ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/8 rup. 13-15
  • Ni kuki dukwiye kugaragaza ko dukenguruka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni kuki dukwiye kugaragaza ko dukenguruka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Mu muryango
  • Tuvuge iki ku bijanye no gukengurukira abagenzi be n’ababanyi?
  • Ni kuki dukwiye kugaragaza ko dukenguruka naho abandi boba batabigira?
  • Kubera iki twogaragaza ko dukenguruka?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Nugaragaze ko ukenguruka
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Niwigishe abana bawe kuba abantu bakenguruka
    Icofasha umuryango
  • Woba utazogisha ako karyo?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/8 rup. 13-15

Ni kuki dukwiye kugaragaza ko dukenguruka?

“Raquel nkunda,

Warakoze cane kuba warambereye isôko ry’indemesho. Naho nyene woshobora kuba utabizi, kamere zawe ziremesha be n’amajambo yawe aranga ubuntu, vyaramfashije cane.”​—Vyanditswe na Jennifer.

WOBA umaze kuronka utari uvyiteze agakete ko gukenguruka? Nimba umaze ku karonka, nta nkeka ko kakunezereje cane. Nkako, ni ibisanzwe ko umuntu yumva ashaka yuko abandi bamuha agaciro kandi bakamushima.​—Matayo 25:19-23.

Amajambo yo gukenguruka usanga atuma ubucuti buri hagati ya nyene kuyavuga na nyene kuyabwigwa bwongerekana. Vyongeye, umuntu agaragaza ko akenguruka aba ariko arigana Yezu Kristu, we atigeze areka kubona ibikorwa vyiza abandi bakora.​—Mariko 14:3-9; Luka 21:1-4.

Ikibabaje, n’uko amajambo yo gukenguruka, haba ku munwa canke mu kwandika, asa n’ayarushiriza kuba imbonekarimwe. Bibiliya yari yaravuze ko mu “misi ya nyuma,” abantu bobaye “intashima.” (2 Timoteyo 3:1, 2) Tutabaye maso, agatima ko kudakenguruka kiraye muri iki gihe, koshobora gupfukiranya agatima ko gukenguruka ako ariko kose kotuzamwo.

Ni ibintu ngirakamaro ibihe abavyeyi bogira kugira ngo bigishe abana babo ukuntu bogaragaza ko bakenguruka? Ni bande dukwiye kubwira amajambo yo gukenguruka? Vyongeye ni kubera iki dukwiye kuba abantu bakenguruka, no mu gihe nyene abantu badukikuje boba ari intashima?

Mu muryango

Abavyeyi barakora cane kugira ngo baronse abana babo ivyo bakeneye. Ariko rero, rimwe na rimwe, abavyeyi boshobora kwumva umengo utwigoro bagira ntidushimwa. Bokora iki none kugira ngo batorere umuti iyo ngorane? Ibintu nyamukuru bikenewe ni bitatu.

(1) Kubaha akarorero. Nk’uko biri mu mice nka yose ijanye no kwigisha umwana, kumuha akarorero ni bwo buryo bwiza bwo kumwigisha. Ku bijanye na inabibondo wo muri Isirayeli ya kera yakora cane, Bibiliya ivuga iti: “Abana biwe bava hasi bakamuhezagira.” None abo bana bigiye hehe kuvuga amajambo yo gukenguruka? Igice gisigaye c’uwo murongo kiraherekana. Kigira giti: “N’umugabo wiwe na we, akamushemagiza.” (Imigani 31:28) Igihe abavyeyi babwiranye amajambo yo gukenguruka, baba beretse abana babo yuko bene ayo majambo ahimbara nyene kuyabwirwa, ko akomeza ubucuti abagize umuryango bafitaniye, be n’uko yerekana yuko bahumuye.

Se bibondo umwe yitwa Stephen avuga ati: “Naragerageje guha abana banje akarorero mu gushimira umukenyezi wanje ku bifungurwa aba yateguye.” Ivyo vyavuyemwo iki? Stephen avuga ati: “Abakobwa banje babiri ivyo barabibona, kandi vyarabafashije bararushiriza kubona ko bakwiye kugaragaza ko bakenguruka.” Nimba wubatse, woba wama ushimira uwo mwubakanye ku bikorwa vyo mu nzu yama akora imisi yose, ibishobora gufatirwa mu rwara bitagoranye? Woba ushimira abana bawe, no mu gihe nyene bakoze ivyo bategerezwa gukora?

