ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/2 rup. 3
  • Kurondera ukuri ku vyerekeye ijuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kurondera ukuri ku vyerekeye ijuru
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ijuru
    Be maso!—2016
  • Mw’ijuru hameze gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Abaja mw Ijuru Ni Bande; Kubera Iki?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Abakirisu bose b’abizigirwa boba baja mw’ijuru?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/2 rup. 3

Kurondera ukuri ku vyerekeye ijuru

MBEGA ukuntu icizigiro co kuja mw’ijuru gishobora kuba igikwegera! Icizigiro c’uko hariho ubuzima inyuma y’urupfu kibonwa mu buryo butandukanye n’abisilamu, abahindu, ababuda, abari mu madini y’abiyita abakirisu, eka mbere n’abantu benshi badashimishwa n’ivy’idini. Akenshi vyiyumvirwa ko ijuru ari ahantu heza hateye agahimbare, aho abantu bumva ko baruhuriwe ntibongere gushikirwa n’ibintu bibi kandi bagasubira kubonana n’abo bita ko babuze batanse. Naho abantu benshi bipfuza kuja mw’ijuru, ntibipfuza gupfa kugira bajeyo. Ni kubera iki none ari ukwo biri?

Iyaba twari twagenewe gupfa maze tugaca tuja mw’ijuru, none abantu benshi ntibovyipfuje cane nka kurya usanga umwana yipfuza cane gukura canke nka kurya usanga umusore yipfuza cane kwubaka urwiwe? Yamara abantu nka bose ntibipfuza gupfa.

Naho ari ukwo biri, abigisha bo mu madini bavuga yuko inyuma y’ikiringo gitoyi tumara kw’isi, mw’ijuru ari ho dutegekanirijwe kuba. Nk’akarorero, uwitwa Theodore Edgar Cardinal McCarrick, akaba ari uwahoze ari umusenyeri mukuru w’i Washington D.C., yavuze ati: “Ubu buzima si bwo twaremewe. Twaremewe kuba mw’ijuru.” Muri ubwo buryo nyene, uwitwa Ted Haggard, uwahoze ari umukuru w’ishirahamwe rimwe ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika (Association Nationale des mouvements évangélistes), yavuze ati: “Intumbero y’ubuzima ni ukuninahaza Imana no kuja mw’ijuru . . . kuko mw’ijuru ari ho iwacu.”

Abantu bemera ko hariho ubuzima mw’ijuru inyuma y’urupfu, akenshi bashingira ukwizera kwabo ku makuru adahagije. Uwitwa George Barna, akaba ari umukuru w’ishirahamwe rigira ubushakashatsi ku vyiyumviro bitangwa n’amadini, yasanze abantu benshi bemera “inyigisho zerekeye ubuzima be n’izerekeye ubuzima bw’inyuma y’urupfu zishingiye ku vyiyumviro vyakuwe ku masoko atandukanye, nko mu masenema, mu miziki no mu bitito.” Umupasitori umwe w’umwangilikani wo muri leta ya Floride yavuze ati: “Nta na kimwe tuzi ku vyerekeye ijuru uretse ko ijuru ari ahantu Imana iri.”

Ariko rero, ijuru ni ikintu nyamukuru kivugwa muri Bibiliya. None twisunze Ijambo ry’Imana, mw’ijuru hameze gute? Umuntu yoba yaremwe kugira abe mw’ijuru? Nimba abantu baja mw’ijuru, baba bagiye gukorayo iki?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 3]

Ni kubera iki abantu benshi bipfuza kuja mw’ijuru, ariko abipfuza gupfa kugira bajeyo bakaba bari ku rushi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika