Ku bw’urwaruka rwacu
Bararukarihije rurabamwa
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru. Nutume iyo nkuru uriko urasoma iba nzima.
NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA DANIYELI 6:1-28.
Wewe uvyibazako iki? Wewe ubona Dariyo ari umuntu ameze gute? Nudondore ukuntu asa ufatiye ku kuntu umwiyumvira. Wewe wibaza ko mu kuvuga akoresha ijwi ringana iki? (Subira usome umurongo wa 14, 16, 18-20.)
․․․․․․․
Urwo rwobo rumeze gute, kandi wodondora gute izo ntambwe?
․․․․․․․
Nuvuge ukuntu wiyumvira ko vyoba vyaragenze mu minuta mikeyi ya mbere Daniyeli yugaraniwe muri urwo rwobo rw’intambwe.
․․․․․․․
NURUSHIRIZE KWIMBA.
Ni kubera iki abakuru bashizweho na Dariyo bagiriye ishari Daniyeli? (Subira usome umurongo wa 3.)
․․․․․․․
Ni kubera iki Daniyeli yahisemwo gusenga ku mugaragaro kandi yari gushobora kubigirira mu mpisho? (Subira usome umurongo wa 10, 11.)
․․․․․․․
Ni kubera iki Dariyo ashobora kuba yaciye abona ko gusabwa ngo ashinge itegeko rijanye n’ugusenga vyari vyiza? (Subira usome umurongo wa 7.)
․․․․․․․
NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Kugira umutima rugabo igihe uriko urahamwa.
․․․․․․․
Akamaro k’isengesho.
․․․․․․․
Ingene Yehova yitwararika abasavyi biwe b’intahemuka.
․․․․․․․
KU BIJANYE N’IYI NKURU, NI IGIKI UBONA GIHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
․․․․․․․