(2) Kubigisha. Umutima wo gukenguruka wogereranywa n’amashurwe. Vyompi birakeneye kwitwararikwa kugira ngo bivemwo ivyiza. Abavyeyi boshobora gute gufasha abana babo gutsimbataza ugukenguruka no kugaragaza ko bakenguruka? Wa mwami w’inkerebutsi Salomo yarerekanye ikintu nyamukuru kimwe bogira igihe yandika ati: “Umutima w’umugororotsi witondera ivyo wishura.”​—Imigani 15:28.

Bavyeyi, mwoba mwoshobora kwigisha abana banyu kuzirikana ku bijanye n’akigoro kaba kagizwe be n’umutima mwiza uba wagaragajwe igihe cose baba baronse ingabirano? Ukuzirikana bene ukwo kumeze nk’ivu ugukenguruka gushingamwo imizi. Maria, uwareze abana batatu, avuga ati: “Bisaba akanya kugira ngo wicarane n’abana bawe, maze ubasigurire ico bisobanura igihe umuntu aguhaye ingabirano, ko ari kubera yuko aba akwitwararika akaba ashaka kukwereka ukuntu akwitwararika. Ariko mbona yuko ako kigoro atari impfagusa.” Ibiganiro bene ivyo ntibifasha abana gusa kwiga ivyo bovuga mu kugaragaza ko bakenguruka, birabigisha kandi kubona igituma bakwiye kubigira.

Abavyeyi b’inkerebutsi barafasha abana babo kutabona ko ibintu vyiza vyose baronka, babironka kubera ko bategerezwa kubironka.a Ingabisho dusanga mu Migani 29:21 ivuga ibijanye n’ukuntu umuntu afata umushumba irakora no ku bana, ikaba igira iti: “Ūreze umushumba akamufyinisha uhereye mu buto bgiwe, uburuhiro n’ukuzohava [“aba intashima,” NW].”

Utwana dutoyi twoshobora gute gufashwa mu bijanye no kugaragaza ugukenguruka? Linda, uno akaba ari inabibondo w’abana batatu, avuga ati: “Twe n’umunega wanje twararemesha abana bacu kugira ico baterereye ku dukete two gukenguruka twandika, bakabigira mu kuducapako canke mu kutwandikako amazina yabo mu buryo bwo gusinya.” N’ivy’ukuri yuko ivyo bacapa bishobora kuba ari ibisanzwe, n’ivyo bandika bikaba bigoye gusoma, mugabo icigwa abana bahakura kirakomeye.

(3) Kwumira kw’ibanga. Twese twavukanye agatima k’ubwikunzi, kandi koshobora gutuma umuntu atavuga amajambo yo gukenguruka. (Itanguriro 8:21; Matayo 15:19) Yamara, Bibiliya ihimiriza abasavyi b’Imana iti: “Mukwiye guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu, mukambara kamere nshasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana.”​—Abanyefeso 4:23, 24.

Ariko rero, abavyeyi bazi utuntu n’utundi baratahura yuko gufasha abana ‘kwambara kamere nshasha’ vyoroshe kuvuga kuruta kubikora. Stephen, umwe twavuga agira ati: “Kwigisha abakobwa bacu gukenguruka ari bo bavyibwirije, atawurinze kubibibutsa, bisa n’ivyafashe igihe kinini.” Yamara, Stephen n’umukenyezi wiwe ntibaciye batana n’akabando. Stephen abandanya ati: “Tumaze igihe kirekire twumiye kw’ibanga, abakobwa bacu baratevye baramenya kugaragaza ugukenguruka. Ubu turaryoherwa n’ukuntu bagaragaza ko bakengurukira abandi.”

Tuvuge iki ku bijanye no gukengurukira abagenzi be n’ababanyi?

Bishitse ntituvuge akajambo ko gukenguruka, vyoshobora kudasigura yuko turi intashima, ahubwo gusa ko tuba twibagiye. Vyoba vy’ukuri bihambaye ko tutiyumvamwo gusa ko dukenguruka, ariko kandi ko dukwiye no kubigaragaza mu majambo? Kugira twishure ico kibazo, reka turimbure inkuru imwe ivuga ivya Yezu n’abanyamibembe bamwe.

Igihe kimwe Yezu ari ku rugendo aja i Yeruzalemu, yarahuye n’abagabo cumi bari barwaye imibembe. Bibiliya yigana iti: “Bashira ijwi hejuru bavuga bati: ‘Yezu, Mwigisha, tugirire imbabazi!’ Hanyuma abakubise ijisho, ababwira ati: ‘Gende mwiyereke abaherezi.’ Maze bariko baragenda, barahumanuka. Umwe muri bo, abonye ko yakize, aragaruka, aninahaza Imana n’ijwi rirenga. Hanyuma yubarara hasi imbere y’ibirenge vya Yezu, amukengurukira; ikigeretseko, uno yari Umusamariya.”​—Luka 17:11-16.

Yezu yoba yarirengagije ukwo kuntu abo bandi batagaragaje ko bakenguruka? Iyo nkuru ibandanya iti: “Yezu asubizayo ati: ‘Icumi si bo bahumanuwe? None abandi icenda bari hehe? Nta n’umwe yabonetse yagarutse kuninahaza Imana atari uyu muntu wo mu rindi hanga?’​—Luka 17:17, 18.

Abo bandi banyamibembe icenda ntibari abantu babi. Imbere y’aho, bari berekanye ku mugaragaro ko bizera Yezu, bongera baragamburuka n’umutima ukunze ivyo yari yabategetse gukora, bikaba vyabasaba gufata urugendo baja i Yeruzalemu kwiyereka abaherezi. Ariko rero, naho ata gukeka bakengurutse bimwe bigera kure ikintu kiranga ubuntu Yezu yari yabakoreye, ntibagaragaje ko bamukengurukira. Iyo nyifato yabo yarababaje Kristu. Tweho bite? Igihe hari umuntu adufashe neza, twoba duca tumushimira ubwo nyene, mu gihe bibereye tukamurungikira agakete ko kumukengurukira?

Bibiliya ivuga iti: “[Urukundo] ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite.” (1 Abakorinto 13:5) Ku bw’ivyo, amajambo yo gukenguruka umuntu avuze abikuye ku mutima ntagaragaza gusa ko uwo muntu afise imico mwiza, ariko kandi arerekana ko akundana. Nk’uko ya nkuru ivuga ivya ba banyamibembe ibitwigisha, abipfuza guhimbara Kristu bategerezwa gukunda abantu bose kandi bakabakengurukira bose, bataravye akabira kabo, ibara ry’urukoba bafise, canke idini barimwo.

Niwibaze uti: ‘Ni ryari mperuka gukengurukira umubanyi, uwo dukorana, uwo twigana, uwukora ku bitaro, umunyeduka canke uwundi muntu uwo ari we wese yamfashije?’ Ubona gute ufashe umusi umwe canke ibiri ukandika incuro uvuga koko amajambo yo gukenguruka, canke wandika agakete ko gukenguruka? Ivyo vyogufasha kumenya aho ushobora kuryohora mu bijanye no kugaragaza ko ukenguruka.

Mu bisanzwe, uwo dukwiye gukengurukira kuruta abandi bose ni Yehova Imana. Ni we Mutanzi w’“ingabirano nziza yose be n’impano itunganye yose.” (Yakobo 1:17) Ni ryari uheruka gukengurukira Imana bimwe bivuye ku mutima ku bintu binaka yagukoreye?​—1 Abanyatesalonika 5:17, 18.

Ni kuki dukwiye kugaragaza ko dukenguruka naho abandi boba batabigira?

Abandi boshobora kutadukengurukira igihe tubakoreye ikintu kanaka. Ni kuki none dukwiye kugaragaza ko dukenguruka naho abandi boba batabigira? Reka turabe imvo imwe gusa ikwiye gutuma tubigira.

Dukoreye iciza abantu badakenguruka, tuba twiganye Umuremyi wacu w’umunyabuntu, ari we Yehova Imana. Ukuba abantu badakenguruka urukundo Yehova abagaragariza ntibimubuza kubakorera iciza. (Abaroma 5:8; 1 Yohani 4:9, 10) Atuma “izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotse n’abatagororotse.” Tugerageje kugaragaza ko dukenguruka naho nyene tuba mw’isi idakenguruka, tuba twerekanye ko turi “abana ba [Data] ari mw’ijuru.”​—Matayo 5:45.

[Akajambo k’epfo]

a Abavyeyi benshi barasomye igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye bari kumwe n’abana babo bongera baraganira na bo kuri co. Ico gitabu casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Ikigabane ca 18 gifise umutwe uvuga ngo “Woba wibuka gushima?”

[Iciyumviro ku rup. 15]

Nufate umusi umwe canke ibiri wandike incuro uvuga koko amajambo yo gukenguruka

[Ifoto ku rup. 15]

Nimuhe akarorero abana banyu mu bijanye no kugaragaza ko mukenguruka

[Ifoto ku rup. 15]

N’utwana dutoya turashobora kwigishwa kugaragaza ko dukenguruka

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika