Niwiyegereze Imana
Hoba hari ikintu na kimwe gishobora “kudutandukanya n’urukundo rw’Imana”?
NI NDE muri twebwe adakeneye gukundwa? Mu vy’ukuri, turaryoherwa cane igihe twiyumvamwo ko umuryango n’abagenzi badukunda. Mugabo ikibabaje, n’uko ubucuti abantu bafitaniye bushobora kuba budashemeye cane kandi atari ubwo kwizigirwa. Abo dukunda boshobora kutubabaza, kuduheba, canke mbere bakaduta nk’akanuka. Yamara, hariho uwufise urukundo rutigera ruhera. Urukundo Yehova Imana akunda abasavyi biwe ruradondorwa mu buryo bwiza igitangaza mu Baroma 8:38, 39.
Intumwa Paulo avuga ati: “Najijutse.” Ku biki? Yuko ata gishobora “kudutandukanya n’urukundo rw’Imana.” Paulo ntavuga ngo kizontandukanya, nk’aho ariko arivuga wenyene, ariko avuga ngo “kizodutandukanya,” ni ukuvuga abo bose basukurira Imana badahemuka. Kugira ngo Paulo ashimike kuri ico ciyumviro ciwe, aravuga ibintu bidashobora gutangira urukundo rwa Yehova ngo ntirushikire abasavyi biwe bamwihebeye.
“Rwaba urupfu, canke ubuzima.” Urukundo Yehova akunda abasavyi biwe ntiruhera igihe bapfuye. Imana mu kwerekana ko ikunda abantu nk’abo, iguma ibibuka, kandi izosubira kubagira bazima mw’isi nshasha y’ubugororotsi igiye kuza. (Yohani 5:28, 29; Ivyahishuwe 21:3, 4) Mu kurindira, urukundo Imana ikunda abasavyi bayo b’intahemuka ruguma ari rwa rundi naho ubuzima bwo muri iyi si bwotuma bashikirwa n’ingorane iyihe.
“Canke abamarayika, canke intwaro.” Abantu barashobora gutwarwa bitagoranye n’akosho k’abantu bakomakomeye canke k’abakuru, ariko Yehova we si ukwo. Ibiremwa vy’impwemu vy’ibinyabubasha, nk’akarorero wa mumarayika yacika Shetani, ntibishobora kujijura Imana ngo ireke gukunda abasavyi bayo. (Ivyahishuwe 12:10) Eka n’intwaro, izoshobora kurwanya abakirisu b’ukuri, ntizishobora guhindura ukuntu Imana ibabona.—1 Abakorinto 4:13.
“Canke ibiriho ubu, canke ibizoza.” Urukundo rw’Imana ntirugenda ruragabanuka uko igihe kihaca. Nta kintu na kimwe gishikira abasavyi bayo ubu canke ikizobashikira muri kazoza gishobora gutuma Imana ireka kubakunda.
“Canke ububasha.” Paulo ahejeje kuvuga ibintu vy’inguvu biri mw’ijuru no kw’isi, ni ukuvuga “abamarayika” be n’“intwaro,” ubu na ho avuze “ububasha.” Ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa ng’aho rifise insobanuro nyinshi. Insobanuro nyakuri yaba iyihe, ico twomenya coco ni iki: Nta bubasha na bumwe bwaba ubwo mw’ijuru canke kw’isi bushobora gutangira urukundo rwa Yehova ngo ntirushikire abasavyi biwe.
“Canke uburebure bw’igihagararo, canke ubwimbike.” Yehova arakunda abasavyi biwe atarinze kuraba uko ivyabo vyifashe baba ari abantu bo hejuru canke baciye bugufi.
“Canke ikindi caremwe cose.” Mu gukoresha ayo majambo yerekeza ku vyaremwe vyose uko vyakabaye, Paulo ariko avuga yuko ata kintu na kimwe naho coba ikihe gishobora gutandukanya abasavyi ba Yehova b’intahemuka n’urukundo rwiwe.
Urukundo Imana ikunda abaguma bayihanze amaso mu kwizera, urutandukanye n’urw’abantu rushobora guhinduka canke kugenda rurayama, rworwo ntiruhinduka, ni urw’ibihe bidahera. Nta nkeka ko kumenya ivyo bituvyurira umutima wo kurushiriza kwiyegereza Yehova no kugerageza gukora uko dushoboye kwose kugira ngo twerekane ko tumukunda.