Ivyo twigira kuri Yezu
Ku bijanye n’icizigiro kiriho ku bapfuye
Yezu yarazuye abantu bashika n’imiburiburi kuri batatu, gutyo aba yerekanye ko hariho icizigiro ku bapfuye. (Luka 7:11-17; 8:49-56; Yohani 11:1-45) Kugira ngo dutahure icizigiro kiriho ku bapfuye, dutegerezwa kubanza gutahura igituma abantu bapfa be n’inkomoko y’urupfu.
Ni kubera iki turwara kandi tugapfa?
Igihe Yezu yaba ababariye abantu ibicumuro vyabo, baca bakira. Nk’akarorero, igihe Yezu bamuzanira umuntu yamugaye, yavuze ati: “‘Icoroshe ni ikihe, ni ukuvuga ngo: Ibicumuro vyawe birababariwe, canke kuvuga ngo: Haguruka ugende? Ariko rero kugira ngo mumenye yuko Umwana w’umuntu afise ubukuru kw’isi bwo kubabarira ibicumuro . . . ’ maze abwira nya kimuga ati: ‘Haguruka, tora uburiri bwawe, witahire.’” (Matayo 9:2-6) Rero, igicumuro ni co gituma turwara kandi tugapfa. Imero twarazwe yo kuba turi abacumuzi yakomotse kuri wa mugabo wa mbere ari we Adamu.—Luka 3:38; Abaroma 5:12.
Ni kubera iki Yezu yapfuye?
Yezu ntiyigeze acumura. Ku bw’ivyo rero, ntiyari akwiriye gupfa. Mu kudupfira, Yezu yararishe ibicumuro vyacu. Yavuze yuko amaraso yiwe “[yosheshwe] ku bwa benshi ku bwo kubabarirwa ibicumuro.”—Matayo 26:28.
Yezu kandi yavuze ati: “Umwana w’umuntu yaje, atari kugira ngo asukurirwe, ariko kugira ngo asukurire abandi no kugira ngo atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Ubuzima Yezu yatanze yabwise “incungu” kubera yuko bwarokoye abandi bubakura mu rupfu. Yezu kandi yavuze ati: “Jewe naje kugira ngo zigire ubuzima kandi zibugire ari umurengera.” (Yohani 10:10) Kugira ngo dutahure bimwe bishitse icizigiro kiriho ku bapfuye, dutegerezwa kandi kumenya ibijanye n’ingene bamerewe ubu.
Bigenda gute iyo umuntu apfuye?
Igihe Lazaro umugenzi wa Yezu yapfa, Yezu yarerekanye neza ingene bigenda iyo umuntu apfuye. Yabariye abigishwa biwe ati: “‘Lazaro umugenzi wacu araruhutse, mugabo ndagiyeyo [i Betaniya] kumukangura mw’itiro.’ . . . Biyumviriye ko yariko avuga ukuruhukira mw’itiro. Ico gihe rero, Yezu ababwira atomora ati: ‘Lazaro yapfuye.’” Gutyo, Yezu yarerekanye neza ko abapfuye bari mw’itiro, ata co bazi.—Yohani 11:1-14.
Igihe Yezu yazura Lazaro, uwo mugenzi wiwe yari amaze imisi ine apfuye. Naho ari ukwo, nta hantu na hamwe muri Bibiliya handitswe ivyo Lazaro yoba yaravuze ku bijanye n’ivyamushikiye muri ico gihe. Igihe Lazaro yari yapfuye, nta bwenge yari afise kandi nta co yari azi.—Umusiguzi 9:5, 10; Yohani 11:17-44.
Ni icizigiro ikihe kiriho ku bapfuye?
Abapfuye bazosubira kuba bazima, bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Yezu yavuze ati: “Isaha iriko iragera aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe [rya Yezu] bakazivamwo.”—Yohani 5:28, 29.
Ico cizigiro, ni ikintu cerekana urukundo rw’Imana. Yezu yavuze ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.”—Yohani 3:16; Ivyahishuwe 21:4, 5.
Nimba ushaka kumenya ayandi makuru, raba ikigabane ca 6 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
[Ifoto ku rup. 17]
Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.