Ikigabane ca 16
Igihambaye vy’ukuri ni igiki?
Ni iyihe ngorane uyu mugabo yari afise?
UMUSI umwe, umugabo umwe yaraje kubonana na Yezu. Yari azi ko Yezu ari umunyabwenge cane, maze amubwira ati: ‘Mwigisha, mbaririra mwene mama ampe ku bintu afise’. Nya mugabo yiyumvira ko akwiye kuronka kuri ivyo bintu.
Iyo uba Yezu, wari kuvuga iki?— Yezu yarabonye ko uwo mugabo yari afise ingorane. Mugabo iyo ngorane ntiyari iy’uko uwo mugabo yari akeneye ivyo mwene nyina yari afise. Ahubwo ingorane uwo mugabo yari afise n’uko atari azi igihambaye vy’ukuri mu bizima ico ari co.
Reka tuzirikane kuri ivyo bintu. Igikwiye kuba gihambaye kuruta ibindi kuri twebwe ni igiki? Kwoba ari ukugira udukinisho twizatwiza, impuzu nshasha, canke ibindi nk’ivyo?— Oya, hariho ikintu gihambaye cane kuruta ivyo. Kandi ico ni co cigwa Yezu yashaka kwigisha. Yaciye yigana inkuru y’umugabo yari yibagiye Imana. Urashaka kuyumva?—
Uwo mugabo yari atunze cane. Yari afise amatongo n’ibigega. Ivyo yarima vyaramera cane. Ntiyari afise ikibanza co kubikamwo ivyo yimbuye vyose mu bigega vyiwe. None yari gukora iki? Urumva, yibwiye mu mutima ati: “Ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi binini-binini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n’ibintu vyanje vyose”.
Nya mugabo w’umutunzi yiyumviriye yuko ico ari co kintu co gukora kiranga ubwenge. Yiyumviriye yuko yoba akoresheje ubwenge cane arundanije ibintu vyinshi. Yibwiye mu mutima ati: ‘Mfise ibintu vyinshi birundanye bizontunga imyaka myinshi. Reka nduhuke, ndye, nywe, nezerwe’. Ariko hariho ikitagenda neza mu vyiyumviro vy’uwo mugabo. Urazi ico ari co?— Yariko yiyumvira gusa ivyiwe hamwe n’ivy’ukunezerwa kwiwe bwite. Yari yibagiye Imana.
Uwo mugabo w’umutunzi ariko yiyumvira iki?
Imana yaciye ibwira uwo mugabo w’umutunzi ikintu kimwe. Yavuze iti: ‘Ewe kiburabwenge we, muri iri joro nyene uraza gupfa. None iryo tunga ryawe riza gusigarana nde?’. None uwo muntu w’umutunzi yari gukoresha ivyo bintu vyiwe amaze gupfa?— Oya, vyari guca bitwarwa n’uwundi muntu. Yezu yaciye avuga ati: ‘Ukwo ni ko bizobera uwishinga kwirundaniriza ivy’isi, ntiyibuke ibizomutungisha mu vy’Imana’.—Luka 12:13-21, UB.
Mugabo wewe ntushaka kumera gutyo, si ko?— Intumbero nyamukuru yari afise mu buzima kwari ukugwiza amaronko. Iryo ryari ikosa. Yaguma imisi yose ashaka ibindi bintu vyinshi. Mugabo ntiyari ‘umutunzi ku Mana’.
Abantu benshi bameze nk’uwo mugabo w’umutunzi. Bama imisi yose bashaka kuronka ibindi bintu vyinshi. Mugabo ivyo birashobora gutuma umuntu agira ingorane zikomeye. Nk’akarorero, urafise ibikinisho, si ko?— Bimwebimwe mu bikinisho ufise ni ibihe? Mbwira.— Bigenda gute igihe umwe mu bagenzi bawe afise umupira wo gukina canke igipupe, canke ikindi gikinisho wewe udafise? Mbega vyoba ari vyiza ugerageje gusaba abavyeyi ngo bakugurire rwawe?—
Hoshobora gushika ibihe kanaka ubona yuko igikinisho gisa n’igihambaye cane. Mugabo none bikigendera gute haciye igihe?— Kirasaza. Gishobora gusanzara canke kigaturika, ukumva ata co ugishaka. Mu vy’ukuri, urafise ikintu c’agaciro kanini kuruta ibikinisho. None urazi ico ari co?—
Ni igiki ufise gifise agaciro kuruta ibikinisho?
Ni ubuzima bwawe. Ubuzima bwawe burahambaye kubera ko mu gihe utabufise nta kintu na kimwe ushobora gukora. Mugabo ubuzima bwawe buvana n’ugukora ibihimbara Imana, si ko?— Rero, ntituzobe nka wa mugabo w’ikijuju yibagiye Imana.
Abana si bo bonyene bashobora gukora ibintu vy’ubujuju nka wa mugabo. Hariho abakuze benshi na bo nyene babikora. Bamwe muri bo bama imisi yose bashaka ibiruta ivyo bafise. Bashobora kuba bafise ivyo kurya vy’uwo musi, impuzu zo kwambara, n’uburaro. Mugabo usanga bashaka ibindi bintu. Usanga bashaka impuzu nyinshi cane. Barashaka n’inzu nini kuruta izo bafise. Ivyo bintu vyose birazimvye. Baca rero bakora cane rwose kugira ngo baronke amahera menshi. Kandi uko baronka amahera menshi, ni ko baguma bashaka kuronka ibintu vyinshi.
Abakuze bamwebamwe usanga bakora cane kugira ngo barabe ko boronka amahera, gushika n’aho bataronka umwanya wo kuba bari kumwe n’abo mu rugo. Nta n’umwanya bafise wo kwitaho ivy’Imana. None amahera yabo yoshobora gutuma baguma ari bazima?— Oya ntavyo yoshobora. Mbega boshobora gukoresha amahera yabo bamaze gupfa?— Oya. Ivyo ni kubera ko abapfuye badashobora gukora ikintu na kimwe.—Umusiguzi 9:5, 10.
Ivyo vyoba bisobanura yuko ari bibi kugira amahera?— Oyaye. Amahera turashobora kuyagura ibifungurwa n’impuzu. Bibiliya ivuga yuko amahera akingira umuntu (Umusiguzi 7:12). Mugabo dukunze amahera, tuba tugiye kugira ingorane. Tuzomera nka wa mugabo w’umutunzi w’ikijuju yirundaniriza ubutunzi, mugabo akaba atari umutunzi ku Mana.
Kuba umutunzi ku Mana bisobanura iki?— Bisobanura gushira Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. Abantu bamwebamwe bavuga yuko bemera Imana. Biyumvira yuko kwemera Imana ari vyo vyonyene bikenewe. Ariko boba vy’ukuri ari abatunzi ku Mana?— Oya, bameze nka wa mugabo w’umutunzi yibagira Imana.
Yezu ntiyigeze yibagira Se wiwe wo mw’ijuru. Ntiyigeze agerageza guca amahera menshi. Kandi ntiyari atunze ibintu vyinshi vy’umubiri. Yezu yari azi igihambaye vy’ukuri mu buzima. None wewe urakizi?— Ni ukuba umutunzi ku Mana.
Ni ibiki uyu mwana ariko arakora bihambaye koko?
Mbwira, dushobora gute kuba abatunzi ku Mana?— Dushobora kuba abatunzi ku Mana mu gukora ibiyihimbara. Yezu yavuze ati: “Jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara” (Yohana 8:29). Imana irabishima igihe dukora ibintu ishaka ko dukora. Ubu na ho mbarira, ni ibihe bintu ushobora gukora kugira ngo uhimbare Imana?— Egome, urashobora gusoma Bibiliya, ukagenda ku makoraniro y’Abakirisu, ugasenga Imana, eka ugafasha abantu kwiga ivyerekeye Imana. Ivyo ni ibintu koko bihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima.
Kubera ko Yezu yari umutunzi ku Mana, Yehova yaramubungabunze. Yahaye Yezu impembo y’ukubaho ibihe bidahera. Nitwamera nka Yezu, Yehova azodukunda yongere natwe atubungabunge. Ese rero twomera nka Yezu, kandi ntitwigere tumera nka wa mugabo w’umutunzi yibagiye Imana.
Hano hariho ibisomwa vya Bibiliya vyerekana ukuntu twobona ibintu vy’umubiri mu buryo bwiza: Imigani 23:4; 28:20; 1 Timoteyo 6:6-10; n’Abaheburayo 13:5.