ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/6 rup. 9-11
  • Hoba hari ico bitwaye dupfuye uko dusenze Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoba hari ico bitwaye dupfuye uko dusenze Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akarorero ko muri kahise
  • Ivyo gusukiranya ugusenga vyagirwa n’Abisirayeli
  • Ico Imana yakoze ku bijanye n’ukwo gusukiranya ugusenga
  • Ni icigwa ikihe tuhigira?
  • Imana Yoba Yemera Ubwoko Bwose bw’Insengo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Imana Yemera Ugusenga kwa Nde?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ugusenga kw’ukuri kuzokuronsa umunezero mwinshi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Idini ry’ukuri ni irihe?
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/6 rup. 9-11

Hoba hari ico bitwaye dupfuye uko dusenze Imana?

“IDINI ni ikintu gisanzwe gishinze imizi cane muri kamere k’abantu.” Ukwo ni ko Porofeseri yitwa Alister Hardy avuga mu gitabu ciwe (The Spiritual Nature of Man). Ivyavuye mw’itohoza riherutse kugirwa bisa n’ibishigikira ico ciyumviro. Muri iryo tohoza basanze nk’ibice 86 kw’ijana vy’abantu baba kw’isi, bavuga ko bafise idini rinaka basengamwo.

Muri iryo tohoza basanze kandi abavuga ko bemera Imana bari mu madini 19 nyamukuru, abavuga ko ari abakirisu bakaba bari mu madini atandukanye 37.000, ico kikaba ari igitigiri gitangaje. None ivyo ntibituma wibaza nimba Imana yoba yemera ubwo buryo bwose butandukanye bwo gusenga? Mu yindi mvugo, ukuntu dusenga Imana vyoba hari ico bitwaye?

Ku bijanye n’ico kibazo c’inkoramutima, birumvikana yuko tudakwiye kuyoborwa gusa n’inyiyumvo zacu canke ivyiyumviro vyacu bwite. Birumvikana ko dukeneye kumenya ukuntu Imana ubwayo ibona ibijanye n’ico kibazo. Kugira ngo tubimenye, dukwiye kuraba ico Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya rivuga. Uti kubera iki? Kubera yuko Yezu Kristu ubwiwe yabwiye Imana mw’isengesho ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) Vyongeye, ya ntumwa Paulo w’umwizigirwa yashinze intahe ati: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangira, [no] ku kugorora ibintu.”​—2 Timoteyo 3:16.

Bibiliya irerekana yuko Imana itemera ugusenga kwose. Hariho uburorero bwo muri kahise bwerekana ugusenga Imana yemera ico gihe be n’ukwo itemera. Dusuzumye twitonze mwene ubwo burorero, turashobora kumenya ivyo dutegerezwa gukora be n’ivyo tudakwiye gukora kugira ngo ugusenga kwacu guhimbare Imana.

Akarorero ko muri kahise

Abicishije ku muhanuzi Musa, Yehova Imana yarahaye Abisirayeli urutonde rw’amategeko, ano akaba yarabigisha ukuntu bosenga Imana mu buryo yemera. Abantu bakoze ivyasabwa n’ayo mategeko, ayakunze kwitwa Itegeko rya Musa, Imana yarabemera bwa basavyi bayo ikongera ikabahezagira. (Kuvayo 19:5, 6) Ariko rero, naho Imana yabatonesha muri ubwo buryo, abari bagize ihanga rya Isirayeli ntibumiye ku gusenga kwemerwa n’Imana. Barateye ibitugu Yehova incuro n’izindi maze bigana imigenzo yo mu vy’idini yagirwa n’abantu bo mu bihugu vyari bibakikuje.

Mu gihe c’abahanuzi Ezekiyeli na Yeremiya mu kinjana c’indwi B.G.C., Abisirayeli benshi barirengagije Itegeko ry’Imana bongera baratsimbataza ubucuti somambike n’abantu bo mu mahanga yari abakikuje. Mu gukurikiza imigenzo yabo be no mu kugira uruhara mu misi mikuru yabo, Abisirayeli bariko barasukiranya ugusenga. Benshi mu Bisirayeli bariko bivugira bati: ‘Tumere nk’ayandi mahanga, tube nk’imiryango yo mu bindi bihugu, dukorere ibigirwamana vy’ibiti n’amabuye.’ (Ezekiyeli 20:32; Yeremiya 2:28) Bivugisha ko basenga Yehova Imana, mugabo muri ico gihe nyene bagasenga “ibigirwamana,” mbere bakabiha abana babo babatanzeko ibimazi.​—Ezekiyeli 23:37-39; Yeremiya 19:3-5.

Abacukuzi b’ivya kera bavuga ko ubwo buryo bwo gusenga ari ugusukiranya ivy’idini, ni ukuvuga gusenga imana zitandukanye uzibangikanije. Canke na ho bavuga gusa ko ari ugusenga kwijukiwe na benshi. Muri iki gihe, abantu benshi babona yuko muri kino kibano cacu kigizwe n’abantu babona ibintu mu buryo butandukanye, mu bintu vyose, ushizemwo n’ivy’idini, tudakwiye kwikoroga mu bwenge. Ku bw’ivyo, babona yuko basenze Imana mu buryo ubwo ari bwo bwose bubahimbara ata co biba bitwaye. None vyoba vy’ukuri ari uko bimeze? Ubwo gusenga Imana coba ari ikibazo kijanye gusa no gupfa ivyo umuntu yemeye canke kutikoroga? Reka turimbure ibintu bimwebimwe vyaranga kwa gusenga kwari kwijukiwe na benshi kwagirwa n’Abisirayeli b’ibihemu, maze turabe ico ivyo vyabashikanyeko.

Ivyo gusukiranya ugusenga vyagirwa n’Abisirayeli

Ibibanza nyamukuru Abisirayeli bagiriramwo ivy’ukwo gusukiranya ugusenga vyari “ibitabo,” ni ukuvuga utunyabugoro twaba turi mu karere kamwekamwe kose, utwo tukaba twari turimwo ibicaniro, ivyo guturirirako imibavu, inkingi nyeranda z’amabuye, be n’ibikingi vyeranda, bino bikaba biboneka ko vyari ibishushanyo vya Ashera bibajwe mu biti, Ashera na yo ikaba yari imanakazi y’Abanyakanani y’ivy’irondoka. Mu Buyuda hari hariho ibibanza vyinshi mwene ivyo. Mu 2 Abami 23:5, 8 haravuga ivyerekeye “ibitabo vyo mu bisagara vy’i Buyuda [be n’]ibitabo vyo hirya no hino y’i Yerusalemu; . . . uhereye i Geba [ku rubibe rwo mu Buraruko] ugashitsa i Berisheba [ku rubibe rwo mu Bumanuko].”

Muri ivyo bitabo, Abisirayeli barahoserereza “imibavu Bayali, bakayosereza n’izuba n’ukwezi n’uburundo bg’inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru.” Bari bafise ivyumba vyari bigenewe “abagabo bendana . . . mu ngoro y’Uhoraho,” kandi baratanga abana babo ngo “[bo]serezwe Moleki mu muriro.”​—2 Abami 23:4-10.

Abacukuzi b’ivya kera barubuye i Yeruzalemu be no mu Buyuda udushushanyo amajana n’amajana dukozwe mw’ibumba rituriye, bakaba ahanini badukuye mu bisigarira vy’amazu y’abantu. Twinshi cane muri two twari udushushanyo tw’abagore bari gusa bafise amabere maninimanini utoraba. Incabwenge zivuga yuko utwo dushushanyo ari imanakazi z’ivy’irondoka zitwa Ashitaroti be na Ashera. Utwo dushushanyo bivugwa yuko twari “ibiheko vyafasha mu bijanye no gusama inda be no mu kwibaruka.”

None Abisirayeli babona gute ivyo bibanza bagiriramwo ivy’ugusukiranya ugusenga? Umwigisha yitwa Ephraim Stern wo kuri kaminuza y’Abayahudi avuga yuko vyinshi muri ivyo bitabo bishobora kuba vyari “vyareguriwe Yahweh [Yehova].” Ivyandiko bishishimwe vyubuwe muri ivyo bibanza vyagizwemwo ubucukuzi bisa n’ibishigikira ico ciyumviro. Nk’akarorero, kimwe muri vyo canditsweko giti: “Ndaguhezagiye biciye kuri Yahweh w’i Samariya be no kuri Ashera wiwe.” Ikindi na co canditsweko giti: “Ndaguhezagiye biciye kuri Yahweh w’i Temani be no kuri Ashera wiwe.”

Ubwo burorero burerekana ukuntu Abisirayeli bahemutse mu gusukiranya ugusenga Yehova Imana gutyoroye be n’imigenzo ya gipagani iteye isoni. Ivyo vyatumye bononekara mu vy’ukwigenza runtu bongera baja mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu. None Imana yabonye gute ukwo gusenga kurangwa ubuhemu?

Ico Imana yakoze ku bijanye n’ukwo gusukiranya ugusenga

Biciye ku muhanuzi wayo Ezekiyeli, Imana yaraseruye ukuntu yasesemwa n’ugusenga kwononekaye kwagirwa n’Abisirayeli yongera iragutera ivyatsi. Yavuze iti: “Aho muba hose ibisagara bizogesezwa, n’ibitabo bitamārirwe, kugira ngw ibicaniro vyanyu bisangangurwe, bitamārirwe, n’ibigirwamana vyanyu bimenagurwe, biherengetezwe, n’ibishushanyo vyanyu vy’izuba bicibge bitsindwe hasi, n’ibikorwa vyanyu bizimangane.” (Ezekiyeli 6:6) Nta nkeka ko Yehova yabona ko mwene ukwo gusenga kutemerwa na gato, akaba ari co gituma yakwiyamirije.

Yehova Imana yaravuze imbere y’igihe ingene ukwo gusangangurwa kwogenze. Yavuze ati: “Nzotuma . . . Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose . . . Kand’iki gihugu cose kizoba amatongo.” (Yeremiya 25:9-11) Mu buryo buhuye n’ayo majambo, mu 607 B.G.C., Abanyababiloni barateye Yeruzalemu maze baratema baratongora ico gisagara be n’urusengero rwaho.

Ku bijanye n’ukwo gusangangurwa kwa Yeruzalemu, wa mwigisha Stern twamara kuvuga, avuga ko ibisigarira vy’ivyatowe mu bucukuzi “ari ikintu cerekana neza ibintu bihuye n’ibivugwa muri Bibiliya (2 Abami 25:8; 2 Ngoma 36:18-19) bidondora ukuntu amazu be n’inzitiro vyabomowe, bigaturirwa bikongera bigasenyurirwa hasi.” Abandanya avuga ati: “Ibimenyamenya vyo mu vy’ubucukuzi bivuga ibijanye n’ico kiringo ca kahise ka Yeruzalemu . . . birashobora gushirwa mu nkuru zivuga ibintu bikomeye cane gusumba ibindi vyabereye mu kibanza ico ari co cose kivugwa muri Bibiliya.”

Ni icigwa ikihe tuhigira?

Icigwa nyamukuru tuhigira ni uko Imana itemera ugusenga kugerageza gusukiranya inyigisho zishingiye kuri Bibiliya be n’inyigisho, imigenzo, canke imigirwa vyo mu yandi madini. Ico ni co cigwa biboneka ko intumwa Paulo yari yarashize ku muzirikanyi. Yari yakuze ari Umuyuda w’Umufarizayo, yigishijwe akongera akamenyerezwa hisunzwe amategeko y’uwo muce. None igihe yahava agatahura akongera akemera ko Yezu ari we yari Mesiya yari yarasezeranywe, yaciye akora iki? Yavuze ati: “Ibintu vyahora ari inyungu kuri jewe, nabibonye nk’uruhombo kubera Kristu.” Yarahevye uburyo yari abayeho maze aracika umuyoboke wa Kristu w’umunyamwete.​—Abafilipi 3:5-7.

Kubera ko Paulo yari umumisiyonari w’ingenzi, yari asanzwe amenyereye imigenzo y’ivy’idini yakurikizwa n’abantu batandukanye be n’ivyiyumviro bishingiye ku mafilozofiya abo bantu bisunga. Ni co gituma yandikiye abakirisu b’i Korinto ati: “Umuco usangiye iki n’umwiza? Bitayeko, Kristu na Beliyali bahuza bate? Canke uwemera asangiye iki n’uwutemera? Kandi urusengero rw’Imana ruhuza rute n’ibigirwamana? . . . ‘Nimuve muri bo rero, kandi mwitandukanye na bo’, ni ko Yehova avuga, ‘kandi mureke gukora ku gihumanye’; ‘nanje nzobakira.’”​—2 Abakorinto 6:14-17.

Ubu rero tumaze gutahura yuko gupfa uko dusenze Imana biri n’ico bitwaye, twoshobora guca twibaza duti: ‘Ni ugusenga bwoko ki Imana yemera? Noshobora gute kwiyegereza Imana? Vyongeye, jewe ubwanje nokora iki kugira ngo nsenge Imana mu buryo yemera?’

Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha kuronka inyishu z’ivyo bibazo be n’iz’ibindi bibazo bishingiye kuri Bibiliya. Turaguteye akamo ngo ushike ku Ngoro y’Ubwami yo mu karere ubamwo kugira ngo ushobore kubonana n’Ivyabona, canke wandikire abasohoye iki kinyamakuru kugira ngo usabe kugirirwa inyigisho ya Bibiliya ata co urinze kuriha, ku gihe be no mu kibanza bikworohereza.

[Ifoto ku rup. 10]

Akanyabugoro ka kera basengeramwo ibigirwamana, kari i Tel Arad, muri Isirayeli

[Abo dukesha ifoto]

Garo Nalbandian

[Ifoto ku rup. 10]

Udushushanyo twa Ashitaroti twakuwe mu mazu ya kera yo mu Buyuda

[Abo dukesha ifoto]

Ifoto yafashwe na © Israel Museum, Jerusalem; tuyikesha Israel Antiquities Authority

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika