe arwaye indwara ikomeye. Mbere n’abaganga, naho bama babonye abantu bapfa, akenshi usanga bahagarika umutima, eka mbere bakumva ko ata co bashoboye, igihe baba bariko baritwararika ivyo umuntu arwaye indwara amaherezo izomuhitana aba akeneye ku mubiri no mu vy’inyiyumvo.
Na wewe nyene vyoshobora kukugora gucungera inyiyumvo zawe igihe ubonye uwawe ariko arababara. Umukenyezi umwe yitwa Hosa aba muri Berezile, uno akaba yari afise murumunawe yari arwaye indwara amaherezo yomuhitanye, avuga ati: “Kubona umuntu ukunda cane ariko anyinyana n’umubabaro udahera, birababaza cane.” Igihe wa mugabo w’umwizigirwa Musa yabona mushikiwe afashwe n’imibembe, yaciye aboroga ati: “Mana, ndakwinginze, mukize!”—Guharūra 12:12, 13.
Turababazwa n’umubabaro uwacu arwaye aba afise kubera yuko twaremwe mw’ishusho y’Imana yacu y’impuhwe, Yehova. (Itanguriro 1:27; Yesaya 63:9) None Yehova yumva amerewe gute ku bijanye n’imibabaro ishikira abantu? Rimbura ukuntu Yezu yavyifatamwo igihe yaba abonye abantu bari mu mibabaro. Yaragaragaje bimwe bitagira agahaze kamere nk’iza Se. (Yohani 14:9) Igihe Yezu yaba abonye abantu bababajwe n’indwara, ‘vyaramutera ikigongwe.’ (Matayo 20:29-34; Mariko 1:40, 41) Nk’uko vyarimbuwe muri iki kinyamakuru mu kiganiro c’imbere y’iki, igihe Lazaro umukunzi wa Yezu yapfa maze Yezu akabona ingaruka urwo rupfu rwagize ku muryango wa Lazaro be no ku bagenzi biwe, yarahagaritse umutima cane maze aca “arakorora amosozi.” (Yohani 11:32-35) Kukaba nkako, Bibiliya idondora urupfu nk’umwansi wacu ikongera igasezerana ko vuba indwara be n’urupfu bitazokwongera kubaho.—1 Abakorinto 15:26; Ivyahishuwe 21:3, 4.
Birumvikana yuko mu gihe uronse inkuru mbi ivuga yuko uwo ukunda arwaye indwara amaherezo izomuhitana, woshobora guca ushaka guta amakosa ku muntu munaka, eka mbere ku wo ari we wese. Ariko rero, umudogoteri umwe yitwa Marta Ortiz, uno igihe yarangiza kaminuza akaba yanditse igitabu ku bijanye no kwitwararika abarwaye indwara amaherezo izobahitana, atanga iyi mpanuro igira iti: “Ku bijanye n’uko ivyo umurwayi vyifashe, niwirinde guta amakosa ku bandi, baba abaganga, abaforoma, canke wewe ubwawe. Ivyo nta kindi bishikanako atari ugutuma gusa haba ukutumvikana kandi bigatuma umuntu atitwararika icari gikwiye kuja imbere y’ibindi, ico na co kikaba ari ivyo uwo murwayi akeneye.” None ni ibintu ngirakamaro ibihe wokora kugira ngo ufashe uwawe kwihanganira iyo ndwara be n’urupfu aba yiteze?
Niwitwararike uwo muntu, aho gusamazwa n’iyo ndwara
Ikintu ca mbere wokora ni ukwirengagiza ubugoyagoye ubwo ari bwo bwose canke amahinduka yo ku mubiri ayo ari yo yose biba vyatewe n’iyo ndwara, maze ukitwararika uwo muntu. None ivyo wobigira gute? Uwitwa Sarah, uno akaba ari umuforomakazi, avuga ati: “Ndafata umwanya nkihweza amafoto uwo murwayi yifotoje agikomeye. Ndamutega amatwi nitonze igihe aba ariko aranyiganira ivyo yaciyemwo. Ivyo biramfasha kwibuka ubuzima bw’uwo murwayi be na kahise kiwe, gutyo sinibande gusa ku kuntu ivyiwe biba vyifashe.”
Umuforomakazi yitwa Anne-Catherine na we nyene arasigura ukuntu arengera ingaruka zibonekeza ku mubiri w’umurwayi ziba zatewe n’iyo ndwara. Avuga ati: “Ndaraba mu maso uwo murwayi maze nkitunira ku vyo noshobora gukora kugira ngo ntume agira agahengwe.” Igitabu kimwe kivuga ibijanye n’ivyo umurwayi ari ku mpfiro akenera (The Needs of the Dying—A Guide for Bringing Hope, Comfort, and Love to Life’s Final Chapter) kivuga giti: “Ni ibisanzwe kwumva ubabaye bimwe bikomeye igihe ubonye uwawe ahinduka isura bivuye ku ndwara canke kw’isanganya. Ikintu ciza gusumba ibindi umuntu akwiye gukora igihe ibintu biba vyifashe gutyo ni ukwitegereza uwo muntu tutibanda ku vyahindutse kuri we.”
Tuvugishije ukuri, kubigenza gutyo bisaba kwigumya be no kugira umwiyemezo. Uwitwa Georges, uno akaba ari umucungezi mukirisu yama agendera abarwaye indwara amaherezo zizobahitana, abivuga muri ubu buryo: “Urukundo tuba dukunda uwo mugenzi wacu rutegerezwa kuba urukomeye gusumba ukuntu twitwararika ivy’iyo ndwara.” Mu gihe witwararitse uwo muntu aho gusamazwa n’iyo ndwara, wewe n’uwo muntu ukunda muravyungukirako mwempi. Uwitwa Yvonne, uno akaba yaritwararitse abana bari barwaye kanseri, avuga ati: “Kumenya yuko ushobora gufasha abarwayi kuguma bubahirizwa mu gateka kabo biragufasha kwihanganira kubona ingene baguma basinzikara.”
Niwame witeguriye kwumviriza
Abantu vyoshobora kubagora kuganiriza umuntu ari ku mpfiro, mbere naho boba bamukunda cane. Uti kubera iki? Barahagarika umutima biyumvira ko batomenya ico bakwiye kuvuga. Ariko rero, uwitwa Anne-Catherine, uno akaba aherutse kwitwararika umugenzi wiwe yari arwaye indwara amaherezo yamuhitanye, avuga yuko ivyo gucereza bifise igihe cavyo. Avuga ati: “Abarwayi ntibahumurizwa gusa n’ivyo tuvuga, ariko kandi barahumurizwa n’ukuntu tuvyifatamwo. Gukwega agatebe tukicara hafi yabo, tukabafata ukuboko, ntitureke gukorora amosozi igihe baduseruriye ukuntu biyumva, ivyo vyose birerekana ko tubitwararika.”
Uwawe na we nyene arakeneye guserura ukuntu yiyumva, mu gushikiriza iciyumviro ata kwitinya kandi ata guhisha. Ariko rero, akenshi usanga uwo murwayi aba azi ko abiwe bahagaritse umutima, maze ivyo bigatuma yirinda kuvuga ibijanye n’ingorane zikomeye afise. Abagenzi be n’abaryango bamwipfuriza ineza na bo nyene boshobora kwirinda kuvuga ibintu uwo murwayi yari akeneye kumenya, eka mbere bakamuhisha amakuru ahambaye yerekeye amagara yiwe. None ukumuhisha mwene ivyo bintu bivamwo iki? Umudogoteri umwe yitwararika abantu barwaye indwara amaherezo zizobahitana asigura yuko utwigoro tugirwa mu kunyegeza ukuri “dutuma umurwayi adashobora guhangana n’indwara yiwe no kuvuga ata guhisha ibijanye n’iyo ndwara, bigatuma n’abagenzi biwe bataronka inkomezi zo kumufasha kugira ngo yihanganire iyo ndwara.” Ku bw’ivyo rero, igihe umurwayi aba avyipfuza, arakwiye guhabwa akaryo ko kuvuga ata kwitinya ibijanye n’uko ivyiwe vyifashe canke ibijanye n’uko yoba agiye gupfa.
Igihe abasavyi b’Imana bo muri kahise baba bahanganye n’urupfu, ntibagonanwa guserurira Yehova Imana ubwoba baba bafise. Nk’akarorero, igihe Umwami Hezekiya, uwari afise imyaka 39, yamenya ko yari agiye gupfa, yaraseruye amaganya yari afise. (Yesaya 38:9-12, 18-20) Muri ubwo buryo nyene, abantu barwaye indwara amaherezo zizobahitana barakwiye guhabwa akaryo ko guserura umubabaro bafise wo kubona urupfu rugiye kubakubiranya. Kumbure bumva bababaye kubera yuko bitagishobotse ko bashika ku migambi bari barishingiye, nko kugira ingendo, kwibaruka ibibondo, kubona ukuntu utwuzukuru twabo dukura, canke gukorera Yehova bakaryimara. Bashobora kuba batinya ko abagize imiryango yabo be n’abagenzi bazobakumira babitumwe n’ukuba batazi ico bokora. (Yobu 19:16-18) Boshobora kandi guhagarikwa umutima n’ukwiyumvira yuko bazocumukura, ntibabe bagishobora gukoresha ibihimba vyabo bimwebimwe, canke ko bazopfa bakabura ikibegeranya.
Anne-Catherine agira ati: “Birahambaye ko uha akaryo uwo murwayi agaserura ivyiyumviro vyiwe ata kuza uramuciramwo canke ngo umunebagure kibure ngo ufate minenegwe ibimuraje ishinga. Ubwo ni bwo buryo bwiza kuruta bwo kumenya ukuntu uwo muntu yiyumva vy’ukuri be no gutahura ivyo yipfuza, ibimuraje ishinga be n’ivyo yiteze.”
Nutahure ibintu nyamukuru akeneye
Umubabaro uwo murwayi afise, kumbure wunyuwe n’uburyo bwo kuvura bukomeye be n’ingaruka ziva kuri mwene ubwo buryo bwo kuvura, urashobora gutuma uhagarika cane umutima ku buryo wohava wibagira ikintu nyamukuru uwo murwayi akeneye. Ico kintu akeneye ni ugushobora kwigirira amahitamwo.
Mu mico kama imwimwe, usanga abagize umuryango bagerageza gukingira umurwayi mu kumuhisha ukuri ku bijanye n’uko indwara yiwe yifashe, eka mbere bagashika aho bima uwo murwayi akaryo ko kwihitiramwo ukuntu yovurwa. Mu yindi mico kama na ho, harashobora kuba ingorane itandukanye n’iyo. Nk’akarorero, uwitwa Jerry, uno akaba ari umuforoma, avuga ati: “Rimwe na rimwe usanga ababa baje kuraba umurwayi bashaka kuganira ibimwerekeye mu gihe baba bahagaze iruhande y’igitanda ciwe, nk’aho womenga si ho ari.” Muri iyo mico kama yompi, kugira mwene iyo nyifato biratuma uwo murwayi atakaza agateka kiwe.
Ikindi kintu nyamukuru umurwayi akeneye ni ukugira icizigiro. Mu bihugu biteye imbere mu buhinga bwo kuvura, akenshi usanga ukugira icizigiro bifatiye isano cane no gushobora kuvurwa mu buryo bwiza. Uwitwa Michelle, uno akaba yarafashije nyina wiwe mu biringo bitatu yari abangamiwe na kanseri, asigura ati: “Igihe mawe aba yipfuza kugerageza ubundi buryo bwo kuvurwa canke kubonana n’uwundi muganga w’umuhinga, ndabimufashamwo. Nahavuye ntahura yuko ntegerezwa kwiyumvira ibintu bitegereka, ariko muri ico gihe nyene nkavuga amajambo aremesha.”
Bite hoho mu gihe ata cizigiro coba kiriho co kuronka uburyo bwo kuvura uwo muntu? Uribuka yuko uwurwaye indwara amaherezo izomuhitana akeneye kuganira ata kwitinya ibijanye n’urupfu. Georges, wa mucungezi mukirisu twamara kuvuga, agira ati: “Birahambaye cane ko utamuhisha yuko yimirije gupfa. Ivyo biratuma uwo muntu atunganya ibintu binaka bikenewe akongera akitegurira ivyerekeye urupfu rwiwe.” Ukwo kwitegura kurashobora gutuma uwo murwayi yumva ko asize atunganije ibintu vyose, maze bikagabanya umwitwarariko afise w’uko yoshobora kubera abandi umutwaro.
Mu vy’ukuri, birumvikana kuba ivyo bintu bitoroshe kuganira. Mugabo rero, mwene ukwo kuganira ata guhishanya kuratuma haboneka akaryo kadasanzwe ko guserura ata buryarya inyiyumvo zawe zigera kure. Uwo muntu ari ku mpfiro yoshobora kwipfuza gusiga atunganije ivyo yahora atumvikanako n’abandi, akipfuza kuvuga amajambo yo kwicuza, canke gusaba ikigongwe. Ibiyago mwene ivyo vyoshobora gutuma ubucuti ufitaniye n’uwo muntu ari ku mpfiro bukomera kuruta uko bwahora.
Kumuhumuriza igihe ari ku mpfiro
Woshobora gute guhumuriza umuntu ari ku mpfiro? Dogoteri Ortiz, umwe twamara kuvuga, agira ati: “Reka uwo murwayi agire ivyo asavye ubwa nyuma. Numutege yompi. Nimba bishoboka, nugerageze gukora ivyo uwo murwayi ashaka. Nimba bidashoboka ko ukora ivyo agusavye, nubimubwize ukuri.”
Kuruta ikindi gihe ico ari cose, umurwayi ari ku mpfiro yoshobora kwumva akeneye kuguma abona abantu aha agaciro kuruta abandi mu buzima biwe. Georges avuga ati: “Nufashe uwo murwayi abonane na bo, mbere naho ibiyago bagirana vyomara umwanya muto bivuye ku kuba uwo murwayi ata tugara afise.” Mbere naho bovuganira kuri telefone gusa, ico kiyago kiratuma baremeshanya bakongera bagasengera hamwe. Uwitwa Christina, uno akaba ari umukenyezi wo muri Kanada yabuze abiwe batatu, bano bakaba bagiye barakurikirana mu gupfa, aravuga ivyo yibuka ati: “Uko baguma barushiriza kwegereza urupfu, ni ko barushiriza gushaka ko abakirisu bagenzi babo batura amasengesho ku bwabo.”
None woba ukwiye kwumva isoni zo kurira uri imbere y’uwo muntu ukunda? Habe namba. Igihe ukoroye amosozi, mu vy’ukuri uba uhaye uwo mugenzi wawe ari ku mpfiro akaryo ko kuguhumuriza. Ca gitabu twavuga (The Needs of the Dying) kigira giti: “Guhumurizwa n’abantu bari ku mpfiro ni ikintu gikora ku mutima cane, ico kikaba ari ikintu gishobora kuba igihambaye cane kuri bo.” Biciye ku guhoza abandi, uwo muntu aba amaze igihe yitwararikwa cane, aba asubiriye kubona ko ari umugenzi, sebibondo canke inabibondo yitwararika abandi.
Birumvikana yuko uko ivyawe vyifashe vyoshobora kutagukundira kuba uri kumwe n’uwawe mu gihe yoba yegereje gucikana. Ariko rero, nimba ushoboye kuba uri kumwe n’uwo mugenzi wawe mu bitaro canke i muhira, nugerageze kumufata ukuboko gushika acikanye. Ivyo biringo vya nyuma mumarana biraguha akaryo ko guserura inyiyumvo woshobora kuba wari umaze guserura gake cane. Ntureke ngo kuba uwo murwayi ata co yishura bikubuze kumuha agasaga be no kumubwira ko umukunda be n’uko ufise icizigiro co kuzosubira kumubona mw’izuka.—Yobu 14:14, 15; Ibikorwa 24:15.
Niwakoresha neza ivyo biringo vya nyuma, birashoboka ko uzokwirinda kwicuza mu nyuma. Mu vy’ukuri, ivyo biringo vyo kugaragaza inyiyumvo zikomeye, muri kazoza vyoshobora kuzokubera ibintu biguhumuriza. Uzoba werekanye ko uri umukunzi nyakuri “mu magorwa.”—Imigani 17:17.
[Iciyumviro ku rup. 27]
Kwitwararika umuntu arwaye aho gusamazwa n’indwara yiwe biratuma wewe n’uwo muntu ukunda muvyungukirako mwempi
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 29]
Uburyo bwo kwubahiriza agateka k’umurwayi
Mu bihugu bitari bike, haragirwa utwigoro two kwemera ko umuntu arwaye indwara amaherezo izomuhitana afise uburenganzira bwo kwipfira mu mahoro kandi agapfana iteka. Ubuyobozi bwanditswe imbere y’igihe burafasha cane mu vyo kwubahiriza ako gateka k’uwo murwayi kandi buratuma hakurikizwa ivyo yasavye, nimba ari gupfira i muhira canke mu kigo citwararika abantu barwaye.
Ubuyobozi bwanditswe imbere y’igihe buzofasha muri iyi mice:
• Buzotuma vyoroha kuganira n’abaganga be n’incuti
• Buzokura ku bagize umuryango umuzigo wo kuza barafata ingingo y’icokorwa
• Buzotuma bidashika kenshi ko hakoreshwa uburyo bwo kuvurwa umurwayi adashaka, ata co bumaze, bukomeye kandi buzimvye
Kugira ngo ubuyobozi bwanditswe imbere y’igihe bube ngirakamaro, bukwiye n’imiburiburi kuba burimwo amakuru akurikira:
• Izina ry’umuntu uhaye uburenganzira bwo kugufatira ingingo mu bijanye no kuvurwa
• Uburyo bwo kuvurwa wokwemera canke utokwemera hamwe abaganga ata co boba bagishoboye gukiza
• Nimba bishoboka, izina ry’umuganga azi neza amahitamwo wagize
[Ifoto ku rup. 26]
Niwibande ku buzima bw’uwo murwayi be no kuri kahise kiwe, aho kwibanda gusa ku kuntu ivyiwe biba vyifashe