Ezekiyeli
23 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, harabaye abagore babiri, abakobwa basangiye nyina+. 3 Babaye abamaraya mu Misiri+. Bakoze ubumaraya kuva bakiri bato. Aho ni ho abantu bakorakoreye amabere yabo, bagakuyakuya n’ibikiriza vyo mu busugi bwabo. 4 Umukuru yitwa Ohola*, mwenewabo akitwa Oholiba*. Babaye abanje maze bibaruka abahungu n’abakobwa. Uwitwa Ohola ni Samariya+, uwitwa Oholiba na we ni Yeruzalemu.
5 Ohola atangura gukora ubumaraya+, kandi yari uwanje. Yaripfuza rwose abamukunda cane*+, ni ukuvuga ababanyi biwe b’Abashuri+. 6 Bari ba buramatari bambara impuzu z’ubururu n’abatware bo hasi, bose bakaba bari abasore bezabeza bagendera ku mafarasi. 7 Abandanya gukorana ubumaraya n’Abashuri bakomakomeye bose, yihumanisha+ ibigirwamana bisesemye* vy’abo yipfuza cane. 8 Ntiyahevye ubumaraya yakora mu Misiri, kuko bari bararyamanye na we mu buto bwiwe, bakuyakuya igikiriza co mu busugi bwiwe, bamusukako inambu* yabo+. 9 Naciye rero ndamuta mu maboko y’abamukunda cane, ni ukuvuga Abashuri+, bamwe yipfuza cane. 10 Barashize ahabona ubwambure bwiwe+, batwara abahungu biwe n’abakobwa biwe+, na we bamwicisha inkota. Arahava agira izina ribi mu bandi bagore, bamushitsako urubanza namuciriye.
11 Mwenewabo Oholiba ngo abibone, inambu yiwe iba mbi kuruta, akora ubumaraya kuruta mwenewabo+. 12 Yipfuza cane ababanyi biwe b’Abashuri+, ba buramatari n’abatware bo hasi bambara impuzu nzizanziza, bakagendera no ku mafarasi. Bose bari abasore bezabeza. 13 Igihe yihumanya, nabonye ko bompi bafashe ingendo imwe+. 14 Mugabo wewe, yaguma yongereza ubumaraya bwiwe. Yarabonye amashusho y’abagabo ashushanijwe* ku ruhome, amashusho y’Abakaludaya ashushanijwe mw’ibara ritukura, 15 bambaye imikaba mu kiyunguyungu n’ibitambara vyo ku mutwe birekera, basa n’abarwanyi. Ayo mashusho yose yerekana Abanyababiloni bavukiye mu gihugu c’Abakaludaya. 16 Amaze kubona amashusho yabo, atangura kubipfuza cane, araheza abatumako intumwa mu Bukaludaya+. 17 Nuko Abanyababiloni baguma baza iwe ku gitanda yasambanirako, bamuhumanisha inambu* yabo. Bamaze kumuhumanya, yaciye abazinukwa arabaheba.
18 Kubera ko yabandanije akora ubumaraya ata co yibanga, agashira ahabona ubwambure bwiwe+, naciye ndamuzinukwa ndamuheba nk’uko nari nazinutswe mwenewabo nkamuheba+. 19 Yagumye agwiza ubumaraya bwiwe+, yibuka imisi yo mu buto bwiwe, aho yakora ubumaraya mu gihugu ca Misiri+. 20 Yarabipfuza cane nka kurya kw’incoreke zifise abagabo bafise igihimba c’irondoka nk’ic’indogobwa canke ifarasi. 21 Warakumbura cane ubushirasoni wakorera mu Misiri+ mu buto bwawe, igihe bakuyakuya igikiriza cawe, bagakuyakuya amabere yo mu buto bwawe+.
22 Ku bw’ivyo rero ga Oholiba, ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ba bakunzi bawe+, bamwe wazinukwa ugaheba, ngira ndabagushuhurireko. Ngira ndabazane bagutere bavuye impande zose+: 23 Abanyababiloni+ n’Abakaludaya bose+, abagabo b’i Pekodi+, i Showa n’i Kowa hamwe n’Abashuri bose. Bose ni abasore bezabeza, ba buramatari n’abatware bo hasi, abarwanyi n’abacaguwe mu bandi*, bose bakaba bagendera ku mafarasi. 24 Bazoza kugutera bari mu mikogote y’intambara ihinda ifise amapine, bazananye n’isinzi rinini ry’ingabo, bafise inkinzo zagutse n’inkinzo ntonto* be n’inkofero. Bazokwipanga irya n’ino yawe. Nzobareka bagucire urubanza, bagucire urwo bagomba+. 25 Nzokwereka ishavu ndagufitiye, kandi bazokurwanya baratse. Bazoguca izuru n’amatwi, abasigaye mu bawe bicishwe inkota. Bazotwara abahungu bawe n’abakobwa bawe, abasigaye mu bawe baturirwe+. 26 Bazokwambura impuzu+, batware n’udusharizo twawe twiza+. 27 Nzohagarika ubushirasoni bwawe n’ubumaraya bwawe+ watanguriye mu gihugu ca Misiri. Ntuzosubira kubaraba, kandi ntuzokwongera kwibuka Misiri+.”
28 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ehe ngira ngute mu maboko y’abo wanka, bamwe wazinukwa ukabaheba+. 29 Bazoguhagurukira buzuye urwanko, batware ivyo wabiriye akuya vyose+, bagusige uri amenya, uri gusa. Ubwambure buteye isoni werekana igihe ukora ubusambanyi, n’ubushirasoni bwawe n’ubumaraya bwawe bizoshirwa ahabona+. 30 Uzokorerwa ivyo bintu kubera yuko wirutse inyuma y’amahanga nk’umumaraya+, kubera ko wihumanishije ibigirwamana vyayo bisesemye+. 31 Wiganye ingendo ya mwenewanyu+. Nanje rero nzoshira igikombe ciwe mu kuboko kwawe+.”
32 Umukama Segaba Yehova avuze ati:
“Uzonywa igikombe ca mwenewanyu, kimwe kirekire kandi cagutse+.
Uzocika agatwengo n’agashinyaguro, kuko muri ico gikombe hariyo vyinshi+.
33 Uzonywa igikombe ca mwenewanyu Samariya ucimariremwo,
uborerwe*, wuzure intuntu,
ucike akajoreza n’umusaka.
‘kuko ari jewe ndabivuze’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”
35 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ko wanyibagiye ukanyirengagiza rwose*+, uzoshikirwa n’ingaruka z’ubushirasoni bwawe n’ubumaraya bwawe.”»
36 Maze Yehova ambwira ati: «Mwana w’umuntu, mbega uriteguriye kumenyesha Ohola na Oholiba+ urubanza nabaciriye, no kubabwira imbonankubone ibintu bishisha bakora? 37 Bararenze ibigo*+, kandi amaboko yabo ariko amaraso basheshe. Uretse ko barenze ibigo mu gusenga ibigirwamana vyabo bisesemye, baranafashe abana babo bamvyariye barabaturira ngo babe imfungurwa z’ibigirwamana vyabo+. 38 Vyongeye, ehe ivyo bankoreye: banduje ahantu hanje heranda kuri uwo musi, bahumanya amasabato yanje. 39 Bamaze kwica abana babo bakabashikanira ibigirwamana vyabo bisesemye+, baca baza ahantu hanje heranda kuri uwo musi nyene kugira ngo bahanduze+. Ivyo ni vyo bakoreye mu nzu yanje. 40 Baranarungitse intumwa ngo izane abagabo bavuye kure+. Bariko baraza, waciye wiyoga, wisiga amarangi ku maso, wambara n’udusharizo+. 41 Uraheza wicara ku ntebe nziza cane imeze nk’uburiri+, imbere yayo hari imeza+. Kuri iyo meza wahashize imibavu yanje+ n’amavuta yanje+. 42 Harumvikana urwamo rw’isinzi ry’abagabo ata co binona, muri bo hakaba harimwo imborerwa zavuye mu bugaragwa. Barambika abo bagore babiri ibikomo ku maboko n’ingori nziza ku mutwe.
43 Maze ku bijanye n’uwo yari asigaye ari akaheze kubera ukurenga ibigo, mvuga nti: “N’uwo azoguma akora ubumaraya bwiwe.” 44 Babandanije rero kuja iwe nk’uko umuntu aja ku mumaraya. Ukwo ni ko bagiye kwa Ohola no kwa Oholiba, ba bagore b’inshirasoni. 45 Ariko abagabo b’abagororotsi bazomucira urubanza rukwiriye abarenga ibigo+ n’abasesa amaraso+, kuko abo bagore barenga ibigo kandi ku maboko yabo hakaba hari amaraso basheshe+.
46 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Hazoza ingabo zo kubatera, zitume bacika akajoreza n’abo gusahurwa+. 47 Izo ngabo zizobatera amabuye+, zibatemaguze inkota. Zizokwica abahungu babo n’abakobwa babo+, ziturire n’inzu zabo+. 48 Nzokuraho ubushirasoni mu gihugu, kandi abagore bose bazohakura icigwa ku buryo batazokwigana ubushirasoni bwanyu+. 49 Bazotuma mushikirwa n’ingaruka z’ubushirasoni bwanyu n’iz’ibicumuro mwakoze mu gusenga ibigirwamana vyanyu bisesemye. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova+.”»