ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/2 rup. 3-4
  • Imana ni nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana ni nde?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma inyishu z’ivyo bibazo zihambaye
  • Imana Yemera Ugusenga kwa Nde?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Abakirisu Basenga mu Mpwemu no mu Kuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Ukuri Kuzobaha Kwidegemvya”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • «Inzira, ukuri n’ubuzima»
    “Ingo unkurikire”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/2 rup. 3-4

Imana ni nde?

WOKWISHURA gute ico kibazo? Bamwebamwe biyumvira yuko bazi Imana neza, bakavuga yuko ari umugenzi somambike. Abandi babona Imana nka kurya nyene babona incuti y’igisanira. Baremera yuko ibaho ariko bakaba bazi bike ku biyerekeye. Nimba wemera Imana, wokwishura gute ibibazo bikurikira?

1. Imana yoba ifise ibiyiranga?

2. Imana yoba ifise izina?

3. Yezu yoba ari Imana Mushoboravyose?

4. Imana yoba imbabaye?

5. Imana yoba yemera ubwoko bwose bw’ugusenga?

Hamwe wosaba abandi bantu ngo bishure ivyo bibazo, birashoboka ko woronka inyishu nyinshi kandi zitandukanye. Ntibitangaje rero kubona harakwiragiye inkuru z’ibitito be n’ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye Imana.

Igituma inyishu z’ivyo bibazo zihambaye

Igihe Yezu Kristu yariko aravugana n’umugore yakunda ivyo gusenga bahuriye kw’iriba, yarashimitse ku vy’uko bikenewe kumenya ukuri kwerekeye Imana. Uwo mugore, uno akaba yari Umusamariyakazi, yaremeye ko Yezu yari umuhanuzi. Ariko hari ikintu camutera ingorane: Yezu yari mw’idini ritandukanye n’iryiwe. Igihe yaserura ico kintu cari kimuraje ishinga, Yezu yamubwiye adakikiriza ati: “Mwebwe musenga ico mutazi.” (Yohani 4:19-22) Biragaragara yuko Yezu yabona ko mu bantu bakunda gusenga atari bose bazi Imana vy’ukuri.

None ivyo Yezu yavuze vyoba bisobanura yuko ata muntu n’umwe ashobora vy’ukuri kumenya Imana? Habe namba. Yezu yabandanije abwira uwo mugore ati: “Abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data vy’ukuri arondera mwene abo ngo bamusenge.” (Yohani 4:23) Woba uri muri abo basenga Imana “mu mpwemu no mu kuri”?

Birahambaye cane ko umenya neza inyishu y’ico kibazo. Uti kubera iki? Yezu yarashimitse ku gituma bikenewe ko umuntu aronka ubumenyi butagira amakosa igihe yasenga ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Emwe, kugira ngo ugire ivyizigiro bijanye n’ubuzima bwa kazoza birakenewe cane ko uba uzi ukuri kwerekeye Imana!

Vyoba vy’ukuri bishoboka ko umuntu amenya ukuri kwerekeye Imana? Egome, birashoboka! None ushobora gute kukumenya? Ku bimwerekeye, Yezu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Yavuze kandi ati: “Nta wuzi Se uwo ari we atari Umwana, be n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.”​—Luka 10:22.

Ku bw’ivyo rero, ikintu nyamukuru codufasha kumenya Imana tugisanga mu nyigisho za Yezu Kristu Umwana w’Imana. Nkako, Yezu adusezeranira ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri, kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.”​—Yohani 8:31, 32.

None Yezu yokwishura gute vya bibazo bitanu vyabazwa mu ntango?

[Ifoto ku rup. 4]

Woba usenga Imana utazi neza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika