ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/11 rup. 23
  • Bararukarihije rurabamwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bararukarihije rurabamwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Iparadizo yatakaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yezu ananira ibigeragezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ugusangangurwa kw’i Sodomu n’i Gomora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yezu akiza abantu ku gitangaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/11 rup. 23

Ku bw’urwaruka rwacu

Bararukarihije rurabamwa

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru. Nutume iyo nkuru uriko urasoma iba nzima.

NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA DANIYELI 6:1-28.

Wewe uvyibazako iki? Wewe ubona Dariyo ari umuntu ameze gute? Nudondore ukuntu asa ufatiye ku kuntu umwiyumvira. Wewe wibaza ko mu kuvuga akoresha ijwi ringana iki? (Subira usome umurongo wa 14, 16, 18-20.)

․․․․․․․

Urwo rwobo rumeze gute, kandi wodondora gute izo ntambwe?

․․․․․․․

Nuvuge ukuntu wiyumvira ko vyoba vyaragenze mu minuta mikeyi ya mbere Daniyeli yugaraniwe muri urwo rwobo rw’intambwe.

․․․․․․․

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ni kubera iki abakuru bashizweho na Dariyo bagiriye ishari Daniyeli? (Subira usome umurongo wa 3.)

․․․․․․․

Ni kubera iki Daniyeli yahisemwo gusenga ku mugaragaro kandi yari gushobora kubigirira mu mpisho? (Subira usome umurongo wa 10, 11.)

․․․․․․․

Ni kubera iki Dariyo ashobora kuba yaciye abona ko gusabwa ngo ashinge itegeko rijanye n’ugusenga vyari vyiza? (Subira usome umurongo wa 7.)

․․․․․․․

NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Kugira umutima rugabo igihe uriko urahamwa.

․․․․․․․

Akamaro k’isengesho.

․․․․․․․

Ingene Yehova yitwararika abasavyi biwe b’intahemuka.

․․․․․․․

KU BIJANYE N’IYI NKURU, NI IGIKI UBONA GIHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

․․․․․․․

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika