Imigambi yawe yoba ihuza n’umugambi w’Imana?
AKANYONI kitwa casse-noix, ni akanyoni gafise ibara ry’ikivuvu be n’iryera gakunda kuririmba, kakaba gashobora kubonwa kariko karaguruka hirya no hino mu mashamba yo mu Burengero bwa Amerika ya Ruguru. Ku mwaka ku mwaka, ako kanyoni karegeranya kakongera kakazika intete zishika ku 33.000, kakaba kazibika mu bibanza nka 2.500 bitandukanye kugira kitegurire amezi akanye cane y’urushana. Mu vy’ukuri, karafise “ubgenge bginshi” mu buryo bw’uko kibikira ibifungurwa kazokoresha muri kazoza.—Imigani 30:24.
Abantu barafise ubushobozi mbere busumba kure n’iyo ubw’ako kanyoni. Mu biremwa vyose vya Yehova vyo kw’isi, abantu ni bo bafise ubushobozi kuruta ibindi vyose bwo kwigira ku bintu vyabashikiye muri kahise maze bakisunga ivyo vyigwa igihe bishingira imigambi ya kazoza. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Mu mutima w’umuntu haba imigabo myinshi.”—Imigani 19:21.
Naho ari ukwo, muri rusangi usanga abantu ata kindi bashobora gukora atari ugushingira imigambi yabo ku bintu bapfa kwibwira ku bijanye n’ingene kazoza gashobora kuzoba kameze. Nk’akarorero, umuntu arashinga imigambi y’ivyo azokora ejo yibwira ko izuba rizoseruka be n’uko azoba akiri muzima. Ico kintu ca mbere yibwira kirafise ishingiro, ariko ica kabiri coco ntiyomenya neza ko ariko bizoba bimeze. Umwanditsi wa Bibiliya Yakobo yavuze mu buryo bwumvikana ati: “[Ntimuzi] uko ubuzima bwanyu buzomera ejo.”—Yakobo 4:13, 14.
Yehova Imana wewe, si ukwo ameze. Arazi ibintu ‘guhera kw’itanguriro gushikana kw’iherezo.’ Umugambi yavumereye uzoranguka naho ibintu vyomera gute. Avuga ati: “Imigabo yanje izohama, kand’ivyo nzogomba vyose nzobishitsa.” (Yesaya 46:10) Ariko none, ni igiki gica kiba igihe imigambi y’abantu iteye kubiri n’umugambi w’Imana?
Igihe imigambi y’abantu itisunze umugambi w’Imana
Mu myaka nka 4.000 iheze, abantu bariko barubaka wa Munara w’i Babeli baragize umugambi wo guhagarika ivy’uko umuryango w’abantu wokwiragira kw’isi yose. Bavuze bati: “Ngo twiyubakire igisagara, n’umunara uz’ushikīre ijuru, kugira ngo twironkere izina rya rurangiranwa, twoye gusābagira mw isi yose.”—Itanguriro 11:4.
Ariko rero, umugambi Imana yari ifise ku bijanye n’isi wari utandukanye cane n’uwabo. Yari yahaye Nowa be n’abahungu biwe itegeko rigira riti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi.” (Itanguriro 9:1) None Imana yavyifashemwo gute ku bijanye n’imigambi y’abo bantu b’abagarariji baba i Babeli? Yaravurunganije ururimi rwabo kugira ntibashobore guhanahana amakuru. Ivyo vyavuyemwo iki? Bibiliya ivuga iti: “Nuk’Uhoraho abasābagiriza mw isi yose.” (Itanguriro 11:5-8) Abo bubatsi b’i Babeli babwirijwe kwiga icigwa gihambaye. Igihe imigambi y’abantu iba itandukanye n’umugambi w’Imana, “inama y’Uhoraho ni yo izoguma.” (Imigani 19:21) Woba ureka mwene ivyo vyigwa dukura mu bintu vyabaye muri kahise bikagira ico bikoze ku buzima bwawe?
Ubupfu bw’umugabo w’umutunzi
Woshobora kuba ata mugambi ufise wo kwubaka umunara, ariko abantu benshi muri kino gihe baragira imigambi yo kubika amahera menshi muri banki be no kwirundaniriza amatunga y’ivy’umubiri kugira ngo baze babeho neza nibamara gukukuruka. Kuba umuntu yokwipfuza guhimbarirwa ibintu biva mu kubira akuya kwiwe, ni ikintu cumvikana cane. Salomo yanditse yuko “umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.” Yerekana ko iyo ari ‘[“ingabirano,” NW] y’Imana.’—Umusiguzi 3:13.
Yehova aragira ico atubaza mu bijanye n’ingene dukoresha iyo ngabirano aduha. Ubu haraciye nk’imyaka 2.000 Yezu ashize ahabona ico ciyumviro mu kigereranyo yahaye abigishwa biwe. Yavuze ati: “Itongo ry’umuntu umwe w’umutunzi ryarimbutse neza. Aca atangura rero kwiyumvira muri we ati: ‘Nkore iki none, ubu ntafise aho ndi bwegeranirize ivyimburwa vyanje?’ Nuko avuga ati: ‘Ndabigenza ntya: Ndasambura ibigega vyanje hanyuma nubake binini kuruta, abe ari ho negeraniriza intete zanje zose be n’ibintu vyiza vyanje vyose; hanyuma nzobwira umutima wanje nti: “Mutima, urafise ibintu vyiza vyinshi birundanirijwe imyaka myinshi; niwiraramire, urye, unywe, uryoherwe.”’” (Luka 12:16-19) Umugambi w’uwo mugabo w’umutunzi, womenga urumvikana. Nka kumwe kwa ka kanyoni twavuga mu ntango, uwo mugabo avugwa muri ico kigereranyo yasa n’uwuriko arategekanya ibintu azokenera muri kazoza.
Yamara rero, ivyiyumviro vy’uwo mugabo ntivyagira umutwe n’amaguru. Yezu yabandanije avuga ati: “Mugabo Imana imubwira iti: ‘Wa mburabwenge we, iri joro barakwaka ubuzima bwawe. None ibintu warunze bizoba ivya nde?’” (Luka 12:20) Yezu yoba yariko aravuguruza bimwe Salomo yavuga yuko igikorwa be n’ivyiza biva muri co ari ingabirano ziva ku Mana? Haba namba. None yashaka kuvuga iki? Yavuze ati: “Ukwo ni ko bigenda ku muntu yirundaniriza ubutunzi mugabo atari umutunzi ku Mana.”—Luka 12:21.
Yezu yariko yigisha abariko baramwumviriza ko Imana ishaka yuko tutayirengagiza igihe twishingira imigambi. Wa mugabo w’umutunzi yari gushobora kuba umutunzi ku Mana mu kurondera kumenya ingene yorushiriza kwihebera Imana, kugira ubukerebutsi be n’urukundo. Ivyo uwo mugabo yavuze vyaragaragaje ko atitwararika mwene ivyo bintu, haba mu gusiga bimwebimwe mu vyimburwa vyiwe kugira ngo abakene bashobore kubihumba, canke mu guha Yehova ingabirano z’amashikanwa. Uwo mugabo w’umutunzi ntiyari abayeho akora mwene ivyo bikorwa bijanye n’ivy’Imana kandi biranga ko umuntu atagira ubwikunzi. Imigambi yiwe yari ishingiye gusa ku vyipfuzo vyiwe be no ku kumererwa neza kwiwe.
Woba umaze kubona ko abantu benshi muri kino gihe ivyo bashira imbere mu buzima bisa n’ivyo wa mugabo w’umutunzi avugwa mu kigereranyo ca Yezu yashira imbere? Twaba dutunze canke dukenye, biroroshe cane ko tugwa mu mutego wo kugira ivyiyumviro vyo guhahamira amaronko, ugasanga ibintu dukenera canke twipfuza mu buzima bwa misi yose birigijeyo ivyo dukeneye mu vy’impwemu. None ni igiki wokora kugira ngo wirinde uwo mutego?
Gutegekanya kugira ubuzima bwitwa ko ari ubusanzwe
Mu buryo butandukanye na wa mugabo w’umutunzi avugwa mu kigereranyo ca Yezu, hari aho wewe woba ufise ingorane z’ivy’ubutunzi. Ariko rero niba wubatse, nta nkeka ko ufise umugambi wo kuronsa umuryango wawe ivyo ukeneye mu buzima, kandi nimba bishoboka, ukaronsa abana bawe inyigisho nziza y’ishimikiro. Nimba uri umwirebange, birashoboka ko mu migambi ufise harimwo no kurondera akazi canke kuzigama ako ufise, kugira ngo ntubere umuzigo abandi. Iyo ni imigambi ibereye.—2 Abanyatesalonika 3:10-12; 1 Timoteyo 5:8.
Naho ari ukwo, birashoboka ko gukora, kurya be no kunywa, ukwo akaba ari ukubaho mu buzima bwitwa ko ari ubusanzwe, bishobora gutuma umuntu abaho atisunga ukugomba kw’Imana. Uti gute? Yezu yavuze ati: “Nk’uko imisi ya Nowa yari, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera. Kuko nk’uko bari bameze muri iyo misi y’imbere ya rya segenya: bararya bakanywa, abagabo bakarongora, abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjiriye mu bwato; ntibagira ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera.”—Matayo 24:37-39.
Imbere ya rya Segenya, abantu muri rusangi bari babayeho mu buzima bo babona ko ari ubusanzwe. Ariko rero ingorane bari bafise, ni uko ‘batagize ico bitaho’ mu bijanye n’umugambi Imana yari ifise wo kurandura iyo si mbi ikoresheje umwuzure wobaye kw’isi yose. Nta nkeka ko bibaza yuko Nowa yari abayeho mu buryo budategereka. Yamara, igihe rya Segenya ryatera, uburyo Nowa be n’umuryango wiwe bari babayeho ni bwo bwagaragaye ko bwaranga ubukerebutsi vy’ukuri.
Muri kino gihe, ibimenyamenya vyose bihari vyerekana ko tubayeho mu gihe ca nyuma. (Matayo 24:3-12; 2 Timoteyo 3:1-5) Vuba, Ubwami bw’Imana “buzomara bukomvomvore” ivy’iyi si ya kino gihe. (Daniyeli 2:44) Mu gihe c’ubwo Bwami, isi izohindurwa Iparadizo. Ubwo Bwami buzokuraho indwara n’urupfu. (Yesaya 33:24; Ivyahishuwe 21:3-5) Ibiremwa vyose vyo kw’isi bizobana mu bumwe kandi nta nzara izoba ikivugwa.—Zaburi 72:16; Yesaya 11:6-9.
Ariko rero imbere y’uko Yehova agira ico akoze, agomba yuko inkuru nziza y’Ubwami bwiwe “[ya]mamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Matayo 24:14) Mu buryo buhuye n’umugambi w’Imana, Ivyabona vya Yehova bashika nk’imiliyoni indwi bariko baramamaza iyo nkuru nziza mu bihugu 236, ivyo bakabigira mu ndimi zirenga amajana ane.
Ku bantu bo kw’isi, uburyo Ivyabona vya Yehova babayeho bwoshobora gusa n’ubudatahurika mu mice imwimwe, eka mbere bugasa n’ubudatomoye. (2 Petero 3:3, 4) Nka kumwe kwa ba bantu babayeho imbere ya rya Segenya, abantu benshi muri kino gihe batwarwa n’ibintu vyo mu buzima bwa misi yose. Boshobora kubona ko umuntu yanse kubaho mu buryo ikibano kibona ko ari ubusanzwe, ataba abona ibintu mu buryo bwiza. Ariko abantu bizera imihango Imana yatanze bobo, babona ko ubuzima bushingiye ku gukorera Imana ari bwo buranga ko umuntu afise uburimbane.
Ku bw’ivyo rero, waba utunze canke ukenye, kibure ukaba uri hagati na hagati, ni ibiranga ubukerebutsi ko rimwe na rimwe woza urasubira kwihweza imigambi ufise yo muri kazoza ka hafi. Uko ubigira, uraza uribaza uti: ‘Ubwo imigambi yanje yoba ihuza n’umugambi w’Imana?’
[Ifoto ku rup. 11]
Igihe imigambi y’abantu n’umugambi w’Imana bidahuje, inama ya Yehova ni yo irama
[Ifoto ku rup. 12]
Igihe wa mugabo w’umutunzi avugwa mu kigereranyo ca Yezu yariko ashinga imigambi yiwe, ntiyisunze umugambi w’Imana